Be Updated my Youngs

Be Updated my Youngs twikangure turwanye ubukene

04/09/2023

Iminsi yose umugore ntaronka umugabo yikwije k*ko turi ugutandukanye

1.Uronse "Handsome" (umuhungu/umugabo mwiza) umutwe wiwe usanga atakiriyo (empty)

2.Uronse incabwenge amasaha 24 aba ari busy n'ibyiwe nta nubwo bakunda guseka kandi ntabwo bari romantic bo ubwabo ntibikunda

3.Uronse umukire/umutunzi ntashobora k*kwubaha.Uzomubwira iki kandi ifaranga arifise?

4.Uronse uwukora akazi nk*ko ushaka usanga ata mwanya aguha akenshi bano bita ku kazi no kwironkera amafaranga we buri munsi yiyumvira ubuzima

5.Uronse imvugakuri mu mufuko usanga 0%

6.Uronse uwugukunda mukuri usanga atari "Level" levo yawe atari amahitamo yawe nk*ko uba ubyipfuza

7.Uronse uwize yaminuje ntiyigera yumviriza impanuro zawe umubwira,n taco umubwira agutahure imbere yiwe

8.Uronse uwuri Smart_ni umubeshi arengeje abenshi ntabwo bakunze kwubaka izabo bihuse kandi nubwo yubaka urwiwe nta kibuza ko akomeza gukundana n'abandi bakobwa k*ko benshi mu bakobwa bo ubwabo usanga bamukunda

Iyigishe gushima muri byose k*ko kuva kuri Adam nta muntu numwe yamye yikwije ninako abagabo twaremwe kandi nawe ubwawe ntabwo wikwije (ukwije byose)

Ushobora kwibaza ngo ninakunda naka niho nzabaho neza ariko ataribyo k*ko buri wese afite uko ameze mu buzima uzaba utuyemwo

Rino ni ibanga abakobwa benshi batazi

Ntugasenge usaba Imana iguhe uwo ushaka wewe ahubwo senga usaba izaguhe uwuhwanye n'ubugombe bwayo aho urugo rwawe ruzagira amahoro

Muri bino bidondaguwe hano nibaze ko wabonye aho umukunzi/umugabo wawe ahagaze

Ndabakunda cane"

11/08/2023

*Ushaka kwitwa umutunzi ukabaho neza, tegura uzohebe akazi ka Leta*

Ushaka kuba millionnaire, milliardaire, bref ushaka kubaho ufise ubuzima bwo kurugero rw'abatunzi noguhanura ibi bikurikira:

*1ere étape :* korera Leta hapana Gusa kugira ubeho, Ahubwo kugira kandi uronke umutahe w'ibanze *ukore microprojets*.

*2e étape :* umaze kubona washinze imizi muvy'ama projets, agura imigambi, cane cane ushinge imigambi yagutse kandi iramba : *macroprojets*.

*3e étapes:* Heba gukorera Leta, gutyo uronke umwanya ukwiye wo kuja gukurikirana ivyawe (suivi). Bisubiye, Arya wari guhembwa uzoyihemba K*ko udahari uhemba uwukurabira.

*Conclusion*: Akazi ka Leta ni ako kudufasha kugira insertion *sociale* et *professionnelle*. Ni icishimikizo kugira dutarukire muvyacu.

Ivyo nivyakunanira, menya ko:

-uzopfa ugendana umutaka wo kugama imvura mw'ibarabara uroye k*kazi ka Leta mugihe abandi baca baduza ibiyo imvura iguye🤣, upfe utuka Leta ko imirongo muri ville kuma Bus isigaye ari miremire🤷‍♂️🤣

- kwubaka muri quartiers zigezweho nturimwo!

- uzopfa usumira k*kansoko itomati z'ibiponde abandi bariko basuma sauce-tomate,

- uzopfa unywa Tangawizi abandi banywa umuvinyu,

- uzopfa utondeye découvert kuri microfinance kugira ubeho quel que soit le salaire uhembwa.

-menya ko uzoraga ubukene umwana wawe K*ko niwapfa ntazogusubirira k*kazi ka Leta, Mbere vyonaba vyiza diplôme yawe bayishize iruhande yawe mw'isandugu K*ko ntawuzoyitorana😉

Etc.

*La vie est un combat personnel : soit on s'adapte soit on disparaît. Nul n'est là pour combattre à ta place*.

Bonne journée...!

08/08/2023

UMUSI UVUKA BARITWENGEYE BARANEZERWA NAWE URARIRA KORA CANE KUBURYO UMUSI UZOPFA NAWE UZOGENDA UNEZEREWE UGIYE MUKAMWEMWE ATACO WICUZA ABANDI BASIGARE BARIRA KUBERA IVYIZA WAMAZE.

burya kubaho ushaka wobivuga mwijambo rimwe ko ari kuberaho abandi neza.

Ukivuka wararize nivyo k*ko ntiwaruzi ikikuzanye
Ntiwaruzi ivyo ujemwo

Abaje k*kwakira canke abakubonye mumuryango bararyohewe impundu ziravuga.
K*ko Bari baronse umuntu mushasha kwisi aje kwikorera ivyiza nibibi vyino si.

