01/07/2024
UKUBOKO KWA FATIMA
Narimwo ndaba ibisharizo vy'Abagore/BIJOUX kuri Amazon. Hari Bijoux nabonye iteye amakenga yitwa THE HAND OF FATMA( Ukuboko kwa Fatima ). Ariko igihe narimwo nkora amatohoza yo kumenya ico kintu icarico, nasanze ifise irindi zina ariryo THE HAMSA. Ngiye kuraba, nsanga HAMSA gisigura imyuka 5.
Vyaciye binsaba ko mbandanya amatohoza yo kumenya ico bisigura FATIMA n'impamvu ivyo bisharizo vyitwa UKUBOKO KWA FATIMA.
1. FATIMA
FATIMA n'umuntu yabayeho kera akaba mbere ari Umukobwa wa MUHAMEDI kandi yakundwa cane na Sé. Muhammed akaba ariwe nawe yatanguje idini rya ISLAM.
2. UKUBOKO KWA FATIMA ( The hand of Fatma )
Mu gihe narimwo ndondera kumenya insiguro y'ukuboko kwa Fatima, bavuze ko bisigura THE HAND THAT PROTECTS US/ Ukuboko kudukingira.
MENYA NEZA:
Ivyo bimenyetso biri mu bisharizo/ BIJOUX aba Damu bambara, bikaba kandi no muma RIDO/ RIDEAUX. Nashatse kumenya aho bikorerwa nsanga biva mu Bihugu vy'Abarabu MIDDLE EAST hamwe na AFRIKA yo haruguru( Afrique du Nord ). Muri uko kuboko kwa FATIMA muzobonamwo akantu kameze nko gushaza ariko sivyo, N'IJISHO. Bakita " ijisho rya Gatatu ".
Ncuti zanje mukunda kuja kurangura ibintu muri TIRIKIYA hamwe na DUBAI, mugomba kuhagabira. Abantu mukunda gushaza no gushariza amazu yanyu, ibi bintu ndababwiye ntimubifate ibisanzwe. Imbere yo kugura ikintu, muze muraba neza.
Bantu b'Imana, Umuntu wenyene dufise Adukingira, Atuba hafi, Aturinda ijoro n'umurango........ni wa Mugabo Atavuguruzwa, Yahawe Ububasha kw'isi no Mw'Ijuru YEZU(SU) KRISTU(O), Umwami w'abami.
Vyanditswe na KAKA Boney Yaga