03/11/2025
😭Umunyeshure umwe yitavye Imana abandi 24 barakomereka kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 3 Munyonyo 2025 mu mvura yaguye mu mitumba itandukanye yo muri komine mu Ntara ya .
-------------------------------------------------------------------
Abo banyeshure bari b**a kw’ishure ryisumbuye École d’alliance ryo ku mutumba Kayogoro muri zone Mubuga ya komine Ngozi, ishure ryitiriwe Fondation NIYONGABO rifasha kwiga abana bafise amikoro make.
Nk’ukwo vyemezwa n’abajejwe umutekano iyo mvura yaguye nk’igihe c’isaha indwi z’umutaga ikaba yari ivanze urubura n’umuyaga mwinshi uca usambura ibisakazo vy’iryo shure ivyatumye ibikoresho bitari bike vyo kuri iryo shure vyononekara. Abanyeshure 24 bakomeretse baciye barungikwa kuvurirwa kubitaro bikuru vya Ngozi.
📌Imvura nk’iyo yaguye no mu mitumba itandukanye yo muri zone Mivo muri iyo komine nyene ya Ngozi aho urubura rwaguye rwononye imirima y’ibigori itaramenyekana igitigiri . Mwomenyako zone Mivo ya komine Ngozi ariyo yimbura cane igiterwa c’ibigori. Abenegihugu bakozweko n’urwo rubura basaba abagiraneza kubagarukirako.