Ntanguvu ushiramwo mukuvuka nko kugira amahitamwo nimba uvukira mumuryango kwa "billgates" canke uvukira mumuryango kwa "mbimenyandamutse"

Ariko naho biruko uriko urakura haragera aho wumva wohitamwo ico gukora ukwo ukura pôle pole aho wavukiyo
ari heza urashobora kuhagera heza kuruta canke habi kuruta.

Ari habi ushobora kuhagira habi kuruta canke heza kuruta

Ivyo ngira murabizi ko atakure heza utoshika kandi atanakure habi utoshika.
Vyose biva mubuzima bwaburi munsi umuntu agenda abamwo pôle pole arashika murivyo bibiri habi canke heza.

Rere iyo uriko urakura niwe ugena nimba upfuye abantu bazoshima ngo banezerwe ko Imana ibakuyeko umuzigo canke nimba bazorira k*ko babuze intwari.

Ivyo kugira ubishikeko bizosaba kuba intwari kuba umuntu mwiza
Icambere co upfuye ukenye ntawuzokuririra bihambaye k*ko igituma beshi barira nukwibuka ivyiza wahora ubakorera
Abo utabikorera nabo baba bibuka ivyiza wakoze bakabona ikinogo usize bakabona itara koko rizimye.

Icakabiri ntawuzokuririra namba wabera umutwaro abandi muburyo ubu canke ubundi.
Namba ufise abakwidogera beshi kumakosa yawe
Namba ataco wikura
Namba ubaho ubuzima bwo gukengera abandi
Namba utumviriza abandi
Namba udashiramwo efforts MUBIBAZO vyabandi abazokuririra Bose bazoba ari ukwikurayo kandi nawe ntuzoba UNEZEREWE.

Iga kubaho uberaho abandi vyuzuye uhige amahera ufashe abandi kuburyo kumusi uzopfa bazorira we witwengera bakurenzako akavu namarira nawe wiyoronsa mukamwemwe ubihora igihe batwenga banezerewe nawe urira😁

Gira j'aime na partage twongere dusangire ikiyago

08/08/2023

ndetse niyo bikemutse ntumenya ko vyakemutse utarwanye navyo.

Burya ubuzima bwumuntu bumeze nkubwivyatsi ariko icatsi cubuzima bwumuntu gikura cane iyo gihonyanzwe.
Ibigihonyanga navyo nibibazo umuntu agenda acamwo bikamukuza akaba umuntu mukuru kuruta ibibazo.

Harya uwundzerererwa AMAHORO nuwuba yaraciye muntambara,
Uwuha agaciro infungurwa nuko aba yarumvise inzara neza...
ivyo vyerekana ko cane uca mubibazo cane ukomera kandi utanga agaciro kabereye

Burya umuntu ahunga ibibazo aba ameze nkumuntu yisinzirije
Naho usukako amazi canke ukarya ibinuma ntiyikangura.
Abasa nababandi muguhunga ibibazo baja mubiyovya bwenge ninzoga zumurengera.

Ivyo vyose naho ubijamwo ziguhezeko usanga ibibazo bikiri vyabindi ataho biraja.

None wumva arakamaro akahe ko guhunga ibibazo?

Namba ibibazo bidakemuka atanyishu ufise tekereza ubandanya ivyawe inyishu yukuri nibihe.bizobidadanura.

Namba hariho inyishu kubriki wirengagiza?
Ahubwo hanga gushika k*kanyuma.
Guca inyuma ibibazo nukuvyibikira bikagwira kuburyo uzosanga Amazi yararenze inkombe Hama witwe se bibazo.

Umaze kumenya ibibazo uba umaze kuronka 50% amahirwe yo gukemuka

Duhe j, aime partage na commentaire

08/08/2023

💎Mbega impano yanje ni iyihe? Iri hehe?
Ico kibazo nawe woba Umaze kucibaza?
Muri Kino gihe, iruhande yo kwiga ukarangiza amashure, hageze aho umuntu atungwa n'ico ashoboye biciye mu ngabirano yiwe (TALENT) ni no muri Kino gihe ikibazo c'ubuzi cabaye Umuzi w'ibuyi kigoye kuboneka.

👉Ku bw'ivyo nagira ngo turabire hamwe bimwe mu vyo wokwisunga mu kugenzura no kumenya ahari ingabirano yawe (TALENT). Umwe ati kugira nter'imbere ndakeneye kumenya impano yanje. Uwundi nawe ati: Impano yawe ni yo mateka yawe.

1️⃣Urashobora kumviriza abandi ku vyerekeye wewe:

.....Burya abagukikuje barashobora kugufasha kumenya impano yawe biciye muri Kirya kintu bama bakubwira imisi yose ko ushoboye ikintu runaka, ubwawe ushobora kutabibona ariko ibaze igituma babikubwira buri gihe?

2️⃣Fata akanya wisuzume ubwawe urabe ikintu mu buzima bwawe kikworohera cane gose gukora kurusha ibindi:

.....Burya kira Muntu wese hariho uruhande we ubwiwe abona akarakora ikintu runaka, nta muhangayiko na mutoya bimutera, nta nguvu bimusaba nta kwiyumvira cane, bimusaba ariko uwundi wundi yagerageza kubikora bikamubera umuzigo udasanzwe. Mbega wewe ni kihe kintu kikorohera kurusha ibindi?

