17/09/2025
🌐⚫Poutine yatanguye kwishura Ukraine mu dutero tubayabaye, akari inyuma karahinda
Mwijoro ryo ku musi w'ejo, Igisoda c’Uburusiya cateye igisagara kiri mu burengerazuba bwa Ukraine, Zaporizhzhia cifashishije ama rokete. Ico gitero cakomerekeje abantu 20, harimwo abana bane, nk’uko Perezida Volodymyr Zelenskyy yabishikirije. Yagiriyeko anasaba abayobozi ba Buraya gukingira umugabane wabo biciye mu gushiraho uburyo bukomeye bwo kurinda ikirere kuko ibitero vyinshi vy'Uburusiya aragerageza kwikingira bikarangira bimushikiriye.
Muri izi ndwi zibiri ziheze gusa, Zelensky yavuze ku rubuga rwaTelegram ko Uburusiya bwateyemwo drones zirenga 3,500, bombe zigira mu kirere zirenga 2,500, hamwe na misile hafi 200 ku bibanza bitandukanye muri Ukraine.Ariko bwari busa n'aho bwagabanuye ibitero inyuma y'imyimenyerezo bwarimwo ya gisirikare yarangiye ku musi w'ejo.
“Iki nico gihe co gushira mu ngiro uburyo bwo kurinda ikirere dusangiye n’uburaya twifashishije ubuhinga bwose bushoboka ” Uko niko Zelenskyy yabivuze kuri Telegram. Yongera ati:“Dukeneye umutahe n’ukwiyemeza, dukeneye ibikorwa bikomeye hamwe n’ukwiyemeza kuva kuri bose bari kumwe natwe.”
Ku rundi ruhande naho, DonaldTrump mu rugendo rwiwe yerekeza mu bwongereza mu rugendo rw’Igihugu, yavugiye i Washington ko “Zelensky ategerezwa gusinya amasezerano yo kurangiza intambara” N'aho atatomoye ico yashatse kuvuga muri ayo majambo.Perezida w’Amerika yashize uruhara ku mpande zose mu ntambara, nubwo Ukraine isa n'iyatewe iriko irigwanira, Trump we abona ko bose babifisemwo uruhara rudasanzwe.
Muri Zaporizhzhia, ivyo ibitero vy’Abarusiya vyononye inyubako zirenga 20, bitera imiriro myinshi, nk’uko umuyobozi w’iyo ntara Ivan Fedorov yabivuze kuri televiziyo y’igihugu.
“Twari tugisanasana ivyo Uburusiya bwononye kuwa 30 Myandagaro. Twari tugikora amazu yasambaguritse, tugisubiriza amadirisha, none raba Uburusiya burasubiye kubisambura vyose”
☝️ Uko niko Fedorov yabivuze. Uburusiya bwanateye kandi ikigo c’amasoko y’abantu muri Kyiv, nk’uko Zelenskyy yabivuze. Yanashize kuri Telegram amashusho yerekana drone y’Uburusiya iriko irasuka ibisasu ku muji wa Kharkiv, aho abantu bane bakomeretse nabi, cane cane igihe kaminuza y’imiti yo muri uwo muji yariko iraterwa.
Zelensky yongeye gusaba ibihugu kongera ibihano vy’ubutuzi ku burusiya. Yagize ati:
“Impamvu imwe Uburusiya bushobora bugishobora gukora ibi vyose n’uko butarumva ububabare, mu gihe Uburusiya butarashikirwa n'uruhombo rukomeye mu vy'ubutunzi, ntibuzoshobora kwihutira ibiganiro vy’ukuri vyo kurangiza intambara.”
Ariko kandi Ukraine yari imaze imisi itera ku mahinguriro y'ibitoro n'aho bibikwa mu burusiya. Koko Uburusiya ni igihugu ca kabiri kw'isi gishora igitoro, ariko muri iyi misi buriko burahura n'ikibazo c'ibura ry'igitoro bivugwa ko vyoba biva kuri ivyo bitero Ukraine yakoze mu misi iheze. Icibonekeza coco, Ukraine iyo iteye abapfa si benshi ahubwo hononekara ibintu, gusa ibitero vy'Uburusiya bikunze guhitana benshi abandi bagakomereka.
Ariko kandi iri jambo Trump yavuze ko Zelensky ategerezwa kwemera ibiganiro, ryacanze benshi kuko ntiyashimye kurisobanura.
Mugire umusi mwiza