SILVA

SILVA Cette page diffuse de l'actualité de culture générale dans des documentaires fraîchement fouillés

Kim Jung Un yatoye agatebe yongera  kuraba uko ibisasu bishasha bigeragezwaInyuma  y’ibisasu ruhonyaganda  n’ibindi vyir...
19/09/2025

Kim Jung Un yatoye agatebe yongera kuraba uko ibisasu bishasha bigeragezwa

Inyuma y’ibisasu ruhonyaganda n’ibindi vyiruka kurusha ijwi, Kim ariko arihweza ubuhangange bwa drone zikoresha ubwenge bw’ubukorano

Ninde azohagarika Koreya ya ruguru ?

🌐🔥France: Abarenga  umuriyoni bari mw’ibarabara biyamiriza ubutegetsi Ku musi w'ejo itariki18 Nyakanga 2025, Ubufaransa ...
19/09/2025

🌐🔥France: Abarenga umuriyoni bari mw’ibarabara biyamiriza ubutegetsi

Ku musi w'ejo itariki18 Nyakanga 2025, Ubufaransa bwuzuye imigumuko mu buce burenga 250. Ama syndicats menshi yiyamirije ingingo nshasha igamije kugabanya amafaranga akoreshwa n'igihugu kugeza ku miliyarifi 44 z'amayero

Nk’uko Minisitere y'intwaro yo hagati mu gihugu ibivuga, aba abantu bari mumyiyerkano barenga ibihumbi 500, mu gihe ishirahamwe rya CGT ryo rivuga ko bari abantu barenga umuliyoni bitabiriye iyo myiyerekano. I Paris, abantu hafi ibihumbi 55 000 bari mu mabarabara, bahuriye mu bibanza bitandukanye nka Bastille na Place d’Italie. Imyiyerekano ikomeye kandi yabaye kandi i Lille, i Amiens, i Le Mans hamwe n'i Sablé-sur-Sarthe.

Ibibazo vyabaye vyinshi: abakozi bakora ivyo kwunguruza abantu bari bahagaritse akazi, amashuri, amavuriro n’amaduka y’imiti bose bari mu migumuko. Pharamasie hafi 90% zose zirugawe akajagari ni kenshi. Hari n’aho abantu buzuye mu mabarabara y’ingenzi n'ibindi bibanza barabizibira baranka kuvamwo.

Iyi migumuko ibaye mu gihe igihugu cari kimaze imisi mu bihe bitoroshe inyuma y'ugutanga imihoho k'umushikiranganji wa mbere François Bayrou, inyuma yo gutakaza icizere mu nama shingateka. Uwamusubiriye Sébastien Lecornu, yatangaje ko hari ingingo zimwe zimwe zidakwiye nk'ukugabanya imisi mikuru imw'imwe, ariko nawe nyene iciyumviro ca Bayrou co kugabanya amahera Leta ikoresha kumwaka aragishigikiye.
Igituma abantu bagumuka si ikindi, kugabanya amahera Leta ikoresha ku mwaka bisigura kugabanya amahera ashigwa mu bintu bitandukanye nko muma vuriro, mu mashure mu nyubakwa. Ivyo navyo biragira ingaruka nyinshi kuko benshi baratakaza ubuzi kandi n'akanovera k'ama services karagabanuka. Kandi iyo Letat igabanije amahera ikoresha ku mwaka bikorako benshi kuko nk'amahera ahabwa abakukuruke barakunda kuyagabanya cane.

Ubu Macron ari mu ngorane zitagira uko zingana, sinzi uko azobivamwo kuko benshi mubafaransa bariko baramusaba gutanga imihoho. Kandi Ubufaransa bufise amadeni menshi butegerezwa kuriha nico gituma iyi politike iriko irazanwa, gusa abafaransa bavyanse.

🌐⚫Zelensky yishikiye ku rugamba: Yahaye  moral  abasirikare  muri Donesky Perezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, yagen...
19/09/2025

🌐⚫Zelensky yishikiye ku rugamba: Yahaye moral abasirikare muri Donesky

Perezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, yagendeye abasirikare b’iwe mu bikorwa vyo kurwanya ibitero mu gasagara ka Dobropillia mu ntara ya Donetsk. Ibi Umukuru w’igihugu yabimenyesheje kuri Telegram, nk’uko ikinyamakuru Ukrinform kibivuga.

