La voix des jeunes africains

La voix des jeunes africains Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from La voix des jeunes africains, Media, Bujumbura.

Woba warukizi nawe???Coco de la mer nni icamwa co mubwoko bwinazi gifise inkomoko mugihugu ca Seychelles .Kikaba kizwi n...
26/10/2023

Woba warukizi nawe???

Coco de la mer nni icamwa co mubwoko bwinazi gifise inkomoko mugihugu ca Seychelles .
Kikaba kizwi nkicamwa cambrée gifise urubuto runini cane aho urubuto gwaco rupina 25kg rukaba rugugwa amadorari 9000 nkuko tubisoma kumbuga zitandukanye
Ico camwa kiratangaje cane kubera ko icamwa cikigabo usanga gifise ishusho yigitsina gabo naho icikigore usanga gifise ishusho yibisusu
Ico mwomenya kubijany nico camwa nuko kiri muvyamwa biriko birazimangana aha kwisi aho kwisi yose hasigay ibiti 8000 mukamenyako ico camwa gifise amazina menshi muri co gihugu ca Seychelles cocofe e ,coco jumeaux canke icamwa kitambaye
🎤carly Goff wo muri Seychelles :ati nicamwa kiryoshe cane gifise amazi Menshi kuko bivugwako ukiriye akurinda gusaza vub
🎤Claude Valençay nawe ati :ico giti cubugingo bivugwako cavuye mwijuru kuko amazi yaco arahembura cane Kandi afise akamaro kanini kumubiri wumuntu

Basomyi ico camwaharaho mwoba murakibona aha iwacu ?

Tukaba tubikesha urubuga rwa wikipédia.

maniraho

Bumamuru: ntivyoroshe!!Abahora bashira imitahe mumugwi wa Bumamuru wo mucibitoke bakuyemwo akarenge.Bakaba basavye abaro...
26/10/2023

Bumamuru: ntivyoroshe!!

Abahora bashira imitahe mumugwi wa Bumamuru wo mucibitoke bakuyemwo akarenge.

Bakaba basavye abarongozi b'intara ya cibitoke ko hoba ibisikanya vyihuta.

Eric Hakizimana abaserukiye yasavye ko kwigenekerezo rya 27 Gitugutu 2023 hoba kubisikanya umugwi ugasubira muminwe y'intara ya cibitoke. Mwomenya ko Bari bagiraniye amasezerano nabo Bari bashizemwo imitahe y'imyaka 10 ariko bakaba bashimye gukuramwo akarenge atanimyaka n'ibiri irahera.

Ariko ntawuramenya igituma bashimye gukinjura.

Kevin Girayezu ✍️

Imyaka 16 irarangiye agandaguwe😭😭😭😭😭😭😭😭_____________________Hari umusi nk'uyu igenekerezo rya 18 Gitugutu/2007,Aho umuri...
18/10/2023

Imyaka 16 irarangiye agandaguwe😭😭😭😭😭😭😭😭
_____________________
Hari umusi nk'uyu igenekerezo rya 18 Gitugutu/2007,Aho umuririmvyi rurangiranwa mumusiki wa reggae ava mugihugu ca afrika y'epfo Lucky Philippe Dube yagandagurwa n'akagwi k'abasuma bashaka kumwiba imodokari yiwe .akaba ico gihe yaratwaye abana biwe kwishure Aho Abo basuma bitwaje inkoho bmutegera bagatangura kurasa imodoka maze iboma igiti bamuhurizako amasase aracikanira Aho nyene.
Abakoze iryo bara baramenyekanye Aho bakatiwe igihano co gufungwa ubu*ima bwabo bwose .
🖊️Mwomenya yuko lucky Philippe Dube yaramaze gukora birashimwa Aho yafatwa nk'umuririmvyi akomeye cane kwisi yose mumu*iki wa reggae.
Lucky Philippe Dube kandi akaba Yari afise impano yo kuvuza ivyuma nka vyose vy'umu*iki .
Akaba yaramaze gukora album zingana na 24.zikaba zose zarakunzwe cane gose zongera zimuha ubushimwe bwishi butandukanye.
Indirimbo nyishi zakunzwe kwisi yose no ngaha iwacu zikaba zigishushe twovuga
nk'izi:

1.Together as one
2.no body can stop reggae
3.guns and rose
4.it's not easy
5.prisoner
6.crazy world 🌍
7.I got you baby
8.Different colors one people
9.lovers in dangerous time
10.The way it is
nizindi nyishi.

