
14/09/2025
: 2 : 0 STAR
Yashikirije ibitari bike inyuma yo gutahana intsinzi. Ni umumenyereza wa .
🎤 Aboubacar_MIBURO : "Icoba cashoboye kudufasha [gutsinda], ni abakinyi twashoboye gushiramwo mu gice ca kabiri. Baje bakosora abarimwo mu gice ca mbere. Ni ugushima Imana kuko ni yo yashoboye kuduha inguvu n'ubumenyi vyo gukosora ivyo twabuze muri _matchs_ [inkino] zibiri za mbere. Nibaza ko ari co kintu gikuru. Twarakosoye cane, turabona aho dufise ibibazo, turagerageza kuhakosora, Imana iradufasha biragenda neza."
🎤 Aboubacar_MIBURO : "Turacari mu ntango [z'ihiganwa]. Turiko twirukanga, turabe yuko bikunze, Imana idufashije natwe twoshobora kuja guserukira igihugu nk'uko twabigenjeje, kuko twabonye ko biryoshe. Turashobora guhiga igikombe kimwe muri bibiri bisanzwe bikinirwa ngaha mu Burundi."
🎤 Aboubacar_MIBURO : "Nibaza ko uko vyagenze kurya, kumuha umwanya nk'urya, Amissi_[Bizimana]_COUTINHO], ni uko twari kuri _pressure_ [turemewe]. Nayo ahandi ho, twari kumuha nk'iminota 15 kuko yari amaze imyaka ibiri ari mu mvune. Ariko rero _championnat_ [ihiganwa] kuva itangura, urabona _match_ igira kane ko ari ho agiye muri _liste_ [urutonde]. Yari yiremeye cane. Yari yaravyibushe rwose. Ntiyashobora no kwiruka, ariko ubu biratanguye kuza. Ni yo mpamvu mubona twagerageje kumuha iminota mikeya. Bukebuke uko _imatch_ zizogenda zikurikirana, tuzogenda tumuha iminota myinshi gushika asubiye ku rugero rwiwe rwa kera."
🎤 Aboubacar_MIBURO : "Hakuru ni jewe kuko nije nkunda gutora abana batoya. Hama kandi, iyo bamaze kumera neza, ama _équipes_ [imirwi] yo hanze canke _abakocha_ [abamenyereza] bo hanze kenshi barandondera. Nkaca mpitamwo kurekura abana. Kuko sinozibira abana, kugira baje kuronka _expérience_ [ubunararibonye] hanze. Hama kandi, n'igihugu kizobakenere mu ma _équipes_nationales_ [nserukiragihugu] _juniors_ [abakiri bato] na _seniors_ [abakuze].
🎤 Aboubacar_MIBURO : "Hakim ntashobora gusubira inyuma na gatoya. Ngira mwabonye yinjiye ko yaciye ahindura ibintu _direct_ [ubwo nyene]. Ni we muntu nibaza ko yadufashije cane muri _match_ kuko ni umwana tuzi. Ica mbere coco, Hakim ni umwana afise _taille_ [igihagararo] nziza. Ni muremure kandi ni umu _technicien_ [umunyabuhinga]. Rero kumukinisha harya, muri _milieu_ [hagati] _défensif_ [azibira] ni _choix_ [guhitamwo] y'iwanje. Ni uko ari muremure, azi _kurécupéra_ [gupapuza imipira] kandi akaba azi no gukina. Rero ntikizomusubiza inyuma. Ahubwo arashobora gutera imbere gusumba na harya yahora akina muri _milieu_ _offensif_ [asatira].
🎤 Aboubacar_MIBURO : "Iminsi yose iyo mbonye ku ma _réseaux sociaux_ [mbuga hwaniro] bavuze yuko uwabaye _meilleur buteur_ [watsinze vyinshi] ari umukinyi wa , ni ibintu vya mbere bindyohera mu buzima bw'iwanje. Kuko ni zo ndoto z'iwanje kwama mfise abakinyi bazi gutsinda. Rero nibaza ko n'ubu Imana yoshobora kunyongera umwaka wa gatatu, noryoherwa cane.
🎤 Aboubacar_MIBURO : "Miburo na Rukinzo tumaze kuba nk'abavandimwe, nk'abavukanyi. Kuko aba chefs [abakuri] ba Rukinzo barankunda, nanje nkabakunda. Ngira ni co gituma rero kenshi ubona ko bingora kuva muri Rukinzo nkaja ahandi."
✍️ Wordless