Musatirizi

Musatirizi Cinematographie du Burundi

27/12/2024
05/01/2023

Musatirizi Nkina Nkebura TURIME IMYUMBATI

Send a message to learn more

Komera Komera XRay umu producer wacu uriko urabikora neza cane Imana ikuje imbere my producer
18/12/2022

Komera Komera XRay umu producer wacu uriko urabikora neza cane Imana ikuje imbere my producer

BIHAGARARE❌🚫Mu gihe turi mu misi 16 yahariwe  🌹Wame witwararika n'ibi   idusaba:🎄1 Kutarwana. Sivyiza kwama uriko urarwa...
14/12/2022

BIHAGARARE❌🚫
Mu gihe turi mu misi 16 yahariwe 🌹Wame witwararika n'ibi idusaba:
🎄1 Kutarwana. Sivyiza kwama uriko urarwana nuwo mwubakanye ntakibazo nakimwe gihari cigera kinanirana gutorera umuti Mutarinze kugwana murugo
mushingantahe burya nawe uwogukubita nkakurya ukubita umufasoni wawe woryoherwa ukavuga ko ari uburyohe? Icare muvugane mutorere umuti icokibazo vyanse rondera abizigigwa babafashe kubitorera umuti

🎄2 Kutihora.: Kwihora sivyiza n'Imana iravyanka wibuke ko abarundi aribo bayamaze ngo "Ihori Hori ihonya umuryango" none nkubu umufasoni wawe yakoze ikosa ugaca wihora ukamukubagura, ugakubita nkinzoka yo mwishamba, ukamuha Sumu... ugasanga ivyo wamukoreye bitumye apfa wibaza ko batagufunga? kandi no Ku Mana ubukoze icaha co kwica kizotuma ubura ijuru kandi witwa ko usenga unazi Imana 🦋Kirazira Kwica ico nicagezwe twahawe n'Imana

🎄4 kutabesha: Ntukabeshere ibinyoma abandi ndetse n'umugore wawe wame wibuka ko kubesha bikwega amabi menshi ndetse ari nicaha Ntukabeshere umufasoni wawe canke umugabo wawe guhishanya murugo bivamwo amabi menshi irinde kubesha no guhishanya nuwo mwubakanye kuko ico kizotuma Umunsi wamubeshe akabimenya bivamwo ikintu kibi cane

🎄 Ntugafate kunguvu iki kigwa kuri ryabwirizwa rya Ntugasambane:
Muntu w'Imana ukagirizwa gufata kunguvu wibuke ko uhagurukigwa na l'etat hamwe n'amashirahamwe yaharanira agateka kabakenyezi kandi nugufungwa uzofungwa kandi imyaka myinshi uharuye iyo bagukatira niyo ubufise uzogera kukavamwo ataco ucimarira ucupfa uri Imburakimazi akagize abantu mumbabari ugapfa ur'Imbwa
Kandi no Ku Mana uracumuye urenze ibwirizwa ryo Gusambana

🎄5: Gukunda bose: kundana n'Imana iradusaba gukundana kuko nayo n'Urukundo wibuke ko yadukunze gushikaho itanga umwana wayo w'Ikinege kubwawe no kubwanje donc kubwacu kuki none wanka mugenzawe? Ukanka Umukobwa angana nuwo wavyaye ca namushikawe ukaja kumwicira ubuzima iravuga ngo
uwudakundana uwo ntiyavyawe n'Imana kandi ntanazi n'Imana kuko Imana ari urukundo

🎄6: Kutaborerwa: wa mumama nawe reka kuboregwa biri mubigukurako agateka ibaze guca mwibarabara witwa ko uri Umufasoni ukagenda uradandabagirana mwibarabara ucapa umunani ugenda uravuga ayamuhe utabajijwe birateye isoni ndetse n'ijambo ry'Imana rirabitubuza kuboregwa kuri twese aba papa abamana inkumi imisore nabana
ABALEWI10:9
-ati Ntuze wigere unywa kuri vino canke ku kiboreza na kimwe, mwe n'abana bawe,..

⚠️Ninahamwe muri henshi hava gutubahiriza agateka kabakenyezi kuko abagabo baborewe kenshi barashwanira abafasoni babo mungo bakabakorera n'amabi menshi babitewe ninzoga enda nituzireke

🎄7: Kudakubita umugore wawe canke w'abandi sivyiza uyo nakara kawe ko mumagufa yawe ibuka ivyo mwasezeranye imbere ya ya , ya ....

