Shikiriza Burundi

Shikiriza Burundi is the youth's news media committed to serve children, youth, women and all the voiceless.

07/09/2026

🎧Ishirahamwe ALUCHOTO ribona ko ibiriko vyononekara kubera ijambo ry'umukuru w'Igihugu ca Kenya, William Ruto, ngo harakwiye amatohoza yimbitse. Aha asaba Sentare y'Afrika y'Ubuseruko ndetse na Sentara mpuzamakungu mpanavyaha, , kugira amatohoza ndetse abazokwagirwa n'icaha bahanywe.
Yabishikirije kuri uyu wa 07.09.2026, mu kiganiro n'abamenyeshamakuru.

🎤Kwirikirana ikiganiro cose ng'aha.



🔴Umukuru w'Igihugu ca Kenya, William  , asabwa guhagarika vyihuse ingingo yafashe yo kwirukana abanyamahanga baba muri i...
07/09/2026

🔴Umukuru w'Igihugu ca Kenya, William , asabwa guhagarika vyihuse ingingo yafashe yo kwirukana abanyamahanga baba muri ico gihugu kuko binyuranye n'amategeko agenga umuryango w'Afrika y'Ubuseruko ( EAC) na mpuzamakungu ajanye n'ubwimukira.

Kuri uyu wa 07.09.2026, ishirahamwe ryagize ico rishikiriza ku ngingo yafashwe n'umukuru w'Igihugu ca Kenya, William .

Vianney umuhuzabikorwa w'ishirahamwe ALUCHOTO amenyesha ko abantu bariko baricwa, abandi batotezwa biturutse kw'ijambo Umukuru w'Igihugu ca Kenya yashikirije. William Ruto ngo asabwa kwisubirako ndetse agatanga ijambo ry'ihumure.

Muri babona ko ingingo yafashwe n'umukuru w'Igihugu ca Kenya inyuranye n'amategeko agenga umuryango w'Afrika y'Ubuseruko( EAC) igihugu ca Kenya cateyeko umukono.

Vianney amenyesha ko ibiriko vyononekara kubera ijambo rya William Ruto ngo harakwiye amatohoza yimbitse. Aha asaba Sentare y'Afrika y'Ubuseruko ndetse na Sentara mpuzamakungu mpanavyaha, , kugira amatohoza ndetse abazokwagirwa n'icaha bahanywe.

Vianney asaba kandi ishirahamwe mpuzamakungu ONU gukurikiranira hafi ibiriko bibera mu gihugu ca kenya, ndetse ngo harakwiye gutumwako inama idasanzwe y'umutekano ya ONU kugira yige ku bantu bariko bakubagurwa hahonyanzwe amategeko mpuzamakungu y'agateka ka zina mu muntu.


  : Hafidh Ameir  , umugabo wa Perezida wa  , Samia   Hassan, yaryamiye ukuboko kw'abagabo kuri uyu musi biturutse ku nd...
07/09/2026

: Hafidh Ameir , umugabo wa Perezida wa , Samia Hassan, yaryamiye ukuboko kw'abagabo kuri uyu musi biturutse ku ndwara y’umutima. Iyo nkuru y'incamugongo ikaba yatangajwe mu gitondo co kuri uyu wa 07.09.2026 n'icegera c'umukuru w'igihugu ca , Deogratius .

Iyo nkuru ikaba ariyo iriko iravugwa cane muri ico gihugu kibanyi c' ndetse no mu karere kose ka Afrika y'ubuseruko.

 : Ibintu ntivyoroshe ku banyamahanga Nk'uko vyari vyashikirijwe ko, kuva kuri uyu wa 07.09.2026, atamunyamahanga arekur...
07/09/2026

: Ibintu ntivyoroshe ku banyamahanga

Nk'uko vyari vyashikirijwe ko, kuva kuri uyu wa 07.09.2026, atamunyamahanga arekuriwe gukorera ubuzi n'urudandazwa bibayabaye muri ico gihugu, ibintu ntivyifashe neza kuri uyu musi.
Mu gisagara ca , abarundi bari muri ako karere ubu bakaba badashobora kuja ku kazi bahora bakora. Bamwe mu bagerageje kujayo, bakaba bafashwe abandi barakubagurwa nk'uko amakuru dukura mu gisagara ca abishikiriza.
Hari ndetse n'amasanamu ateye ubwoba ariko arahanahanwa yerekana abakubaguwe n'abariko barakubagurwa n'abanyakenya inyuma yo kubasanga aho bakorera canke yo kubafatira mu nzira bariko baja ku mirimo yabo.

