RTNB

RTNB La Radio-Télévision Nationale du Burundi à Votre service

13/08/2026

Développement durable : comment la nature se transforme en source de toutes nos richesses ?

Écologie ou économie, faut-il vraiment choisir ? Comment l'idée « la nature est la source de toutes nos richesses » favorise-t-elle le développement durable en Chine et en Afrique ? Écoutons les analyses de Mme Zhao Lisha, chercheuse en relations internationales à l'Institut de recherche sur la Chine et le monde contemporains (ACCWS), sur la pensée de Xi Jinping sur la civilisation écologique.

 : iyandikwa ry’impunzi ziri mu kambi atandukanyeIbiro vy’igihugu bijejwe gukingira impunzi n’abatagira igihugu bitirirw...
13/08/2026

: iyandikwa ry’impunzi ziri mu kambi atandukanye

Ibiro vy’igihugu bijejwe gukingira impunzi n’abatagira igihugu bitirirwa ( ), bifashijwe n’Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe impunzi ( ), biriko birakora igikorwa co kwandika impunzi ziri mu makambi y’impunzi atandukanye mu .

Mu rugendo rwo ku wa 12 Myandagaro 2026 rwo kuraba uko ico gikorwa kiriko kiragenda mw’ikambi y'impunzi ya iri muri komine Cibitoke, intara ya Bujumbura, vyarabonetse ko igikorwa kiriko kiragenda neza hongera haraboneka ingorane nyinshi impunzi zifise.

Ikambi y’impunzi ya irimwo impunzi zishika ibihumbi bine muri zo nyishi zikaba zavuye muri . Abdallah Nzitonda wo muri avuga ko iyo kambi yari ifise ubushobozi bwo kwakira abantu hafi 800 gusa.

Abdallah Nzitonda amenyesha ko ico gikorwa co kwandikisha impunzi gifise intumbero yo kumenya abantu bose bari muri iyo kambi kugira haboneke ibiharuro bishobora kwisungwa mu gufasha kuko ngo bigoye gufasha impunzi neza ata makuru n’ibiharuro vyizewe bihari.

Nayo Félix Ndama umuyobozi ajejwe amakuru muru , avuga ko kwandika impunzi ari kimwe mu bikorwa vya mbere bikomeye mu kuzikingira kuko ngo bituma hamenyekana umuntu wese, ibibazo afise hamwe n’ivyo akeneye gufashwa.

Félix Ndama avuga ko mw’ikambi y’i hashoboye kwandikwa abantu barenga 54.000 kandi ko igikorwa cabandanije mw’ikambi ya , no mu Cishemere aho kiriko kirakorerwa mur’iyi misi.

Naho igikorwa co kwandika izo mpunzi kiriko kirakorwa, ikambi y’impunzi irabandanya kwakira impunzi nshasha.Nk’uko ibivuga, ku wa 11 Myandagaro 2026 hakiriwe impunzi hafi 80 hakaba kandi n’izindi mpunzi ziba mu mihana ikikije iyo kambi.

Igabanuka ry’amafaranga ahabwa ibikorwa vy’ubutabazi ni imwe mu ngorane zikomeye zihari. Impunzi ntizikironka imfashanyo y’ibifungurwa bikwiye.

Mw’i Kambi ya Cishemere haracari ibibazo vyinshi birimwo ukutagira amazi , ubukene bw’ubwogero n’ubwiherero, ubuto bw’ikibanza, uburaro butameze neza hamwe n’ubukene bw’impuzu.

Félix Ndama avuga ko izo ngorane zibuza kandi igikorwa co kwandika kigenda neza. Kubera ubukene bw’ibibanza, rimwe na rimwe abakozi bakoresha ivyumba birimwo impunzi. Ivyo bituma impunzi zisabwa kuva mu vyumba vyazo mu gihe igikorwa co kwandika kiriko kirakorwa.

ivuga kandi ko hari abana batarashobora kuronka amashure. Iryo yandikwa rero ngo rizofasha kubarungika ahantu bashobora kubandanya amashure.

Kubera ubwinshi bw’ibikenewe, abajejwe ibikorwa vyo gukurikirana impunzi basaba abafatanyabikorwa n’abandi bose bashoboye gufasha mu kwongereza imfashanyo kugira ngo iyandikwa rigende neza hamwe n’imibereho y’impunzi muri rusangi.

Impunzi zo mw’ikambi ya zivuga ko ubuzima bwazo bugoye zigasaba cane cane ko zokwongerwa ibifungurwa n’amazi kandi zikaronka ubufasha bukwiye.