🎄8: Kudahohotera umugabo wawe canke w'abandi. Erega sabagore gusa muhohotegwa n'abagabo ba umufasoni mwiza murugo kuko arinkingi yurugo niwe wo kurukomeza rugakomera

♣ Fashanya mwese mugire Amagara meza umugabo ntaje mukabare kurya inyama nibinyobwa umugore nawe nabana muhira baraye ubusa canke wabahaye ubugari ca ikinjumba kitagira n'inkozo ibuka ko Urya uri umuryango wahawe n'Imana kandi niwapfa uko wabitayeho uzobibazwa nimba wabitayeho Nabi uzobibazwa nimba wabitayeho neza uzobishimigwa n'Imana

♣musabiranire umugisha mwese atawe ukuyemwo yaba abana yaba umugore yaba umugabo yaba n'umwansi wawe kuko iradusaba gukunda n'Abansi bacu no kubasengera

♣9: Guharanira gukora ineza ya bose: nimwasabwa uwo mufasha umugore ntubere intambamyi umugabo kuwo ashaka gufasha mugabo ntubere intambamyi umugore kuwo ashaka gufasha kuko gutanga canke gufasha bizana umugisha murugo mutumvikanye kurico muzosanga muhaye mutakaza kagateka kazina mugore nakumugabo kuko ivyo bivamwo amabi menshi iyo mutavyumvikanyeko

♣10: Guharanira agateka k'abandi: ntuharanire akuwo mwubakanye gusa haranira nakabandi ntukubagure nabagore babandi ngo nuko Atari uwawe canke Atari umugabo wawe canke umukobwa wawe canke Atari mushiki wawe

♣️ Hezagira abakugiriye nabi
♣Kunda abakwanka.

🌷Mwene Data IMANA iranka ibi tukuburiye:
🌺Reka ubusambanyi,
🌺Reka kwambara ubusa no guhenera abandi,
🌺Reka kuraguza,
🌺Reka Kurya igiturire,
🌺Reka kubesha,
🌺Reka guhemukira abandi,
🌺Reka kunamira ibishushanyo no gusenga ibigirwamana, no kuvyikubita imbere Imana irabitubuza soma aha
GUSUBIRA MUVYAGEZWE 5:8-9
-Ntukibazire igishushanyo, cank'igisa n'ishusho y'ikintu na kimwe kiri hejuru mw ijuru, canke hasi kw isi, canke mu mazi yo mu biyaga; ntuz' uvyikubite imbere, ntuz' ubisabe, kuko jewe Uhoraho Imana yawe nd'Imana ifuha, mpora abana ibigabitanyo vya ba se, nkageza ku runganwe rugira gatatu no ku rugira kane rw'abanyanka,

🌺Hunga ubushakanyi no kwisambanya,
🌺 Tegura Inzira y'uhoraho mukwirinda icocose Imana yanka
🌺Gendera mu Mana
🌺Zirikana ijambo ry'Imana urizigame, rigume muri wewe

🌺Reka gukubita Umugabo wawe, nikizira wa Mugore we ivyo ukubita umugabo wawe hanze hari benshi bamukeneye ntumusuke rero mubusambanyi kubera wewe wamuturubitse bituma ata Inzira nziza akaja mubahabara bamukwegera mukaga gusa

🌺Irinde guhohotera abana bawe babigeme canke b'abandi,:

🌺Zigama agakiza wahawe ukamane M'umutima wawe no muvyo ukora vyose

🌹🙏🌹 TWESE HAMWE TURWANYE AMABI AKOREGWA ABAKENYEZI N'ABIGEME NIYO NKINGI YO GUTERA IMBERE MUNGO NO MUMIRYANGO NDETSE NO MUGIHUGU CACU CIZA Cu Burundi🇧🇮🇧🇮

Abumvise irijambo mwese muri
ZABURI 115:15
-Muhawe umugisha n'Uhoraho,
Yaremye ijuru n'isi.

🔴Kaze mu kiganiro MENYA NAWE co ku wa 13/12/2022 ⏱Uyu musi Tubaganirira ku bintu vyogufasha kugumana abakiriya bawe ibih...
14/12/2022

🔴Kaze mu kiganiro MENYA NAWE co ku wa 13/12/2022

⏱Uyu musi Tubaganirira ku bintu vyogufasha kugumana abakiriya bawe ibihe vyose.