Uwundi mugwi munini cane nawo w'abarundi uri ku buserukizi bw'Uburundi muri Kenya.
Umwe mubari kuri ubwo buserukizi agira ati: "Hari abantu benshi cane baje gusaba impapuro kugira ngo batahe. Ikigo ca ambassade ni kinini ariko cuzuye. Kandi n'abandi baracaza. Bigaragara ko n'ivyangombwa turiko turasaba hari abazomara n'indwi batarabironka kuko turi benshi cane".

Inyuma yo kubona ireresi y'abanyakenya bariko bahigira abarundi ko kuri uyu wambere bazobagirira nabi, umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo imigenderanire y'Uburundi n'ayandi makungu akaba yashikirije ku rubuga rwa X ko Reta ya Kenya ibazwa ubuzima bw'abarundi baba muri Kenya. Edouard Bizimana yibukije kandi ko abanyakenya baba mu Burundi babayeho mu mahoro n'umutekano ariko ko bibandanije uko mu Burundi naho hashobora gufatwa ingingo ku banyakenya bahaba.

Abari mu gihugu ca Kenya murashobora kuza muradusangiza amakuru y'ukugene vyifashe aho muherereye, muciye kuri WhatsApp +257 61 586 190.


🔴 Ubuserukizi bw'Uburundi muri   bugiye kuronsa ku buntu impapuro ziha uburenganzira bwo gutaha abarundi bari muri ico g...
06/09/2026

🔴 Ubuserukizi bw'Uburundi muri bugiye kuronsa ku buntu impapuro ziha uburenganzira bwo gutaha abarundi bari muri ico gihugu.

Uwuserukira Uburundi mu gihugu ca Kenya, Evelyne ahamagarira abarundi badafise ibitabo vy'inzira ko boja gutora urupapuro rubaha uburenganzira bwo gutaha mu Burundi (Laisser passer). Ico gikorwa kikazotangura kuri uyu wa 07.09.2026, kuva isaha zitatu z'igitondo (9h) gushika isaha umunani z'umuhingamo (14h).

Abakeneye guhabwa urwo rupapuro bagasabwa gutwara ibibaranga ku biro vy'ubuserukizi muri uwo mwanya watangajwe. Abatanze ibibaranga bakazoca baja gutora urwo rupapuro ku musi ukurikira.

Ivyo biri uko mu gihe kuri uyu wa 7 Nyakanga 2026 ari ho kandi hazotangura umukwabu wo kwirukana abanyamahanga bakorera urudandazwa ruto ruto muri ico gihugu nk'uko umukuru w'igihugu ca Kenya Samoei William Ruto aheruka kubitangaza.

Iyi ngingo y'ubuserukizi bw'Uburundi muri Kenya muyakiriye gute?


⭕ Ibintu bishobora kuyangara hagati y'Uburundi na Kenya inyuma y'amajambo aheruka gushikirizwa n'umukuru w'igihugu ca Ke...
05/09/2026

⭕ Ibintu bishobora kuyangara hagati y'Uburundi na Kenya inyuma y'amajambo aheruka gushikirizwa n'umukuru w'igihugu ca Kenya