3️⃣Isubzume mu biyago vyawe ugiranira na bamwe mu bo Ukunda kuba urikumwe nabo:

....Iyo muriko muganira, bashobora kuba ari abagenzi bawe canke incuti zawe canke Abavyeyi nawe wanashaka. Ni ikihe kiyago iyo gitanguye uwariwe wese aca agutunga urutoke ati noneho baramuzaniye vya bintu vyiwe. Bose bagahanga amaso wewe bagira bati: ni mu muhe akanya nawe arashikiriwe. Ntibigusaba kumanza kwisabaira akanya bose barumva ko atawundi yogukoreramwo.

4️⃣Urashobora kubaza abandi bantu bagukikuje:

.... Burya Abantu bagukikuje na bó barakubona cane kurusha n'uko wewe wibona. Muri ico gihe, barashobora k*kubera inkomoko yo kumenya impano yawe. Ushobora kubaza umwe umwe mw'ibanga ati harya unyihweje mu mukorere yanje harya ni ikihe kintu noba nkora neza kurusha ibindi?

Bose Umaze kumva ivyo bakubwiye urashobora kuca uraba icagarutse kenshi hanyuma ugaheza ukakishimangira mu kugikora neza kurusha.

5️⃣Rondera ca kintu Ukunda canke ca kintu wewe ubwawe iyo uriko uragikora wumva ko umunezero wose iyo wakabaye hose waje wuzuye muri wewe.

.Ibaze mu mibereho yawe ni ikihe kintu iyo Itanguye kubikora urumva nyene ufise amahoro yuzuye umunezero wowo uba wumva atahandi hantu wokwibera ati muri ico gikorwa.
Hamwe wanashaka n'umwanya wisanga wagiye utanabizi ugasanuka Uvuga ngo burya kweli amasaha yakabaye ageze ino hose?

💁Wewe muri ivyo vyose tuvuze aho hejuru ni ikihe ubona ko woherako mu kugira umenye Impano yawe?
Ni ikihe kindi wewe ubwawe woba warisunze kugira umenye Impano yawe? Andika muri Commentaire.

Murakoze

08/08/2023

Gukena canke nugutunga vyose nimumutwe(uko umuntu yiyumvira niko ari) iryo nijambo ry,Imana.

: harabaye igisagara cari gifise umwami ,umunyabwenge ,abatunzi babiri abasigaye bose bari bakenye.

Abakene baca batangura kuja inama k*kuntu bokwica abo batunzi babiri kugirango ubutunzi bwabo bace babutwara ikibazo kirakomera gishika kumwami ariko arababara cane k*k abo batunzi bahora bamufasha.

Umwami abaza wamunyabwenge icokorwa nawe ati: kugirango abo batunzi bagira babaho nibafate ubwobutunzi bwabo babugaburire nabantu bose.

Umwami arateka babatunzi nabo barabikora ubwonyene mwiryojoro bose baraye batunze muri babakene bagira amahera nibintu vyish bitandukanye.

Hama uwarafise umugore umwe yiyongera uwakabiri uwarafise ikinga rimwe akwiza 10 uwarafise impuzu imwe agura cumi uwifise abana b**a muri leta abatwara muri privet nibind vyish bitandukanye nuwutahora anwa inzoga atangura kunwa umuvinyu.

Mugihe gitoya babakene barongeye barakena gose kuruta uk bari ubwambere hama baband bari batunze bab baratunze gose kubera itegeko ryokubiba nokwimbura rikora kwisi knd uko bari bararose ayambere ntaho vyari vyaragiye.

Nkub urose contrat ya 50millions ugaca ugura imodoka ya 45millions nimpwemu yubukene iri kugikorwa. Hariho nabantu bibazako kwubaka inzu babamwo bisigurako batunze si ariyo mahera wari ufise nubukene bukorera muri wewe

Gutunga gukene mumutwe .
ntabukene buzogaragara iwawe.

08/08/2023

Umusore umwe yashaka kwubakana numukobwa mwiza se arumworozi

Umusi umwe agenda kurugo rwiwe kumusaba uruhusha

Umworozi aramuraba aramubwira ati"
Mwana wanje genda uhagarare harya hanze mukibuga ngiye kurekura inka 3 imwimwe .

Niwashobora gufata umurizo umwe winka imwe murizo zitatu umukobwa wanje ndamugushingira .

Umusore aja hanze arindira inka yambere
Umuryango wuruhongore uruguruka hasohoka inka nini atari bwigere akubita ijisho, aratinya ahitamwo kuyireka uti iyikurikira niyo aza kuba ari sawa .Nuko ava munzira arareka inka irarengana

Umuryango uruguruka kandi hasohoka igika kinini cane cabira citerera ibintu nawe atizera , aravuga uti ivyarivyo vyose iyaza kuza iza kuba ari nto kuruta iyi ,k*ko iyi nini irarengeje sinoyigera umutwe ,ahitamwo kureka inka irarengana

Umuryango uruguruka iryagatatu ,agatwengo gatangura kuza mumaso k*ko yarinto cane iyarije kuruta inka zose zari zarenganye
Uko inka yasohoka niko nawe yahagarara neza kugira asimbe ayifate kugihe nyaco

Umusore arasimba kuyifata ariko inka ntamurizo yarifise.