Mwomenya kandi ko Lucky Philippe Dube yakoze ibiteramo vyishi kumugabane wa buraya na America.
Yarakoze ibiteramo mubihugu vya Afrika y'ubuseruko aha twovuga nka Uganda ,Rwanda Aho yash*tse kucibutso ca Génocide yakorewe abatutsi muri 1994 ,biranka ko yihangana araturikisha ararira😭😭😭.
Lucky Philippe Dube yagandaguwe Ari mumyiteguro yokwakira igiteramo co kwugurura ihiganwa ry'igikombe c'isi cari kiramutse kibera muri Afrika y'epfo mumwaka wa 2010.

Imana Imuhe uburuhuko bwiza.
Musomyi hoba hari akaririmbo woba wibuka ka Lucky Philippe Dube ??
Kandike muri commentaires.

Ubukurikira tuzobasigurira ubu*ima bwiwe twongere tubabwire ido n'ido ivyamuranze n'amajambo yubaka meshi yinyigisho yagiye aravugwa Nico gihangange mumu*iki wa reggae.

Mubandanye mugira j'aime na partage ugume wironkera amakuru agezweho hano Kuri journal des jeunes Africains.

📲📱Ingaruka mbi zo gukoresha Téléphone📱 ----------------------📞  nk'ubu   wawe aramutse azutse uyumusi muri  #2023 bakamu...
18/10/2023

📲📱Ingaruka mbi zo gukoresha Téléphone📱
----------------------
📞 nk'ubu wawe aramutse azutse uyumusi muri #2023 bakamukwereka bakamubwirako ari wewe mwuzukuruza wiwe akaraba ingene ufise ka mudasobwa ugendana mumufuko ukaza uracishamwo ugakurayo ukakarabako ugatwenga canke ugashavura atawukuvugishije bitewe no kukarabako gusa, nubundi akabona ugashize ku gutwi akabona uriko urivugana atamuntu n'umwe murikumwe, ako kuma ukagakoresha muguteranya ibiharuro, mukwiyibutsa amazina y'abantu, mukwiyibutsa ibikorwa vyawe vy'umusi akaba ariko kakuvyutsa,kakakwibutsa kuryama,ukagakoresha mukuriha no kwishuza amahera, akabona ukuntu kasubiriye abantu bose bari mubu*ima bwawe; uribazako yovuga iki? Yovugako umwuzukuruza wiwe ari umuntu w'umunyabwenge canke yobugako atakiri umuntu?
mumvugo z'abahinga zizwi zivuga kuri la n'imwe mumvugo z'umwanditsi wa kahise yitwa avuga ati: > Batwigishije kubaho ariko natwe tubigisha gukoresha .
Abandi bahinga hari mwo , umuhinga muvyo kuvura ingwara zo mumutwe we avugako ikinjana ca 21 cahinduye abantu ibijuju kuburyo atabandi bantu batubanjirije bigeze bamera nkatwe.muri iki kinjana niho honyene isi yatanguje intambara igwanamwo abana.
[Technologie]

Kora suivre tuguhe inkuru yose iramvuye kuri iyi page 📄 ya la voix des jeunes africains.

✍️

🍭Philosophie n'iki? Ninde yayizanye ?___________________________*🧠Bivugwako   ari inzira ifasha umwe wese kwiyumvira. Ni...
18/10/2023

