19/02/2025
"Twarasinye 'contrat' na wa Munyekongo, turindiriye ko azana igitoro"
⏮️ Muribuka Umunyekongo aheruka kuboneka mu kiganiro c'umukuru w'igihugu n'abanyagihugu, avuga ko yari yipfuza kuzana ibitoro mu Burundi, ariko intwaro zitariko ziramworohereza ? Hari kuwa 27 Kigarama 2024.
❔Muti none vyahereye he ?
👉🏾 Twabajije umushikiranganji Ibrahim Uwizeye, muvyo ajejwe harimwo amasoko ntanganguvu
⛽ Muri irya misi, Umunyekongo Blaise Ibonime yabwiye umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye ati : "Nkicumva mu binyamakuru ko mu Burundi hari ikibazo c'igitoro, naciye nza kugira ndabe ico noterera."
🎤 Mu kiganiro cihariye Yaga yagiraniye n’umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo amasoko ntanganguvu, Ibrahim Uwizeye, yishuye ati : "Twaramwakiriye turamwumviriza, aratubwira ko yotuzanira igitoro igice kimwe tukamuriha mu mafaranga y’amarundi, ikindi tukamuriha mu madorare."
👉🏾 Abandanya asigura ati : "Twarasinyiraniye ama 'contrats' nawe, turindiriye ko azana igitoro buri mwanya wose yokironkerako. Niyo yagishikana, tuzoca turaba ibitwega ku ruhande rwa Reta, kugira Abarundi baronke igitoro."
🇹🇿-🇧🇮 Umushikiranganji Ibrahim Uwizeye yavuze kandi ko hari umugambi wo guhingura igitoro mu Burundi. Ivyo ngo bizoca mu masezerano Uburundi buherutse kugiranira na Tanzaniya, yo gushiraho umuringoti uzana ibihingurwamwo igitoro (Crude oil) biva muri Tanzaniya biza mu Burundi.
✍🏾 Yasiguriye Yaga ati : "Hariho abikorera utwabo bariko barasaba ko boza i Bujumbura bagategura ihinguriro ry’igitoro, mugabo mu gihe hariho ivyo cohingurwamwo (Crude oil). Itariki 29 Nzero 2025, jewe na mugenzanje wa Tanzaniya twarateye umukono ku masezerano yo gushiraho umuringoti wobizana bivuye muri Tanzaniya."
👌🏾 "Twavuganye ko tuzoshiraho umugwi uvyiga. Mu maguru masha, nzoca mpamagara abo bafise uwo mugambi wo guhingura igitoro, numve ko uhiye (ko umeze neza). Ico rero nicahingurirwa mu Burundi, kizodandazwa ngaha, mbere no mu bihugu bibanyi."
👨🏿💼Ku bw'umushikiranganji Ibrahim Uwizeye, uwo mugambi uje gutorera inyishu irama ikibazo c'igitoro mu Burundi, ndetse igihugu kinashore mu mahanga.
💬 Uwufise iciyumviro, arahawe kaze muri "commentaires" ✍🏾
📸 kwa Ntare Rushatsi
🖋 Yaga