17/09/2025
: Reta irakwiye gukemura ikibazo c’inzara, ubukene bw’igitoro n’amazi.
Umuhinga mu vyuburongozi Vianney Ndayishimiye avuga ko umwaka w’ishure wa 2025-2026, utanguye igihugu c’uburundi kiri mu bihe bitoroshe vy’ubutunzi ibituma imiryango myishi ibaho idatekanye ibishobora kugira ingaruka mbi ku bavyeyi, abanyeshure n’abarezi bigahungabanya ikirere ciza gituma haboneka indero y’akanovera.
Uwo muhinga avuga ko Reta y'Uburundi ikwiye gukemura ikibazo c'inzara, ikena ry'igitoro, hamwe n’ubukene bw'amazi n'umuyagankuba kugirango igisata c'indero gishobore guterera mu gushika ku mbonakazoza kuko ico gisata kitagarukiwe bizogora gushika kuri iyo mbonakazoza.
Uwo muhinga asigura ko muri kino gihe abavyeyi bibagora gutwara abana babo ku mashure, ndetse n’abarezi bikabagora kwiyunguruza ibituma haba gucererwa cane ku barezi n’abanyeshure. Ku kibazo c’inzara, uwo muhinga asaba Reta ko ibifungurwa vya nkenerwa vyokwinjira atamakori birishe, nk’umuceri, ibigori n’amavuta.
Atera akamo amashirahamwe yo mu gisata c'indero, amadidni n’amashirahamwe mpuzamakungu guterera uko ashoboye kugirango ico gisata gitere imbere kuko kitagarukiwe bizogorana gushika ku mbonakazoza y’igihugu cifashe muri 2040 n’igihugu giteye imbere muri 20260.