The story

The story Welcome to The story page. A story is something that has happened many years ago or few days ago .

Haciye igihe nanditse iyi nkuru Witonde neza mukuyisomaJewe hamwe nawe turindwa n’IMANA ariko Donald trump afise igitero...
25/02/2024

Haciye igihe nanditse iyi nkuru

Witonde neza mukuyisoma

Jewe hamwe nawe turindwa n’IMANA ariko Donald trump afise igitero c’abantu bajejwe gucungera umutekano wiwe. Trump yahoze ari president wa USA niwe aza kumwanya wambere.
Président trump GM yamukoreye limousine itabomogwa nibombe yariyoyose reka mbere n’urusoro ntirucamwo. Gusa sukubera ari president wa USA. No, uyu mugabo yamye yifitiye ubutunzi bwiwe hanze ya USA no muri USA bikaba vyatuma arindwa cane. Ikindi womenya nuko president trump umushahara wiwe yawuhebeye abakora ubushakashatsi.

Uwuza kumwanya wa kabiri mugucungegwa cane ni harry na megan. Harry nomwita gute basha ?????igikomangoma canke??? Sinzi. Gusa ni prince harry wa musore yarongora invange yumwirabure n’umuzungu bita megan.

Uyo prince yahevye igisoda muri 2015 akaba yari amaze imyaka icumi agwana nabataliban. Uyu mutipe yari umugwanyi akomeye kuko yari kumurongo wimbere muntambara (front line) . Inkuru ikwiye woyisanga kukinyamakuru express.c.o uk.Yavuye mugisoda mugihe umuryango w’ibwami mubwongereza wikeka ko abataliban bohava ariwe baherako kwica kuko ari umuntu akomeye cane. Ubu tuvugana yibera USA kandi akaba yimutse avuye canada 🇨🇦. Kimwe gusa Trump yababwiye ko reta yiwe idateganya kubaha uburinzi ngo bazihigira ababarinda.

Gusa nubundi canada, USA,Australia, New Zealand hamwe n’ubwongereza nibihugu biri musi y’amategeko ya Queen Elizabeth. Bisigura ko aho yoja kuba mwivyo bihugu vyose ndakubwiye aba ari muhira Iwiwe.

Umwanya wa gatatu ni vradimir Putin president w’uburusia. Uyu mugabo we ngo keshi ntanabarinzi akenera ngo kuko azi carate bimwe vyo kugwego gwo hejuru.

Umwanya wa Kane tuhasanga Umupiga mu*iki JAy z.
Jay Z hamwe na Beyoncé umugore wiwe bafise ikirenga cabantu babarinda kandi bose baciye mugisoda.

Umwanya wagatanu tuhasanga president wa corea ya ruguru . Igitangaje kukurindwa kwiwe nuko iyo afashe urugendo yigira na train kandi akitwarira wese canke toilet yiwe atawundi muntu bayisangiye.

Umwanya wa 6 tuhasanga kanye west numugore wiwe kim karadashian. Bobo ngo baheruka kwongeza uburizi bivanye nukuntu abagabo bitwaje imyambaro ya gisoda bamuhagaritse kim mubufaransa bakamwambura imigufu ya diamond izimvye cane.

Kumwanya wa7 tuhasanga umusore ahembwa urudorare rumwe kumwaka ariko akaba umutunzi birenze Mark zuckerburg se wa Facebook.

Nkulee Dube Ni umwana wa Lucky dube .Nkulee Dube  niwe gusa yashoboye gufata imigenzo nkiyase mubana indwi lucky dube ya...
14/02/2024

Nkulee Dube Ni umwana wa Lucky dube .

Nkulee Dube niwe gusa yashoboye gufata imigenzo nkiyase mubana indwi lucky dube yavyaranye numugore wiwe yitwa zanele MDluli.

Lucky dube yapfuye afise imyaka 43 Azize kuraswa nabajura bashaka kumwambura imodoka yiwe .
Abo bajura bamaze gufatwa bavuze yuko bihenze bakarasa uwutariwe .
abo bajura bavuze ko bamukekeranije nuwundi mujura mugenzi wabo yabazurumye amahera mugihe bariko bagabana amahera bakuye mubiyovyabwenge.

Igihangange mumu*iki wa reggae Lucky dube akaba umukunzi wanje yitavye imana le 18/10/2007 muri Rosettenville south Africa.

