Bubanza Sports News

Bubanza Sports News Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Bubanza Sports News, Media/News Company, RN9, Bujumbura.
(1)

06/05/2025

⚓ Urwaruka 50 rw'abigeme n'abahungu 50 rugiye kuba mw'ishure ry'akarorero ry'umupira w'amaguru rya FFB, intara yacu yaronse abakinyi 2 gusa. 1 kuruhande rw'abigeme n'uwundi 1 kuruhande rw'ahungu.🤯🤯🥵🥵

Ibi ni bimwe muvyerekana ko umupira w'amaguru uriko usubira inyuma. Burya kuva Ac Urukundo y'i Bubanza na Ac Umutima yakorera ku Mpanda n'i Bubanza zihagarikiye ivyo kwigisha urukino rw'umupira w'amaguru abana bo mu mice itandukanye y'imyaka yabo, ntawundi mugwi wasubiye kubikora.

Komine gihanga niyo yaronse abo bakinyi bose.

🚨 OFFICIEL !Ng'iki ikirangamisi c'inkino z'ibanze(phase aller) z'icicaro ca gatatu.Urukino rukomeye rwari rutegekanijwe ...
25/03/2025

🚨 OFFICIEL !

Ng'iki ikirangamisi c'inkino z'ibanze(phase aller) z'icicaro ca gatatu.

Urukino rukomeye rwari rutegekanijwe ku ndwi ya mbere y'ihiganwa ntirugihuje umugwi wa Etoile FC na De la plaine ahubwo ruzoca ruhuza Etoile FC n'umugwi ukomeye waguze ikibanza ca de la plaine, wa The Aliens wanakinye coupe du président uno mwaka.

BUBANZA SPORTS NEWS.

23/03/2025

Mais quelle belle affiche du première journée du championnat de la 3ème division ! 🥶🥶

🗓️ Le 29/03/2024.

🔵 Etoile FC 🆚 De la plaine.
🏟️ Gihanga.
⏰ 13hH00.

BUBANZA SPORTS NEWS.

26/02/2025

⚓ Biramenyeshejwe!

Kumuntu wese yipfuza kugura ikibanza c'umugwi w'umupira w'amaguru wa 3ème division, kirahari yoturondera kuri izi noméro zikurikira kuri appel isanzwe; +25768815419.

BUBANZA SPORTS NEWS!

🚨 Coupe du président !🤩🤩🗓️ Vendredi le 21/02/2025.🔴Abawigeze FC 🆚 Unité des jeunes Rumonge⏰ 13h00🏟️ CTN🟠 Kigazi FC (Bbnz...
20/02/2025

🚨 Coupe du président !🤩🤩

🗓️ Vendredi le 21/02/2025.

🔴Abawigeze FC 🆚 Unité des jeunes Rumonge
⏰ 13h00
🏟️ CTN

🟠 Kigazi FC (Bbnza) 🆚 The Aliens FC (Bbnza)
⏰ 15h45.
🏟️ CTN.

BUBANZA SPORTS NEWS.

⚓ Ignace niwe yahesheje amanota 3 umugwi wa Royal vision,😍😍Hari mu rukino rw'indwi ya 19 y'ihiganwa ry'icicaro ça mbere(...
07/02/2025

⚓ Ignace niwe yahesheje amanota 3 umugwi wa Royal vision,😍😍

Hari mu rukino rw'indwi ya 19 y'ihiganwa ry'icicaro ça mbere(primus league Burundi), aho umugwi wa Royal vision waje kuba utsinda ibitsindo bibiri kuri kimwe c'umugwi wa Inter star(2-1). Umukinyi Mvyinirimana Ignace yaje gustinda igitsindo kigira kabiri cahesheje intsinzi umugwi wiwe wa Royal vision nyuma yaho cari igitsindo kimwe kukindi.

Akazi keza kakozwe na Ignace 👏👏

BUBANZA SPORTS NEWS.

🗣️ OFFICIEL ! Abawigeze FC muri coupe du président 🏆🤩Umugwi w'abawigeze FC wa hano iwacu uri neza na neza muri komine Bu...
31/01/2025

🗣️ OFFICIEL ! Abawigeze FC muri coupe du président 🏆🤩

Umugwi w'abawigeze FC wa hano iwacu uri neza na neza muri komine Bubanza, ugiye kuba witabira incuro yabo ya mbere ihiganwa ryitiriwe umukuru w'igihugu ry'uno mwaka wa 2024-2025.

Iyindi migwi igiye kwitabira iryo higanwa ni Kigazi FC na The Aliens FC zose zahano iwacu.