Uburundi buriteguye guhangana n’ikiza ca EbolaUbushikiranganji bw’Amagara y’Abantu, biciye mu mugambi wo kurwanya ibiza ...
13/08/2026

Uburundi buriteguye guhangana n’ikiza ca Ebola

Ubushikiranganji bw’Amagara y’Abantu, biciye mu mugambi wo kurwanya ibiza cane cane indwara zandukira, bufadikanije n’abafatanyabikorwa babwo, bwaragize inama y’imisi ibiri kuva kw’igenekerezo rya 11 gushika ku rya 12 Myandagaro 2026, i Bujumbura.

Iyo nama yari ifise intumbero yo kwibutsa abakozi bakorera mu gisata c’amagara y’abantu ivyerekeye ikiza ca Ebola, harimwo ingene iyo ndwara ifata, ingene yandukira, uko yokwirindwa hamwe n’ingene bofata ingingo zihuta mu gihe yokwibonekeza mu gihugu.

Muganga Oscar Ntihabose, Umuyobozi mukuru ajejwe guteza imbere amagara y’abenegihugu no kubakingira indwara, yavuze ko inyuma yo kwumva y’uko Ebola yongeye kwibonekeza muri Repubulika Iharanira Demokarasi ya Congo, babonye ko amagara y’abenegihugu ashobora kubangamirwa.

Kubera iyo mvo, Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwafashe ingingo yo gukomeza imyiteguro yo gukinga no guhangana n’ico kiza. Haratoranijwe umurwi w’abakozi bafadikanije n’abafatanyabikorwa kugira bongere bibukanye ubumenyi bukenewe mu bijanye n’indwara y’umugera wa Ebola no kwitegurira kuyirwanya.

Muri iyo nama, abakozi bakorera ku rubibe Uburundi buhana na Repubulika Iharanira Intwaro rusangi ya Congo, cane cane mu Gatumba, baribukijwe ingingo nyamukuru zo gukinga Ebola. Barahawe inyigisho zijanye n’ingene iyo ndwara ifata, ingene yandukira, uko yokwirindwa n’ingene bokwitwara mu gihe hoba hari umuntu akekwa ko yanduye.

Abo bakozi baciye bashira mu ngiro ivyo bize biciye mu myimenyerezo. Iyo myimenyerezo yabafashije gusuzuma urugero rw’integuro bagezeko no kumenya ivyo bakeneye kunagura, haba ku bikoresho canke ku bumenyi.

Muganga Ntihabose yavuze ko ivyabonetse muri iyo myimenyerezo vyerekanye ko abakozi biteguye neza kandi bashoboye gushira mu ngiro inyigisho bahawe. Yavuze kandi ko iyo myimenyerezo yabafashije kumenya ibihengeri bigisigaye kugira babandanye kwitegurira neza guhangana n’ikiza c’indwara y’umugera wa Ebola.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu buvuga ko ivyo vyigwa n’imyimenyerezo bizofasha gukomeza ubushobozi bw’abakozi no gutuma igihugu kiguma gifise imyiteguro ihagije mu gihe iyi ndwara yoba ibonetse mu gihugu.

 : Umuntu abona amazi akamupfako ubusa ariko arahomba caneAbarimyi barimira mu kiyaya ca Nyankongwe na Mutsindozi muri z...
13/08/2026

: Umuntu abona amazi akamupfako ubusa ariko arahomba cane

Abarimyi barimira mu kiyaya ca Nyankongwe na Mutsindozi muri zone Gitaba, komine Makamba mu ntara ya Burunga, barashima indimo bafise muri iki gihe c'ici. Ivyo babishikirije Iradiyo na Tereviziyo vyﹸUburundi aho vyabagendera kuri uwu wa 12 Myandagaro 2026, mu ntumbero yo kwirabira ukwo irima ry’ici ryifashe.

Bamwe mu barimyi baganiriye n'abo bamenyeshamakuru bavuga ko kurima mu ci biborohera, ngo kuko imirima yabo bayivomeza amazi y'uruzi Mutsindozi, abatarwegereye na bo bakikora ku mazi y'uruzi Nyankongwe, aho ngo baca bakorana mu bikorwa rusangi, abahakorera bose bakarugomera kugira amazi aje mu mirima, maze bakaja barayasabikanya mu burwaneza no mu mwumvikano.

Nﹸubwo bashima indimo bafise, abo barimyi ngo barafise ingorane, nko kubura ifumbire barihiye amahera,
hamwe n'imiti yo gupompa udukoko tubarira imirima. Basaba ko bibironswa kugira babandanye biteza imbere biciye mu burimyi.

