18/10/2023
🍭Philosophie n'iki? Ninde yayizanye ?
___________________________
*🧠Bivugwako ari inzira ifasha umwe wese kwiyumvira. Ninde yazanye ibi bintu?*
__Ko umwe wese yiyumvira ariyompamvu umwe wese avyuka mugitondo akiyambika akagenda! Kwigisha abantu kwiyumvira arivyo vyitwa bimaze iki? Umwe wese muri twebwe ko azi kwiyumvira ; kuko azi kwihitiramwo ivyiza n'ibibi akamenya ivyomugirira akamaro n'ibitagafise ,akamenya ico bimaze akamenyako ari vyiza canke ari bibi canke ko bidakwiye gukorwa, ibi kandi bikiyongerako akazi gakorwa n'amadini ko kwigisha abantu ibibi n'ivyiza! Ibivyo bitwa bimaze iki?
Sinzi nyimba mwebwe mwarabibonye ariko abantu benshi baturusha imyitwarire myiza, abantu bakunda abandi ,abantu bafasha abababaye,birinda ubuhemu ,bakurikiza amategeko y'igihugu nayumuryango , bubaha agateka kazina muntu , ni abantu bafise amadini babarizwamwo,ni abantu bafise imyitwarire bakura muvyigwa bahabwa mwisengero burindwi.
🗣️Ariko burya birashobokako Philosophie yorema umuntu afise inyifato atari mwidini narimwe? Amadini n'imyemerere ishingiye ku nivyo vyonyene bigira umuntu mwiza?__
🗣️*Reka tubivugeko*
_____________
✍️Amadini menshi ari kw'isi mbere n'ayabayeho mbere y'uko tuyizako yigisha agakiza gashingiye ku , . 🧠 ishingiye kukwibaza ibibazo yo yigisha agakiza katarimwo ( les grandes doctrines sans ) Iyobokamana ryo ryigisha abantu ko ibintu vyose biri uku kuko ariko imana yabishatse ; Philosophie yoyo yigisha abantu ko ibintu bimeze uku kuko ariko yabishatse.
Agakiza katarimwo imana nico Philosophie yigisha .
*💪Ni ikihe cago canke icaha abantu bagomba gutabarwa?*
______________
👇Kubanyamadini ico abantu bagomba gukizwa ni icaha.
☝️Kuba Philosophes canke abantu bagomba gukizwa ni kuko aribwo bubuza abantu kubaho neza. Aba philosophes bemerako umuntu adashobora kubaho neza igihe cose hari ubwoko bw'ubwoba atarakizwa canke igihe cose atarakira agakiza kamubuza kuva mubwoba butubuza kubaho neza .🫂
Iki ninaco ciyumviro cari giherekeje ivuka rya Philosophie y'aba Grèce 🇬🇷 mumyaka y'imbere ya kuko aba Philosophes bavuzeko umuntu ashobora kwikiza ubwoba bumubuza kubaho uko bikwiye ivyo rero akabigerako akoresheje kwiyimvira cane yibaza ibibazo vyishi arivyo vyitwa Philosophie.
🙆🏽♀️Ubwoba butubuza kubaho neza Philosophie ifasha abantu gukira ni ubwoba buri mumoko ane 4.
Kw'isi hari amoko 4 y'Ubwoba abuza abantu kubaho neza, ubanshije kubutsinda bingana no gukizwa ivyaha muri Philosophie.
-Hari ubwoba bushingiye kubibi vya nyavyo biriho bizwi. Nk'akarorero Ubwoba abantu batinya amasanganya canke intambara n'ibitero vyica abantu.
-La peur 😱 physique : Ubu ni ubwoba ushobora kugira ikintu kigukanze , nk'inkuba ikubise ukikanga.
- Les peurs sociales : Ubwoba bushingiye kumibanire. Ni bwabwoba umuntu agira iyo yiyumviriyeko agiye guhura n'abantu badahuje imico n'imyitwarire .
- La peur d'origine psychique : bwabwoba butuma umuntu ahangayika kuberako hariho ikintu atubahirije canke urubanza atitabiriye
-Phobie : ubwobo bwambere bwa Phobie ni gutinya umwijima.
Ubundi bwoko bw'ubwoba buri muri uyumuryango ni gutinya ibintu bitakabaye bitinyitse nko guyinya amazi,imbeba ibara runaka n'ibindi.
Ubu nibwo bwoba Philosophie ivugako kubutsinda ariyo ntango yo kubaho uko bikwiye.
Kuba Philosophes ubu bwoko bw'ubwoba bukwiye kugwanywa nk'uko abemera imana bagwanya ico bitwa icaha.
Ariko ubwoba bwambere butegeka ubundi bwoba bwose ni ubwoba bw'urupfu arigwo abantu bose bakwiye kugwanya.
✍️