03/06/2026
🔴 🚲 :Abagabo b'i basaba kwijukira kunyonga ikinga
-------------------------------------------
🚲 Bamwe mubagabo bakora uwo mwuga mugisagara ca basaba ko abigeme n’abakenyezi bohurumbira uwo mwuga. Babonako abo bubakanye bawukoze vyosahiriza murugo kandi ngo boba bariko barafashanya mukwinjiriza umuryango.
🤔 Ariko rero bavuga ko ari akazi gusaba inguvu nyinshi. Vyongeye bafise impungenge n’ubwoba bwo kugirirwa nabi. Ivya ni bimwe mubituma badahurumbira umwuga wo kwunguruza abantu n’ibintu bakoresheje ikinga.
👉 Abo bakenyezi n’abigeme babishikirije mugihe buri genekerezo rya 3 Ruheshi ukwo umwaka utashe hahimbazwa umusi mpuzamakungu wahariwe ikinga.
🎙️ Uwurongoye ishirahamwe ry’abunguruza abantu n’ibintu bakoresheje ikinga mugisagara ca avugako gushika uno musi abakora uwo mwuga baharurwa mugihumbi (1000).
✍️ Albert NIYONZIMA amenyeshako atabigeme n’abakenyezi bakora uwo mwuga muri kino gihe ariko ngo mu mwaka w’2023 bari bafise 3 bakora umwuga wo kwunguruza abantu n’ibintu bakoresheje ikinga.
📌 Twibutseko mugisagara ca co kimwe n'ibindi bisagara vyo mu ntara zo hagati mu gihugu abanyagihugu biyunguruza kumakinga canke amapikipiki.
❓❓ Wibaza ko ari kubera iki abakenyezi batanyonga ikinga mu ntara zitari nke zo mugihugu? 🎤