Kelly Empire TV

Kelly Empire TV Journliste

Pedri yavuze ati :🎙️ _"Real Madrid iri imbere muri kino gihe muri shampiona, kandi inkino zo mu mwaka uheze ni ibiri mur...
25/10/2025

Pedri yavuze ati :🎙️ _"Real Madrid iri imbere muri kino gihe muri shampiona, kandi inkino zo mu mwaka uheze ni ibiri muri kahise. Ariko tuzogerageza gusubira gukora nk’uko twabikoze muri izo nkino twaheruka."_

⚽Turiteze ko Real Madrid izodufatira mu gitutu caabo, na cane cane ko bama bagerageza gushira inguvu mu nkino iyo bari i wabo. Muri uyu mwaka, hafi y’inikino zose bazitanguye bafise pressing yo hejuru. Turiteze ko bazokora nk’ico no ku munsi wa Clásico."_

⚽Bamubajije ati : Ubona gute Real Madrid ugereranije n’umwaka uheze ?

⚽Ugereranije n’umwaka uheze, mbona ko ubu hazohura imigwi yose ifise pressing. Twebwe twagumye dufise style yacu kuva Flick yadutwara : pressing yo hejuru, kugumana umupira, no gucungera inguvu z’urukino biciye mu guhererekanya neza umupira."_

⚽ Ubwo butumwa bwa Pedri burerekana ko Barcelona yiteguriye cane Clásico, kandi yizeye gusubira ku rwego rwayo, n'aho Real Madrid isa nk'iyifise umuvuduko mwiza muri ino saison.

Pedri naho ari umukeba, ndakunda amajambo akoresha iyo bamubajije kuri Real Madrid aragerageza kutarengera muri make arubaha umugwi wa Real Madrid nivyo tuba dushaka kubakinyi bose kwubaha imigwi bahangana nayo

Ejo aho bukera umugwi wacu wongere ubikora nk'uko wamye ubikora hala madrid

🚨🚨Xabi Alonso mu kiganiro n’abamenyeshamakuru imbere y’urukino rwa El Clásico 😳😳🗣️ Xabi Alonso:  “Lamine Yamal? Sinshaka...
25/10/2025

🚨🚨Xabi Alonso mu kiganiro n’abamenyeshamakuru imbere y’urukino rwa El Clásico 😳😳

🗣️ Xabi Alonso:
“Lamine Yamal? Sinshaka kwinjira muri ivyo. Hari amajambo menshi ava ku bantu bo muri Barcelone, sinshobora gusubiza vyose.”

“Twarize neza urukino rw’ejo. Turazi ivyo dukwiye gukora. Twarasesanguye ama Clásico yo mu mwaka uheze kugira tumenye ivyo tutakoze neza, ariko ejo bizoba bitandukanye. Ubu ni umushinge mushasha.”

“Trent canke Carvajal ku rutonde rw’uwutangura? Abakinyi bose twatoye mu mugwi bashobora gutangura urukino ejo.”

“Gukoresha uburyo bw’uko Barça ikina imanura bamyugariro? Si ivyo gusa. Ubanza kwinjira mu bibanza bigushoboza gutanga ya pase ya nyuma inyuma y’umurongo w’abakinyi babo b’ubwugarizi.”

“Kwipfuza kwihora inyuma y’intsinzi ya PSG na Atlético? Ico nshaka ni uko dutsinda ejo, tugashimisha abafana bacu.”

“Uko abakinyi bitwaye inyuma yo gutsindwa na Atlético? Ndibaza ko ubu turiko turakora neza, haba mu bijanye n’ingene dukina, imyitwarariko, vyose.”

“Sinasesangura inkino zacu nkoresheje gusa ivyavuye mu rukino. Ndazisesangura ukwo urugendo rwacu rumeze.”

“Ndabona ko turiko turahangana neza, tukubaka ishingiro rikomeye, ariko turakeneye gutera intambwe ikurikira, tukongera tugakina neza kurusha.”

“Mbappé? Ndabona nawe yiteguye cane... Ejo ni ho hageze avyerekane.”

“Niga gute ingene tuzokina urukino rw’ejo? Ica mbere ni umugwi wacu: ubushobozi bwacu, intege nke, ivyiyumviro vyacu, intumbero zacu, ivyo twipfuza gukora turi kumupira canke tutari kumwe nawo, ingene twigenza mu kibuga, intera hagati y’imirongo y’abakinyi n’abakinyi ubwabo…”

“Lamine atuma El Clásico irushiriza kuba nkuru kubera amajambo yiwe? El Clásico iba ikomeye na kare. Abakinyi bose bariteguye.”

