Hermo The Lawyer

Hermo The Lawyer Whatsapp ni +25767222244 Get The Breakin News From Your Trustable Source.

Naho yari Prezida, Ubu arapfunzwe...Turi muri   aho uwahoze ayobora ico gihugu Collor de Mello w'imyaka 75 yamaze gutabw...
25/04/2025

Naho yari Prezida, Ubu arapfunzwe...

Turi muri aho uwahoze ayobora ico gihugu Collor de Mello w'imyaka 75 yamaze gutabwa muri yompi na polisi federal mu buraruko bushira uburasirazuba bw'igisagara ça Maceio. Akaba yagirizwa icaha c'ugusanga kuntwaro yiwe yahoze Arya ibiturire akaba yamaze no gucirwa urubanza...

🚨 ⚰️  Gaza bibandanya KUBA nabi...Abantu bagera kuri 13 Nino bitavye IMANA Kiri uno wa gatatu igihe abasirikare ba Israë...
23/04/2025

🚨 ⚰️ Gaza bibandanya KUBA nabi...

Abantu bagera kuri 13 Nino bitavye IMANA Kiri uno wa gatatu igihe abasirikare ba Israël bakora ibitero kugace kamwe ko muri Gaza.Abandu bagera kuri batandatu ntibarakugwa musi yibisigarira vyinzu zabomotse igihe hakorwa IVYO bitero bakaba bashobora kwitabirayo IMANA...

🌍🚨stanbul...ni muri Turquie...Muti bimeze gute ?Neza na neza isaha 9h49 kumwanya mpuzamakungu GMT aho Istanbul capital y...
23/04/2025

🌍🚨stanbul...ni muri Turquie...Muti bimeze gute ?
Neza na neza isaha 9h49 kumwanya mpuzamakungu GMT aho Istanbul capital ya yakubitwa na nyamugugima,umutingito udasanzwe w'isi.Ishirahamwe AFAD riraba ivy'ibiza vyivyaduka muri ico gihugu rimenyesha ko iyo nyamugugima yapima magnitude 6.2 ikaba arimwe muzikomeye cane zimaze gukubita UWO murwa mukuru.

Mwebwe mwakiriye gute ino nkuru?Ibitambara bitukura bitekeye kumutwe nk'ikimenyetso c'urugamba rwo kwikukira,Niko abanya...
22/04/2025

Mwebwe mwakiriye gute ino nkuru?

Ibitambara bitukura bitekeye kumutwe nk'ikimenyetso c'urugamba rwo kwikukira,Niko abanyagihugu babanye burkinafasso basanzwe baba kumurwa mukuru w'ubufaransa babonetse bariko biyamiriza umukuru w'igihugu cabibarutse (Le pays des hommes intègres), . Igikuru bagiriza UWO musirikare w'umu prezida ngo kuribo atwaza igikenye ndetse bakanamusaba ko atanga imohoho...

 ...Ishapure mu biganza, umubiri wa Papa Francis yashengeye werekenwe mumasanamu vidéo Vaticano yashize ahabona Kuri uyu...
22/04/2025

...

Ishapure mu biganza, umubiri wa Papa Francis yashengeye werekenwe mumasanamu vidéo Vaticano yashize ahabona Kuri uyu wakabiri.Hari muri Chapelle yitwa Casa Santa Marta,akaba ari naco kibanza yitabiyemwo IMANA kuri uno wambere uheze.

 ...Umwungere w'Eklezia ahejeje kwitaba Imana Ku myaka 88. Ni Inyuma yo kurongora eklezia katolika imyaka 12. Papa Franç...
21/04/2025

...
Umwungere w'Eklezia ahejeje kwitaba Imana Ku myaka 88. Ni Inyuma yo kurongora eklezia katolika imyaka 12. Papa François (Jorge Mario Bergoglio) yavutse ku wa 17 Kigarama mu 1936 i Buenos Aires muri .

• Israel ibandanya gukora ibitero bikomeye kuri Gaza mugihe amabombe yaraye acucagiwe na Amerika i Yemen yatumye abanya ...
21/04/2025

• Israel ibandanya gukora ibitero bikomeye kuri Gaza mugihe amabombe yaraye acucagiwe na Amerika i Yemen yatumye abanya Yemen bazinduka barondera aboba baihema bongera begeranya ibiziga vy’abitavye Imana. Hamaze kwemezwa ko hishwe abanya yemen 12

• Muri rapport y’ivyigwa biherutse gukorwa maze igashirwa hanze, vyagaragaye ko abanya israeli bagera kuri56% aribo bonyene bashigikiye ibiganiro vyo kurekura abapfungwa no guhagarika burundu intambara muri Gaza.