“Mu ntara ya Donetsk. Nabonaniyeyo n’intwari zacu ziri mu rugamba. Navuganye n’abo barwanira igihugu, ndabashimira ku vyo bamaze gukora, kandi nabahaye ibihembo vy’igihugu. Naronse kandi raporo ivuye ku mukuru w’Abasirikare, Oleksandr Syrskyi, ku bikorwa tumaze gushikako, ibitero biri imbere n'imigambi izorangurwa” Aya niyo majambo Zelensky yanditse kuri Telegram.

Ukraine kandi yakuye abasirikare b’Uburusiya ku butaka bwa 160 km² mu ntara ya Donetsk, ahanini hafi ya Dobropillia na Pokrovsk. Ubuce 7 bwasubijwe, kandi Abasirikare b’Uburusiya hafi 100 bafashwe nk'imfungwa. Iki kintu cakozwe cakozeko cane
Kurundi ruhande naho, Poutine arabandanya ibitero. Abantu batanu bishwe n’igitero c’indege cakozwe n’Uburusiya mu buseruko bwa Ukraine ku musi w'ejo i Kostiantynivka, mu ntara ya Donetsk, mu buseruko bwa Ukraine, nk’uko igipolisi ca Ukraine cabimenyesheje kuri Telegram.
Ivyo bitero vya gisirikare vy’Uburusiya vyishe abagore babiri bafise imyaka 62 na 65 hamwe n’abagabo batatu bafise imyaka 65, 67 na 74, kandi amazu 4 y’abanyagihugu yononekaye” muri ico gitero.

N'aho Ukraine ivuga ko yisubije butaka buto, Uburisiya n'abwo nyene bwabakoze mu jisho kuko bwabakiroyeye indege izwi kw'izina rya Su-27, itazirwa “Fantôme gris”. Iyi ndege yari ikirwanisho kimwe mu bifise akamaro kanini mu gisirikare ca Ukraine.
Uburusiya kandi bwongeye hukorzdha amayeri y’intambara yo guca ku miringoti ya Gaz hamwe igisirikare ca Ukraine cisanga mu mutego kitari bwikuremwo. Ibi baheruka kubikora muri Koupiansk ariko barabikoze muri Aviidvka hamwe na Soudja muri Koursk

Vladimir Poutine nawe igihe yari mu nama yagiranye n'abanyamabanga b’inama nshingamateka. Yatanze icegeranyo amenyesha ko abasirikare barenga 700 000 b’Uburusiya ari bo bari ku rugamba. Ku mirongo y'intambara.
Zelensky afise amateka atari meza yo kugendera ingabo. Incuro nyinshi yagendeye abasirikare, uturere barimwo twaciye dufatwa budakeye na kabiri. Nkubu Provoksk irazungurutswe ubutikakaza, inzira nka zose zahora zizanira vya nkenerwa Ukraine zirugaye

Ndabashimiye, mugire umusi mwiza

🌐🇸🇦🇵🇰Arabiya Saoudite na Pakisitan basinye amasezerano yo "kwivunira umwansi hamwe", inyuma y'uko Israël  ikoze ibirero ...
18/09/2025

🌐🇸🇦🇵🇰Arabiya Saoudite na Pakisitan basinye amasezerano yo "kwivunira umwansi hamwe", inyuma y'uko Israël ikoze ibirero muri Qatar

Arabiya Saoudite na Pakisitan basinye kuri uyu wa gatatu, igenekerezo rya 17 Nyakanga, amasezerano bise “gufashanya mu kwivuna umwansi". Muri aya masezerano biyemeza ko bazofashanya kugwana mu gihe igihugu kimwe muri ibi bibiri gitewe.

Pakisitan isanzwe ifise ibirwanisho vya nucléaire rutura kandi imaze amezi ane gusa ivuye mu ntambara ikomeye cane yarimwo n’Ubuhindi . Uku ni ukwikingira kudasanzwe kuri Pakistan kuko ayo masezerano avuga ko"igitero cose gikozwe ku gihugu kimwe muri ivyo kizofatwa nk’aho gikozwe ku bihugu bibiri vyose", nk’uko vyatangajwe n’ikimenyeshamakuru ca Leta ya Arabiya Saoudite SPA.