Year active: kuva 1981 kugera 2007.

Zimwe mundirimbo ziwe nakunze harimwo iyo yise. (remember me, house of exile, different colors, nobody can stop raggae hamwe na it's not easy.

Lucky dube yapfuye haciye imisi mike avuye mubiteramo yakorera USA.

Dube yaririmve indirimbo zigera 22 mukizulu ciwabo.

Gusa kubijanye nurupfu gwiwe hari ikimenyesha makuru co muri south Africa kivuga dube yarashwe arimwo kugendesha imodoka yiwe hanyuma mugihe yariko arabahunga yahise agonga igiti ahita arapfa.
Gusa bivugwa ko yarashwe amasolo atatu.

Lucky dube Ari mubantu bafashije cane mubintu bijanye no kugwanya amacakubiri yuruho.
Lucky dube yavutse itariki 3/8/1964 yavukiye Aho bita Ermelo mpumalanga south Africa.

Yarumutu azi kuvuza kiboard bimwe bidasanzwe ,igitari Coco ngo ngo ntiyaraba kumirya.

Yasize umukobwa mwiza cane kandi aririmba bidasanzwe yifitiye imishatsi ya lasta nka se wiwe.

Ibi ndakubwira wobibaza abakenya ayo bahaboneye mihihe yariko akora show Nairobi bibuka imyaka ihaciye se wiwe agandaguwe.

Murizo foto mubona hari abagore beshi hari murusengero bita shembe church of Nazareth worshippers mugihe bari mukigandaro bamusezera ubwanyuma Aho bita neza neza Ingogo village hanze ya Newcastle muri kwazulu natale.
Lucky dube yarashwe mugihe yariko akura abana biwe babiri mumodoka niyo makuru azwi neza.
Dube yari mubaririmvyi baririmba raggae bakunzwe cane muri Africa yepfo.
Yewe ngo kugeza nubu aracari uwambere.

Dube yakunda gukina nabana biwe kuruta ibindi vyose .
Dube ntiyanywa inzoga .
Dube ntiyarya inyama.
Dube yakunda gutera inkuru zisekeje buri musi.

Murakoze kubana nanje mwiki kiganiro turasubira mukanya.

Gusa ntiwibagire yuko abarasita ari abantu bumutima mwiza kuruta abandi bose kwisi.

Lasta nidini ryatanguriye muri Jamaica.

Wibuke gucisha uburosi kururimi mugihe uriko woza amenyo yawe.

Umushinwa yamaze kwigarurira Africa gusa Ari muntambara ikaze kuko umwongereza ntamuha agahengwe.

Iki kinjana cacu nico kwiga indimi zigezweho zizotugirira akamaro hamwe nibinjana bitatu bizokurikira.
IkingerEza gitegerezwa gufata isi yose nkuko mubona amadolale yafashe isi.

Mugire akayabagu mwese muriko mufata utubule harya mungagara.👇👇👇👇👇👇👇👇👇👇👇👇👇👇👇

👇👇👇👇👇👇👇👇

Reka nguhonje gato gusa kubijanye na korea ya ruguru.Muri korea ya ruguru urumogi barinywera atangorane ntabwo barufata ...
13/02/2024

Reka nguhonje gato gusa kubijanye na korea ya ruguru.

Muri korea ya ruguru urumogi barinywera atangorane ntabwo barufata nkikiyovyabwenge kandi na leta iravyemera neza cane.
Korea ya ruguru nico gihugu gusa kimaze gufata mpiri imeri y'abanyamerika kwisi nzima.
Kuva mumwaka wa 2009 iki gihugu ntabwo kikiri icabakoministi.
Bobo bifitiye amategeko bakurikiza bahaye izina( JUCHE )bisigura kwigwanaho.
Korea ya ruguru nico gihugu gifise ikibuga c'umupira kinini cane kwisi yose. Ico kibuga gishobora kwinjiramwo abantu ibihumbi ijana na mirongo itanu (150.000)
Muri Korea ya ruguru kwimwesha isitayiri yumushatsi itemewe na leta baguta muburoko imyaka itari Mike kuko hemewe isitire 28 gusa.
Mugihe ahandi hose kwisi dukoresha windows na za Mac , Bobo bakoresha star west canke red star.

Gutunga Bibilia ,kuraba canke gukina ifilm zabantu bakuze igihano cavyo nukwicwa.