🚨⚽⚽Mbega Amakuru meza muri Real Madrid ngo bose barahari⚽Inyuma yaho haramakenga kubakinyi ngenderwako muri Real Madrid ...
24/10/2025

🚨⚽⚽Mbega Amakuru meza muri Real Madrid ngo bose barahari

⚽Inyuma yaho haramakenga kubakinyi ngenderwako muri Real Madrid bari mumvune ko bashobora kudakina urukino rukomeye cane ngo bameze neza bose

⚽Nkuko vyemezwa nibinyamakuru bitandukanye vyo muri Espagne abakinyi nka
▪️Alexander-Arnold,
▪️ Carvajal,
▪️Huijsen
▪️na Ceballos ngo kuri Clásico !bazoba bahari bbose

⚽Ariko ico mwomenya nuko no muri fc Barcelone Raphinha naho atameze neza 100% azoboneka murukino basi iminota mike

⚽Hano kumemenga iyi week-end bazoduha Show uritezeko bizogenda gute?

🚨⚽⚽ Ntamukinyi n'umwe arubaka uburyo bwinshi bwo gutsinda muri UEFA Champions League ino sezo kuruta Kylian Mbappé !🔥16 ...
24/10/2025

🚨⚽⚽ Ntamukinyi n'umwe arubaka uburyo bwinshi bwo gutsinda muri UEFA Champions League ino sezo kuruta Kylian Mbappé !🔥

16 - Kylian Mbappé : uburyo 16
13 - Arda Güler : uburyo 13
11 - Florian Wirtz : uburyo 11
11 - Nicolas Pépé : uburyo 11

Aba nibo bakinyi bambere bamaze kwubaka uburyo bwinshi bwo gutsinda ino sezo mw'ihiganwa rya UEFA Champions League.

🚨⚽⚽NTIBIBAHO ! Alvaro Carreras yakoze akataraboneka imbere ya Juventus murukino ruheruka kubahuza rwa UCL !Murukino rwah...
23/10/2025

🚨⚽⚽NTIBIBAHO ! Alvaro Carreras yakoze akataraboneka imbere ya Juventus murukino ruheruka kubahuza rwa UCL !

Murukino rwahuje Real Madrid na Juventus, Carreras yatsindiye ama duels 11 muri 11 nyene yahuriyemwo n'abakinyi ba Juventus.😌

100% vy'ama duels 11 yose yarabitsindiye.

Hari haciye imyaka 10 atamukinyi n'umwe akoze ibi muri Ligue des Champions.

Mw'uru rukino, Carreras yateye tacles 4 atsindira 4 nyene, ntiyigeze acenkwa ngo bikunde.

Match ikurikira azoba ari kumwe na Yamal

Wibuke kuja YouTube, TUVUGE SPORT hari video ivuga ukwo ubukeba bwavutse ❤️

🚨⚽⚽Mukiganiro n'abanyamakuru imbere y'urukino rwejo na Juventus, 🗣️ Thibaut Courtois :  « Urukino rwanje rugira 300 muri...
21/10/2025

🚨⚽⚽Mukiganiro n'abanyamakuru imbere y'urukino rwejo na Juventus, 🗣️ Thibaut Courtois :
« Urukino rwanje rugira 300 muri Real Madrid ? Igihe nari nkiri muto nari mfise inzozi z’uko umusi umwe nzokina bas urukino rumwe hano. None ngiye gukina urwa 300 ! Biranshimisha kandi birankora ku mutima. »

« Abahagarikizi ? Ni abantu nk’abandi – nk'abamenyereza n’abakinyi, rimwe na rimwe barakosa nk’uko n’abandi bakosa. Sinibaza ko baba bashaka kuduha akarusho. »

« Villarreal vs Barcelone gukinira i Miami ? Ivyo bicafuza ihiganwa. »

« Ikibi n'uko bitubahiriza ivyo twumvikanye nk’abakinyi. Dukwiye gukinira i wacu no hanze nk’uko bisanzwe biteguwe mw'ihiganwa. Gukinira hanze ntibimeze nk’i . Kuri Real gukina na Getafe hanze vyaratugoye. Na Villarreal hanze n'ibigoye. »

« Ndabona ko ubu dukina dufise inguvu n’ishaka. Umukino twakinye na Getafe wari woroshe kuri jewe. Ndizera ko ejo tuzokora ibindi bikomeye. »

« La Liga ishaka guhana abakinyi barwanya cane iyo ngingo? Sinumva ukuntu arbantu batangara. Sinigeze mbona umuyobozi w’iwihiganwa avuga ibintu nk'ivyo Tebas ariko agerageza gukora »

« Mu rukino na ATM? (derby), ibitego vyinshi vyavuye mu mipira ya koroneri – aho ni ho dukeneye kwiyungunganya. Ariko ubundi turakina neza, twese hamwe. »

« Nk’umunyegori, ntegerezwa kuba niteguye. Naho urukino rwa Getafe rwari rworoshe kuri jewe, hari aho uba ukeneye kwerekana urwego rwawe, naho umupira ugera kuri wewe incuro nke. »

« Ivyo Vinicius yakoze na Getafe vyari bikomeye cane. Yaradufashije cane. Ndumva itangazamakuru rimufata nabi. Ni umwana mwiza cane. »

« Ku myaka 18,abantu benshi baramuvuga, ntiyigeze akora ikosa. Yinjiye mu kibuga abantu baramurwanya. Ni ibisanzwe ko ashobora kwerekana agashavu. »