Aya masezerano yasinyiwe i Riyadi mu rugendo rw’akazi rw’umushikiranganji wa mbere wa Pakisitan, Shehbaz Sharif, aho yakiriwe n’igikomangoma Mohammed Ben Salman, ari nawe atwara igihugu ku buryo bw’ukuri.

👊Riyad irondera kwagura imigenderanire yayo no kwikingira

Aya masezerano atangajwe inyuma y’ibitero vya Isiraël vyabaye kw’igenekerezo rya 9 Nyakanga vyakorewe Hamas, igitero c’akarorero catumye Qatar n’akarere kose k’Uburasirazuba bwo hagati bihungabana. Ariko n'aho Riyad igerageza kurondera abandi bafasha, uku gukorana na Islamabad ivuye mu ntambrara n’Ubuhindi ntibisigura ko igiye guhagarika urudandazwa rukomeye ifitaniye n’Ubuhindi. Kuko Ubuhindi, ni kimwe mu bihugu bikenera pétrole nyinshi cane. Bukoresha ibice 85% vy'ibitoro bivuye hanze. Nko mu mwaka wa 2024, Irak na Arabiya Saoudite vyonyene vyashoye ibitoro mu Buhindi bishika ku bice 45% bikoreshwa muri ico gihugu.

Ikintu kidasanzwe co kumenya n'uko amasezerano nk'aya ni amasezerano adasanzwe na gato kuko ni nka kurya kwa OTAN ukozeko kimwe mu bihugu biyigize uba uteye bose. Ibihugu bisinya amasezerano nk'aya biba vyicungereye. Ubu ni uburyo bwo kwirinda Israël ikubita uwo ari we wese Amerika ikaguma yinumiye n'aho iba yakubise umugenzi.

🌐⚫Na Papa yiyamirije inyifato ya Israël Ubugizi bwa nabi ndetse no kwimura ku nguvu Abanyepalestine vyabaye ndase, abany...
18/09/2025

🌐⚫Na Papa yiyamirije inyifato ya Israël

Ubugizi bwa nabi ndetse no kwimura ku nguvu Abanyepalestine vyabaye ndase, abanyagihugu bariko barabaho ubuzima butoroshe na gato. Vyageze aho na Papa Léon wa XIV yiyamiriza iyo ngendo. Ni inyuma y’uko hatangujwe ibitero bikomeye n’igisirikare ca Isiraël vyatumye abanyagihugu benshi ba Gaza bahunga, abandi baraburabuzwa.

"Nderekanye ugufatanya kwanje n’umutima wose n’abanyepalestine baba i Gaza, babandanya babaho mu bwoba no mu buzima bugoye kwihanganirwa, kandi bakaguma basunikwa guhunga ubutaka bwabo ku nguvu," niko Papa Léon wa XIV, umupapa w’umunyamerika, yabishikirije mu mpera y’ikoraniro ryiwe ridasanzwe riba buri ndwi ku kibanza citiriwe Mutagatifu Petero, i Vatikano.

"Buri muntu wese afise agaciro kadasanzwe kadasuzugurwa, agaciro kagomba guhora kubahirizwa kandi kabungwabungwa," niko yongeye kuvuga. Ivyo yabishikirije mu gihe igisirikare ca Isiraël ejo bundi kuwa kabiri camenyesheje ko catanguje ikindi gitero simusiga ca gisirikare i Gaza. Kandi ibiharuro vy'abantu bari gupfa biguma vyiyongera.

Uyu mukuru w’ishengero rya Katolika yongeye gusaba "ihagarikwa ry’intambara, irekurwa ry’abanyororo bagizwe imbohe, gushiraho uburyo bwo gutora inyishu biciye mu biganiro vy’amahoro hamwe no kwubahiriza amategeko mpuzamakungu agenga ivy’intambara."
Mwibaza ko ari nde muntu asigaye kuvuga akumvirwa kugira ngo Israël ihagarike amashano iriko irakora?