Murico gihugu ndiko mbabwira ntamunyagihugu asanzwe yemerewe gutunga imodoka.
Abasirikare hamwe nabategetsi gusa nibo bemerewe gutunga imodoka.

Kirazira kwambara ipantaro ya jeans, mwico gihugu bakora amatora buri imyaka itanu .Igitangaje nuko uwitoza aba ari umwe kandi nagasandugu kamatora nikamwe gusa.
Gusa hari abantu bakoresha parashuti bakarungika ibibilia nyishi nko mugihe cijoro kugira barebe ko hogira uwutora nimwe ariko, vyaranse ahubwo babifata nkibitero canke ibigeragezo.

Muri ico Gikungu nyene, umuntu wese yavutse itariki 8 zukwezi kwindwi
Canke itariki 17 zukwezi kwa cumi nakabiri ntiwemerewe gukora umusi mukuru wamavuko kuko niwo musi Kim Jong wa 2 na Kim Jong son bafiriyeko.

Mugire umusi mwiza mwese.
Ikivumbu*i kwisi.

Reposted from cocoda Longin ☑️

🔴 Indege y'igitangaza kw'isi nzima, AIRFORCE ONE, Ba øg bahava bibaza ngo ni vyabirato bambara🤣TWAGIYE RERO, BENSHI BIBA...
26/01/2024

🔴 Indege y'igitangaza kw'isi nzima, AIRFORCE ONE, Ba øg bahava bibaza ngo ni vyabirato bambara🤣

TWAGIYE RERO, BENSHI BIBAZA KO AIRFORCE ONE YOBA ARI IKOMPANYI Y’INDEGE ARIKO SIKO BIRI. AIRFORCE ONE NI INDEGE IGIRAMWO UMUPRESIDENT WA USA.

IZINA AIRFOCE ONE RYATANGUYE GUKORA MUMWAKA WA1953. AIRFOCE ONE NTABWO ARI INDEGE IMWE GUSA ,NI ZIBIRI KANDI ZAMA ZITEGUYE BURI UMWANYA KUGURUKA.
NTIWIBAZE NGO UZOPFA UBONYE BARIKO BARAYONGERA AMAVUTA, IYI NDEGE IYO BISH*TSE KO BAYONGEZA AMAVUTA KESHI BABIKORERA MUKIRERE.

NTIWIBAZE KO PREZIDA AVUZE ATI NGIYE MURI AFRICA CANKE ASIA BAZOHAGARARA MUBINDI BIHUGU KUGIRA BONGEZEMWO AMAVUTA NKUKO INDEGE TUGIRAMWO ZIBIGENZA, REKA DA. BASHIRIRAMWO MUKIRERE. IYI NDEGE NIGITANGAZA NINACO GITUMA UMUZUNGU AKUBWIRA ATI TECHNOLOGY WORKS. NTIYIBESHE KUKO IYI NDEGE ISHOBORA KUZUNGURUKA ISI YOSE ITANYOYE AMAVUTA IKAZA KUNYWA IRANGIJE KUZUNGURUKA ISI YOSE.

IYI NDEGE ITWARA ABANTU 70 GUSA.IFISE OFFICE YA PRESIDENT YICARAMWO NKO MUGIHE YOBA AFISE IJAMBO RYO GUSHIKIRIZA. IPARIKA AHANTU YASHIKIYE NYENE KUGIRA PRÉSIDENT AVUZE ATI NDASH*TSE IBA IRI READY. BIVUGWA KO YOBA IFISE ITEREFONE 85 IZINYEGEJE HAMWE NIZIRI AHABONA. HARIMWO NA TEREFONE ABAKOZI BAYO BATAZI.
IFISE TELEVISION 20. IYI NDEGE NI IJINI KUKO NTIBONEKANA KURI RADAR KIRETSE YO NYENE YISHAKIYE.

IVYO VYOSE NI KURINDA UMUTEKANO WA PRÉSIDENT KUGIRA UMWANSI NTAMENYE IYO IHEREREYE.IBOMB NTIRIKORAKO KWIYI NDEGE. ABARINDA PRESIDENT HARI ABABONEKANA NAMASO YACU NABANDI BATABONEKANA.

IYI NDEGE HAMWE VYOSHIKA IBOMB RIKAYIKUBITA CANE PRÉSIDENT ASIGARA ARI MUZIMA ABANDI MWESE MWAPFUYE NGO KUKO AHO YICARA NTANAKIMWE COHABOMORA.