Mu nama yihuta yahuje kuri uyu wa gatandatu umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo imigenderanire y'Uburundi n'ayandi makungu, Edouard Bizimana, n'abaserukira ibihugu vyabo vyo muri Afrika y'ubuseruko aha mu Burundi, uwo mushikiranganji yamenyesheje ko bafise amakuru agaragaza ko abarundi baba mu gihugu ca Kenya babangamiwe kandi bishobora kwunyuka umwanya n'umwanya. Ivyo bikaba ngo vyatanguye kuwa 18.08.2026 inyuma yaho hari umushingamateka w'ico gihugu ca Kenya yiyamiririje abanyamahanga bakorera muri ico gihugu ubuzi n'urudandazwa bito bito. Kuva ico gihe nk'uko umushikiranganji w'Uburundi mu vyo ajejwe harimwo imigenderanire y'Uburundi n'ayandi makungu yabishikirije ngo hari abarundi baciye batangura kugirirwa nabi bamwe ndetse barananyarwa n'ivyabo bivuye ku mvo ngo zidatahuritse.

Umushikiranganji Edouard Bizimana akaba yasavye uwuserukira Kenya mu Burundi kurungikira ubutumwa indongozi za Kenya kugira zitange ijambo ry'ihumure zongere kandi zikingire abarundi baba muri ico gihugu.

Edouard Bizimana yashikirije kandi ko Reta y'Uburundi yiteguriye kurungika amabisi muri Kenya kugira atahane abarundi bokwipfuza gutahuka. Ubuserukizi bw'Uburundi muri Kenya nabwo ngo bukaba buzotanga "laisser passer" ku buntu ku bipfuza gutahuka mu Burundi.

Edouard Bizimana yashikirije kandi ko Uburundi bukwirikiranira hafi ibiriko biraba muri ico gihugu kandi ko hatagize igikorwa kugira bakingire abarundi baba muri ico gihugu, Reta ya Kenya izobibazwa. Uburundi bugategekanya kandi gufata ingingo zogusubiriza mu ndumane igihugu ca Kenya mu gihe abarundi bariyo bobandanya bagirirwa nabi.

Edouard yasavye kandi abarundi bari mu mahanga kwubahiriza amategeko y'ibihugu barimwo.

Uwuserukira Kenya mu Burundi, Henry , we yashikirije ko Kenya atamugambi ifise wo kugirira nabi abarundi kandi ko ata ngingo yigeze ifata canke itegeko yigeze ishiraho rigamije abarundi gusa.
Henry Wambuma yibukije kandi ko Uburundi na Kenya bifitaniye imigenderanire myiza kuva kera. Yemereye umushikiranganji w'Uburundi ajejwe imigenderanire ko atangorane izoshikira abarundi bakora ubuzi bubayabaye muri Kenya ko Reta izobijamwo maze ibakingire be n'ivyabo.

Ivyo biri uko mu gihe uwuserukira abarundi baba muri Kenya, Alex Ntirwanira, aherutse gushikiriza kuri BBC ko hari abarundi bamaze gukubagurwa muri Kenya muri ino misi harimwo umusore yafashwe n'abanyakenya bamwagiriza ko yagiye kubatwara akazi. Uwo musore akaba yarakubaguwe bunyamaswa nk'uko vyemezwa n'uwo aserukira abarundi bari muri diaspora y'Uburundi muri Kenya gushika aho bamutegeka kumira imisumari indwi. Gushika ubu uwo musore w'umurundi akaba ariko aravuzwa ku mahera yateranijwe n'abarundi baba muri Kenya. Imisumari ibiri ikaba ariyo imusigayemwo mu nda abaganga batarashobora gukurayo.

Tubibutse ko Umukuru w'igihugu ca Kenya, William Ruto, aheruka gushikiriza ko kuva kuwa mbere, igenekerezo rya 07 Nyakanga 2026 ata munyamahanga arekuriwe gukora ubuzi n'urudandazwa bibayabaye muri ico gihugu. Abenshi mu barundi baba muri Kenya akaba arivyo basanzwe bakorayo.

 : Ubukene, indero y'akanovera hamwe n'ibura ry'akazi biri mu bituma abanyeporitike bikika mu kiza mugukwegera urwaruka ...
05/09/2026

: Ubukene, indero y'akanovera hamwe n'ibura ry'akazi biri mu bituma abanyeporitike bikika mu kiza mugukwegera urwaruka mu guhungabanya umutekano w'igihugu haba imbere y'amatora canke inyuma yayo.