🌐🇺🇸🇬🇧Abongereza nta mikino: Trump yasuzuguwe, ngo ntibashaka kumubona mu gihugu caboBenshi bari mu mabarabara  y'i Londr...
18/09/2025

🌐🇺🇸🇬🇧Abongereza nta mikino: Trump yasuzuguwe, ngo ntibashaka kumubona mu gihugu cabo

Benshi bari mu mabarabara y'i Londres na Windsor biyamiriza Donald Trump yash*tse mu Bwongereza mu gihugu cabo ku musi wa kabiri. Trump ntiyakiriwe neza na gato. Uru rugendo yagize ku musi wo kuwa kabiri aja mu Bwongereza rwiyamirijwe n’amashirahamwe agenga uburenganzira bwa zina muntu kubera ishigikira ry’Amerika muri génocide Israël iriko irakora ku banyagihugu ba Palestine.

Ibihumbi vy’abantu vyari vyakoranye ku musi w'ejo, kukibanza ca Portland Place, hagati mu gisagara ca Londres, hafi y’inyubakwa ya BBC, bambaye ivyanditseko amajambo agira ati « Turanse ivangura ry’amoko, Turanse na Trump »
Nk’uko Milena Veselinovic umumenyeshamakuru wa Al Jazeera yabitangaje, ibirori Trump yari ajemwo vyaciye bitunganirizwa kure y’umurwa mukuru wa Londres kugira ngo « birinde ko Donald Trump yomererwa nabi n'abari mu myiyerekano».

"Intambara ihagarare, abateguzi ba génocide ntabo dukeneye mu Bwongereza, Turiyamirije Tump, ntidukeneye ko Amerika n'Ubwongereza biguma bifasha Israël abo bicanyi." Ubwo nibwo butumwa nya mukuru bwatanzwe n'abari mu migumuko.

Naho habayeho uburyo bwo gukingira Trump kugira ngo atisanga imbere y’abo bagumutsi, hari benshi bashoboye guteranira imbere y’Inzu ya Windsor( ikirimba c’ubwami bw’ubwongereza) aho Trump yari.

Hari kandi abazanye amasanamu Trump ari kumwe na Jeffrey Epstein kuri ino nyubakwa imaze imyaka 1000. Uyu yerekanywe amafoto ari kumwe na Trump n'umwe yiyahurira mw'ibohero ariko bivugwa ko ari Trump yoba yabigizemwo uruhara ngo atamena amabanga bari bafitaniye y'ukuntu Trump yaryamana n'utwana tudakwije imyaka. Kubwa'aya masanamu ya Trump yerekanywe abajejwe umutekano bafashe bane muri aba bagumutsi bagirizwa ko boba aribo boba batanze aya mashusho.

🤷‍♂️N'iki cajanye mu bwongereza Trump?

Donald Trump hamwe na Minisitiri wa mbere w'Ubwongereza Keir Starmer basinye amasezerano akomeye mu buhinga ngurukana bumenyi y’agaciro ka miliyaridi 42 z’amadolari, ni ukuvuga imiliyaridi 31 z’amapawundi.

Aya masezerano yitwa "Tech Prosperity Deal" agamije gukomeza ugukorana hagati y’ibi bihugu mu bijanye n’ubwenge bw’ubukorano IA, ubuhinga ngurukana bumenyi bushingiye ku mashini, n'umuriro wa nucléaire. Amashirahamwe akomeye yo muri Amerika yemeje kuzana imitahe mu Bwongereza biciye muri aya masezerano.

Ariko rero mu Bwongereza bashishwe ntibashaka kumubona Trump, nawe nyene siwe aza kubona arahavuye, niyataha iwe muri Amerika ariruhutsa.