IYI NDEGE ITEGEREZWA KUBA IRIMWO DOCTOR BURIGIHE YIHEREJE IKIRERE. PRESIDENT NUBWO VYOSABA KO AKOREGWA OPERATION YINGWARA MUNDEGE NTAKIBAZO BABA BARI READY.

IBITANDA VYIZA, GYM AHO BAKORERA SPORT HAMWE NA SALLE BAKORERAMWO INAMA. IMBERE YUKO NDANGIZA IYI NKURU NUKO WOMENYA KO MW’ISAHA IMWE GUSA IBA IMAZE MUKIRERE IBA IKORESHEJE AMADORALI 206,000$.

Reposted from cocoda Longin ☑️

🔴Ivyo utari u*i kuri The White house🇺🇸.1-white house uwayifonze uko izokubakwa ni james hoban umwenegihugu wo muri irlan...
26/01/2024

🔴Ivyo utari u*i kuri The White house🇺🇸.

1-white house uwayifonze uko izokubakwa ni james hoban umwenegihugu wo muri irland.
2-white house yubatswe n'abirabure bari mugikoroni kandi white house ni ikizu kinini cane kwisi.ibi vyavuzwe na michael obama kuko abazungu barabihishije.
3-mugihe ubaye president wa white house utegerezwa kwirihira amazi umuriro n'ibindi bintu bijejwe kuba
mwiyonzu.
4-president yarangije manda yiwe acishuzwa amadeni y'umuriro n'amazi ni bill chrinton yishuzwa amadorali arenga imilioni zibiri.
5-hariho igari ya moshi ica musi ya whitehouse.
6-iyo white house ubona ubu igira kabiri,kuko iyambere yaraturiwe n'abongereza mugihe c'intambara 1792. niho hubakwa iyambere.
7- white house itegerezwa kuguma isayangana kubera irangi ryera bayisiga burimwaka.itwara imilioni 1.6$
vyo kuyisubiramwo burimwaka.
8-white house havugwamo ijini ryuwahoze ari president mumyaka ya kera.(gusa ngaho ntakuri kurimwo usivye ko ariko ndavyumva.
9-white house ifise imiryango 132 ikongera ikagira amadirisha 147,iwese 35 hamwe na esansere 3.
10-muri whitehouse harimwo isoko,aho bogereza amenyo no kuyavura(dentist],harimwo isoko y'amashugwe.

🔴Ivyo utari u*i k'umwamikazi Elizabeth...Umwamikazi Elizabeth niwe muntu yaramaze  imyaka myishi kubutegetsi. Wibuke yuk...
23/01/2024

🔴Ivyo utari u*i k'umwamikazi Elizabeth...

Umwamikazi Elizabeth niwe muntu yaramaze imyaka myishi kubutegetsi. Wibuke yuko yatwara ubwongereza, Antigua and Barbuda, Australia, the Bahamas, Barbados, Belize, Canada, Grenada, Jamaica, New Zealand, Papua New Guinea, St. Kitts and Nevis, St. Lucia, St. Vincent and the Grenadines, the Solomon Islands, and Tuvalu.

Ivyo nibihugu ategetse ikintu aho nyene cahita kiba.

Australia 🇦🇺 hoho yarafise ubushobozi bwo guhindura ubutegetsi bwose agashiraho abo yishakira. Uyu nyene Elizabeth wa kabiri carazira kikaziririzwa ko uguma urya ibiryo mugihe wewe yarangije kurya kuko washobora kubihanigwa. Umwamikazi Elizabeth yahimbaza umusi wamavuko incuro 2 mumwaka. Umwamikazi Elizabeth || niwe muntu wenyene kwisi nzima yari yemerewe kuja mugihugu caricocose kwisi atagira ibimuranga. Ninawe muntu yaratunze indege swan izimvye cane kuruta izindi ndege zose kwisi. Yavyaye abana 4 gusa mubu*ima bwiwe.mumwaka wa 1972 president wa cameroun yamugabiye ugwana gw’inzovu ngo kubera akunda ibikoko.
kuva agiye k’ubutegetsi haciye aba Presidents 13 batwaye U.S.A abona.
Uyo mwamikazi Elizabeth yitavye Imana mugihe bari baramaze gutegura Aho bazomuhamba.
jewe rero nguhaye incamake ntibagiye kukumenyesha yuko Umwamikazi Elizabeth mubintu yanse kuruta ibindi vyose kwisi, yanse umwaka wa 1992.