🍭Philosophie n'iki? Ninde yayizanye ?
___________________________
*🧠Bivugwako ari inzira ifasha umwe wese kwiyumvira. Ninde yazanye ibi bintu?*
__Ko umwe wese yiyumvira ariyompamvu umwe wese avyuka mugitondo akiyambika akagenda! Kwigisha abantu kwiyumvira arivyo vyitwa bimaze iki? Umwe wese muri twebwe ko azi kwiyumvira ; kuko azi kwihitiramwo ivyiza n'ibibi akamenya ivyomugirira akamaro n'ibitagafise ,akamenya ico bimaze akamenyako ari vyiza canke ari bibi canke ko bidakwiye gukorwa, ibi kandi bikiyongerako akazi gakorwa n'amadini ko kwigisha abantu ibibi n'ivyiza! Ibivyo bitwa bimaze iki?
Sinzi nyimba mwebwe mwarabibonye ariko abantu benshi baturusha imyitwarire myiza, abantu bakunda abandi ,abantu bafasha abababaye,birinda ubuhemu ,bakurikiza amategeko y'igihugu nayumuryango , bubaha agateka kazina muntu , ni abantu bafise amadini babarizwamwo,ni abantu bafise imyitwarire bakura muvyigwa bahabwa mwisengero burindwi.
🗣️Ariko burya birashobokako Philosophie yorema umuntu afise inyifato atari mwidini narimwe? Amadini n'imyemerere ishingiye ku nivyo vyonyene bigira umuntu mwiza?__

🗣️*Reka tubivugeko*
_____________
✍️Amadini menshi ari kw'isi mbere n'ayabayeho mbere y'uko tuyizako yigisha agakiza gashingiye ku , . 🧠 ishingiye kukwibaza ibibazo yo yigisha agakiza katarimwo ( les grandes doctrines sans ) Iyobokamana ryo ryigisha abantu ko ibintu vyose biri uku kuko ariko imana yabishatse ; Philosophie yoyo yigisha abantu ko ibintu bimeze uku kuko ariko yabishatse.
Agakiza katarimwo imana nico Philosophie yigisha .

*💪Ni ikihe cago canke icaha abantu bagomba gutabarwa?*
______________
👇Kubanyamadini ico abantu bagomba gukizwa ni icaha.
☝️Kuba Philosophes canke abantu bagomba gukizwa ni kuko aribwo bubuza abantu kubaho neza. Aba philosophes bemerako umuntu adashobora kubaho neza igihe cose hari ubwoko bw'ubwoba atarakizwa canke igihe cose atarakira agakiza kamubuza kuva mubwoba butubuza kubaho neza .🫂
Iki ninaco ciyumviro cari giherekeje ivuka rya Philosophie y'aba Grèce 🇬🇷 mumyaka y'imbere ya kuko aba Philosophes bavuzeko umuntu ashobora kwikiza ubwoba bumubuza kubaho uko bikwiye ivyo rero akabigerako akoresheje kwiyimvira cane yibaza ibibazo vyishi arivyo vyitwa Philosophie.

🙆🏽‍♀️Ubwoba butubuza kubaho neza Philosophie ifasha abantu gukira ni ubwoba buri mumoko ane 4.
Kw'isi hari amoko 4 y'Ubwoba abuza abantu kubaho neza, ubanshije kubutsinda bingana no gukizwa ivyaha muri Philosophie.
-Hari ubwoba bushingiye kubibi vya nyavyo biriho bizwi. Nk'akarorero Ubwoba abantu batinya amasanganya canke intambara n'ibitero vyica abantu.
-La peur 😱 physique : Ubu ni ubwoba ushobora kugira ikintu kigukanze , nk'inkuba ikubise ukikanga.
- Les peurs sociales : Ubwoba bushingiye kumibanire. Ni bwabwoba umuntu agira iyo yiyumviriyeko agiye guhura n'abantu badahuje imico n'imyitwarire .
- La peur d'origine psychique : bwabwoba butuma umuntu ahangayika kuberako hariho ikintu atubahirije canke urubanza atitabiriye
-Phobie : ubwobo bwambere bwa Phobie ni gutinya umwijima.
Ubundi bwoko bw'ubwoba buri muri uyumuryango ni gutinya ibintu bitakabaye bitinyitse nko guyinya amazi,imbeba ibara runaka n'ibindi.

Ubu nibwo bwoba Philosophie ivugako kubutsinda ariyo ntango yo kubaho uko bikwiye.
Kuba Philosophes ubu bwoko bw'ubwoba bukwiye kugwanywa nk'uko abemera imana bagwanya ico bitwa icaha.
Ariko ubwoba bwambere butegeka ubundi bwoba bwose ni ubwoba bw'urupfu arigwo abantu bose bakwiye kugwanya.