🌐🔥OTAN yinjiye mu myimenyerezo idasanzwe yo kugwanya  Uburusiya Ivyabaye mu ndwi iheze ntibirarangira,  aho drone y'Ubur...
18/09/2025

🌐🔥OTAN yinjiye mu myimenyerezo idasanzwe yo kugwanya Uburusiya

Ivyabaye mu ndwi iheze ntibirarangira, aho drone y'Uburusiya yaciye mu kirere ca Pologne na Roumanie. Ku musi w'ejo, kw’igenekerezo rya 17 Nyakanga OTAN yatanguje imyimenyerezo ikomeye cane y’uyu mwaka yitwa “Iron Gate / Żelazna Brama-25”’

Ni imyimenyerezo irimwo abasirikare bashika 30 000 bava muri OTAN no muri Polonge, bari kumwe n’ibikoresho vya gisirikare birenga 600 vy’amaburende, indege, n'amamisile. Iyi myimeneyerezo ije kandi kuba inyuma y'imyimenyerezo Uburusiya bwari bumaze imisi bukorana na Biélorussie hafi y'umupaka wa OTAN, icari cateye ubwoba bwinshi ibihugu vya Buraya kuko nk'imituragaro myinshi y'ibisasu vyageragejwe abanya Buraya begereye imipaka baravyumvise.

Mu kwishura, ibihugu bitari bike vyo mu muryango wa OTAN vyari vyahavuye vyongera inguvu ku rubibe rw’ubuseruko. Ubufaransa hamwe n’Ubwongereza barungitse indege z’intambara za Rafale na Eurofighter kugira ngo bongereze umutekano mu kirere ca Pologne inyuma y'uko indege za Poutine zari zahicishije. USA nayo nyene yaragerageje hafi y’imipaka y’uburusiya indege za B-2 Spirit

Ubu tuvugana Ubuholande buriko burihutisha kurungika bateri 2 za misile zo kurwanya indege Patriot mu gihe Swede nayo yitegura kurungika indege hamwe n’ivyuma vyo kwikingira. Repubulika Tchèque nayo yijeje kurungika kajugujugu 3 zo mu bwoko bwa Mi-17 hamwe n’abasirikare 100. Pologne ubwayo yamaze gushira ku rubibe abasirikare bashika 40 000 hamwe n’ibikoresho bikomeye vya gisirikare ku rubibe rwayo ihana na Biyelorusiya n'Uburusiya. Imwe mu mipaka yo mu mazi yarugawe. Ivyo vyabaye inyum y’uko bivuzwe ko iyindi drone y'Uburusiya igurutse hejuru y’urugo rw’umukuru w’igihugu ca Pologne

Gucisha indege mu kirere ca Pologne, abategetsi b'iki gihugu n'ubu ntibirabavamwo, i buraya barajugumiye. Kugeza n'ubu babibona nk'ikimenyetso gikomeye cane c’uko umutekano wabo uziritse ku catsi. Nico gituma baguma bagerageza kwikomeza kuko ntawuzi ico Poutine apanga. Donald Tusk umushikiranganji wa mbere, we avuga ko ivyo Uburusiya bwagize ntivyari bwigere biba kuva mu ntambara y'isi ya kabiri irangiye.

Zelensky nawe mu gisa na comédie ati:" Mwoshaka mwohagarika kuduha ubwirinzi kuko namwe murabukeneye kugira mwikingire ibitero vy’Uburusiya

Mugire umusi mwiza

Vyagenze gute ngo Trump azivye umumenyeshamakuru ?Twari duhejeje  kubasangiza igice c’ikiganiro  Trump  yahaye abamenyes...
17/09/2025

Vyagenze gute ngo Trump azivye umumenyeshamakuru ?

Twari duhejeje kubasangiza igice c’ikiganiro Trump yahaye abamenyeshamakuru. Cari ikiganiro kirimwo kubangamira umumenyeshamakuru akomoka muri Australie

Iki kiganiro cabaye hagati y’umukuru w’igihugu ca Amerika Donald Trump n’umunyamakuru w’umunya-Australia John Lyons cabaye ku musi w'ejo mu gihe c’inama yo gutanga amakuru muri Maison-Blanche, imbere y’uko Trump afata urugendo yerekeza mu Bwongereza.

Muri iyo nama, Lyons, umumenyesha makuru w’ikiganiro Four Corners ca ABC, yabajije Trump ibijanye n’ibikorwa vyiwe vy’ubucuruzi kandi ari Perezida, n'umutahe wiwe w'amadolari imiliyaridi 2 wateye impari muri World Liberty Financial.