Reposted from cocoda Longin☑️

🔴Korea ya ruguru sahantu ho kuzana uburofa.1. Utegerezwa kwubaha abategetsi batatu aribo kim Il sung,kim jung sook na pr...
17/01/2024

🔴Korea ya ruguru sahantu ho kuzana uburofa.

1. Utegerezwa kwubaha abategetsi batatu aribo kim Il sung,kim jung sook na president kim jong-un.
2. Ugeze ahantu hari isanamu zabo bategetsi utegerezwa kwunama umera nkuwubasenga.mbere utabikoze urabihanigwa wewe numuryango wawe, nabazovuka incuro zitatu umaze gupfa.
3.mugihe uzoba uriko wifotoreza imbere yisanamu zabo bategetsi utegerezwa ko ifoto yawe itakase izo sanamu. Hamwe bosanga warakaze izo sanamu mwifoto yawe ushobora gupfungwa canke ukaburira irengero ngo kuko bizera bacaguwe n’IMANA kugira batware igihugu.
4.mukwimwesha imishatsi ntavyo kwimwesha uko wishakiye, kuko ushora kwimwesha uko leta idashaka ukarara upfuye kuko leta yashizeho amashusho yukuntu umuntu wese ashobora kwimwesha. Kirazira kikaziririzwa kwimwesha nkoko president yimwesha.
5.kirazira gutunga imigufu ,isaha,izimvye namamodoka kubantu basanzwe kiretse abo muri leta baba bahawe nkagashimwe na president.
6.Apple computer, iphone, tablet kirazira gutunga ivyo bintu.
7.kirazira kwishorara ngo ugiye gutembera muri korea ya ruguru uri umunyamerica. Iryo tegeko ryashizweho mumwaka wa 2007.
8. Ntamunyagihugu waho yemerewe kuja mukindi gihugu kiretse abategetsi ngo kubera uwugize umugisha agasohoka ntagaruka.
9.muri korea ya ruguru amadini y’abachristu ntiyemewe. Bagufatanye biblia barayikwaka bagaca bakujana munkambi z’abasi.

Akanyuma muri korea ya ruguru kirazira kugura cocacola.

Reposted from cocoda longin

🔴Ushatse woyita Darusalaam canke    Brunei.Twagiye ningoga twihuta.. Muri Brunei 🇧🇳abanyagihugu ntibariha ikodi.Muri bru...
17/01/2024

🔴Ushatse woyita Darusalaam canke Brunei.

Twagiye ningoga twihuta..

Muri Brunei 🇧🇳abanyagihugu ntibariha ikodi.
Muri brunei ntangurube nimwe iri mwico gihugu.
Kwivuza ni kubuntu usivye ko abantu bakuze bariha urudorare rumwe gusa.
Mugihe ugwaye hakabura umuti wo kukuvura muri brunei reta ihita igutuma kuvurigwa mubihugu vyo hanze ikongera ikakurihira burikintu.
Muri brunei igihano c’umusuma bamuca amaboko.
Uwasambanye muri brunei bamutera amabuye gushika acikanye.
Muri brunei iradio na television nimwe gusa kandi vyose nivyaleta.
Umusore arongoye muri brunei leta imugurira imodoka.
Brunei ntakuguza inzoga kumugaragaro wohanwa bimwe bikomeye.
Ntamatora abayo mwico gihugu kuko batoye rimwe gusa .
President wa brunei niwe president akize kuruta abandi bose kw’isi kuko keshi yiyambarira impuzu zuzuyeko inzahabu hamwe n’ikiyiko arisha n’inzahabu.
Umushahara wo hasi cane muri brunei ni $25 kw’isaha.
President wa brunei narababwiye ubutaha ko afise imodoka zizimvye cane zigera 5.000. Uyu president nyene atunze indege yaguze imilioni 100 z’amadorare ikaba ari boing 747.iyo ndege ivyumba vyayo vyose n’inzaahabu gusa. Afise n’izindi ndege zitandatu hamwe na kajugujugu imwe.
Muri brunei amashure nubuntu. Muri brunei kirazira gutunga urutoke kukintu ukoresheje rurya rutoke dukoresha muburundi. Bakoresha urukumu mukwerekana ikintu.
Abash*tsi baremerewe kuzana inzoga zabo.
Bigusaba kwambura ibirato mukwinjira munzu yariyoyose mugihugu ca Brunei.amatora yanyuma yabaye mumwaka wa 1962.kirazira kikaziririzwa gupingana na leta.ibice 93% bose barize kugwego gwa degrees .51% n’abana bavyibushe cane gose muri Brunei 🇧🇳 kuruta ahandi hose muri Asia.