🔰Ubuzima bwuzuye amahirwe menshi
Ariko igihe uyaretse akarengana ngo wizeye ayandi mahirwe meza azoza , ano mahirwe arenganye ntazokwigera agaruka mubuzima bwawe

Hagarika kurindira ngo harigihe ciza co guhindura ubuzima bwawe

Duhe like na commentaire

06/07/2023

GUTE WOTANGURA BUSINESS ATAMAHERA UFISE?

Woba umaze kwumva ibijanye na dropshipping ??

●Mukubikora bisanzwe,nuburyo bwokugurisha kurubuga ngurukana bumenyi bijanye nukugurisha ibidandazwa udafise!mubisanzwe urugurura urubuga gw'idandarizokuri internet(nk Facebook )hama ukagira Ama publicité yugwo rudandazwa kubantu benshi Hama hagize uwushima k*kugurira kurugwo rubuga uca urungika commande kumubosi asanzwe afise ivyo bidandazwa hanyuma agaheza akarungikira umukiriya wawe muvyukuri mugukora dropshiping bisanzwe nk*kuba murudandazwa ,'igikogwa cawe kiba gihagaza mugu promotinga ibidandazwa kuri internet mugabo ukabishira kugiciro Kiri hejuru yica boss mwene ibidandazwa. Urugero urarondera isaha muri mwihinguriro kanaka yamasaha .nyimba iyosaha igurishwa 10$ muriryo hinguriro uca ukora urubuga kuri internet weho ukavugako iyosaha igurishwa 30$ mugihe haruwuguhaye commande,weho uzobika 20$hama mwihinguriro urungike 10$ .uragaba hariho utundi duhera twiyongerako ariko umutoza cnk umu mentor mubi ntakubwira kuberako muvyukuri ntaho yakoreye uru rudandazwa RWA dropshiping! ■Ibanga 1 uzoronka ayo kurungika icokidandazwa nayo k*kibugurira cnk kuriha ikori!
■ibanga 2 uzoronka ingaruka niwakora dropshiping kumbuga ngurukanabumeny nka za Amazon.aho namaher barashobora kuyugara!
■ibanga 3 niwakora dropshiping kuba brokers zashizweho n Amazon canke Facebook barashobora k*kwugarira urubuga gwidandarizo .

■Hari amabanga menshi ukwiye kumenya mukuja murudandazwa gwa droshipping kuberako hari uburyo bwinshi bwa dropshiping.
●nk*ko ndabibabwira,iyurudandazwa ruharawe nabose mw,isi siko biba bimeze muri America!mubutare haheze imyaka 10 dropshiping yagize aba millionaire kundwikundwi.mugabo unomusi biragoye kuberako amasoko yarafashwe !Ninacogituma abanyamerika bariko baja muyandi masoko Mashasha agezweho ubu Nico gihe ninako kanya nawe ukabijamwo duca tuvyita drospservincing nk*ko bisanzwe nibazako watahuye dropshiping
■ droshipping nicokimwe na drospservincing itandukaniro nuko atabidandazwa biba vyibonekeza ahumbwo aha ni ama service Reka ndagusigurire:muri quartien ubamwo harimwo uwushoboye ivyogushushanya mugabo akaba tigereye muzabukuru afise nk'imyaka 70 atazi ivya Facebook cugenda wugurure urubuga kuri Facebook kurugwo rubuga ushireho ibikogwa vyuwo mutama .nihagira uwukubaza plan yinzu nurugero uzoce uja kuri wamutama umubaze ayo yogukirerako iyo plan niyakubwira ko yobikirera 1000$ weho uzoce uja kuri gwarubuga umubwire uwagutumyeko wobikorera 1500$ niyakuriha weho uzobika 500$ hama wamutama yabikora umuhe1000$ ubuzima bubandanye! Sinziko mwoba mwantahuye?? Hariho imbuga nyishi woshobora kubonako Ama service atandukanye kugirango ushobore gutanga drospservincing.

Hariho uburyo bwishi bwokuronk amahera atamutahe ndibazak muzi kuntu ushobora kugend kuruganda rukora ibintu cnk rubidandaza wew ugatwara commission mukubandariza ibidandazwa

Mp like n commentaire hama ndaguh ibanga uko ushobora kuronk ubuzima kuri Facebook na tiktok hamwe nako wokora dropshipping na drospservincing ugaterimbere

Ino page ifasha abantu mukwugurura esprit zabo nawe ukagenda ugakora cane ,uraronk mentorat uko wokuza business yaw ,woronk inyigish zogufasha kwitezimbere muburyo bugaragara nk forex ,crypto, blockchain, production nibind tubitagiye e-coaching kuri bagwiyemezamirimo bashak guterimbere na services nyish zitandukanye.

