28/11/2025
๐จโฝ ! Tayali CAF yamaze guterekahi ibihano k'Umukinyi wโUmurundi Claude Girumugisha , numรฉro 7๏ธโฃ mu mugongo Al Hilal S.C โ ๏ธ
Nyuma yโivyabaye k'umusi wa gatanu wโindwi irangiye aho bariko barakina na MC Alger kuri Stade AMAHORO i Kigali mu Gihugu Cu Rwanda mu nkino za TotalEnergies CAF Champions League Aho habaye imigwano Umuhagarikizi agatanga rapport muri avuga ko Umukinyi Claude Girumugisha ariwe yasomborokeje abarabu....
Uyu mukinyi yahanishijwe gutanga, ihadabu ryโamafaranga โฌ 5,000 vuba bwango vyihuse hamwe no kudakina, inkino zigera kuri 3, mw'ihiganwa kandi rya CAF Champions League.
๐ Urutonde rwโinkino GIRUMUGISHA Jean Claude agiye gusiba :
โข vs St Eloi Lupopo
โข vs Mamelodi Sundowns
โข vs Mamelodi Sundowns
๐ฏ CAF kandi yongeye iratomora neza, yuko ivyavuzwe ko GIRUMUGISHA Jean Claude yoba yarateye, agacupa kamazi aho abakinyi ba MC Alger bari bicaye atarivyo nagato kuko atacemezo na kimwe gihari kivyemeza.
Ibihano vyafashwe hisunzwe, ivyabaye biboneka yuko uyu mukinyi yerekanye ingeso zimwe zimwe zitemewe mu mupira wโAmaguru, zishingiye ku kuzomera umukeba wawe muba mwahuriye mu kibuga bishobora kuba arivyo vyakweze amarere.
โ ๏ธ Umugwi Al Hilal Sc, nawo woba ugiye kurondera, ingene ushigikira umukinyi wabo hamwe no kwisigura kubihano vyafatiwe Umukinyi wabo ndetse nโivyavuzwe vyose na CAF kโuruhande rwuwo mugwi , batemeranya navyo kumvo zo kwisigura.
๐ Ibihano vyafatiwe GIRUMUGISHA Jean Claude, bibwirizwa gushirwa mungiro ni, ingingo yamaze gufatwa kandi ntabanduka.
Mbega bibi wee! Igihombo gikomeye kuri Al Hilal SC kubura uyu Musore mwizi nkino๐ค
Umusore murabona yafatiwe Ibihano bikwirinye nivyo yakoze canke yoba yarenganijwe .. ??
โจ๏ธ