Dr Alain Ndikumana

Dr Alain Ndikumana Ministre de la Finance au Burundi🇧🇮

 :Kuruwu wambere , ibikorwa vyo kwubaka isoko nkuru ya Bujumbura birabandanya.Dr Alain Ndikumana
03/08/2026

:Kuruwu wambere , ibikorwa vyo kwubaka isoko nkuru ya Bujumbura birabandanya.

Dr Alain Ndikumana

03/08/2026

Dr Alain Ndikumana

uburundi bugiye kwitaho ikoreshwa rya AI(Artificial Intelligent)
11/07/2026

uburundi bugiye kwitaho ikoreshwa rya AI(Artificial Intelligent)

24/06/2026

Abakozi ba baheba akazi bakaja kuba aba ,bizobatwara imyaka itanu kugira bemererwe kwongera kuronka akazi muri OBR.

✍🏾  "Abakozi ba OBR bataye akazi baja kuba aba "déclarants", bamenye ko imyaka 5 idaheze batazogaruka""Ni agaterasoni kw...
23/06/2026

✍🏾 "Abakozi ba OBR bataye akazi baja kuba aba "déclarants", bamenye ko imyaka 5 idaheze batazogaruka"

"Ni agaterasoni kwumva umukozi wa Reta, akorera ikigo nka OBR afata ingingo yo guhagarika akazi kugira aje gukurikirana imizigo n'ibidandazwa vy'abigenga."

ni n'uruhombo ku gihugu gitakaza incabwenge nk'izo. Si abaja kuba aba "déclarants" gusa, uwogira rusansuma akaraba abakozi bata akazi, harimwo n'abahinga yobona ko hari ikibazo. Abakozi ba OBR baba bakwiye gukwirizwa agashahara, ntibagume baraba hirya no hino".

"ubu usanga abakozi ba OBR benshi barataye akazi baherera mu kuba aba "déclarants". Umuntu wese yakoze muri OBR akabiheba, ngo agiye mu ba "déclarants", amenye ko azorindira imyaka itanu kugira agaruke mu mwuga."

💁🏾 Aho, twovuga ko ari ukugira ivyo boba basize bugaye vyose bazosange baravyuguruye. Notanga akarorero ko ushobora kwisanga hari urubanza usanga muriko muburana n'umuntu wakoresheje, ngo uwo ntushobora kumutsinda kuko aba azi aho yavyugariye.

Dr Alain Ndikumana

🔴📈 Hafi imiliyaridi 7 010 z’amafaranga y’amarundi (FBu) ni yo ngengo y’imari rusangi y’Uburundi y’umwaka wa 2026-2027.📌 ...
20/06/2026

🔴📈 Hafi imiliyaridi 7 010 z’amafaranga y’amarundi (FBu) ni yo ngengo y’imari rusangi y’Uburundi y’umwaka wa 2026-2027.

📌 Inama Nshingamateka Nkuru y’Uburundi (Sénat), inyuma y’igihe kirekire co gusuzuma no guhindura bimwe mu bice vy’itegeko ry’ingengo y’imari, yemeje ko amafaranga yose azokoreshwa angana na 7 010 400 167 907 FBu.

💯 Kuri uyu wa 20 Ruheshi 2026 isaha zibiri n’iminota 14 zo mu gitondo (8h14), Abasenateri bose hamwe bemeje itegeko ry’ingengo y’imari y’umwaka wa 2026-2027, inyuma y’inama yari yatanguye ku wa 19 Ruheshi 2026 isaha yine zo mu gitondo (10h00).

📍Nk'Umushikiranganji wikigega ca Leta, twarasiguriye Abasenateri impamvu zatumye hatoranywa uburyo bwo gutanga amahera mu bikorwa igihugu gishira imbere.