Ndayisaba Meledi Umukuru wa zone Gitaba, arashimira abenegihugu bo ku mutumba Muvumu, ku nguvu bashize mw'irima muri iki gihe co mu ci bari hamwe. Ahamagarira n'iyindi mitumba kubafatirako akarorero.

Ndayisaba Meledi asaba Reta kuzofasha igatunganya uruzi rwa Mutsindozi, kugira abenegihugu bazohore barima bimbura no mu gihe cﹸimvura, kuko ngo iyo urwo ruzi rwuzuye ruca rubatwara imirima.

Tubamenyeshe ko mu ntara ya Burunga hatanzwe itoni 80 zﹸimbuto yﹸibigori "PAN53" mu ntumbero yo gushigikira uburimyi bwo mu ci, nkﹸukwo biherutse gushikirizwa nﹸUmuyobozi wﹸibidukikije, uburimyi nﹸubworozi mu ntara ya Burunga, Congera Jean- Marie.

Mw'ijambo yashikirije, Manirakiza Désiré, umuhuzabikorwa w'ikigo "PAEEJ" kijejwe guteza imbere imigambi y’urwaruka, yara...
13/08/2026

Mw'ijambo yashikirije, Manirakiza Désiré, umuhuzabikorwa w'ikigo "PAEEJ" kijejwe guteza imbere imigambi y’urwaruka, yarashimiye Umukuru w'igihugu c'Uburundi, Varisito Ndayishimiye, ngo kuko aharanira kubona ko urwaruka rwa Afirika rufise ivyo rukora rukiteza imbere. Yamenyesheje kandi ko umusi w'inkerebutsi, nk’ukwo insiguro y'ijambo ubwayo imeze, ari akaryo ko kuraba imigambi mikurumikuru y'urwaruka ruriko rurakora ibikorwa bidasanzwe mu kwiteza imbere no guteza imbere igihugu, maze n'abandi bakahabonera akarorero.

Mw'ijambo nyamukuru, Umukuru w'igihugu c'Uburundi Varisito Ndayishimiye yahamagariye urwaruka rwa Afirika kwirinda abarukwegera mu ntambara, ngo kuko ataciza kiva ku ntambara, ngo ahubwo bihe ihangiro ryo kurwaniriza hamwe ubukene.

Umukuru w'igihuhu yemereye kandi urwaruka ko ategerezwa gukora ibishoboka vyose kugira rubeho neza.

Umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye yavuze kandi ko ihwaniro ry'urwaruka rwa Afirika ku bijanye n'amahoro n'umutekano rifise akamaro kanini mu gukomeza amahoro no guteza imbere umugabane wa Afirika. Yaciye ahamagarira ibihugu vyose vya Afirika gushinga umusi wahariwe urwaruka, amahoro n'umutekano mu bihugu vyabo.

Yaboneyeho kugabisha uwo wese yohirahira ngo azane intambara mu Burundi, ngo izotangurira iwe, iherere iwe.

Umukuru w'igihugu Varisito Ndayishimiye, yaboneyeho guha udushimwe abagize ico bakora mw'itegurwa ry'iyo nama idasanzwe y'urwaruka n'abakenyezi yari imaze imisi itatu ibera mu gisagara ca Bujumbura.

Mwomenya ko ivyo birori vyasozerewe no kurasa hejuru ibiturika vyo kugaragaza umunezero (feux d'artifice).

"Inkerebutsi Day" 2026𝗜𝗺𝗶𝗴𝗮𝗺𝗯𝗶 𝗶𝘁𝗮𝘁𝘂 𝗶𝗵𝗲𝗷𝗲𝗷𝗲 𝗸𝘂𝗯𝗮 𝗶𝘆𝗮 𝗺𝗯𝗲𝗿𝗲Kuri uwu mugoroba w’uwa gatatu igenekerezo rya 12 Myandagaro ...
12/08/2026

"Inkerebutsi Day" 2026

𝗜𝗺𝗶𝗴𝗮𝗺𝗯𝗶 𝗶𝘁𝗮𝘁𝘂 𝗶𝗵𝗲𝗷𝗲𝗷𝗲 𝗸𝘂𝗯𝗮 𝗶𝘆𝗮 𝗺𝗯𝗲𝗿𝗲

Kuri uwu mugoroba w’uwa gatatu igenekerezo rya 12 Myandagaro 2026, mu gisagara ca Bujumbura kuri "Jardin Public", harasozerewe ihuriro ridasanzwe ryo ku rwego rwa Afirika ry'urwaruka n'abakenyezi. Ryasozerewe n’ibirori vy’umusi wahariwe urwaruka rw’inkerebutsi (Inkerebutsi Day).

