23/01/2024
Ivyakozwe n'intumwa 10:37-38
iryo jambo mwebge murarizi, ryamamaye i Yudaya hose, ritanguriye i Galilaya, hanyuma y'umubatizo uwo Yohana yigishije: rivuga ivya Yesu Umunyanazareti, ingen' Imana yamusutseko Mpwemu Yera n'ubushobozi, akagenda agirira abantu neza, agakiza abo bose wa Murwanizi atwaza amanyama, kukw Imana yari kumwe na we.
Murahawe ikaze muri ano materaniro yo kuri uno wa mungu wanyuma uhereza ukwezi (28/Nzero/2024).
Turiteze kuzoba mu bihe vyiza no kubona ububasha bw'Imana bukora ibimenyetso n'ibitangaza uko tutigeze. Dutumire benshi, baba n'abagwaye indwara zitandukanye na cane cane abatarakizwa.