🔹Iryo yemezwa ry’ingengo y’ubutunzi bw'igihugu rituma igihugu kigira umurongo kizokwisunga mu mwaka uza. Amahera menshi azokwibanda mubisata vyankenerwa harimwo:

uburimyi,

inyigisho,

amagara y’abantu,

ibikorwa vy'ububatsi

Amazi n’amatara,

ubuhinga bwa none n’itumanaho (numérique),
kwegereza ubutegetsi abanyagihugu (décentralisation),
hamwe n’iterambere ry’aho abantu baba,

ivyo vyose bikaba bihuye n’ihangiro rya Vision 2040-2060 ry’Uburundi.🇧🇮

Dr Alain Ndikumana

Ku kijanye n’igikorwa co kwubaka isoko nkuru ya Bujumbura, BUJA CITY PLAZA, Amafaranga y’abenegihugu amaze kwegeranwa ya...
11/06/2026

Ku kijanye n’igikorwa co kwubaka isoko nkuru ya Bujumbura, BUJA CITY PLAZA, Amafaranga y’abenegihugu amaze kwegeranwa yababa imiriyaridi 8 ( 8.000.0000.000FBU), avanze amarundi n’amadorare. Ubu abitswe mw’ibanki BANCOBU. Muri uno mwanya ni ivyo twovuga Kandi twongera turemesha abenegihugu bashizemwo amafaranga, tunabeshuza kandi abantu baza baravuga ibitarivyo. Nta busuma burimwo, ni ibintu bitunganije neza. Kandi ico turiko turakora n’uko imitahe y’abenengihugu icungerwa neza.
irya soko imaze imyaka 13 yarahiye , kandi muzi kahise kayo, unomunsi hakaba hariho umurwizatunga, yakoranye n’abandi benegihugu bakegeranya uburyo, twiyumviye duti ni gute Reta yoshobora kumuherekeza, kugirango bishoboke twubake rirya soko neza, narirya turiko turashiraho uburyo bushasha bwo gushigikira imigambi itandukanye ya Reta irikumwe n’abikorera utwabo. Nico gituma Reta yaciye ifata iyambere iravuga ati dushiremwo uburyo, iserukiwe n’ibanki y’Urwaruka BIJE. Kuko barya bikorera utwabo bobo bazoca babandanya begeranya uburyo biciye mw’isoko ry’imitahe.

N’ubwo abo bikorera utwabo bazanye uburyo, bazozana kandi n’ubuhinga bwo kwubaka, hama Reta ishireho urwego rugenzura ibikorwa bariko barakora, ko bikurikiza amategeko. Twari twihaye ihangiro ko muri uku kwa gatandatu botangura ibikorwa vyo kwubaka. Twibaza ko ibikorwa vyanyuma vyo gushiraho izo nzego, bishobora guherana n’ino ndwi, kugirango mu ntango z’umwaka w’amafaranga uza, batangure kwubaka
Nomenyesha ko umwaka w'amafaranga leta ikoresha utangura italiki imwe y'ukwezi kw'indwi
Dr Alain Ndikumana

imbere y’inama nshingamateka twatanze icegeranyo cerekana uko ibikorwa vyagenze n’ikoreshwa ry' amafaranga mu mezi atand...
09/06/2026

imbere y’inama nshingamateka twatanze icegeranyo cerekana uko ibikorwa vyagenze n’ikoreshwa ry' amafaranga mu mezi atandatu ya mbere y’umwaka w’amafaranga wa 2025–2026.

Mu gice ca mbere c’uwo mwaka, amafaranga yinjiye mu kigega ca Reta yash*tse ku miriyaridi 1.239,1 z’amafaranga y’Amarundi, ni kuvuga ibice 51,6 % vy’ihangiro ry’umwaka ryari ryashizwe ku miriyaridi 2.402,4.

Mu mezi atatu ya mbere , hinjiye amafaranga angana na miriyaridi 590,3 ku miriyaridi 488,5 zari zitezwe, ni ukuvuga ibice 120,8 %. Mu mezi atatu akurikira naho , hinjiye imiriyaridi 648,1 ku miriyaridi 512,6 zari zitezwe, bingana n'ibice 126,4 % vy’ivyari vyarategekanijwe.

