14/12/2022
BIHAGARARE❌🚫
Mu gihe turi mu misi 16 yahariwe 🌹Wame witwararika n'ibi idusaba:
🎄1 Kutarwana. Sivyiza kwama uriko urarwana nuwo mwubakanye ntakibazo nakimwe gihari cigera kinanirana gutorera umuti Mutarinze kugwana murugo
mushingantahe burya nawe uwogukubita nkakurya ukubita umufasoni wawe woryoherwa ukavuga ko ari uburyohe? Icare muvugane mutorere umuti icokibazo vyanse rondera abizigigwa babafashe kubitorera umuti
🎄2 Kutihora.: Kwihora sivyiza n'Imana iravyanka wibuke ko abarundi aribo bayamaze ngo "Ihori Hori ihonya umuryango" none nkubu umufasoni wawe yakoze ikosa ugaca wihora ukamukubagura, ugakubita nkinzoka yo mwishamba, ukamuha Sumu... ugasanga ivyo wamukoreye bitumye apfa wibaza ko batagufunga? kandi no Ku Mana ubukoze icaha co kwica kizotuma ubura ijuru kandi witwa ko usenga unazi Imana 🦋Kirazira Kwica ico nicagezwe twahawe n'Imana
🎄4 kutabesha: Ntukabeshere ibinyoma abandi ndetse n'umugore wawe wame wibuka ko kubesha bikwega amabi menshi ndetse ari nicaha Ntukabeshere umufasoni wawe canke umugabo wawe guhishanya murugo bivamwo amabi menshi irinde kubesha no guhishanya nuwo mwubakanye kuko ico kizotuma Umunsi wamubeshe akabimenya bivamwo ikintu kibi cane
🎄 Ntugafate kunguvu iki kigwa kuri ryabwirizwa rya Ntugasambane:
Muntu w'Imana ukagirizwa gufata kunguvu wibuke ko uhagurukigwa na l'etat hamwe n'amashirahamwe yaharanira agateka kabakenyezi kandi nugufungwa uzofungwa kandi imyaka myinshi uharuye iyo bagukatira niyo ubufise uzogera kukavamwo ataco ucimarira ucupfa uri Imburakimazi akagize abantu mumbabari ugapfa ur'Imbwa
Kandi no Ku Mana uracumuye urenze ibwirizwa ryo Gusambana
🎄5: Gukunda bose: kundana n'Imana iradusaba gukundana kuko nayo n'Urukundo wibuke ko yadukunze gushikaho itanga umwana wayo w'Ikinege kubwawe no kubwanje donc kubwacu kuki none wanka mugenzawe? Ukanka Umukobwa angana nuwo wavyaye ca namushikawe ukaja kumwicira ubuzima iravuga ngo
uwudakundana uwo ntiyavyawe n'Imana kandi ntanazi n'Imana kuko Imana ari urukundo
🎄6: Kutaborerwa: wa mumama nawe reka kuboregwa biri mubigukurako agateka ibaze guca mwibarabara witwa ko uri Umufasoni ukagenda uradandabagirana mwibarabara ucapa umunani ugenda uravuga ayamuhe utabajijwe birateye isoni ndetse n'ijambo ry'Imana rirabitubuza kuboregwa kuri twese aba papa abamana inkumi imisore nabana
ABALEWI10:9
-ati Ntuze wigere unywa kuri vino canke ku kiboreza na kimwe, mwe n'abana bawe,..
⚠️Ninahamwe muri henshi hava gutubahiriza agateka kabakenyezi kuko abagabo baborewe kenshi barashwanira abafasoni babo mungo bakabakorera n'amabi menshi babitewe ninzoga enda nituzireke
🎄7: Kudakubita umugore wawe canke w'abandi sivyiza uyo nakara kawe ko mumagufa yawe ibuka ivyo mwasezeranye imbere ya ya , ya ....
