
25/02/2024
Haciye igihe nanditse iyi nkuru
Witonde neza mukuyisoma
Jewe hamwe nawe turindwa n’IMANA ariko Donald trump afise igitero c’abantu bajejwe gucungera umutekano wiwe. Trump yahoze ari president wa USA niwe aza kumwanya wambere.
Président trump GM yamukoreye limousine itabomogwa nibombe yariyoyose reka mbere n’urusoro ntirucamwo. Gusa sukubera ari president wa USA. No, uyu mugabo yamye yifitiye ubutunzi bwiwe hanze ya USA no muri USA bikaba vyatuma arindwa cane. Ikindi womenya nuko president trump umushahara wiwe yawuhebeye abakora ubushakashatsi.
Uwuza kumwanya wa kabiri mugucungegwa cane ni harry na megan. Harry nomwita gute basha ?????igikomangoma canke??? Sinzi. Gusa ni prince harry wa musore yarongora invange yumwirabure n’umuzungu bita megan.
Uyo prince yahevye igisoda muri 2015 akaba yari amaze imyaka icumi agwana nabataliban. Uyu mutipe yari umugwanyi akomeye kuko yari kumurongo wimbere muntambara (front line) . Inkuru ikwiye woyisanga kukinyamakuru express.c.o uk.Yavuye mugisoda mugihe umuryango w’ibwami mubwongereza wikeka ko abataliban bohava ariwe baherako kwica kuko ari umuntu akomeye cane. Ubu tuvugana yibera USA kandi akaba yimutse avuye canada 🇨🇦. Kimwe gusa Trump yababwiye ko reta yiwe idateganya kubaha uburinzi ngo bazihigira ababarinda.
Gusa nubundi canada, USA,Australia, New Zealand hamwe n’ubwongereza nibihugu biri musi y’amategeko ya Queen Elizabeth. Bisigura ko aho yoja kuba mwivyo bihugu vyose ndakubwiye aba ari muhira Iwiwe.
Umwanya wa gatatu ni vradimir Putin president w’uburusia. Uyu mugabo we ngo keshi ntanabarinzi akenera ngo kuko azi carate bimwe vyo kugwego gwo hejuru.
Umwanya wa Kane tuhasanga Umupiga mu*iki JAy z.
Jay Z hamwe na Beyoncé umugore wiwe bafise ikirenga cabantu babarinda kandi bose baciye mugisoda.
Umwanya wagatanu tuhasanga president wa corea ya ruguru . Igitangaje kukurindwa kwiwe nuko iyo afashe urugendo yigira na train kandi akitwarira wese canke toilet yiwe atawundi muntu bayisangiye.
Umwanya wa 6 tuhasanga kanye west numugore wiwe kim karadashian. Bobo ngo baheruka kwongeza uburizi bivanye nukuntu abagabo bitwaje imyambaro ya gisoda bamuhagaritse kim mubufaransa bakamwambura imigufu ya diamond izimvye cane.
Kumwanya wa7 tuhasanga umusore ahembwa urudorare rumwe kumwaka ariko akaba umutunzi birenze Mark zuckerburg se wa Facebook.