Ivyo vyose vyash*tsweko inyuma y'impinduka zikomeye zakozwe cane cane mu gukoresha ubuhinga bwa none mu kwegeranya amakori, harimwo uburyo bwa e-KORI, ugutanga inyemezabuguzi hakoreshejwe ubuhinga bwa none (facturation électronique), gukurikirana neza abatangakori hamwe no kwongereza umwimbu w’amakori atandukanye, cane cane amakori ku nyungu nyongeragaciro (TVA) yo mu gihugu hagati hamwe n’amakori ajanye n’ubudandaji mpuzamakungu.

Ku ruhande rw’ikoreshwa ry’amafaranga ya Reta, mu gice ca mbere ,amafaranga yakoreshejwe angana na miliyari 2.926,5 z’amarundi, ni kuvuga ibice 45 % vy’amafaranga yetegekanijwe y’umwaka wose. Ayo mafaranga yarakoreshejwe mu gushigikira ibikorwa bifadika mu bisata bitandukanye.

Ico cegeranyo kirerekana kandi ko mu gisata c’uburimyi hamaze kwubakwa no gusubirwamwo ibikorwa vy’inyubako zo kuvomera imirima zingana na hegitari 155,5.

Mu gisata c’amazi meza, amasoko 17 yo gukwiragiza amazi yarasanuwe ayandi aragurwa . Ni mugihe mu gisata c’amasoko ntanganguvu (énergie), hatanzwe imizibukiro ku benegihugu kugira ngo hatangure canke hihutishwe imigambi ihambaye y’ikorwa ry’imihora y’umuyagankuba.

Ibi bikorwa bihuye n'intimbero ya Reta yo gutsimbataza ubutunzi bw’igihugu buganisha ku mbonokazoza y'Uburundi bwifashe muri 2040 kandi buteye imbere muri 2060
Dr Alain Ndikumana

09/06/2026

:abigisha bamaze batararonka kabo,ibihengeri bihari uko bingana,ingaruka biteza kugihugu,icokorwa ngo hatorwe inyishu.

💰 Reta igiye gukoresha amafaranga yababa imiriyaridi 7.000 z'amarunndi mu 2026-2027Ng'ibi ibiharuro nyamukuru vyo kumeny...
23/05/2026

💰 Reta igiye gukoresha amafaranga yababa imiriyaridi 7.000 z'amarunndi mu 2026-2027

Ng'ibi ibiharuro nyamukuru vyo kumenya mu nteguro y'amafaranga reta itegekanya gukoresha mu mwaka wimirije vyavugiwe munama yari yakoranye kuri uyu wa 22 Rusama 2026 (ni mu mamiriyaridi z'amarundi):

🎫 Amafaranga azokoreshwa : 6.901,3 mu gihe yahora ku 5.351,4. Yongerekanye (+29%)

📥 Amafaranga azokwinjira : 6.333,4 mu gihe yahora ku 5.015,6 (+26,2%)

📉 Igihengeri : kizoja ku miriyaridi 572 mu gihe cahora ku 335,7

Kuri ivyo biharuro, Reta yiteze ko ubutunzi buzokwiyongera ku bice 5,5% mu gihe vyahora ku 4,7%. Ibi bikaba vyiteze kuduzwa canecane n'uburimyi bushingiye ku kuvomera, hamwe no kugwiza ibishorwa hanze na canecane ubutare.

🏛️ Muri iyo nteguro, harategekanijwe gukurikiranira ibijanye nayo mafaranga mu nzego z'intara n'amakomine na rirya ubu amafaranga Reta ikoresha aharurwa hashizewemwo n'ay'inzego zo hasi.

🍺 Muvyo twasavye harimwo ukuzokoresha buri faranga ico ryagenewe, hamwe no kugwiza amafaranga yinjira mu kigega biciciye mu kuduza amatagisi akatwa ku nzoga zinjira zivuye hanze n'ibindi.

Nomenyesha ko Buri mwaka, amafaranga Reta agenda yiyongera kandi ko ari irya mbere ash*tse kuri urwo rugero.
Dr Alain Ndikumana

Address

Bujumbura

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Dr Alain Ndikumana posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Shortcuts

Share