Buja Gospel TV

Buja Gospel TV Gospel all over the world

09/06/2025

Ubwizigigwa by Apostle Kevin SIBOMANA

Raba videos yose kuri youtube channel UBUGINGO BUSAGUTSE TV

 Iyo bavuze amasoko y'abanyamitahe mu Burundi uhora utahura iki?Leta y'Uburundi iriko irateza imbere ikigo gishasha kije...
10/04/2025



Iyo bavuze amasoko y'abanyamitahe mu Burundi uhora utahura iki?

Leta y'Uburundi iriko irateza imbere ikigo gishasha kijejwe kugenzura amasoko y’abanyamitahe (ARMC) mupfunyapfunyo

Ivyo bivugwa n’umushikiranganji wa mbere , hakaba hari mu nama nshingamateka yo kuri uyu wa 10 Ndamukiza mu Kigobe mu Kigobe, mu nama shingamateka irikumwe na Nkenguzamateka aho yariko arerekana amafaranga Leta imaze gukoresha mu gice ca mbere c’amezi atandatu (Mukakaro-Kigarama 2024).

Umushikiranganji wa mbere wa Leta y'Uburundi Gervais Ndirakobuca asigura ko mu mafaranga 47.784.000FBu Leta yategekanije gukoresha mw’iterambere ry’ikigo , imaze gutanga inyigisho ku bakozi b'ico kigo, aho yakoresheje amafaranga 9.255.865 (19%).

Haratanzwe kandi ubuzi ku bahinga 7, bikaba vyatwaye amafaranga 6.851.500 (98%). Umushikiranganji wa mbere amenyesha kandi ko muri ico gice ca mbere c’amezi atandatu, ibikorwa vyaranguwe ku bice 67,93% mu gihe hari hategekanijwe ibice 70,53%.

Wewe ubona isoko ry'imitahe hariho ico rizohindura ku butunzi bw'igihugu?




02/04/2025
01/04/2025

Umukuru w'igihugu Evariste NDAYISHIMIYE avuze intahe kuri SINZIHAGERA aheruka kuronka ibango rya Musenyeri

Mubimenye!   n'igikoresho ciza c'  na  . Niyo mpamvu ar'ukwitonda cane kuri we. Sugupfa   kuko we agwanana na   na   na ...
13/02/2025

Mubimenye! n'igikoresho ciza c' na . Niyo mpamvu ar'ukwitonda cane kuri we. Sugupfa kuko we agwanana na na na na na . Kandi we nkamwe. Ariko haraje burundu kuko uwo aje agwanana n' na .---------------------------------------
Rero, mubanze mumenye gose ngo KAGAME uwo,

1) President KAGAME, uwo n'IGIKORESHO ciza cane c'ABAZUNGU mukurarere k'UBUSERUKO bwa EDENI yiswe AFRIKA. Ako KARERE niko EAC. Maze EDENI nayo ikaba AFRIKA.

RERO, KUGIRANGO MUTAHURE IVYO, NIMUBANZE MUTAHURE GOSE KO IYO HAVUZWE UBUTWARE BWA SATANI MW'ISI, ">>""

NGUBWO UBWAMI BW'ABAZUNGU BOSE ARIBO BARABO, ABANYAMERIKA, ABANYABURAYA, ABANYA AZIYA. KANDI NTIMUHENDWE! BOSE BAKORERA HAMWE, NAHO HARI IGIHE GACANAMWO BAGASA NK'ABACANYEMWO. ARIKO UKURI NUKO USA, VATIKANO, MAKA - ARABIYA SAWUDITE, UBUSHINWA N'UBURUSIYA, ABOSE BAHURIRA MUSHIRAHAMWE RIMWE RYO GUKANDAMIZA UMWIRABURE WESE. IBINDI VYOSE MWUMVA, BIBA ARI AMAYERI N'IMIKENYURO, CANKE BIKABA GUCANAMWO KUKO UBWAMI BWOSE MUKURANDUKA KWABWO BURACANAMWO. UBWO RERO NIBWO MPFIZI Y'IMPENE YAZANANYE I BURENGERAZUBA BW'ISI ARIHO MURI OCCIDENTALE. DANIYELI 8:5-8.

Rero, ubwo BWAMI bwa SATANI aribwo bw'UMUZUNGU, bwararondeye IGIHUGU cobuhagararira neza mu KARERE k'UBUSERUKO bwa EDENI yiswe AFRIKA, baca batora URWANDA. Maze baca bagirana AMASEZERANO ahambaye nabwo.