Kabaye akaryo ko hushimira urwaruka imigambi yarwo yatsindiye ibibanza bitatu vya mbere.

Ng'aba batatu ba mbere mu migambi 10 yari mw'ihiganwa:

1. Mu kibanza ca mbere ni : Bosco Nzisabira yakoze urugomero rw'amatara. Yaronse imiriyoni 20 z’amafaranga y’amarundi.

2.Mu kibanza ca kabiri ni : "Club Indangaburundi". Ifise umugambi wo kwubaka "studio" abashaka gusohora indirimbo ndangakaranga bazohora bajamwo. Uwo mugwi waronse imiriyoni 15.

3.Mu kibanza ca gatatu ni : Jackson Nsabiyumva ahingura umwavu awukuye mu maganga y'inkwavu. Yaronse imiriyoni 10.

Abari bajejwe gutanga amanota bagize bati: "Nticari igikorwa coroshe kuko iyo migambi yose yari imigambi myiza kandi iteye igomwe. Ariko ni kwo vyategerezwa kugenda kugira ngo hatorwe iyo itatu".

12/08/2026

ENGLISH NEWS ON 12/08/2026

12/08/2026

INKEREBUTSI DAY 2026: 4EME EDITION

Ubushikirangaji bw'intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n'umutekano, bwaronse ingabire y'imodoka zibiri Kuri ...
12/08/2026

Ubushikirangaji bw'intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n'umutekano, bwaronse ingabire y'imodoka zibiri

Kuri uwu wa 12 Myandagaro 2026, Ubushikirangaji bw'intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n'umutekano, bwaronse ingabire y'imodoka zibiri (camionnettes) buhawe n'ibiro vy'umunyamabanga mukuru w'umuryango wa Afirika y'ubuseruko, mu ntumbero yo gukomeza umutekano ku mbibe no kurwanya ubukozi bw’ikibi bukorerwa ku mbibe.

Nk'ukwo bimenyeshwa n'Umushikiranganji w'imigenderanire y'Uburundi n'ayandi makungu Edouard Bizimana, izo modoka zizofasha abajejwe umutekano baja ku mbibe gucungera umutekano, ngo kuko hari abagizi ba nabi bakora ikibi mu gihugu kimwe bagaca baja kwinyegeza mu kindi gihugu, abakora ivya magendu, uruja n’uruza rutemewe, yongera ashimira Afirika y'ubuseruko yatanze iyo ngabire biciye ku Munyamabanga mukuru wayo.

Umunyamabanga mukuru w'umuryango wa Afirika y'ubuseruko Stephen Patrick Mbundi, yamenyesheje ko ugushikiriza izo modoka Reta y’Uburundi kuzokurikirwa n’ibikorwa nk’ivyo mu bindi bihugu bigize uwo muryango :EAC".Yamenyesheje ko hategekanijwe imodoka 16 zo gukoresha mu bikorwa vyo gucungera umutekano, zibiri ku gihugu kimwe cose mu bihugu 8 bigize "EAC", kandi bakaba batanguriye ku Burundi. Ngo ivyo ni vyo vyerekana uguhuriza hamwe kw’ibihugu vyo mu karere kuko ari abantu bamwe, bafise intumbero imwe, bafatira ingingo hamwe kandi bakubaka akarere gatekanye.

Umukuru w'igihugu ahejeje kwakiranwa iteka ku kibuga kiberako ibirori vya "Inkerebutsi Day 2026"Umukuru w'igihugu c'Ubur...
12/08/2026

Umukuru w'igihugu ahejeje kwakiranwa iteka ku kibuga kiberako ibirori vya "Inkerebutsi Day 2026"

Umukuru w'igihugu c'Uburundi akaba n'Umukuru w'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Afirika Evariste Ndayishimiye, ari kumwe n'Umutambukanyi wiwe Angéline Ndayishimiye, bahejeje gushika ahabera ibirori vy'umusi mukuru wahariwe urwaruka rw’inkerebutsi bise "Inkerebutsi Day 2026", mu gisagara ca Bujumbura.
Yakiranywe akanyamuneza kenshi n'urwaruka rwitavye ivyo birori, intambo hamwe n'umurisho w'ingoma.

Address

Avenue DU 13 OCTOBRE
Bujumbura
1900BUJUMBURA

Telephone

+25771766707

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when RTNB posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to RTNB:

Shortcuts

Share