IZAWE Magazine

IZAWE Magazine Livret des entrepreneurs

Yaba Bumamuru Football Club canke Intamba mu Rugamba officiel z'abatarenza imyaka 20, nta wuronse intsinzi. Habe no kubo...
06/09/2026

Yaba Bumamuru Football Club canke Intamba mu Rugamba officiel z'abatarenza imyaka 20, nta wuronse intsinzi. Habe no kubona mw'igori ry'uwo bahanganye. Ni kuvuga ko urwo rukino rwa kivandimwe rurangiye imirwi yose inganya 0-0.



Ntibigenze neza ku murwi wa Rukinzo Football Club. Uwo murwi w'igiporisi utsinzwe 1-0 na Durban City FC. Ally MAGAMBO, m...
06/09/2026

Ntibigenze neza ku murwi wa Rukinzo Football Club. Uwo murwi w'igiporisi utsinzwe 1-0 na Durban City FC. Ally MAGAMBO, myugariro wo ku ruhande, ni we yitsinze ku munota wa 66.

Abakunzi b'uwo murwi n'abarundi bose muri rusangi bati : "Ntibirahera. Tuzobihorera i Bujumbura". Mu rukino rwo gusubiriza, vyose ni ho bizodadanuka. Rutegekanijwe ku w'Imana 13 Nyakanga 2026 ku kibuga INTWARI.

Mwibuka, urwo rukino ruharurwa mw'ijonjora rya mbere ry'ihiganwa rihuza imirwi yatwaye ibikombe mu bihugu iwabo. Uwo murwi waserukiye Uburundi kubera ko watwaye igikombe c'umukuru w'igihugu c'umwaka w'inkino w'2026.

📷 DR



Al Hilal S.C bafashe urugendo berekeza i Kigali. Ni inyuma yo kuronkera intsinzi ya 2-0 ku kibuga INTWARI imbere y'umurw...
06/09/2026

Al Hilal S.C bafashe urugendo berekeza i Kigali. Ni inyuma yo kuronkera intsinzi ya 2-0 ku kibuga INTWARI imbere y'umurwi wa AIGLE NOIR CLUB SPORTIF.

Mwibuka, bagiye gutegura urukino rwo gusubiriza. Ruharurwa mw'ijonjora rya mbere ry'ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo ku mugabane w'Afirika.

📷 Al Hilal



06/09/2026

Amakuru y' co kuri uyu wa 07.09.2026.

🎥 IGEBU



Kuva isaha icenda z'i Bujumbura, Rukinzo Football Club barakirwa n'umurwi wa Durban City FC wo muri Afirika y'Epfo. Ni u...
06/09/2026

Kuva isaha icenda z'i Bujumbura, Rukinzo Football Club barakirwa n'umurwi wa Durban City FC wo muri Afirika y'Epfo. Ni urukino rubera ku kibuga MOSES MABHINDA. Ni urwo gutangura. Ruharurwa mu majonjora ya mbere y'ihiganwa rihuza abatwaye ibikombe vy'igihugu iwabo.

Mwokwibuka ko uwo murwi w'igiporisi userukiye Uburundi inyuma yo gutwara igikombe c'umukuru w'igihugu c'umwaka w'2026. Ku wa 13 Nyakanga 2026, nabo bazotanira mu mitwe n'uwo murwi i Bujumbura ku kibuga INTWARI.



05/09/2026

Amakuru y' co kuri uyu wa 06.09.2026.

🎥 IGEBU



Révérien_NDIKURIYO amenyesheje ko ishirahamwe Fondation PAX Burundi rizotanga amafaranga imiriyoni 100 yo gushikira uruk...
05/09/2026

Révérien_NDIKURIYO amenyesheje ko ishirahamwe Fondation PAX Burundi rizotanga amafaranga imiriyoni 100 yo gushikira urukino rwimirije kuzohuza Uburundi na Togo hamwe na "Algérie". Ni "hamwe umurwi wa AIGLE NOIR CLUB SPORTIF wonanirwa gukuramwo Al Hilal S.C nk'uko abisigura. Avuga mugabo ko ijambo rya nyuma ari ku wa 12 Nyakanga.

Uwo yatanguje iryo shirahamwe abishikirije inyuma yo gutsindwa kw'uwo murwi abereye umunyamitahe 2-0 n'uwo murwi wo muri Sudani.



05/09/2026

Raba uko AIGLE NOIR CLUB SPORTIF binjijwe 2-0 na Al Hilal S.C.

🎥 Al Hilal SC



UMUMENYEREZA WA AIGLE NOIR CLUB SPORTIF AVUGA IKI KU GUTAKAZA?----------------------------------------------------------...
05/09/2026

UMUMENYEREZA WA AIGLE NOIR CLUB SPORTIF AVUGA IKI KU GUTAKAZA?
------------------------------------------------------------------
🗣️ : "Muri rusangi, novuga ko abakinyi [banje] babuze kwiyemera kugira bakine ukwo basanzwe bakina, bashire umupira hasi, bakine neza. Mu mupira, urashobora gutegura urukino ntibigende uko ubishaka."

🗣️ : "Dufise abakinyi 12 bashasha n'abakera bahasanzwe. Bisaba umwanya kugira abo bose bazomenyerane, bamenye na style de jeu [uburyo bwo gukina] nipfuza."

🗣️ : "Sinovuga ko vyaheze. Tugiye kuraba amakosa yabaye hama tuzoyakosore mu rukino rwo gusubiriza."

Jimmy_NDAYIZEYE abishikirije inyuma yo gutsindwa 2-0 na Al Hilal S.C. Ni mu rukino rwo gutangura. Ruharurwa mu majonjora y'ihiganwa rihuza ababaye aba mbere iwabo ku mugabane w'Afirika.

📷 YA_KERA



Nta co AIGLE NOIR CLUB SPORTIF banovye ku kibuga INTWARI. Bahatsindiwe 2-0 n'umurwi wa Al Hilal S.C.Ku munota wa 17 gusa...
05/09/2026

Nta co AIGLE NOIR CLUB SPORTIF banovye ku kibuga INTWARI. Bahatsindiwe 2-0 n'umurwi wa Al Hilal S.C.

Ku munota wa 17 gusa, Yaser_OMER yari yinjije igitsindo ca mbere. Mugenziwe Ahmed_SALEM yaje kudendura mu gice ca kabiri. Yatsinze ku munota wa 53.

Al Hilal SC ni bo bagumanye umupira cane kuva mu ntango gushika mu mpera z'urukino. AIGLE NOIR CLUB SPORTIF baronse uburyo buke cane bwo gutsinda.

Abo bitazira abarwanyi, babonetse nk'abatamenyeranye. Kwaka umupira umurwi bahanganye, vyabagora. Bawuronse, mu kanya isase baba bawutakaje. Baja kwinjiza, naho nyene ntibabonana neza. Kubera ivyo, ntibashika mw'igori.

Mwibuka, ni urukino rwo gutangura rw'amajonjora. Ruharurwa mw'ihiganwa rihuza ababaye aba mbere iwabo ku mugabane w'Afirika.

Ku wa 12 Nyakanga 2026, ni ho hategekanijwe urukino rwo gusubiriza. Ruzobera i Kigali, aho uwo murwi wakirira.

📷 DR



Address

Rohero I, Avenue De La RDC
Bujumbura

Telephone

+25769010101

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when IZAWE Magazine posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to IZAWE Magazine:

Shortcuts

Share

Category