🎄8: Kudahohotera umugabo wawe canke w'abandi. Erega sabagore gusa muhohotegwa n'abagabo ba umufasoni mwiza murugo kuko arinkingi yurugo niwe wo kurukomeza rugakomera
♣ Fashanya mwese mugire Amagara meza umugabo ntaje mukabare kurya inyama nibinyobwa umugore nawe nabana muhira baraye ubusa canke wabahaye ubugari ca ikinjumba kitagira n'inkozo ibuka ko Urya uri umuryango wahawe n'Imana kandi niwapfa uko wabitayeho uzobibazwa nimba wabitayeho Nabi uzobibazwa nimba wabitayeho neza uzobishimigwa n'Imana
♣musabiranire umugisha mwese atawe ukuyemwo yaba abana yaba umugore yaba umugabo yaba n'umwansi wawe kuko iradusaba gukunda n'Abansi bacu no kubasengera
♣9: Guharanira gukora ineza ya bose: nimwasabwa uwo mufasha umugore ntubere intambamyi umugabo kuwo ashaka gufasha mugabo ntubere intambamyi umugore kuwo ashaka gufasha kuko gutanga canke gufasha bizana umugisha murugo mutumvikanye kurico muzosanga muhaye mutakaza kagateka kazina mugore nakumugabo kuko ivyo bivamwo amabi menshi iyo mutavyumvikanyeko
♣10: Guharanira agateka k'abandi: ntuharanire akuwo mwubakanye gusa haranira nakabandi ntukubagure nabagore babandi ngo nuko Atari uwawe canke Atari umugabo wawe canke umukobwa wawe canke Atari mushiki wawe
♣️ Hezagira abakugiriye nabi
♣Kunda abakwanka.
🌷Mwene Data IMANA iranka ibi tukuburiye:
🌺Reka ubusambanyi,
🌺Reka kwambara ubusa no guhenera abandi,
🌺Reka kuraguza,
🌺Reka Kurya igiturire,
🌺Reka kubesha,
🌺Reka guhemukira abandi,
🌺Reka kunamira ibishushanyo no gusenga ibigirwamana, no kuvyikubita imbere Imana irabitubuza soma aha
GUSUBIRA MUVYAGEZWE 5:8-9
-Ntukibazire igishushanyo, cank'igisa n'ishusho y'ikintu na kimwe kiri hejuru mw ijuru, canke hasi kw isi, canke mu mazi yo mu biyaga; ntuz' uvyikubite imbere, ntuz' ubisabe, kuko jewe Uhoraho Imana yawe nd'Imana ifuha, mpora abana ibigabitanyo vya ba se, nkageza ku runganwe rugira gatatu no ku rugira kane rw'abanyanka,
🌺Hunga ubushakanyi no kwisambanya,
🌺 Tegura Inzira y'uhoraho mukwirinda icocose Imana yanka
🌺Gendera mu Mana
🌺Zirikana ijambo ry'Imana urizigame, rigume muri wewe
🌺Reka gukubita Umugabo wawe, nikizira wa Mugore we ivyo ukubita umugabo wawe hanze hari benshi bamukeneye ntumusuke rero mubusambanyi kubera wewe wamuturubitse bituma ata Inzira nziza akaja mubahabara bamukwegera mukaga gusa
🌺Irinde guhohotera abana bawe babigeme canke b'abandi,:
🌺Zigama agakiza wahawe ukamane M'umutima wawe no muvyo ukora vyose
🌹🙏🌹 TWESE HAMWE TURWANYE AMABI AKOREGWA ABAKENYEZI N'ABIGEME NIYO NKINGI YO GUTERA IMBERE MUNGO NO MUMIRYANGO NDETSE NO MUGIHUGU CACU CIZA Cu Burundi🇧🇮🇧🇮
Abumvise irijambo mwese muri
ZABURI 115:15
-Muhawe umugisha n'Uhoraho,
Yaremye ijuru n'isi.