2) Ikindi mukwiye kumenya, nuko UBWAMI bw'ABAZUNGU aribwo bwa SATANI mw'ISI, ubwo INYUNGU nyinshi baziziga mur'aka KARERE k'UBUSERUKO bwa EDENI yiswe AFRIKA, ariho hari icitwa CRÊTES CONGO NIL, aho naho niho hava UBUTARE bwinshi kandi bw'IGICIRO kinini. Niho h'aha muri CONGO, i BURUNDI, TANZANIYA, i RWANDA, UGANDA, KENYA n'ahandi mur'aka KARERE. IJAMBO RITI :

Itanguriro 2:8 UHORAHO Imana atunganya ITONGO muri EDENI (yiswe AFRIKA), mu ruhande rw'i BURASIRAZUBA: arishiramw' uwo MUNTU yabumvye. 9 UHORAHO Imana ahameza IGITI cose c'igikundiro kibereye kuribwa, ameza n'IGITI c'ubugingo hagati mur' iryo TONGO, ameza n'IGITI kimenyekanisha iciza n'ikibi. 10 Kand' URUZI ruturuka muri EDENI rwo kunywesha iryo TONGO; ruharenganye, rwigabanyamwo kune. 11 Urwa mbere rwitwa PISHONI: ni rwo rukikuje IGIHUGU cose c'i HAVILA, kirimw' IZAHABU: 12 kand' izahabu yo mur' ico GIHUGU ni nziza; aho ni ho haba ivyitwa BUDOLA n'utubuyenge twitwa SHOHAMU. 13 URUZI rwa kabiri rwitwa GIHONI: ni rwo rukikuje IGIHUGU cose c'i KUSHI. 14 URUZI rwa gatatu rwitwa HIDEKELI, ni rwo ruca hino y'IGIHUGU citwa ASHURI. URUZI rwa kane rwitwa EFURATE.

"">"" IJAMBO RITI :

Daniyeli 2:44 Nuko ku NGOMA z'abo BAMI b'isi ba DEMOKARASI na CHRISTIANISME na ISLAMISME, UHORAHO Imana yo mw' ijuru azohagurutsa ubundi BWAMI butazokwigera buhangura, kand' INGOMA y'INGANJI yabwo nta ho izonyagwa n'irindi HANGA; ariko buzomara bukomvomvore UBWAMI bwose bw' abo BAMI; yamara bwo buzohangama gush*tsa ibihe vyose. 45 Uko wabonye IBUYE ryasituwe ku musozi ata maboko arisituye, rikamenagura ivyuma n'imiringa n'ibumba n'ifeza n'izahabu, nuko mugenzi, UHORAHO Imana ihambaye yakumenyesheje ibizoba mu gihe kizoza; kand' izo nzozi n'iz' ukuri, insobanuro yazo ntizohinduka.

NGUBWO BWAMI BWARAHAGURUKIJWE RERO, KANDI BWARASH*TSE. BUBARIMWO. KANDI UBWO, MUMPWEMU ABAZUNGU BARABIZI, KANDI NA SATANI ARABIZI. ARIKO NTIBASHOBORA KUVYATURA KUKO VYOTUMA BENSHI BAHUMUKA. ARIKO MUMISI IZA MUZOBIMENYA. IJAMBO RIRAKOMEZA RITI :

Daniyeli abona Uwa MBERE na MBERE anesha vya BIKOKO

Daniyeli 7:9 Nkomeza kwitegereza, bakiriko barashirah' INTEBE z'UBWAMI bw'isi aribwo bwa DEMOKARASI na CHRISTIANISME na ISLAMISME; maze haza Uwa MBERE na MBERE ariwe DAWIDI, aravyagira ariko KWIMIKWA ubwa mbere. Imyambaro yiwe yera nka shelegi kand' umushatsi wiwe wasa n'ubwoya bs'intama yera derere; INTEBE y'UBWAMI bwiwe yari nk'ibirimi vy'umuriro, kand' amakurudumu yayo yari nk'umuriro waka.