Reposted from cocoda longin

🔴Uwakoze iyi mbunda yitwa AK47 yitwa Mikhail Kalashnikov akaba yavutse mukwezi 11/10/1919.(Ak) bisigura Automatic kalash...
17/01/2024

🔴Uwakoze iyi mbunda yitwa AK47 yitwa Mikhail Kalashnikov akaba yavutse mukwezi 11/10/1919.

(Ak) bisigura Automatic kalashnikov.
47 n’umwaka iyi mbunda yakorewemwo 1947.

Muri 2013 ubu bwoko bwiyi mbunda bwari bugeze imilioni 100 kwisi yose.
Iyi mbunda mubarabu ushobora kuyironka kumadolale 10 gusa .

Mikhail Kalashnikov yayikoze mugihe yari yarashwe bimwe bidasanzwe muntambara yabasoviet.
Yayifonze mugihe yari agwajijwe.

Iyi mbunda iroroshe kugwanisha mbere ntiremeye cane kuko ipima ibiro 3.1 kg.

Wibuke ko abana bagwana kurugamba mubarabu bivyihebe niyo bakoresha.

Mugihe abanyamerika bagwanira Iraq 🇮🇶 bakuyeyo imbunda Y’inzahabu munzu mwa sadam Hussein.

Uyu murusiya Mikhail Kalashnikov ntabwo yigeze arya amatunda yiyo mbunda ikomeye cane kurugamba yakoze, ahubwo yarihwa umushahara usanzwe nkuwabasoda bagwanye kuntambara yabasoviet.
Amaze kubona ataco yungutsemwo yahise akora inzoga bita vodka ahita ayandikako kalashnikov vodka akaba ariyo yamuhaye ubutunzi budasanzwe.
Gusa yakomeje kuronka ubushimwe butandukanye buhabwa ibihangange kwisi. Itariki 23/12/2013 afise imyaka 94.

Mikhail Kalashnikov yegereje gupfa yandikiye urusengero gwaba Artodocs yuko ababara kumutima cane kubera iyo mbunda yicana cane kwisi yakoze.
Iyi mbunda yica abantu bagera 250,000 buri mwaka dukurikije rapports yo mumwaka wa 2013.

Iyi mbunda mubihugu vyabarabu iguzwa $10 mugihe mubindi bihugu iguzwa guhera $100 kugeza $350.

Reposted from cocoda

🛑 Ncuti zanje mwirinde gusuzugura Imana.........Uyu mugabo tugomba tuganireko yitwa Thomas Andrews, yavukiye mubwongerez...
17/09/2023

🛑 Ncuti zanje mwirinde gusuzugura Imana.........

Uyu mugabo tugomba tuganireko yitwa Thomas Andrews, yavukiye mubwongereza Le 07/02/1873, Yari ingénieur mubijanye nokwubaka ubwato bukomeyecane. Ninawe yubatse ubwato TITANIC mwagiye mwumva kuva kera, uyu mugabo agiheza kubukora yaravuze ati: " Ubu bwato nkoze, n'Imana ubwayo ntiyotuma bukora isanganya kuko burahambaye cane'' Imana nayo irihorera.

✍️Ku munsi wa Le 14/04/1912 ubwo bwato yari yarakoze bwafashe urugendo buva mubwongereza bwerekeza muri amerika maze bugeze hagati mw'ibahari Atlantique bwagonze ikibalafu buca burwa mumazi kandi mwibuke ko urwo rugendo rwari urwambere TITANIC yari ikoze kuko ntiyigeze ikora ingendo zirenze rumwe kandi na Thomas Andrews yari aburimwo uwo munsi bukora isanganya nawe nyene yapfanye n'abandi bantu barenga 1500 bari bari muri ubwo bwato. igitangaje nuko n'ikiziga ciwe nticigeze kiboneka🙏 Twirinde kuza turavuga ibintu bisuzugura imana, Murakoze