✍️

*🙆🏽‍♀️Umuntu aremwa gute?* 🫣Kuva kw'itariki ya 30/10/2011 isi ibako abantu miriyaridi 7,kumpamvu z'imico n'imigenzo abag...
17/10/2023

*🙆🏽‍♀️Umuntu aremwa gute?*

🫣Kuva kw'itariki ya 30/10/2011 isi ibako abantu miriyaridi 7,kumpamvu z'imico n'imigenzo abagabo baragenda baba benshi gusumba abagore, umunyagihugu w'isi numéro ya miriyaridi y'7 ni umukobwa, Meyikamaco, yavukiye i mu mugwa mukuru wa 🇵🇭 ,yavutse mw'ijoro ryo kw'itariki ya 31.10.2011.

Mu minota 30 mw'isi haba havutse abana 7938,buri seconde mw'isi yose havuka abana 4,41 ,abo bana baza kuvuka uyumusi bazakuba bamaze amezi 9 babayeho.
Uyumusi baratangura ubu*ima bwabo ngaha kw'isi ariko ubu*ima bwabo bwo gutangura kubaho bwo bwatanguye mumezi 9 aheze. M'ubundi bu*ima barimwo niho babereye abahungu canke abakobwa.
Ivyo vyaciye muyihe nzira?

✍️Nitwa Blaise journaliste
t
Twifashihishishije ubushakashatsi bw'umwanditsi w'ibitabu n'a cinéma Travenier reka yuganire kubu*ima bwumuntu imbere yuko avuka.

Ni ubu*ima twese twabayemwo ariko ntanakimwe tubwibukaho kuberako dusa nabatari bahari,ubushobozi bwo kwibuka tubugirira mucicaro ca 2 c'ubu*ima arico c'iki turimwo.

Mbahaye ikaze mugukora suivre kw'iyi page 📄 ya la voix des jeunes africains hama muvyumve vyose.

Alcool: warubizi nawe?*🍻 Bigenda gute kugirango inzoga yice umuntu? abantu bayinywa ari nyinshi?Umubiri w'umuntu ubigenz...
17/10/2023

Alcool: warubizi nawe?

*🍻 Bigenda gute kugirango inzoga yice umuntu? abantu bayinywa ari nyinshi?Umubiri w'umuntu ubigenza gute kugirango bamwe mubanyoye inzoga bizizirwe nayo kugera ubwo buri mwaka isi itakaza abantu miriyoni zirenga 3 ? Ni gute umuntu anywa inzoga rimwe,kabiri ,gatatu bikarangira imwiziziye ?umuntu ashobora kwizozirwa n'inzoga akabaho atarya ahubwo yitungiwe n'inzoga maze munyuma abaganga bakamuvura akayireka?*

🤷‍♀️Wewe wanyoye kunzoga ubwambere ufise imyaka ingahe?ubu hoho unywa inzoga ingana gute? OMS ivugako mw'isi yose abantu banywa inzoga barenga 1/2 y'ababa mw'isi yose, abantu 48% mubaba kw'isi ntabwo baranywa kunzoga,abasigaye bose bamaze kuyinywako, buri mwaka inzoga zica abantu miriyoni 3300,aba bagize 5% y'impfu zose ziba mw'isi buri mwaka .
Ni ibiharuro binini kuko tu*i ibibazo biri mw'isi bihitana ubu*ima bw'abantu ariko inzoga yonyene yihariyemwo hafi 6%.
Uyumusi umunyamerika 1/ 🔟 aba yarabaswe n'ibiyayuramutwe vyiganjemwo inzoga; Abanyamerika miriyoni 18 ubu*ima bwabo bwamaze kwicwa n'inzoga kuburyo igihano gikomeye ushobora kubaha ari ukubima inzoga.

💎👉Ibiri muri iki kiganiro ni imibereho y'Umuntu yiziziwe n'inzoga.

✍️✍️Nitwa Blaise journaliste

Muri iki kiganiro tuzovugamwo uwitwa , ni umusore womuri Amérique w'imyaka 30 y'amavuka,imibereho yiwe yakurikiranwe n'a chaîne 🔗 ya télévision 📺 yitwa The National Geographic Channel kugirango haragazwe inzira bicamwo kugirango umuntu yizizirwe n'inzoga ndetse n'uburyo umuntu yiziziwe n'inzoga abaho.
Tuzokwifashisha rapport ya OMS ya numéro 349 yasohotse muri nzero 2015 yerekana ububi bw'inzoga irengeje urugero ndetse n'ingene ibihugu birutwanwa mukugira abanywi bakomeye mw'isi.