10 URUZI rw'UMURIRO (aribwo BUTUMWA n'INYIGISHO n'ubuhishuzi vy'ukuri biriko bisambura ibinyoma vya CHRISTO umugiriki n'ivya ALLAH umwarabo), rwiburuka ruva imbere yiwe; ibihumbi n'ibihumbi baramukorera, kand' amasinzi n'amasinzi bari bahagaze imbere yiwe. Imanza zirashingwa, ibitabo birazingururwa.

UKO VYAKOMEJE GUKWIRIKIRANA KUGEZA UNOMUSI, N'UKU NGO :

13 Kandi mu vyo NERETSWE mw'ijoro, nagize ntya mbona haje uwusa n'UMWANA w'UMUNTU ariwe IMANUWELI, azananye n'ibicu vyo kw' ijuru (ariho mumpwemu no mw'IJAMBO), aza kuri wa Wundi wa MBERE na MBERE ariwe DAWIDI, baramumushikiriza (abateramyi, ABASHIBAMYI).

HASIGAYE IKI KINTU KIMWE GUSA, MAZE INTAMBARA YA HARU-MAGEDONI IBE M'UMUBURI, MAZE KAGAME AHEZE YIBONEREKO N'ABIWE B'IBURENGERAZUBA. ICO NACO N'IKI NGO :

14 Aca ahabwa INGANJI n'icubahiro n'UBWAMI, kugira ngw' amoko yose n'amahanga n'abavuga indimi zitari zimwe bamusabe: INGOMA yiwe n'INGOMA itazovaho, kand' UBWAMI bwiwe n'UBWAMI butazohangura.

KANDI AHO RERO, MWANASHIMA NTIMWUMVE KAGAME GUSA, AHUBWO NI MWUMVE URWANDA NA FPR INKOTANYI. KUKO AYO MASEZERANO ASHIGIKIWE GOSE N'UBUTEGETSI BW'URWANDA HAMWE NA FPR INKOTANYI.

INYUMA Y'AHO RERO, IKIGIYE GUKURIKIRA, IJAMBO RITI :

Yeremiya 30:8 Maze kur' uwo musi, ni jewe UHORAHO Nyen' INGABO mbivuze, nzovuna INGOGO bambitswe, ndayikure kw izosi ryabo, ncagagure IMVUTO baboheshejwe; kandi ntibazoba bakijakarira AMAHANGA: 9 ariko bazosaba jewe, UHORAHO Imana yabo, na DAWIDI UMWAMI wabo, uwo nzobahagurukiriza.

RERO, UMWAMI DAWIDI AGIYE GUSHIKIRA INGANJI. KANDI AKARERE KOSE KAZOTABAGWA NA DAWIDI. MAZE ICO GIHE ISI YOSE IZOHAGURUKIRA KURWANYA DAWIDI N'UBWAMI BWIWE. ARIKO MUKUGWANYA UBWO BWAMI, BAZORONDERA INZIRA. KANDI IYO, URWANDA GWA KAGAME RUZOYIBAHA KUKO RWARAMAZE KUYIBAHA. ICO GIHE RERO MUKARERE HAZOBA INTAMBARA YA HARU - MAGEDONI, INTAMBARA IZOGWANWA NA DAWIDI ARIKUMWE N'ABAMUSHIGIKIYE BO MUBIHUGU VY'AKARERE. ICO GIHE NIHO ISI YOSE IZOSUBIRA KUMENYA KO UHORAHO YAHAGURUKIYE KUGANZA ISI NAWE.

RERO, IGIKOGWA NYAMUKURU CATUMYE URWANDA RUSHIGWA HEJURU N'ABAZUNGU n'UBWAMI BWA SATANI, KWARI UKWITEGURIRA IYI NTAMBARA IGIYE KUBA M'UMUBURI NAHO. NIYO Y'IYI NGO :

Ivyahishuwe 16:12 Uwa gatandatu asuka urwavya rwiwe mu ruzi runini EFURATE. Amazi yarwo arakama, kugira ngw' inzira y'ABAMI bava i BURASIRAZUBA yitegurwe (abashigikiye UMUZUNGU). 13 Kandi mbona mu kanwa ka ca GISATO SATANI no mu kanwa ka ca GIKOKO (UBWAMI bw'UMUZUNGU) no mu kanwa ka wa MUVUGISHWA w'ibinyoma, havamw' IMPWEMU zitatu zihumanya, zisa n'ibikere: 14 kukw' izo ar' IMPWEMU z'abadayimoni, zikora ibimenyetso, zija ku BAMI bo mw' isi yose, ngo zibakoranirize ku NTAMBARA yo ku musi uhambaye w'UHORAHO Imana ishobora vyose. """" 16 Zibakoraniriza ahantu hitwa HARU-MAGEDONI mu GIHEBURAYO (c'ukuri c'Abirabure).