« Ariko yarakoze ibintu vyiza, yateje akaga, yaciye hagati mu nkomezi. Kugira yinjire vyaradufashije gutera igitutu. Baramurondera cane, kandi ntibimukwiriye. »

« Vinicius akwiye kubandanya akora ivyo akora. Yatanguye neza cane uyu mwaka. Niteze ko ejo canke ku musi w’Im

https://youtu.be/eF3JRM4T1Cw?si=u52mmTtyzkg7ab-tbantu banje twumvirize akaririmbo kimana uzukuntu karyoshe🙏
21/10/2025

https://youtu.be/eF3JRM4T1Cw?si=u52mmTtyzkg7ab-t

bantu banje twumvirize akaririmbo kimana uzukuntu karyoshe🙏

TUSAIDIE By Divinne, wimbo huu ni faraja Katika maisha yako. nakuomba u subscribe, share, like comment. ili wote wapate wimbo huu. Mbarikiwe #2025 ...

🚨⚽⚽ Kylian Mbappé, ejo yabaye umukinyi wambere wa Real Madrid ashoboye kwuzuza ibitsindo 10 vyose munkino 9 zambere za s...
20/10/2025

🚨⚽⚽ Kylian Mbappé, ejo yabaye umukinyi wambere wa Real Madrid ashoboye kwuzuza ibitsindo 10 vyose munkino 9 zambere za sezo ya La Liga inyuma ya Cristiano Ronaldo yabikoze muri sezo 2014-2015 !

Iki gihe, Cristiano we yatsinze ibitsindo 19 munkino 9 zambere. Mbappé yujuje 10 munkino 9 zambere akinye ino sezo. 🔥

19/10/2025
🚨🚨 BREAKING : Hansi Flick agiye gusiba kuntebe y'ubumenyereza ya Barcelona urukino rumwe gusa !Muvyamuhanishije ejo, Gil...
19/10/2025

🚨🚨 BREAKING : Hansi Flick agiye gusiba kuntebe y'ubumenyereza ya Barcelona urukino rumwe gusa !

Muvyamuhanishije ejo, Gil Manzano yanditse muri raporo ko ari amajambo, ahabwa ikarata 2 z'umuhondo zavuyemwo itukura.

Ikimenyetso co gutukana yagize benshi bibaza ko arico kimuhana gusa nticashizwemwo.

Azosiba CLASSICO gusa mundwi iza.

[ COPE ]

🚨⚽⚽ João Félix ari mumunyenga muri Saudi Pro League ino sezo. Yaraye atsinze igitsindo maze acishimira muburyo Cristiano...
19/10/2025

🚨⚽⚽ João Félix ari mumunyenga muri Saudi Pro League ino sezo. Yaraye atsinze igitsindo maze acishimira muburyo Cristiano Ronaldo yigeze kuba abikoramwo akiri i Madrid 🇵🇹

João yatsindiye Hat-trick Al Nassr, murukino wariko utsinda ibitsindo 5-1 Al Fateh, niwe yatowe nk'umukinyi yaranze urukino.

Muri Saudi Pro League, ntamukinyi n'umwe amaze gutwara ubushimwe bw'umukinyi yaranze urukino bwinshi kunganya na Félix. Aza amaze kubika 3.

João inyuma y'urukino : « Umugwi uriko ukora akazi keza cane. Uno munsi, nije naranze urukino, ariko ejo azoba ari Cristiano hanyuma hakurikire Sadio Mané.

N'iki gikenewe mumugwi, apana umukinyi umw'umwe kugiti ciwe, umugwi uriko ukora akazi kadasanzwe.

Ng'uwu Cristiano... Azokwama ari umukinyi ahangana cane ibihe vyose. »

Muri Al Nassr, João amaze gukina inkino 10, atsinda ibitsindo 11, atanga imipira yavuyemwo ibitsindo 2.

🚨⚽ BREAKING : LaLiga ryaraye rihisemwo kuterekana imisegonda 25 yambere y'urukino rwaraye ruhuje Real Oviedo na Espagnol...
18/10/2025

🚨⚽ BREAKING : LaLiga ryaraye rihisemwo kuterekana imisegonda 25 yambere y'urukino rwaraye ruhuje Real Oviedo na Espagnol (0-2) 👀

Ibi babigize ngo abakurikirana uru rukino ntibabone imyigaragamvyo y'abakinyi biyama urukino ryatunganije ngo ruje i Miami hagati ya Barca na Villarreal.

Abakinyi bose ukwo ari 22 bari mukibuga, biyamiririje hamwe uru rukino La Liga ribona ko isanamu y'ihiganwa yabo yopfa abarikurikirana bagiye barabona ibi.

Mwibuke ko abakizigenza bose basinye ibipapuro biyama uru rukino mumezi yarenganye, harimwo na Ter Stegen wa Barça.

Imigwi muri La Liga yahisemwo gukoresha iyi imisegonda 20 yambere y'inkino zabo biyamiriza izi ngingo.

N'izindi nkino bikorwa, zishobora kuza guteba kwerekanwa 🤔

Address

Kinindo
Bujumbura
62280163

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Kelly Empire TV posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Kelly Empire TV:

Share

Category