🛑Paul walker🛑  ==========================✍️Paul walker yari umukinyi w'amareresi wo muri leta zunze ubumwe za amerika, y...
30/06/2023

🛑Paul walker🛑
==========================

✍️Paul walker yari umukinyi w'amareresi wo muri leta zunze ubumwe za amerika, yavukiye glendale, california U.S. 12 Nyakanga 1973. ku mazina yiwe yuzuye ni PAUL WILLIAM WALKER, yamenyekanye kw'izina BRIAN O'CONNER muri filmTHE FAST AND THE FURIOUS yakinwe guhera 2001 iyo film kugeza nubu iracakinwa aho bageze ku gice kigira 10 bise FAST X, ariko naho biri uko, PAUL WALKER yakinye gushika mugice ca 6 kuko yaciye yitaba imana 30 Munyonyo 2013.

✍️Uretse ivyo gukina ama Film, PAUL WALKER mu bu*ima bwiwe busanzwe yari umuntu akunda gutwara imodoka k'umuvuduko munini gose, ari navyo vyahavuye bimwica.

🗣PAUL WALKER yize amashure kw'ishure rito ryitwa VILLAGE CHRISTIAN SCHOOL, yari afise abavukanyi 4 : Aimee, Ashlie, Caleb na cody. Nyina umubyara yari umunyamideri (Fashion model) se wiwe nawe yari umumenyereza(coach) w'umukino w'iteramakofe(BOX). kuwa 30 Munyonyo 2013 muma saa 3 n'igice z'umugoroba,paul walker w'imyaka 40 na Roger Rodas w'imyaka 38, bafashe imodoka yo mu bwoko bwa PORSCHE CARRERA🚘 binjira ibarabara rya hercules muri valencia maze iyo modoka igonga itara rya beton ryari kuri iryo barabara, abo basore babiri baca bitaba imana.

✍️Naho police yemeje ko paul walker yishwe n'umuvuduko munini yaratwariyeko imodoka yiwe yo mu bwoko bwa PORSCHE CARRERA hamwe n'ugusaza kw'amapine yayo, Bivurwa ko yoba yarishwe na ILLUMINATI( we know nothing about this last word and we're not sure for it ) kuko urupfu rwiwe ntirutahuritse. Paul walker amaze kwitaba imana,umuririmvyi azwi kw'izina rya CHALIE PATH yamuririmbiye indirimbo yitwa SEE YOU AGAIN afatanije n'umuraperi w'icamamare WIZ KHALIFA, iyo ndirimbo abenshi murayizi. [ Muri 2020 imodoka 21 paul walker yaratunze zagurishijwe ama dollars 2.33M ] R.I.P legend🙏

🛑==John Fitzgerald Kennedy==  john F. Kennedy  yahoze ari perezida wa leta zunze ubumwe za Amerika yavutse 29 rusama 191...
05/04/2023

🛑==John Fitzgerald Kennedy==
john F. Kennedy yahoze ari perezida wa leta zunze ubumwe za Amerika yavutse 29 rusama 1917, avukira i Brookline, muri Massachusetts, aho yahabaye imyaka 10 yambere yubu*ima bwiwe.
JFK yize kw’ishure rito ryitwa Edward Devotion School mu gace ka Boston.
yarangije amashure yiwe makuru muri kaminuza ya Harvard mu 1940 imbere yo kwinjira mu ngabo z’Amerika zirwanira mu mazi.
yatowe kuba perezida ku wa kabiri, 8 kigarama 1960, Niwe muntu muto yabaye perezida ku matora ndetse na perezida arangije manda yiwe akiri muto ni nawe yabaye umuperezida wa USA wambere asengera mw’idini rya catholic.

Perezida Kennedy yiciwe i Dallas saa 12h30. Ku wa gatanu, itariki 22 munyonyo 1963. Yari muri Texas mu rugendo rwa politike, yarashwe isasu rimwe inyuma maze risohokana mu muhogo, irindi rimwe mu mutwe.
Perezida Kennedy yarasiwe mw’idirisha ry’ububiko bw’ibitabo vy’ishuri rya Texas . Yaciye ajanwa mu bitaro vyari hafi yaho, bamenyesha ko yapfuye saa 1h00. Uwuregwa ko yoba ariwe yamwishe yitwa Lee Harvey Oswald nawe yafashwe saa 1:50 PM......

Address

Kamenge
Bujumbura

Telephone

+25779434650

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when The story posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to The story:

Share