BUBANZA SPORTS NEWS.

📌  Tuvuge ko yatanguye kumenyera primus league Burundi ? Nyuma yo kugira intango mbi mu mugwi mushasha yaragiyemwo wa Mo...
21/11/2024

📌 Tuvuge ko yatanguye kumenyera primus league Burundi ?

Nyuma yo kugira intango mbi mu mugwi mushasha yaragiyemwo wa Moso Sugar, akaza kumara inkino indwi(7 matchs) adatsinda, Habimana Jules yegeranije amanote 7 mu nkino 5 aheruka gukina muri primus league Burundi.

Moso Sugar 0-0 Dynamic
Ngozi City 0-1 Moso Sugar
Moso Sugar 0-1 Inter Stars
Kayanza 3-0 Moso Sugar
Moso Sugar 2-5 Rukinzo
LLB Amasipili 0-3 Moso sugar

Ikindi kandi n'uko umugwi wa Moso Sugar utakiri mukibanza ça nyuma aho ubu ufata ikibanza ça 15 aho Ukurikira AC Deira ufata ikibanza ça 14ufise amanote 8 na Dynamic ifise amanote 9.

BUBANZA SPORTS NEWS.

⚓ Kirimbuzi muri lumitel woman's league !😱😱Nzoyikorera Rahay Roy yatsinze ibitsindo bitanu(5 buts) wenyene murukino rumw...
16/11/2024

⚓ Kirimbuzi muri lumitel woman's league !😱😱

Nzoyikorera Rahay Roy yatsinze ibitsindo bitanu(5 buts) wenyene murukino rumwe.🥶🥶

Hari murukino umugwi wa Fofila top girls watsinzemwo umugwi wa Buja Queens ibitsindo indwi kubusa(7-0) murukino rw'indwi ya mbere y'ihiganwa ry'icicaro ca mbere kuruhande rw'abigeme.

Mbega kuba Rahay Roy yashoboye kwinjiza ibitsindo bitanu wenyene umugwi nka Buja Queens, vyoba bitwereka urundi rwego rukomeye uno mwigeme agiye kutwereka uo mwaka?

BUBANZA SPORTS NEWS.

⚓ OFFICIEL !Nibizi Ornella muri la Colombe FC.🤩🤩Nyuma yo kumara imyaka igera kuri ibiri (2ans) mu mugwi wa les lionnes F...
26/10/2024

⚓ OFFICIEL !

Nibizi Ornella muri la Colombe FC.🤩🤩

Nyuma yo kumara imyaka igera kuri ibiri (2ans) mu mugwi wa les lionnes FC, Ornella yaje kuba yiyunga n'umugwi wa la Colombe wo mu gisagara ca Bujumbura, usanzwe ukina icicaro ca mbere kuruhande rw'abigeme (Lumitel women's league).

📝Nibizi Ornella akaba yasinye amasezerano yo gukinira umugwi wa la Colombe ikiringo kingana n'umwaka umwe.

BUBANZA SPORTS NEWS.

🚨 OFFICIEL !Nininahazwe Ciella na Nzoyikorera Lahay Loy bose bavuka mu ntara ya Bubanza, tugiye kubabona mu mugwi umwe w...
17/10/2024

🚨 OFFICIEL !

Nininahazwe Ciella na Nzoyikorera Lahay Loy bose bavuka mu ntara ya Bubanza, tugiye kubabona mu mugwi umwe wa Fofila muri uno mwaka w'inkino wa 2024-2025.

Nininahazwe Ciella akaba aje mu mugwi wa Fofila, avuye mu mugwi wa Buja Queens, mu gihe kurundi ruhande Nzoyikorerera Lahay Loy aje ava mu mugwi wa Arena Stars.

Twitege iki kuri bano bigeme 2 babasatirizi bahuriye mu mugwi umwe?

BUBANZA SPORTS NEWS.

Ibiharuro bidasanzwe kuri Sengiyumva Placide umunyegori wa AC Deira, gushika muri kano kanya muri primus league Burundi:...
07/09/2024

Ibiharuro bidasanzwe kuri Sengiyumva Placide umunyegori wa AC Deira, gushika muri kano kanya muri primus league Burundi:

Inkino : 3
Intsinzi : 2
Kunganya : 1
Yinjijwe ibitsindo : 2.

Akajambo kamwe kuri uno musore wanyu.

BUBANZA SPORTS NEWS.

Address

RN9
Bujumbura

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Bubanza Sports News posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Bubanza Sports News:

Share