KAGAME KANDI, ARIKO ATEGURIRWA KUZOGWANA IYI NTAMBARA MUKUZOHA INZIRA ABAZUNGU NGO BAZE GUTERA KUMURWA WA DAWIDI. IJAMBO RITI :

INGANJI ya IMANUWELI

Ivyahishuwe 19:11 Mbona ijuru ryuguruye, kandi mbona IFARASI y'IGITARE (UMWAMI DAWIDI), uyivyagiyeko yitwa MWIZIGIGWA, irindi ni MUNYAKURI (niwe IMANUWELI). Aca amateka akarwana intambara mu bugororotsi. 12 Inyonga ziwe n'imbeya z'umuriro, no mu mutwe yambaye imigara myinshi, kand' afise izina ryanditswe, nta wurizi atari we wenyene. 13 Yambaye impuzu zajobetswe mu maraso, kandi yitwa JAMBO w'UHORAHO. 14 INGABO zo mw' ijuru ziramukurikira, zicaye ku MARASI y'IBITARE (IHANGA ryera hamwe n'ABAMARAYIKA), zambaye impuzu nziza zera derere, zitanduye. 15 Mu kanwa kiwe havamw' INKOTA ikarishe, kugira ngw' ayikubite AMAHANGA: azoyaragiza INKONI y'icuma. Kand' aganishiriza ibirenge mu bwato vino y'uburake bw'inkazi bw'UHORAHO Imana ishobora vyose. 16 Kandi ku mpuzu ziwe no ku kibero, afise izina ryanditsweko, """"

Uguhona kw'abansi biwe

17 Mbona UMUMARAYIKA ahagaze ku zuba; asemerera n'ijwi rirenga, abarira ibisiga vyose biguruka vyatiriye ijuru, ati Ni muze mukoranire amazimano menshi y'UHORAHO, 18 ngo murye inyama z'ABAMI n'iz' abakuru b'abagabisha b'abasoda n'iz' abahizi n'iz' amafarasi n'iz' abayicarako n'iz' abantu bose, abidegemvya n'abagurano, aboroshe n'abahambaye.

ABAZUNGU NA KAGAME N'ABANDI BAZOBA BABASHIGIKIYE, IJAMBO RITI :

"">"

Aho niho rero urugamba gwaca rukomera kuko nari ndagikubise ahantu hakibabaza kuko ari IMANUWELI yar'ambwiye aho nkwiye kugikubita.

Ariko co kigize ngo kinkubite, cakubita ibihome kuko naba nahavuye kera kuko nagenda nk'umuravyo.

Ico GISHETANI arico GISIGO cari cambaye ishusho y'UMUNTU mumaso uhereye mw'izosi. Maze kugikubita IGIFUNSI mwizosi, wa MUTWE waciye uvako gica kimera UMUTWE waco nyawo w'IGISIGO arico GISHETANI.

Maze IMANUWELI aca ambwira ati:

""

Niho nagikubita nk'uko AMBARIYE.

Maze mbona giciye kigwa hasi. Kimaze kugwa hasi rero, caciye cihinduramwo igikoko c'itwa IDUBU. Gica kimbwira ngo:

""

Ako kanya nanje nca mpindurwa INTARE, nca ndakigwanya ndacica.

Nzambona haje UMUGORE afise URURIMI nk'ugw'INZOKA.

Aca ambwira ngo:

""

Nyamugore aca arekura gwa rurimi nk'ugwinzoka ambwira ngo:

">>""

IYEREKWA riba rigarukiye ngaho, nca ndikangura bwakeye.≈≈≈≈≈≈≈≈≈

IJAMBO ry'INDUNDURO riti :
------------------------------
Yesaya 1:18 Enda ni muze, twitature, ni k'UHORAHO agize; nah' ivyaha vyanyu vyotukura tukutuku, bizokwera derere nka shelegi; naho vyotukura nk'agahama, bizohinduka nk'ubwoya bw'intama y'umwero.

