26/11/2025
Hatangujwe isekeza ry'umwaka wa 2025 ryo gufumbira, gupompa no gutera ikawa
Kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 26 Munyonyo 2025, Ubushikiranganji bw'ubutare n'agataka, amasoko ntanganguvu, amahinguriro, ubudandaji n'ingenzi, bufadikanije n'Ubushikiranganji bw'ibidukikije, uburimyi n'ubworozi, bwatanguje icese isekeza ryo gutera imivyaro y'ikawa, gupompa hamwe no gufumbira igiterwa c'ikawa mu Burundi. Ico gikorwa cabereye ku mutumba Mubavu muri komine Ruyigi mu ntara ya Buhumuza, ahari igipimo c'ikawa ca "ODECA" gitewe ku mahegitari arenga 11. Ivyo birori vyari bihagarariwe n'Umwunganizi w'Umushikiranganji w'ubutare n'agataka, amasoko ntanganguvu, amahinguriro, ubudandaji n'ingenzi, bikaba yitabwe n'Umuyobozi mukuru w'ikigo kijejwe iterambere ry'ikawa mu Burundi, (ODECA); bamwe mu bakozi b'ubwo bushikiranganji bubiri, hamwe n'abenegihugu.
Salvator Bigirimana, Umuyobozi mwishikira mu biro vya Buramatari w'intara ya Buhumuza, yavuze ko nk'uko Reta y'Uburundi yashize imbere ibiterwa njabukamazi, intara ya Buhumuza yateje ikawa nyinshi mu mitumba itandukanye iyigize, kandi yahimirije abenegihugu kugira ngo urugo rwose rugire n'imiburiburi igipimo c'ikawa. Yamenyesheje ko mu mugambi w'iterambere ry'intara ya Buhumuza harimwo guteza imbere igiterwa c'ikawa, kugira ngo na co kigaruke guteza imbere imiryango n'igihugu muri rusangi. Yasavye ikigo "ODECA" kuja kirahemba ku gihe abarimyi baba bashoye ikawa,, kugira ngo ntibadebukirwe.
Umwunganizi w'Umushikiranganji w'ubutare n'agataka, amasoko ntanganguvu, amahinguriro, ubudandaji n'ingenzi, yibukije ko igiterwa c'ikawa catanguye kurimwa mu Burundi mu myaka y'1920, kandi ko ari igiterwa gifasha cane mw'iterambere ry'imiryango n'igihugu. Yavuze ko amasekeza mwene ayo atunganywa mu ntumbero yo guhimiriza no kwibutsa abarimyi ibikorwa bikenewe n'igihe bikenerewe, kugira igiterwa c'ikawa gikomeze gutera imbere. Yamenyesheje ko ibikorwa vyo gufumbira, gupompa no gutera ikawa, vyose bituma haboneka umwimbu mwinshi kandi w'akanovera.
Pacifique Nshimirimana yahamagariye abegwa n'igisata c'ikawa bose kugira urunani kugira ngo ikawa ishobore guterera biboneka mu gushikira Imbonakazoza ya 2040 na 2060, aho yavuze ko nk'ukwo abahinga babivuga, ikawa ikorewe neza yongera umwimbu gushika ku bice 40 kw'ijana. Yasavye ikigo "ODECA" gukosora mu buryo burama amakosa yagiye aribonekeza muri kahise mu gisata c'ikawa. Ati:"Reta y'Uburundi ntaco itazokora kugira ngo umwimbu w'ikawa ukomeze kwiyongera".
Mu gihugu cose imivyaro y'ikawa irenga 33.800.000 ni yo yategekanijwe guterwa muri iri sekeza.