• Agahengwe kari katanzwe hagati ya Ukraine na Russie ngo bahagarike intambara ntikabaye kacubahirizwa nagato kumpande zose kuko humvikanye ibisasu bikomeye biva kumpande zose ndetse bakagirizanya bose ko barenze kumasezerano. Ntivyabujije ko abanya Palestine baba i Gaza na Cisjordanie ko bahimbaza Pasika murwamo rwamabombes.

• Igisirikare ca Isreal kimenyesha ko abakozi b’mashirahamwe mpuzamakungu yitaho imbabare apfira muntambara ngo ahanini aramakosa yabo bwita kuko usanga kenshi bagiye gukorera muduce tuba dushobora kugabwaho ibitero. Ico gisirikare cishe abantu 32 muri Gaza, 2 muri Liban na 12 kw’isoko yo muri Yemen.

• Abantu bagera kuri babiri nibo bahitanywe n’imyuzure yateye mubumanuko bushgira uburengero bwa Amerika hakaba hononekanye amazu n’imiduga bitari bike.

• Muri Amerika kandi haravugwa imyiyerekano yo kwiyamiriza Trump aho ahanini yagirizwa abantu benshi bakomeje kwirukanwa hamw no kubuza ubwigenge bw’abanyagihugu.

RUSSIA - UKRAINE...Naho President Vladimir Poutine yari yavuze ko batanze agahengwe ko atakurasa KUZA kuhaba Kugira aban...
20/04/2025

RUSSIA - UKRAINE...

Naho President Vladimir Poutine yari yavuze ko batanze agahengwe ko atakurasa KUZA kuhaba Kugira abantu bahimbaze umusi mukuri wa Pasika kubawemera, Président wa Zelensky Amenyesha ko Uburusiya bwabeshe ahubwo ko Nuno musi ibisasu biriko biterwa n'abarusia Mugihugu ca Ukraine...

Inyuma yo gushaka kwica Prezida wa Equateur...Kaze muncamake y'ayavigwa kw'isi... : Leta zunze ubumwe za Amerika zihejej...
19/04/2025

Inyuma yo gushaka kwica Prezida wa Equateur...Kaze muncamake y'ayavigwa kw'isi...

: Leta zunze ubumwe za Amerika zihejeje gukora ibitero kukibuga c'indege ca Hodeidah muri Yémen.Harashwe amabombe y'indege agera Kuri 13.Ni inkuru tukibandanya kubatohoreza.

: Umushikiranganji w'imigenderanire n'ayandi makungu wa Iran amenyesha ko ibiganiro na Amerika bijanye n'ibirwanisho ruhonyanganda biriko bigenda neza bakizera igihe bazosubira kubiganirako bazoyaga bahuza kuwa 26/04/2025 narirya musanzwe muzi ko imigenderanire myiza ya Iran na Amerika imara umwanya urume rumara.

: Umwubahwa VP Vance asanzwe yahawe umubonano na Vatican ngo baganire vyinshi n'abayobozi harimwo ivyerekeye ikibazo c'abimukira,Vatican imenyesha ko isanzwe ifitaniye imigenderanire mwiza na Amerika ikamenyesha kandi ko Amerika yarikwiye nogufatira kuvyo Vatican ishikiriza kubijanye kuntambara zihanze isi n'ibijanye n'abimukira.

: Bivanye n'intambara z'urutavanako mugace ka Gaza, uduce tumwe tumwe dusanzwe turimwo ubudandarizo n'amahinguriro y'abazungu twatanguye kugirwako ibitero no kureka kugurirwa ibidandazwa.Abakekwa ko bari mubakora ivyo bitero bagera Kiri 170 baramaze guhagarikwa hagwiriyemwo aba islamu.

: Mugihugu ca Équateur ibintu bikomeza kuba nabi cane inyuma yo gushaka kugandagura Président. Gouvernement yatangaje ijo yise Alerte Générale inyuma yuko yagirije abatsinzwe mumatora yaheruka gutorwa n'abanyagihugu.

: Président Vladimir Poutine yamenyesheje ko kubera ihimbazwa rya Pasika habaye ihagarikwa ry'intambara Kugira abegwa n'uwo musi mukuru bawuhimbaze atankomanzi.

: Inyuma yimisi ibiri gusa, Gouvernement ya Gaza yamenyesheje ko abantu bagera kuri 92 aribo bamaze guhitanwa n'ibitero vy'abanya israeli ndetse hakomereka abagera Kiri 219.

: Intambara zikomeye zahuje abarimyi hamwe nabaragizi n'abanomades bazwi kuragira ibitungwa vyabo mubibanza bitandukanye maze hagandagurika abagera 17 kumpande zose.

Mwakoze kubana natwe,ni ahubutaha...

Address

Bujumbura

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Hermo The Lawyer posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Hermo The Lawyer:

Share