Be Updated my Youngs

Be Updated my Youngs twikangure turwanye ubukene

24/05/2026

Umuntu azogusaba ngo ntiza amahera. Uzobanze utuze wibaze ati ubwo atayansubije ubucuti bwacu buzogumaho, usanze butogumaho uzoce ubireka kuyamuha. Kandi Ntuze wiger utiza amahera umuntu wumva utoyamauhebera.

Kukijanye nukugaba amahera. Uko uyaronka niko umenya agaciro kayo (ex: utayafise Uba wumva kugabira umuntu 5mls Ari ibianzwe ariko plus uronka meshi Niko ubona bidakenewe kugaba amahera). Kandi uko umuntu umuha amahera niko umwaka amahirwe yokuyarondera kuko muburyo butaboneka Uba uriko uramubwira ngo ntukore.

Ntuzohe umuntu amahera uramwiza kuyarondera, Kandi ayagusavye ntuzoyamuhe, ahubwo uramubwira ati Ingo nkwereke aho nayakuye (niyo mpamvu abana bavukira mubakire bakunda gupfa nabi bakenye, kuko bahawe amahera ntibahabwa uko aronderwa).

Ikindi aba bakire bayaronka mugukemura ibibazo vyabatayafise bivuge ko bayatanze boca bayabura kuko boba bazibiye isoko yabo.

Uzorabe umukire araguha burikimwe ushaka kunwa, kurya kwambara ariko, ntiyigera aguha amahera. Wewe Uba wumva hako akuririra isahani yinrya ya 10mls yoyaguha ugaca ugura ivywa 5mls ugasigarana5mls, ufise Mind nkiyo Uba ukira umukene mumutwe Kandi biragoye gutunga. Rero kudatanga amahera harimwo philosophie nyishi umwe wese yovuga uko ayumva.

Ikindi IMYIZERERE yaratwishe, ngo naka nimba atunze ntafashe abakene ngo nicaha, gufasha ni droit yumuntu, ushaka urabikora canke ntubikore , gusa uza wumva umuntu agusavye ukamwima ngo nicaha, iyo ni mindset yubukene. Gusa nivyiza kuko gukora iciza nivyiza ariko Kandi sitegeko. Rero bivana numuntu!

31/01/2026

Swamad Niyonkuru

31/01/2026

🗣️ «Uwofata amahera💵 abantu bo kw'isi Bose bafisa akayabaka, hanyuma agaca ayabagabangana Bose bagatwara ayangana inyuma y'igihe gito wosanga yasubiriye kwirundaniriza mu mifuko yabitwa abatunzi ubu»

Woba wibaza igituma?🤔
1. Ubutunzi canke ubukene ni umwimbu w'ingeso z'ukuntu umuntu yitwara m'ubuzima bwiwe bwa misi yose :

▪️Bimwe mubiranga uwo twokwita :
- Nimba akoze ahantu bakamuhemba 3000 arara ayariye yose akayamara vyaba ngombwa kuriwe agasaba n'ideni atabona aho azokura ayo kwishura(Arya umutahe);
-Agura ikintu atari yateguye kugura( Ex: Aciye ahantu agasanga Brarudi iriko itanga promotion ivyeri 2 kuri 2500FBU avaho anweye kandi atanivyo yarashaka)
- Ntiyigera abona ko ingorane uko zirwira ariko n'uburyo bwokuronkamwo amahera ariko bwiyongera (Ex: Iki gihe ca corona virus abashona impuzu bariyumviriye barashona udufuka munwa mu dupande twibitambara bahora bata)
-Hagize umuntu amubwira ati zana amahera duteranye dukore umugambi ka naka ikintu ca mbere abona nuko uwo muntu ari ashaka kumwiba.
-Umubwiye mukore ikintu gishasha (innovation) aca atangura kukubaza iyi ivyo wadukanye wabonye babikora, akagusaba akarorero kuwabikoze akunguka.
-Umubwiye mukore ikintu gisanzwe gikorwa n'abandi aca yivugira ko ivyo biruhisha cane mu mutwe
-Umubwiye azane amafaranga mukore umugambi muzotangura kuronka inyungu inyuma y'imyaka ibiri akubwira yuko adashobora kurindira igihe nk'ico cose.
-Agashahara ko ku kwezi katabonetse haba habavye (keshi ukwezi guhera yayamaze kera). Ivyo bica bituma akora ubuzima bwiwe bwose akorera abandi; Yagera mukaruhuko k'izabukuru ivyiwe bikaba birangiye.
- Ntiyigera yiyemera mu vyiyumviro vyiwe, abona ko ico yokora cose cogenda nabi (Il est pessimiste).

▪️Uwo twokwita nawe :
- Irya ivyamwa vy'umutahe (Ahembwe 3000 aca yiyumvira ukuntu ayakoresha hakaboneka nka 3600 agaca Arya ayo 600 nimiburiburi)
-Ntiyigera Arya agahembo kiwe aziganya nimiburiburi 10% yayo ahembwe;
- Ntatinya gukora iki canke kiriya ngo yohomba, yiha ihangiro gusa akorerako
- Ntatinya gushira umutahe mu migambi yumvise mishasha.
- Ntagura ikintu abonye kunzira atari yateguye kugura ngo nukubera asanze kiriko gitagwa kuri promotion;
-Anezerezwa no gushira umutahe wiwe ahatandukanye kuburyo bidasaba ko ibikorwa vyiwe ariwe avyikorera wewe naho aba aryamye(Uretse ko atavyubahuka) inoti iguma yinjira.
- Yiyemera mu vyiyumviro akabona ko ibintu bigiye kugenda neza (Il est optimiste).

🚦 Gutunga harigihe hajamwo imigisha, ariko uburyo nyabwo bwo gutanga nuko wokora kugira urwize amahigwe yo kugira iyo migisha.
- Ntuze wigere usaba impanuro muvy'ubutunzi umuntu utabona ko hari ico agusumvya, «Impumyi ntiyobora iyindi».
- Gutera imbere s'ibintu biba mwijoro rimwe, bisaba ukwihangana Duke urose ukatuziganya bukebuke uzoronka ayafadika utanguza umugambi uboneka.

⚠️Niwaba ushaka gutera imbere uze wihweze uko abitwa bitwara iyo barose amafaranga💵 Hama nawe uzoce ukora igihushane c'ivyo bakora.

Address

Bujumbura

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Be Updated my Youngs posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Shortcuts

Share

Category