15/10/2025
🔴 "Uwo murundi umwe ashobora guhabwa akazi atabishoboye agatuma imiriyoni 14 z'abarundi zihwera, kotuma gakorwa n'umunyamahanga abishoboye, hagakira benshi."
Faustin , arongoye ishirahamwe ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo, , yabishikirije inyuma y'aho Umushikiranganji w'ikigega ca Reta aherutse kumenyesha ko ishirwa mu ngiro ry'imigambi ya Reta ifashwamwo n'abafatanyabikorwa b'Uburundi riri kurugezo ruto cane kandi uburyo buhari.
Faustin agira ati: "Ivyo vy'uko amafaranga atangwa ku gihugu c'Uburundi ntakoreshwe si ivy'ubu. Amafaranga yo kugwanya ubukene mu mugambi wa , nta n'ibice 20 kw'ijana vyakoreshejwe."
Arongera ati: "Hari igihe haboneka amafaranga atanzwe n'ibihugu vy'ubumwe bwa buraya, ugasanga ibindi bihugu bigeze nko ku mugambi wa 6 natwe tukiri kuwa 2. Hari kandi amafaranga yigeze gutangwa na 'Forum mondial' mu mugambi wo kugwanya malaria na SIDA, vyagenze uko nyene. Amafaranga barigeze kuyakura muri Reta y'Uburundi bayajana ahandi ngo aje muri canke ahandi. Ivyo b**ashika mu gihe igihugu kiba gikeneye amafaranga mvamakungu."
Arongera kandi akanegura ingene imigambi itandukanye y'iterambere yama icerwa kandi amafaranga aba yatanzwe n'ibanki y'iterambere ya Afrika canke ibanki y'isi. Aha agatanga akarorero ku ngomero z'umuyagankuba za Jiji-Mulembwe zimaze hafi imyaka 20 ziriko zirubakwa.
"Ugutakaza ubushobozi bwo gukoresha amafaranga biragira ingaruka mbi ku gihugu." Faustin , asigura ko abashigikira imigambi y'iterambere baheza bagatakaza icizere kuko baca batanga isorosoro canke bakabanza gusiguza ingene agiye gukoreshwa. Avuga kandi ko ukudakoresha amafaranga igihugu kiba caronse bituma n'inyubako rusangi nk'amabarabara zidatera imbere hamwe n'ibindi vya nkenerwa nk'umuyagankuba, amazi, igitoro n'ibindi.
Muri , bakabona ko ivyo biterwa ahanini n'igiturire, ugushira imbere ikimenyane mu gushinga abashira mu ngiro iyo migambi, ata bushobozi bwisunzwe.
Faustin abona ko dukwiye kwemera ko imfashanyo itangwa n'abafatanyabikorwa tuyikeneye. Amafaranga igihugu gihabwa yinjire afashe igihugu. Nayo ubuzi bwo gushira mu ngiro imigambi itegekanijwe bwohabwa ababishoye, hagakorwa ikibazo hakarabwa ubushobozi bwiwe (CV).
Nawe ubona hokorwa iki kugira amafaranga Reta ironka agenewe iterambere akoreshwe yose?