19/09/2023
FASHA NAWE WARAFASHIJWE
Uyu mwana mubona Yitwa Mpawenimana Thierry,afise imyaka 18,aba ku Mutumba Kirema, Agacimbiri Munkazi. Ni muri komine kayanza,intara ya Kayanza. Afise umuvyeyi umwe yitwa Yakunze Espérence nawe ni Ntahonikora.
Aho mubona ariko udutambara,ni aho bafutse ibikomere yaratobotse cokimwe n'aho ku jisho.
Amaze imisi myinshi.umuvyeyi wiwe yaramujanye kwa muganga ariko kubera uburyo buke yaratevye aramutahana,ubu arembeye muhira. Afise ikibazo co kubūngwa amagufa,ubu aho bigeze umubiri uratobagurika,mu maso,ku maguru,eka ntiworaba.
Uwo ariwe wese yoshobora kuronka ahova ubufasha, canke uwomugirira impuhwe,
Yotabariza ico kibondo kuko aguma aborogera aho aryamye.
Uwokwifuza kumenya vyinshi cane kuri uyo mwana, yoterefona Umupfasoni Aline Nininahazwe umumenyeshamakuru kuri Radio Ubuzima FM. Kuri téléphone 71747729 (WhatsApp)!
Canke agahamagara nyina w'uwo mwana yitwa Yakunze Espérance kuri 69157854.
Imana ihezagire abafise umutima w'impuhwe.
'J NEWS #