19 Ni mwemera mukumvira, muzorya ivyiza vyo mu GIHUGU.

20 Na ho ni mwanka mukagarariza, INKOTA izobarya: kukw'akanwa kanje UHORAHO ari ko kabivuze.

Tukaba turi k'UMUSI ugira CUMI na KANE w'UKWEZI kwa mbere, ariwo MUSI wa PASIKA y'ukuri y'UHORAHO, m'UMWAKA w'2056. Ni ho k'UMUSI wa GATANU w'INDWI, Igenekerezo rya 14/01/ 2056 K*kirangamisi c'UHORAHO. Ariko ni MERCREDI ishira JEUDI ya CHRISTO UMWAMI w'ISI, Igenekerezo ryiwe rya 12-13/02/ 2025 K*kirangamisi ca SATANI.
------------------------------
Ni HAHANGAME UBWAMI bw'UHORAHO na IMANUWELI wiwe i BUKIRIRO ariho UBUYUDA muri ISIRAYELI y'ukuri no kw'isi hose.
------------------------------
Tugire, UHORAHO UBWAMI n' UBUTUNGANE i BUKIRIRO no kw'ISI hose.
--------------
NI BIBE BITYO.

11/02/2025

Umuvugabutumwa rurangiranwa Ndikumana yasavye Apôtre Appollinaire kuba hafi Postor Lopez Nininahazwe amwereka umwonga uhuma nuwudahuma

Umuvugabutumwa mpuzamakungu Chris Ndikumana akaba yatanze ubutumwa asa nuwuhamagarira abarundi bose gushigikira Lopez Nininahazwe (Umwanditsi w'indirimbo Imana y'Akandi Karyo) akavuga ko iki ari igihe ciwe Imana iriko iramuduza rero asab ako bomusengera kuko abantu iyo bash*tse kure baca bagira ubwibone.

Yavuze ko Nigeria bobo umuntu iyo Imana imudugije bose bamushigikira ariko aha iwacu hariho abaca bamurwanya

Akaba yasavye ko abarundi bose aho bari boshigikira Pastor Lopez NININAHANZWE kumushigikira ku mbuga hwaniro ziwe nka Facebook YouTube Instagram X n'izindi zose asanzwe akoresha

Wewe uhora uhezagigigwa n'indirimbo ziwe?




Ama photos y'uko vyari vyifashe kuri Paroise Kamenge Eglise Methodiste Libre Burundi Aho
02/01/2025

Ama photos y'uko vyari vyifashe kuri Paroise Kamenge Eglise Methodiste Libre Burundi

Aho

Mu mpera z'umwaka abantu bose baba bafise ivyo bashima, ariko hari n'ababiraba bikakugora kubona. Niyo mpamvu, niyumviye...
02/01/2025

Mu mpera z'umwaka abantu bose baba bafise ivyo bashima, ariko hari n'ababiraba bikakugora kubona. Niyo mpamvu, niyumviye gufasha abizera Kristo kubona impamvu 16 zo gushima Imana kubw' uwu mwaka urangiye:

1. Kuba urangiye utarihakana Umukiza burundu kubera agusengera ( Luka 22: 31, Abaroma 8:31). Kuba umaze umwaka uri umukristo ni igitangaza gikorwa n'Imana gusa ;

2. Kuba urangiye uciherera ugasenga wenyene (Matayo 6:5) ;

3. Kuba urangiye ukinyoterwa ijambo ryayo (Zaburi 119:105) ;

4. Kuba umaze umwaka ufise aho usengera ugakoreranira n'abandi ( Abaheburayo 10:25) ;

5. Kuba umaze umwaka ukigomba kwezwa naho bikugora (Abaheburayo 12:14, Matayo 5:6) ;

6. Kuba uwumaze ugwana n'ukutagira ico wirata atari ubuntu bw'umukiza muri vyose, ivyo ushoboye n'ivyo ufise, ... ( Ab'i Galatiya 6:14, 1 Ab'i Korinto 15:9-10) ;

7. Kuba umaze umwaka ukigwana n'icaha, ubona ko ari kibi naho kigutsinda kenshi ariko ukizera ko Imana izogenda iragukiza ( Zaburi 44: 3-8) ;

8. Kumara umwaka ata ntambamyi yo kuja gusenga, gusenga wenyene no gusoma Ijambo ry'Imana ugize bivanye n'aho uba. Hari umuntu yigeze kutubwira ingene ukuntu yagiye ahantu bigasaba ko asengera mu bwiherero (toilette) ;