👨‍💻Ikintu kizotuma ugira ukuroranirwa kw'ibihe vyose si ugukwegera abakiriya gusa ahubwo ni kubashimisha mu kubaha ivyo bakenera.

🚶‍♂️Rero nk'umuntu agitangura kwitunganiriza umugambi ushobora kuba ari we ufata Iya mbere mu kwakira abakiriya. Ariko nimba ufise abakozi hariho igihe nabone usanga bakira abakiriya.

Rero uwariwe wese mw'ishirahamwe arafise uruhara mu gutuma abakiriya bashimishwa. Uhereye ku wakira abantu , kuwuraba ivy'amahera, tutibagiye n'abashoferi b'imiduga.

👉1. Uguhiganwa

Ubu kuruta ikindi gihe cose, abakiriya bafise ibintu vyinshi baraba imbere yo kukugurira. Kubera ko usanga abantu badandaza ikintu kimwe bahiganwa k'urugero rudasanzwe, biroroshe cane ko abakiriya badashimishijwe na seruvise utanga, Baca bigira kugurira kuri ba bakeba bawe.
Iyo utakaje umukiliya umwe kubera wamwakiriye nabi, uzoba utakaje abakiriya batatu binyongera, reka tubibasigurire mu gice gikurikira.

👉2. Amajambo mabi ava mu kanwa.

Rero ikindi kibabaje ni amajambo mabi abakiriya mwakiriye nabi Baca bakwiragiza kuri bagenzi babo. Barabasigurira impamvu zishika igihumbi batogurira iwawe.
Abo muhiganwa nabo Bama biteguye bakurikirana inkuru zose zibi zikuvugwako, kugira bagume baziharura narirya ivyo bituma bunguka kukurusha.

🤝Menya kwakira neza abakiriya mu kibonana ari bwo bwa mbere. Kuko utakaje umuntu mukibonana urashobora kuzorinda upfa udasubiye kumuronka. Menyako abaguzi atari ibigugu, nimba udandaza ibidandazwa biri k'urugero rwo hasi cane, mu gihe hari uwundi mudandaza ibidandazwa bimwe ariko ivyiwe bikaba ari vyiza kurusha, wibazako bazogaruka kugushorera? Habe namba mbere naho wokoresha inzira umuliyoni mukubasigurira ko wazanye ibintu vyiza.

👽Akagohe twobavunira iyo bish*tse ugatakaza abakiriya, uzotohoze neza iyo bagiye ndetse unarondere kubavugisha kugira umenye igituma bagiye, ivyo bizogufasha mu kazi kawe bitume utera imbere.

🤔🙄Ibuka ko abakozi uzokoresha atari beranda ko igihe cose bakoze ikosa ko utazoca ubirukana. Ariko kandi umenye neza ko utazobabarira umukozi yama atuma abakiriya bawe baguheba!

📃Musomyi muhire wa Nkina Nkebura
Iyi Nkuru wayungukiyeko iki? Tuyagire muri commentaire.

  gihugu ca Congo, har'umutama yarafise umuhungu afunzw igihe c'irima kigeze amwandikira ikete agira ati" Mwananje uyumw...
23/09/2022

gihugu ca Congo, har'umutama yarafise umuhungu afunzw igihe c'irima kigeze amwandikira ikete agira ati" Mwananje uyumwaka sinzotera akumbati n'ibisunzu kubera atawemfise azomfasha kurima.

Wamuhungu wiwe aca amwandikira ikete ryo kumusubiza agira ati" Papa uyumwaka ntuzoharime niho nanyegeje amahera nivye" abapolisi basomye rya kete baca barungka Umurwi muni baja kurima hahantu barondera ayo mahera ariko ntibagira ico batora .

Bukeye wamusore yandikira irindi kete se ati" papa ubu urashobora gutera imyumbati yawe n'ibisunzu ati ico nico nabonye nogufasha ndi mw'ibohero.

Wa mutama nawe aca aramwandikira amwishura ati" Mwananje bwabundi urahambaye naratangaye cane mbonye umuyobozi mukuru w'igipolisi n'abapolisi isinzi baza kurima iwanje ati ntiworoshe. Ino nkuru harico ikwigishije yisangize abandi.

Musatirizi Nkina Nkebura

Address

Bujumbura

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Musatirizi posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Musatirizi:

Share