✍️Blaise Journaliste international emblématique

Burundi: Bafatwe...Umushikiranganji wintwaro yo hagati mugihugu,umutekeno n'iterambere rusangi yasavye ko bofatwa bahanw...
12/10/2023

Burundi: Bafatwe...

Umushikiranganji wintwaro yo hagati mugihugu,umutekeno n'iterambere rusangi yasavye ko bofatwa bahanwa abakora ivya betting ngo ni abasuma.

Abandi yasavye ko bofatwa bagahanwa ni aba commissionnaire kuko ngo ni abasuma. Ngo igihugu nticotera imbere hakiri abagomba kurya bicaye. Yasavye abo muntwaro ko bafata abo bantu bose bagahanwa.

Yabivugiye munama ariko agirana nababuramatari,ba musitanteri nabo muntwaro muntara ya Gitega.

Nawe woba u*i ivyo betting?nawe woba ushimishijwe niyo ngingo? Kora partage kubwinshi mukore na suivre.

Kevin Girayezu ✍️

11/10/2023
Bujumbura: imvura nyinshi!!Murikano kanya mugisagara ca Bujumbura hariko haragwa imvura nyinshi cane aho amabarabara amw...
11/10/2023

Bujumbura: imvura nyinshi!!
Murikano kanya mugisagara ca Bujumbura hariko haragwa imvura nyinshi cane aho amabarabara amwamwe yuzuye amazi imiduga kugenda biyigora.

Raba aho ndi muri Kano kanya mugihosha muri commune ntahangwa. Aho amazi agomba yinjire munzu zabantu.

Nawe ahuri ikirere cifashe gute???

Kévin Girayezu ✍️

 : Abamugariye ku rugamba ngo bariko biyungungnya.Abamugariye Ku rugamba baba ku mutumba wa kinyana  hafi yo mu vyerwa a...
11/10/2023

: Abamugariye ku rugamba ngo bariko biyungungnya.

Abamugariye Ku rugamba baba ku mutumba wa kinyana hafi yo mu vyerwa ahitwa kuri Robuco muri commune n'intara ya Ngozi bavuga ko naho ubu*ima bwabo bwahindutse inyuma y'imyaka irenga 20 Kubera ubumuga bakuye ku rugamba , ngo bararemye ndetse bariyungunganya mu bu*ima bwa misi yose.

Bemeza ko bafatanye mu nda bakipfuza Ko bobandanya bashigikirwa kuko bakoreye igihugu,bipfuza ko umusi umwe bonezerwa babonye n'amaso yabo urumuri rw'Amahoro barucishije aho basanzwe baba kuko ngo nabo bari mubayaharaniye ayo mahoro.

Naho biri uko barasaba ko ikiraro gito bacako bagiye aho baba ngo cokubakwa ku buryo bw'uko boroherwa kugicako kuko n'abagendera ku gakinga kabagendana ubumuga ngo harabagora cane. Babivugiye mu kiganiro "Ndemesha" gitegurwa na Steve Ntwari CBob Nanga.

Journaliste

Burundi: Bari muminwe yubutungane.Bagirizwa kurya ibiturire, guhungabanya ubutunzi bw'igihugu, no kunyuruza amatungo rus...
10/10/2023

Burundi: Bari muminwe yubutungane.

Bagirizwa kurya ibiturire, guhungabanya ubutunzi bw'igihugu, no kunyuruza amatungo rusangi ni Uwahoze atwara ibanki nkuru y'igihugu Dieudonné Murengerantwari na Sylvestre Niyonsaba ngo bari imbere y'ubutungane.

vyashikirijwe n'umushikirizamanza kizigenza wa repubirika y'uburundi kwuno musi wa kabiri igenekerezo rya 10-10-2023.

Kevin Girayezu ✍️

Address

Bujumbura

Telephone

+25769763488

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when La voix des jeunes africains posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to La voix des jeunes africains:

Share

Category