08/06/2023
A Noter
08/06/2023

A Noter

17/03/2023

nawe , Kugira uronke umukunzi wawe mwiza Kandi yizewe wubuzima bwawe ,ntiwirengagize ibibintu:
______&____&_______&_____&_____&_____&_______

_🔺 raba ko Ari umuntu yitaho umuryango wawe,nubona ataco anezwe ube uramuzibukira hakiri kare k*ko Hari umugabo (umugore) akunda wew gusa,uzanye ibibazo vyiwanyu mumuryango we ntibimuraba,ntaco akurikirana Kandi ntanico afasha mugutora umuti wikibazo uwo ntimukwiranye, none ko ibihe vyose umuryango uzokwamaho,nimba rero atabakunda ngo abiyegereze ahuze nabo Hari igihe uzogira ikibazo bikenerwe ko ujayo canke mujanayo ashobora k*kwankira canke akakwima ubufasha,iwanyu mama,papa nabandi bashobora kuba batifashe neza kubijanye nuburyo ntagire ico asahiriza, muricogihe umuryango uzokubona nabi mbere ushobora kuzoca ugiranira urwanko ruvuye kuruyo muntu wawe, mwirinde atarakuzanira ibibazo bikomeye gusumba,

_🔺 Raba Kandi aho ageza gutahura ,urabe ko mubihurizako akarorero ushobora kuba ufise indoto zo gukora business nini,mbele ugashobora no kujabuka imbibe ariko nawe kubera aba yiyumvira buhoro canke hagufi icogihe ntazogutahura ahubwo azokubona ko ugiye hanze mubuhumbu gusa nabandi bagore canke abagabo, umuntu mutari kuri niveau imwe muzoguma muharira ntanico muzoshokako,umubwiye kugiye kubandanya amashule ntazovyizera azobona ko ugiye kubana nabandi bagabo/abagore hariya ugaruke usanga nawe yaramaze kwonona vyinshi nko kuzana uwundi canke k*kuvyarira hanze ikibondo kubera mutabitahura kumwe,

_🔺Raba ko afise ubushobozi bwo guhangana nishavu ryiwe(Anger Management skill),k*ko umuntu arashavura,arababara rero Haraho bishika utabishatse uravuze akantu kamubabza,k*ko ntushobora kunezereza umuntu imisi yose,nimba adashobora kwigumya ashobora gufata ingingo yo kugukubita,kugutuka canke kuguhana mubundi buryo,ariko uwushobora kwigumya ikibazo kibaye arihangana hama munyuma mukicara mukabivugana b**ahera ubuzima bukabandanya,nutamenya kuvyihweza hakiri kare ntumbaze,

_🔺Raba Kandi ubushobozi bwo gutanga ikigongwe (Kubabarira),nokwibagira (Ability to forgive and forget), nk*ko kwisi atawudakosha k*ko na bibiriya irabivuga ko tuvuze ko atacaha dufise tuba twibeshe, umuntu adashobora gutanga imbabazi no kwibagira uyo uramuca kure k*ko Hari abantu babika mumutima imyaka nka 20 igahera,
Uwo rero ukamwihambirirako atakwishe ntumbaze,

_ ❗mukurangiza rero biragusaba gufata ingingo yo kuja murukundo umanje kubaza umutima hamwe nubwonko ,erega umutima uravuga umviriza rero ico umutima ukibwira, Haraho umutima ukubwira ikintu ukakirengako hama ukazicuza munyuma,nukubwira ati uyu niwe narondera canke siwe uraca ubaza ubwonko insiguro mukumwihweza ubwonko burahanura, ati egome niwe,ndavye uko ndamubona arankwiriye canke ntidukwiranye,

Hanyuma ucuraba ko muhuriye kubintu vyinshi bitadukanye atari uwuzoguma aguhaririza, erega raba umwe akwubaha mwubahana ndetse aguha agaciro mubantu atapfa k*kuburira isoni mubantu,

⭐hama kuberako umugore uzotwara naba afise imico myiza nawe ucubona ibibondo vyawe ingeso biziga kuva kumuvyeyi wabo, mwibuke Kandi ko urukundo ruvugwa iyo ruvuye habiri umugabo canke umugore,iyo bikozwe numwe haba ukwicuza Kandi bikarangira nabi, mwirinde ntimujanwe namarangamutima canke ngo imyaka iranjanye itegure hakiri kare Mugenzi k*ko Urugo rubi nigihonomu yokwisi,

Bandanya kudukurikira hano Hari vyinshi turiko turabategurira,hama mubisangize aba jeunes benshi caane,nabo bagire , and

Ukaba washoboye guheza kubisoma siga akajambo muri comment tubandanye twiyagira ,canke utubaze ikibazo aho mutatahuye!

Ahantu bororera ibikoko baravyambika utugozi mugihe bikiri bitoya bakabohera kugiti hama uko bigend bikura nivyo bagenda...
09/03/2023

Ahantu bororera ibikoko baravyambika utugozi mugihe bikiri bitoya bakabohera kugiti hama uko bigend bikura nivyo bagenda bongereza womugozi.

Iyo bish*tse igikoko kigakura barashobora gukurako umugozi hama igikoko kikaguma ngaho nyene ndetse naho cob carakuze bakakigishirako akagozi gato ntigishobora kurenga aho hantu.

Kubera umuntu amara mubintu igihe kinini bicika we. Uko wumva imvugo itari nziza icika wew. K*k umugenzi atateyimbere ntibisigurako nawe utoterimbere. Kub umaze kunanirwa ntibisigurako bitokunda kandi wogerageza.

Kub mumuryango atawaguze imodoka ntibisigurako nawe utoyigura. Kub mumuryango atawuraja mundege ntibisigurako nawe utogira indege bus.

Ingorane dufise ziri mumutwe wacu honyene.

Suzuma uko wama wiyumvira.Jack Ma arahanura abantu bipfuza gutera imbere avuga ati ubwonko bwawe bumeze nkasumako ngo iy...
07/12/2022

Suzuma uko wama wiyumvira.

