FAM MACAF

FAM MACAF Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from FAM MACAF, Bujumbura.

mw'Ishirahamwe FA.M.MA.CA.F rihingura umutobe (Jus) Rimaze guha akazi urwaruka 150 " bishikirizwa na BIKORIMANA Jean De ...
28/02/2026

mw'Ishirahamwe FA.M.MA.CA.F rihingura umutobe (Jus) Rimaze guha akazi urwaruka 150 " bishikirizwa na BIKORIMANA Jean De Dieu arongoye société FA.M.MA.CA.F

Kuri uwu wa 27 Ruhuhuma2026 , ishirahamwe FA.M.MA.CA.F rihingura ibinyobwa nka KAZE TANGAWIZI KIYANGE I KAZE MARACOUDJA JUS n'izindi ryaramutse ritunganya ibikorwa vyo gufurira ibinogo mw'ibarabara rya Buterere.
Ivyo bikorwa vyari vyitabwe n'Abakozi biryo shirahamwe bashika 150 barongowe na Jean De Dieu BIKORIMANA nyene asanzwe arongoye iyo société ndetse n'Indongozi nyobozi zo mu Buterere.

BIKORIMANA Jean De Dieu kuri Micro ati :" Uruganda FA.M.MA.CA.F rukora imitobe iryoshe kandi ifise akanovera ndetse tuyishikana mu gihugu cose c'u Burundi kandi turamaze gutangura kuyisohokana hanze y'igihugu aho dushaka ko ishika mu karere kose ka Afrika y'Ubuseruko ndetse tunatandukire umugabane wa Afrika wose ,

Ihangiro dufise nyamukuru ni ugukura urwaruka mu gashomeri rukabona intumbero y'ubuzima ariyo mpavu vuba tuzonatanguza n'uruganda ruhingura amazi kugira ngo urwaruka ruronke akazi ari rwinshi "

Jean De Dieu BIKORIMANA arahamagarira abarundi n'abanyamahanga kuza kumuteza imbere kugirango imitobe akora yakanovera ikomeze guhurumbirwa na benshi maze urwaruka ruronke akazi ku bwinshi ndetse n'igihugu gitere imbere.

Ishirahamwe FA.M.MA.CAF rikorera mu Buterere Kiyange ya mbere hafi y'aho bita Ku vyamwa akaba ari naho hari icicaro gikuru.

BIKORIMANA Jean De Dieu arashimirwa n'Abakozi akoresha bashika 150 kuko yabakuye habi Cane abazana mu muryango wagutse wa FA.M.MA.CA.F kugirango nabo biteze imbere banateze imbere imiryango yabo.

Nayo abandaza bari hirya no hino mu gihugu bipfuza kurangura imitobe muri FA.M.MA.CA.F bokwakura kuri 69611601

Tubipfurije umwaramo w'akanyamuneza hamwe n'ishirahamwe ryanyu
08/11/2025

Tubipfurije umwaramo w'akanyamuneza hamwe n'ishirahamwe ryanyu


Address

Bujumbura

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when FAM MACAF posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share