19/04/2025
Inyuma yo gushaka kwica Prezida wa Equateur...Kaze muncamake y'ayavigwa kw'isi...
: Leta zunze ubumwe za Amerika zihejeje gukora ibitero kukibuga c'indege ca Hodeidah muri Yémen.Harashwe amabombe y'indege agera Kuri 13.Ni inkuru tukibandanya kubatohoreza.
: Umushikiranganji w'imigenderanire n'ayandi makungu wa Iran amenyesha ko ibiganiro na Amerika bijanye n'ibirwanisho ruhonyanganda biriko bigenda neza bakizera igihe bazosubira kubiganirako bazoyaga bahuza kuwa 26/04/2025 narirya musanzwe muzi ko imigenderanire myiza ya Iran na Amerika imara umwanya urume rumara.
: Umwubahwa VP Vance asanzwe yahawe umubonano na Vatican ngo baganire vyinshi n'abayobozi harimwo ivyerekeye ikibazo c'abimukira,Vatican imenyesha ko isanzwe ifitaniye imigenderanire mwiza na Amerika ikamenyesha kandi ko Amerika yarikwiye nogufatira kuvyo Vatican ishikiriza kubijanye kuntambara zihanze isi n'ibijanye n'abimukira.
: Bivanye n'intambara z'urutavanako mugace ka Gaza, uduce tumwe tumwe dusanzwe turimwo ubudandarizo n'amahinguriro y'abazungu twatanguye kugirwako ibitero no kureka kugurirwa ibidandazwa.Abakekwa ko bari mubakora ivyo bitero bagera Kiri 170 baramaze guhagarikwa hagwiriyemwo aba islamu.
: Mugihugu ca Équateur ibintu bikomeza kuba nabi cane inyuma yo gushaka kugandagura Président. Gouvernement yatangaje ijo yise Alerte Générale inyuma yuko yagirije abatsinzwe mumatora yaheruka gutorwa n'abanyagihugu.
: Président Vladimir Poutine yamenyesheje ko kubera ihimbazwa rya Pasika habaye ihagarikwa ry'intambara Kugira abegwa n'uwo musi mukuru bawuhimbaze atankomanzi.
: Inyuma yimisi ibiri gusa, Gouvernement ya Gaza yamenyesheje ko abantu bagera kuri 92 aribo bamaze guhitanwa n'ibitero vy'abanya israeli ndetse hakomereka abagera Kiri 219.
: Intambara zikomeye zahuje abarimyi hamwe nabaragizi n'abanomades bazwi kuragira ibitungwa vyabo mubibanza bitandukanye maze hagandagurika abagera 17 kumpande zose.
Mwakoze kubana natwe,ni ahubutaha...