Jack Ma arahanura abantu bipfuza gutera imbere avuga ati ubwonko bwawe bumeze nkasumako ngo iyo wiyumviriye imigisha usumakura imigisha ,Hama naho iyo wiyumviriye ingorane ,usumakura ingorane.
Ariko arangiza avuga ati niwame igihe cose urima ivyiyumviro vyiza ati kandi igihe cose wame uri umuntu abona ibintu muburyo bushoboka kandi yemera ibintu kobishika ,kobibaho.

Muvyukuri mwibukeko twama twavuze duti ivyo dukora biba vyaremewe mu bwenge bwacu , niyompamvu uzosanga abantu kenshi bama b**anyira ngo ewe jewe baragoye,nibo uzosanga bapfiriye mubukene erega nukumenya yuko mubuzima kugira ube successful bisabako ubanza kwigirira icizere (self-confidence) bitaruko ntaco uzigera ugerako gushika upfuye.

Tangura rero umenyereze ubwonko bwawe kwama bwiyumvira muburyo bw'ukwiyizigira uzorabe Ko bitandukira umubiri wawe wose .

urubuga rw'abashaka ejo hazoza heza

06/12/2022

Tega amatwi tukubwire amabanga yawe udakwiye kubwira umuntu uwariwe wese naho yoba nde

Christiano Ronaldo niwe yavuze ngo:"Ntukabwire abantu imigambi yawe ugiye gukora .Ati bikore Hama bibatsitaze ,ati Hama inyuma yokubatsitaza ,cuguma mugacerere,Hama uramirize kumugambi ukurikira."
Arangiza avuga ngo bandanya _ubatsitaza ,bandanya uryoherwa_

natwe tugiye kubibira amabanga ane y'ibintu udakwiye kubwira umuntu numwe nuyavuga uzoba wigambaniye:

*1)Ntukavuge indoto zawe wipfuza gushikako*

Muvyukuri sivyiza kuvuga inzozi zawe wipfuza gushikako muri kazoza kubera yuko hari igihe uzibwira abantu muribo hagaca havamwo abantu bipfuhe ugasanga bagutanze kuzishira mungiro maze umugambi wawe ukaba urapfuye kubw'uko utawugize ibanga .

*2)Ntukavuge amakosa y'umuryango wawe*

Mukirundi niho bakunze kuvuga ngo agahuzu gacafuye kamesurirwa mumuryango bivuga ngo naho umuryango ukomokamwo woba ukenye gute,utagira icepfo nica ruguru sivyiza kugenda urawararaza eka ndetse naho woba utabishima ,naho papa wawe ,mama wawe,umuvukanyi wawe canke uwundi Wese mupfana ikintu yoba umunyamafuti sivyiza kugenda uramwararaza ahubwo tuma umuhamagara mwicare umuhanure.

*3)Ntukavuge amakuru yerekeye umukunzi wawe canke umubano wanyu murukundo rwanyu canke murugo rwanyu mugihe wubatse*

Harigihe vyukuri bishika mugacanamwo n'umukunzi wawe,canke umugore wawe ariko wibukeko uwusambura urwiwe bamutiza umuhoro rero gerageza igihe cose mushwanye ubigumize mwibanga ntangere ,nimwicare muhanurane mubitorere umuti atawe murinze kubibwira nivyabagora naho mugihe mutarubakana genda murondere Umwigisha runaka mubijanye n'inkundo uti kubera iki niwe wenyene atazobararariza inkuru z'urukundo rwanyu k*ko abitse amabanga menshi yabamwituye ,nimwaba naho mwubatse nimutumeko uwababereye marraine canke parrain mutamwizeye naho nimurondere Umwigisha mubijanye n'ingo n'imiryango.

4)Ntukavuge umushara uhembwa canke amahera winziza kumusi ,kundwi canke k*kwezi .

Muvyukuri abantu benshi bararazwa ishinga nukumenya amahera winziza ,bagashaka kumenya uburyo ubayeho reka nkubwire yuko igihe wubahutse kuvuga amahera winziza umenyeko uzoba wigambaniye k*ko ,abantu bazoca batangura guharura uko ubayeho ntanuwo uzobwira kuri mubukene nivyashika ugakubitwa n'ubukene k*ko bishika ikindi naco gucokorwa ntuzogukira uzobibona umusi wagiye mukabare ukumva ngo ngurira icuba sha k*ko wewe uhembwa amahera menshi niyompamvu naho yoba mama wawe udakwiye kumubwira amahera winziza!!!

Ngayo amabanga utaruzi Ko uyavuze uba wigambaniye tugusabe usangize ibi bintu bine buri muntu Wese adakwiye kuvuga k*ko nabivuga azoba yicumuyeko ubwiwe.
Kandi tubamenyesheko iyi ariyo nyigisho ihambaye tubahaye kugira ntimuzokwinjire muri 2023 mutazi ibi bintu k*ko mwohava musanga bibagumije

urubuga rw'abashaka ejo hazoza heza

05/12/2022

Haragezeko ugira ibarura ry'abagenzi bawe bakugumiza mubukene

Uyu musi tugiye kubabwira amabanga akomeye cane mubuzima ,nuyamenya ukanayagendera bizotuma utera intambwe.