Igituma iki kibazo gikomeye kuri Trump n'uko umuntu iyo ari umukuru w'igihugu agaca aba n'umudandaza, arashibora kwitiranya itunga ry'igihugu n'iryiwe canke agashiraho amategeko amworohereza nk'umucuruza apana yorohereza igihugu muri rusangi. Nico gituma Trump yakiriye nabi cane iki kibazo ndetse aca anagiriza uyu mugabo Lyons ko ariko aravyonga umubano w’Amerika na Australiya, kandi yamugizeko itera bwoba ko ashobora kumurega kuri Minisitre wa mbere w’Australia Anthony Albanese. Niho yaciye anamuzibisha ati ceceka : « Quiet ».

Iri hohoterwa Trump yakoreye uyu mugabo ntiryakiriwe neza na gato muri Australiya. Bamwe mu bategetsi bashigikiye uburenganzira umumenyeshamakuru afise bwo kubaza ibibazo ico arico cose. Gusa kubera Trump ico kibazo kitamworohereza, camukozeko yaciye ahitamwo kwishura:"Ziba"

Ejo muze mugume hafi tuzogaruka kuyo Trump aboneye mu Bwongereza

Mugire ijoro ryiza

Umumenyeshamakuru : Mbega bigenda gute  ng'umukuru w’igihugu akiri ku butegetsi abe yikorera ibikorwa nk'ivyo vyinshi vy...
17/09/2025

Umumenyeshamakuru : Mbega bigenda gute ng'umukuru w’igihugu akiri ku butegetsi abe yikorera ibikorwa nk'ivyo vyinshi vy’urudandaza?

Trump : Uvuye hehe wewe?

Umumenyeshamakuru : Muri Australie.

Trump : Uriko uragirira Australie nabi cane. Kuba uriko urambaza ibibazo nk'ibi. Nzobibwira umukuru w’igihugu cawe.

Umumenyeshamakuru : Uvuze ngo?

Trump : Ceceka.

🌐🇲🇱 🇧🇫 🇳🇪Burkina Faso, Mali na Niger vyose bigira bive  muri CPIKuri uyu wa kabiri, ku wa 16 Nyakanga 2025, abaministre ...
17/09/2025

🌐🇲🇱 🇧🇫 🇳🇪Burkina Faso, Mali na Niger vyose bigira bive muri CPI

Kuri uyu wa kabiri, ku wa 16 Nyakanga 2025, abaministre b’ubutungane b’igihugu ca Mali, Burkina Faso na Niger bakoraniye i Niamey mu nama idasanzwe kugira baganire ku kwikura mu rwego Mpuzamakungu rw’Ubutungane (CPI). Abo bategetsi b’ibihugu bigize Alliance des États du Sahel (AES) biteguriye gutanguza sentare y'ubutungane yo mu karere ka Sahel. Sentare igenga ivyo bihugu gusa.

Mu gutangura inama, Mohamed Toumba, Ministre w’Ubutegetsi bwa Niger ku buryo bw’imfata kibanza, yavuze ko ibihugu bitatu vyipfuza "kwandika urwandiko rwo kuva muri CPI." Umwe mubegereye iyo dosiye wo mu Mali afise amakuru yemeza ko “inyandiko ziteguye,” kandi ko itangazo rishobora gukorwa mu minsi iri imbere.

Kwikura muri CPI biherekejwe n’umugambi munini. Umugambi wo gushinga Urwego rw’Ubutungane rw’agace ka Sahel rwitaho ku burenganzira bwa zina muntu. Uru rwego ruhasha ruzokurikirana ibikorwa vy’iterabwoba, ivyaha vy’ubwicanyi mpuzamakungu n’ibikorwa vya gisirikare bishobora gukorwa muri ako karere. Uyu mugambi uherekejwe n'icipfuzo co kubakwa agasho gakomeye ko kwakira abaciriwe umunyororo muri ivyo bihugu bitatu.

Kuri Mohamed Toumba, iki ni igikorwa cari gikenewe kuko ngo ibikorwa vya CPI vyibanda gusa ku bihugu vya Afrika n’abayobozi bayo. Ministre wa Niger yongeyeko ashimangira ko urwo rwego CPI rwahindutse igikoresho co guhohotera ibihugu vya Afrika, rukoreshwa n’abagenga ubutegetsi bw’abanyamahanga kugira bahagarike intumbero z’ukwigenga.