Umwigisha muri kaminuza akongera akaba n'umushakashatsi mu vy'inyigisho, Alexis , amenyesha ko impamvu nyamukuru ituma urwaruka ruhendwa mu bihe vy'amatora n'abanyeporitike harimwo ubukene bw'akazi, ubukene mu miryango ndetse ngo n'indero yataye akanovera ntiyokwirengangizwa.

Yabishikirije kuri uyu wa 4.09.2026 mu gihe, , ishirahamwe ry'urwaruka ruharanira amahoro n'ikibano kidakumira ryari ryatunganije inyigisho ku rwaruka rwiga muri za Kaminuza.

Egide arongoye ishirahamwe JEREDIS ryari ryatunganije izo nyigisho aremeza ko urwaruka kenshi ruhendwa n'abanyepolike ku nyungu zabo. Aha amenyesha ko mu bihe vy'amatora urwaruka arirwo rufata iya mbere mu gukoresha amajambo abiba urwanko.

Egide asanzwe arongore Ishirahamwe JEREDIS amenyesha ko ibice 60 kw'ijana vy'abarundi ari urwaruka ivyo tuma inguvu bafise bazikoresheje neza boshika kw'iterambere rirama. Aha yibutsa kandi ko urwaruka rukwiye kumenya ko atari Burundi bw'ejo gusa ahubwo ari Burundi bw'uno musi.

Mwomenya ko izo nyigisho ko zari zatunganijwe ku c'ivugo: "Uruhara rw'urwaruka mu gutsimbataza amahoro mu gihe c'amatora canke inyuma yayo mu Burundi.

Ku bwanyu ni izihe mpamvu abanyeporitike bakoresha urwaruka ku nyungu zabo?


🔴 Mu Burundi, iyo ipine ritobotse (rimenetse) ubona abantu bose bamaze kuryama.Alexis  , umuhinga mu vy'inyifato yabishi...
05/09/2026

🔴 Mu Burundi, iyo ipine ritobotse (rimenetse) ubona abantu bose bamaze kuryama.

Alexis , umuhinga mu vy'inyifato yabishikirije kuwa 02.09.2026, mu gihe hari hahejeje guhabwa ku bamenyeshamakuru inyigisho zijanye n'uko hokwitabwaho amakuru y'amagara yo mu mutwe.

Amagara yo mu mutwe ntiyifashe neza kuri bose. Ivyo birabonekera no mu bihe vy'amatora aho usanga hari abantu bamwe bamwe bamaze gutekera ivyabo biteguriye guhunga. Alexis asigura ko ivyo bishika no mu gihe ata bimenyetso ndangamatati biba bihari kuko ngo hari ibimenyetso vya kahise baba batarakira. Uyo muhinga asigura ko bene abo bantu amatora bayabonamwo amatati n'ugushobora kugirirwa nabi kandi ata bimenyetso bibigaragaza bihari.

"Twama twiteze impanuka n'ivyago umwanya wose naho igihugu coba kiri mu mahoro". Alexis avuga ko ivyo abantu babigendana bigatumwa n'uko amagara yo mu mutwe aba atitaweho.

Nayo zimwe mu nyishu zotuma amagara yo mu mutwe amera neza ni uko abantu bofashwa, bagashigikirwa, bakavuga ibibagoye kugira ingorane bacamwo ntizirenge urugero mu vyiyumviro vyabo. Ivyo bidakozwe ngo haragera aho haca haba indwara zo mu mutwe zenyuje. Gutyo bigatangura kwibonekeza ko hari abagendana indwara zo mu mutwe.

Aho uherereye ubona amagara yo mu mutwe yotaweho ku rugero rungana gute ?