Elon Musk yaratanze imirwi itatu y'abantu mubuzima bwa misi yose Aho yerekanye avuga ngo abantu biyumvira hagufi igihe cose bama bayaga canke baganira amajambo y'abantu canke urusaku muyandi majambo ,ati abantu nabo bari hagati na hagati muvyiyumviro nukuvuga biyumvira ariko bidashimishije bayaga ibijanye n'imisi mikuru,ibirori bitandukanye ,ama anniversaire , n'ibindi bitakenewe ati ariko rero abantu bafise ivyiyumviro bigera kure ,bahambaye mukwiyumvira ,bamwe twita abanyabwenge bama igihe cose baganira ivyiyumviro vyotuma batera imbere,bakarwanya ubukene ,inzara , n'ibindi .
Ikibazo kuri wewe
Wisanze uri mumurwi uwahe?
Nutora umurwi urimwo iyo nintambwe yambere yogukira ico gukora rero nuce ugerageza uvavanure nabo bagenzi babi ,muzobaze ni abatunzi bake muzosanga basakuza kubera iki ?Nuko bobo atakanya bafise kogutakaza mugushaka kumenya amakuru y'abandi bantu bobo baguma barajwe ishinga Nicotuma batera imbere ,bashika kuntego zabo.

Bonus:Reka ndaguhe amabanga abiri azokwereka ko umugenzi wawe ufise Ubu haraho azogushikana canke ataho:

-Icambere nubona igihe cose umugenzi wawe muvyo muyaga yama akuyagira amakuru y'abandi bantu ,akubwira amakosa n'utunenge twabo uzomwirinde cane k*ko birashobokako uko acokora abandi batarikumwe nink*ko nawewe ashobora kuba agucokora mubandi utarikumwe nawe.
-Icanyuma nubona umugenzi wawe yama akuyagira gusa ibijanye ,nokuza gusorora,kuja mumisi mikuru yukuryoherwa gusa uzogabe kubera yuko mwibukeko twababwiye ko burya ibice 98% vy'ico umuntu hinduka nivy'abo birirwana ,bagenda canke babana.

Musomyi wacu ntuzakore ikosa ryokwigumizako izi nyigisho zuguhindura ubuzima bwawe ,sangiza nabandi gutyo murabeko urwaruka rw'afirika rutazohindura ivyiyumviro vyarwo.

urubuga rw'abashaka ejo hazoza heza

Umva itandukaniro ryuko abakire  bakora Nuko abakene bakoraBiratangaje cane kubona abakene bakora cane biruhije ariko bi...
05/12/2022

Umva itandukaniro ryuko abakire bakora Nuko abakene bakora

Biratangaje cane kubona abakene bakora cane biruhije ariko bikarangira baheze mubukene ariko abakire bagakora muburyo butavuna mugabo bakarushiriza gutera imbere.
Ndazi abantu benshi bakora ubuzi buruhije ,bakora amasa menshi ariko bataratera imbere none vyukuri vyoba biva k*ki kugira ngo umuntu akore yivuye inyuma ariko ntashobora gutera imbere ?

Kowatomboye ukamenya uru rubuga ndaje nkubwire ibanga rimwe abakire bakoresha kuburyo bwuko naho bokora amasaha make birangira bateye imbere .Iri banga ngiye k*kubwira ryatazwe n'umugabo w'igihangange yitwa Dan Lok asanzwe yigisha inyigisho zokuvavanura n'ubukene niwe yavuze ngo :"The rich work smarter not hard"ibi bisobakura iki nukuvuga ngo abakire bobo bakora vyiza cane ntabwo bakora biruhije .
None nawe tangura wige gukora ibintu muburyo bwiza ukoreshe ubwenge ,wiyumvira cane ,ushake inyishu kubera ushobora gukora ikintu ukanaruha cane ariko kikavyara umusaruro muke ariko iyo ugikora neza cane muburyo bwakare ruhore cari gukundwa cane b**atuma kivyara umusaruro.
Mukueangiza niwige gukora amasaha make muburyo bwiza cane gusumba gukora amasaha menshi cane nukuvunika ukanavunika ariko atakarusho kanini ubikuyemwo ntiwiteko umwikomo kugihe kinini wamaze utaramenya inyigisho zuguhindura uko wiyumvira ahubwo igihambaye rwana nihinduka urabeko 2023 itazorangira wateye intambwe.

urubuga rw'abashaka ejo hazoza heza

Tega amatwi tukubwireHarya ikintu cose mw'isi kugishikako birasaba ibitambo icobita sacrifice  .Murakunze kwumva bavuga ...
05/12/2022

Tega amatwi tukubwire

Harya ikintu cose mw'isi kugishikako birasaba ibitambo icobita sacrifice .
Murakunze kwumva bavuga ngo muba freemason baratanga ibitambo,abandi ngo muba Illuminati eka n'ibindi n'ibindi,Ariko rero aha ntitugiye kuvuga ivy'abo ba freemason ahubwo tugiye kuvuga yuko ubuzima wipfuza gushikako ejo haza ubwitangira uyumusi.uti how?
Nimba ushaka gushika kure tangura wige gutanga sacrifice nayo si amahera eka namba ahubwo ni kwiga ubumenyi butandukanye ukemera ukaruha ,nigusoma ibitabo vy'abatunze k*ko usanga ariho bahishura amabanga yabatumye batera imbere uzonaperereze kubatunzi rutura bomu bihugu vy'abazungu bazokubwira ko gusoma ibitabo ariwo muryango baciyemwo mugushika kure rero nawe tangura uve hasi ego nivyo bizogutera ubunebwe kugira kamere yogusoma ibitabo ariko menyako ico arico gitambo ,kimazi ugomba gutanga kugira ejo haza uzokwiyambure umwansi w'ubukene.
Iblotec urubuga rw'abashaka ejo hazoza heza

Turanabipfurije kurangiza umwaka wa 2022 mumahoro n'umutekano hamwe noguhindura uko twahora twiyumvira.
Hamwe n'ubumenyi ejo niheza!