9. Kumara umwaka ivyo vya 8 bikunda naho wagize intambamyi. Ndazi abantu ivyo kugira bikunde yama ari intambara (Ab'i Filipi 4:13) ;

10. Kuba muri uwu mwaka hari ibintu washobojwe kunesha no kubohoka vyakubuza kwegera Imana n'Ijambo ryayo (Yohana 8:36) ;

11. Kuba wararonse imigisha yo mu buryo bw'umubiri : akazi, amagara, ivyo gufungura, ubukwe, umwana, ivyo watsindiye, umuryango, ....n'ibindi ;

12. Kuba waraciye mu bihe bibi ariko ukabisohoka canke ukaba ukiriko urabandanya kugwana navyo.

13. Kuba warashonje ariko ntupfe. Kuba warakenye ariko ntiwibe. Kuba waragwaye ariko ugashobora kwivuza. Kuba warabuze ariko ukaronka abagushigikira.

14. Kuba wararonse abagenzi bashasha bagufasha gukunda, kwizera no kubaho kubw'Umukiza ( Imigani 27:17, Umusiguzi 4:9-12) ; 15. Nimba ivyo vyose bitakunz

Mu mpera z'umwaka abantu bose baba bafise ivyo bashima, ariko hari n'ababiraba bikakugora kubona. Niyo mpamvu, niyumviye...
02/01/2025

Mu mpera z'umwaka abantu bose baba bafise ivyo bashima, ariko hari n'ababiraba bikakugora kubona. Niyo mpamvu, niyumviye gufasha abizera Kristo kubona impamvu 16 zo gushima Imana kubw' uwu mwaka urangiye:

1. Kuba urangiye utarihakana Umukiza burundu kubera agusengera ( Luka 22: 31, Abaroma 8:31). Kuba umaze umwaka uri umukristo ni igitangaza gikorwa n'Imana gusa ;

2. Kuba urangiye uciherera ugasenga wenyene (Matayo 6:5) ;

3. Kuba urangiye ukinyoterwa ijambo ryayo (Zaburi 119:105) ;

4. Kuba umaze umwaka ufise aho usengera ugakoreranira n'abandi ( Abaheburayo 10:25) ;

5. Kuba umaze umwaka ukigomba kwezwa naho bikugora (Abaheburayo 12:14, Matayo 5:6) ;

6. Kuba uwumaze ugwana n'ukutagira ico wirata atari ubuntu bw'umukiza muri vyose, ivyo ushoboye n'ivyo ufise, ... ( Ab'i Galatiya 6:14, 1 Ab'i Korinto 15:9-10) ;

7. Kuba umaze umwaka ukigwana n'icaha, ubona ko ari kibi naho kigutsinda kenshi ariko ukizera ko Imana izogenda iragukiza ( Zaburi 44: 3-8) ;

8. Kumara umwaka ata ntambamyi yo kuja gusenga, gusenga wenyene no gusoma Ijambo ry'Imana ugize bivanye n'aho uba. Hari umuntu yigeze kutubwira ingene ukuntu yagiye ahantu bigasaba ko asengera mu bwiherero (toilette) ;

9. Kumara umwaka ivyo vya 8 bikunda naho wagize intambamyi. Ndazi abantu ivyo kugira bikunde yama ari intambara (Ab'i Filipi 4:13) ;

10. Kuba muri uwu mwaka hari ibintu washobojwe kunesha no kubohoka vyakubuza kwegera Imana n'Ijambo ryayo (Yohana 8:36) ;

11. Kuba wararonse imigisha yo mu buryo bw'umubiri : akazi, amagara, ivyo gufungura, ubukwe, umwana, ivyo watsindiye, umuryango, ....n'ibindi ;

12. Kuba waraciye mu bihe bibi ariko ukabisohoka canke ukaba ukiriko urabandanya kugwana navyo.

13. Kuba warashonje ariko ntupfe. Kuba warakenye ariko ntiwibe. Kuba waragwaye ariko ugashobora kwivuza. Kuba warabuze ariko ukaronka abagushigikira.

14. Kuba wararonse abagenzi bashasha bagufasha gukunda, kwizera no kubaho kubw'Umukiza ( Imigani 27:17, Umusiguzi
4:9-12) ; 15.

Address

Bujumbura
113

Telephone

+25769951280

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Buja Gospel TV posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Buja Gospel TV:

Share