25/10/2025
Pedri yavuze ati :🎙️ _"Real Madrid iri imbere muri kino gihe muri shampiona, kandi inkino zo mu mwaka uheze ni ibiri muri kahise. Ariko tuzogerageza gusubira gukora nk’uko twabikoze muri izo nkino twaheruka."_
⚽Turiteze ko Real Madrid izodufatira mu gitutu caabo, na cane cane ko bama bagerageza gushira inguvu mu nkino iyo bari i wabo. Muri uyu mwaka, hafi y’inikino zose bazitanguye bafise pressing yo hejuru. Turiteze ko bazokora nk’ico no ku munsi wa Clásico."_
⚽Bamubajije ati : Ubona gute Real Madrid ugereranije n’umwaka uheze ?
⚽Ugereranije n’umwaka uheze, mbona ko ubu hazohura imigwi yose ifise pressing. Twebwe twagumye dufise style yacu kuva Flick yadutwara : pressing yo hejuru, kugumana umupira, no gucungera inguvu z’urukino biciye mu guhererekanya neza umupira."_
⚽ Ubwo butumwa bwa Pedri burerekana ko Barcelona yiteguriye cane Clásico, kandi yizeye gusubira ku rwego rwayo, n'aho Real Madrid isa nk'iyifise umuvuduko mwiza muri ino saison.
Pedri naho ari umukeba, ndakunda amajambo akoresha iyo bamubajije kuri Real Madrid aragerageza kutarengera muri make arubaha umugwi wa Real Madrid nivyo tuba dushaka kubakinyi bose kwubaha imigwi bahangana nayo
Ejo aho bukera umugwi wacu wongere ubikora nk'uko wamye ubikora hala madrid