05/12/2022

UTARUHIJE UBWENGE URUHA UMUBIRI KANDI NIGAKE HAGIRA ICO USHIKAKO

nk*ko abahinga bamwe bamwe bagenda babivuga twari kuba dukwiye gutangura gukoresha ubwenge ubwenge imbere yuko dukora ikintu nakimwe

Buri kibazo cose cari gikwiye gukemurwa NUBWENGE k*ko niho gikemuka Burundu .
____
Igihe kimwe mwishamba rimwe hariho intare iyo ntare yari inganza marumpu yari Nini ifise ubukomezi bitangaje yari umwami wishamba koko.

Yama izinduka guhiga KUGIRA irye inyama yishakiye yarica ibikoko bimwe ikarya ibindi ntinabirye.

Ibikoko bibonye BIGIYE guhera bija munama KUGIRA birabe ico vyokora.
Bihejeje inama biratororokana vyose bica aho yantare iba bigiye kuyibwira ivyavuye munama

Birashika igikoko giserukira ibindi kirahamagara aho yantere iryamye
Yantare iratangara mbere igira nubwoba kubona ibikoko vyose yahora ihiga biziye rimwe

Intare ibaza ikibizanye.
Cagikoko cabiserukiye mukibugira kiravuga giti:

Urabona mwami wishamba dukunda cane imisi yose wama uzinduka guhiga ukica bagenzacu bamwe ukabarya abandi ntubarye.

Rero twashaka k*kworohereza urazi ko tukwubaha nkumwami ntakuntu woguma uruha natwe tukaguma duhona.
Wewe nkumwami wacu buri musi tuzoza turavugana hagati yacu igikoko kikwizanira nkinyama wirire ntugume uruha kandi ugumye utwica bitari kumurongo tuzohera Hama ubur icurya.

Intare uvyumvise iravuga ati nivyiza cane ariko umusi mwasivye nkicwa ninzara nzobarya mwese nzobica

_____
Ikibazo cari gikemutse ariko nticari kivuyeho.

Haheze igihe buri musi Hama hari igikoko cishora kuja kuribwa imyaka iragenda.

Umusumwe hashikirwa urukwavu bakame

Ruriko ruragenda rugenda rue ukuntu rworokoka.
Ruriko ruragenda rubona ahantu hari ikiyaga amazi ari meza bakame karavyemwo gaca karibona gaca kavuga gati umuti urakoretse.

Karitebesha gushika kuri yantare.
Haheze umwanya gash*tseyo gasanga yantare yashavuye cane iravuta iti nukuntu mwantebeje inzara ingeze habi
Niwewe barungitse?
Ingo tugende unyereke uwakurungitse ndabice mwese niho mutazosibira.

Hama bakame gati nukuri Bari baturungitse turi ba6 ariko munzira twahahuriye niyindi ntare itubaza iyo TUGIYE tuyibwira ko tukwizaniye nkumwami wacu ufungure
Yantare ica itangura kuvuga ko igukuye ko ariyo mwami wishamba ica irya tumwe du5 twarikumwe ica isigaza jewe nz k*kubwira
Bakame kabonye intare ishavu riyishe gaca kongeramwo gati mbere yavuze ko nimwahura iyo ntari izokwica
Nukuri nababaye ukuntu yadutukiye umwami...kabakame murakazi..

Yantare iti nyaruka uze kunyereka aho ako gatare kari ndakicane nabayo

Baca baragenda no kuri wamugezi wari umeze nkuruzi kabakame gati ngiriya niyo iba

Intare iratontomwa yasamye ibona no mumazi nukwo ntiyiyumvira ko iriko iribona
Ica isimbirayo ngo iyigwanye nishavu ryishi.

Yantare kubera uwo mugezi wari muremure ica iratwarwa irapfa

Kabakame gasubira iwabo kabwira ibindi bikoko ko yantar kayishe ubu umutekano ari ryanawe

Kubwubwenge bwishi bakame kakemuye ikibazo Burundu.

_____

Gikuru nugukemura ikibazo kandi burundu
Ntagihe nakimwe uzokoresha inguvu ngo ikibazo gikemuke Burundu

Mwokimwe uzosigara urivuza
Canke usigarane imvune
Koresha ubwenge cane ubwubake buzokugwanirira imbere yibibazo vyose

Gira j'aime na partage twongere dusangire ikiyago muri commentaires

Murakoze

Sangiza abandi ndabakunda Can!

Abarundi n'Abanyafrica turi Hamwe

Address

Bujumbura

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Be Updated my Youngs posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share

Category