Umwe mu banyamategeko bo muri Mali we siko abibona. Avuga ko, aba barongozi bagomba kwikura muri CPI kubera ko bagirizwa ivyaha vyinshi kandi boshoboye gucirwa imanza ku vyaha vy’uburenganzira bwa zina muntu bakoze. Ngo kwikura muri CPI ni uburyo bwo guhunga ibihano mpuzamakungu.

Mweho mu bibona gute? Bagire nk'uko Uburundi bwagize?

🌐🟡⚫Yémen: Aba houthis basubiye kuraswa na IsraëlIgisoda ca Israël cavuze kuri uyu wa kabiri, ejo itariki16 Nyakanga, ko ...
17/09/2025

🌐🟡⚫Yémen: Aba houthis basubiye kuraswa na Israël

Igisoda ca Israël cavuze kuri uyu wa kabiri, ejo itariki16 Nyakanga, ko zateye ikibanza c’abarwanyi ba Houthi mu kibuga ca Hodeïda muri Yémen, inyuma yo gusaba abantu ko bava muri ako gace.

Urubuga rw’abarwanyi ba Houthis, Al-Massirah, rwavuze ko habaye “ibitero vyo mu kirere 12 vyakozwe n’abansi ba Israël ku kibuga ca Hodeïda.” N'aho igitigiri c'abapfuye kitaramenyekana. Umuvugizi w’ingabo za Houthis, Yahya Saree, yavuze ko ubwirinzi bw’ikirere bw’uwo murwi bwakoreshejwe cane mu kwikingira.

Kuva intambara muri Gaza itangura, aba Houthi bashigikiye Iran barakomeje gutera misile na drones bigana Israël hamwe n’ibitero ku biyaga vy’amato bifitaniye isano na Israyël mu buraruko bwa Yémen, bavuga ko babikora mu kwerekana uruhara rwabo ku banyagihugu ba Palestine.

Mu kwishura, Israël yakoze ibitero vyica benshi muri Yémen, bigenewe ibivuko birimwo Hodeïda, ibigo vy’umuyagankuba hamwe n’ikibuga c’indege mpuzamakungu ca Sanaa. Umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Israël, Israel Katz, yavuze ko ico gitero gishasha kigamije “gukomeza gufunga inzira z’amazi n’ikirere” ku barwanyi ba Houthi. Yanongeye avuga kuri X ko “umurwi w’abategetsi b’ubugizi bwa nabi ba Houthis uzokomeza kuryozwa kandi ukishura ibihano bikomeye ku ntumbero yose yo gutera Israël”

Ku wa 28 Myandagaro, umuyobozi w’ubutegetsi bwa Houthi, Ahmed Al-Rahawi, hamwe n’abaministre cenda n’abandi bashikiranganji babiri barishwe mu gitero ca Isrël cagwanije inama yabo i Sanaa, umurwa mukuru ufashwe n’aba Houthis.
Ku wa 10 Nyakanga naho, Israël yavuze ko yateye “ibibanza vy’ingabo” vy’abarwanyi ba Houthi i Sanaa no mu ntara ya Jawf mu buraruko, aho aba Houthis bavuga ko abantu 46 bishwe. Ku munsi ukurikira igisoda ca Israël camenyesheje ko carashe missile ivuye muri Yemen.

Aba ba Houthi barafashe ibice binini vya Yémen, igihugu kimaze kuba mu ntambara kuva mu mwaka wa 2014. Ubutegetsi bwa Yémen bwemewe n’amakungu, bwahungiye i Aden, umurwa mukuru mu buraruko, bwavuye i Sanaa.

🌐⚫Poutine  yatanguye kwishura Ukraine mu dutero  tubayabaye, akari inyuma  karahindaMwijoro ryo ku musi w'ejo, Igisoda c...
17/09/2025

🌐⚫Poutine yatanguye kwishura Ukraine mu dutero tubayabaye, akari inyuma karahinda

Mwijoro ryo ku musi w'ejo, Igisoda c’Uburusiya cateye igisagara kiri mu burengerazuba bwa Ukraine, Zaporizhzhia cifashishije ama rokete. Ico gitero cakomerekeje abantu 20, harimwo abana bane, nk’uko Perezida Volodymyr Zelenskyy yabishikirije. Yagiriyeko anasaba abayobozi ba Buraya gukingira umugabane wabo biciye mu gushiraho uburyo bukomeye bwo kurinda ikirere kuko ibitero vyinshi vy'Uburusiya aragerageza kwikingira bikarangira bimushikiriye.