🔴 Francis Rohero nawe agiye gukiranira intebe y'umukuru w'igihugu mu matora ya 2027Mu matora ahejeje kuba mw'ikoraniro k...
05/09/2026

🔴 Francis Rohero nawe agiye gukiranira intebe y'umukuru w'igihugu mu matora ya 2027

Mu matora ahejeje kuba mw'ikoraniro kaminuza ry'umugambwe Fraternité des Patriotes Ineza-FPI, Francis Rohero asanzwe arongoye uwo mugambwe niwe ahejeje kwizerwa ku majwi 171 kuri 195 y'abatoye. Francis Rohero akaba yarushije Donate Nduwimana bariko bahiganirwa ikibanza co guserukira uwo mugambwe mu matora y'umukuru w'igihugu ategekanijwe muri Rusama 2027.

Iryo koraniro kaminuza rikaba ririko ribera i Bujumbura, mu nyubakwa zaho bita "Donatus Conference Center".

Francis Rohero agize kane mu bamaze kumenyekana ko bazohiganirwa ikibanza c'umukuru w'igihugu mu matora ya 2027 mu Burundi. Akaba amenyekanye inyuma ya Evariste Ndayishimiye azoserukira umugambwe Cndd-Fdd, Gabriel azoserukira umugambwe na Abel azoserukira umugambwe .

Muha amahirwe angana Francis Rohero muri ayo matora?


 : Abantu bakwiye kwama bibuka ko ivyo bakora canke bihereza vyose ubu hariho abandi bazobikenera mu kubaho kwabo muri k...
05/09/2026

: Abantu bakwiye kwama bibuka ko ivyo bakora canke bihereza vyose ubu hariho abandi bazobikenera mu kubaho kwabo muri kazoza.

Ku wa gatandatu wa mbere w'ukwezi kw'icenda uko umwaka utashe, Ekleziya gatolika mu Burundi irahimbaza umusi wahariwe kubungabunga ivyo Imana yaremye. Uwo musi ukaba wahimbajwe kuri uyu wa 04.09.2026, i Bujumbura. Ivyo vyashikirijwe na Emile , umunyamabanga w'igisata c'Inama y'Abepiskopi gatolika kijejwe ubutungane n'amahoro mu Burundi. Uwo musi ukaba wahimbajwe ku civugo: "Dusezerere ihonyabidukikije mu kwitaho ahubwo iterambere rirama kuko ari yo nzira yo kubungabunga ibidukikije mu guhamagarira umwe wese kugira uruhara."

Patiri Emile Ndayizigiye yagize ati: "Isi si igicuruzwa canke ikindi kintu co gukoresha uko umuntu ashatse. Ni inzu rusangi."
Ni mu gihe yariko ashimangira ivyashikirijwe na Papa Francisko aho yashikirije ko isi irwaye kuko abantu aho kuyibungabunga batera bayibangamira.

"Na twebwe abantu turarema ntituri abo kubungabunga gusa."
Yishimikije ijambo ry'Imana ryanditswe mu gitabo ca Bibiriya (Luka12, 16-21), Patiri Emile akebura abantu kutaguma bashira imbere ukurondera itunga rishimikiye mu gusambura inzu yabo. Yibukije ko kugira umuntu aganze ibimukikije, ari nkenerwa ko arengera ubwo bubasha kugira ashobore kubibungabunga.

Mu nyigisho yatanze, Emile yamenyesheje ko bishika abantu bagacanamwo kubera amacakubiri avuye ku bintu bitandukanye ariko ibidukikije iyo bitabungabunzwe inkurikizi mbi bitera zo zidacagura. Ni muri iyo ntumbero yasavye ko umwe wese yogira uruhara mu gukingira ibidukikije ahereye ku bikorwa bitobito nko guta ibitekezo bitabora aho vyagenewe, kwirinda guhonya amashamba n'ibindi.

Abitabiriye izo nyigisho bashimangiye ivyashikirijwe, aho berekanye ko ari nkenerwa ko umwe wese abera akarorero mugenziwe mu gukingira ibidukikije.

Nawe uriko ukora iki mu kubungabunga ibidukikije aho uherereye ?


Address

Bujumbura

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Shikiriza Burundi posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Shikiriza Burundi:

Shortcuts

Share