Muri izi ndwi zibiri ziheze gusa, Zelensky yavuze ku rubuga rwaTelegram ko Uburusiya bwateyemwo drones zirenga 3,500, bombe zigira mu kirere zirenga 2,500, hamwe na misile hafi 200 ku bibanza bitandukanye muri Ukraine.Ariko bwari busa n'aho bwagabanuye ibitero inyuma y'imyimenyerezo bwarimwo ya gisirikare yarangiye ku musi w'ejo.

“Iki nico gihe co gushira mu ngiro uburyo bwo kurinda ikirere dusangiye n’uburaya twifashishije ubuhinga bwose bushoboka ” Uko niko Zelenskyy yabivuze kuri Telegram. Yongera ati:“Dukeneye umutahe n’ukwiyemeza, dukeneye ibikorwa bikomeye hamwe n’ukwiyemeza kuva kuri bose bari kumwe natwe.”

Ku rundi ruhande naho, DonaldTrump mu rugendo rwiwe yerekeza mu bwongereza mu rugendo rw’Igihugu, yavugiye i Washington ko “Zelensky ategerezwa gusinya amasezerano yo kurangiza intambara” N'aho atatomoye ico yashatse kuvuga muri ayo majambo.Perezida w’Amerika yashize uruhara ku mpande zose mu ntambara, nubwo Ukraine isa n'iyatewe iriko irigwanira, Trump we abona ko bose babifisemwo uruhara rudasanzwe.

Muri Zaporizhzhia, ivyo ibitero vy’Abarusiya vyononye inyubako zirenga 20, bitera imiriro myinshi, nk’uko umuyobozi w’iyo ntara Ivan Fedorov yabivuze kuri televiziyo y’igihugu.

“Twari tugisanasana ivyo Uburusiya bwononye kuwa 30 Myandagaro. Twari tugikora amazu yasambaguritse, tugisubiriza amadirisha, none raba Uburusiya burasubiye kubisambura vyose”

☝️ Uko niko Fedorov yabivuze. Uburusiya bwanateye kandi ikigo c’amasoko y’abantu muri Kyiv, nk’uko Zelenskyy yabivuze. Yanashize kuri Telegram amashusho yerekana drone y’Uburusiya iriko irasuka ibisasu ku muji wa Kharkiv, aho abantu bane bakomeretse nabi, cane cane igihe kaminuza y’imiti yo muri uwo muji yariko iraterwa.

Zelensky yongeye gusaba ibihugu kongera ibihano vy’ubutuzi ku burusiya. Yagize ati:

“Impamvu imwe Uburusiya bushobora bugishobora gukora ibi vyose n’uko butarumva ububabare, mu gihe Uburusiya butarashikirwa n'uruhombo rukomeye mu vy'ubutunzi, ntibuzoshobora kwihutira ibiganiro vy’ukuri vyo kurangiza intambara.”

Ariko kandi Ukraine yari imaze imisi itera ku mahinguriro y'ibitoro n'aho bibikwa mu burusiya. Koko Uburusiya ni igihugu ca kabiri kw'isi gishora igitoro, ariko muri iyi misi buriko burahura n'ikibazo c'ibura ry'igitoro bivugwa ko vyoba biva kuri ivyo bitero Ukraine yakoze mu misi iheze. Icibonekeza coco, Ukraine iyo iteye abapfa si benshi ahubwo hononekara ibintu, gusa ibitero vy'Uburusiya bikunze guhitana benshi abandi bagakomereka.

Ariko kandi iri jambo Trump yavuze ko Zelensky ategerezwa kwemera ibiganiro, ryacanze benshi kuko ntiyashimye kurisobanura.

Mugire umusi mwiza

Address

Bujumbura

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when SILVA posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to SILVA:

Share