14/09/2026
🇮🇳 Ibintu 10 twozirikana ku rugendo rwa Prezida Evariste Ndayishimiye mu Buhindi
Prezida Evariste Ndayishimiye yatanguye urugendo mu Buhindi ku wa 11 Nyakanga 2026, aherekejwe n’Umutambukanyi wiwe, Angeline Ndayishimiye.
Urwo rugendo rwamujanye i New Delhi, aho yaserukiye Afrika mu Nama ya 18 y’ibihugu bigize BRICS.
Uretse kwitaba iyo nama, Prezida Ndayishimiye yaranahuye n’Abakuru b’ibihugu n’abategetsi batandukanye. Ng’ibi ibintu 10 mu vyaranze uru rugendo.
1️⃣ Yarabonanye na Narendra Modi
Ku muhingamo wo ku wa 13 Nyakanga 2026, Prezida Evariste Ndayishimiye yakiriwe na Narendra Modi, Umushikiranganji wa mbere w’Ubuhindi.
Ico kiyago cabaye akaryo ko gushimangira ugushaka kw’impande zose mu gukomeza imigenderanire hagati y’Uburundi n’Ubuhindi. Prezida Ndayishimiye yarashimiye kandi Modi na Reta y’Ubuhindi ku ruhara bagize mu gushigikira ko Ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Afurika ryemerwa nk’umunywanyi yamaho wa G20.
2️⃣ 🎓 Uburundi burasaba Ubuhindi kubandanya buha amahirwe yo gukarisha ubwenge abanyeshure b’Abarundi
Mu b**aniro hagati ya Prezida Ndayishimiye na Modi, haravuzwe kandi ku kuntu Ubuhindi bwoshigikira Uburundi mu guteza imbere ubumenyi bw’abanyeshure, abakozi bakuru n’abakozi bo mu nzego za Reta.
Ikindi caganiriweko ni ugukorana mu ntumbero yo guhindura no guha agaciro ubutunzi kamere, na canecane amabuye y’agaciro n'ubutare Uburundi bufise.
3️⃣ 🌍 Ndayishimiye yaserukiye Afrika imbere ya BRICS
I New Delhi, Prezida Ndayishimiye ntiyari ahaserukiye Uburundi gusa.
Yari ahari na canecane nk’umuyobozi w’Ubumwe bw’Afurika, ahagarariye umugabane ugizwe n’ibihugu 55.
Mu butumwa yashikirije, yasavye ko ugufashanya hagati ya Afrika na BRICS kwokomera kugira ngo umugabane ushobore kuronka inyungu nyinshi kandi ziyibereye muri ukwo gufashanya.
Iyo Nama ya 18 ya BRICS yabereye i New Delhi kuva ku wa 12 gushika ku wa 13 Nyakanga 2026, ku civugo kijanye no kwubaka ubushobozi bwo kwihangana, kuzana bishasha, gufashanya n’iterambere rirama.
4️⃣ 💧 Amazi, amabarabara n’umuyagankuba biri mu vyo yashimangiye
Kw’izina rya Afrika, Prezida Ndayishimiye yarashimangiye ibintu bitatu abona ko ari ngirakamaro mu guhindura ubutunzi bw’umugabane.
Navyo ni:
• Amazi n’isuku;
• Inyubakwa zo gutwara abantu n’ibintu;
• Amasoko ntanganguvu, cane cane umuyagankuba.
Ku bwa Ndayishimiye, iterambere rya Afrika ntirishobora kwihuta igihe ibura ry’inyubakwa ryobandanya kuba intambamyi ku gutwara, guhingura no gukwega imitahe.
5️⃣ 🇻🇳 Yarahuye n’Umushikiranganji wa mbere wa Vietnam, Lê Minh Hưng
Hambavu y’Inama ya BRICS, Prezida Ndayishimiye yarahuye kandi na Lê Minh Hưng, Umushikiranganji wa mbere wa Vietnam.
Abo bategetsi baraganiriye ku buryo bwo guha inguvu nshasha imigenderanire hagati y’Uburundi na Vietnam.
Iryo huriro rije mu gihe i Bujumbura hari ib**aniro n’intumwa za Vietnam b**amije guteza imbere imigenderanire, na canecane mu vya politike.
6️⃣ 👋 Ni ubwa mbere Perezida Ndayishimiye agendeye Ubuhindi
Uru ni rwo rugendo rwa mbere Prezida Evariste Ndayishimiye agiriye mu Buhindi kuva yatangura kuyobora Uburundi mu 2020.
Ubuhindi ni kimwe mu bihugu bihambaye kw’isi mu bijanye n’ubwinshi bw’abantu, ubutunzi, ubuhinga n’imigenderanire mpuzamakungu.
7️⃣ 🌐 Yari kumwe n’abakuru b’ibihugu bihambaye kw’isi
I New Delhi, Prezida Ndayishimiye yari mu nama imwe n’abategetsi batandukanye barimwo:
• Vladimir Putin w’Uburusiya;
• Xi Jinping w’Ubushinwa;
• Lula da Silva wa Brésil;
• Cyril Ramaphosa wa Afrika y’Epfo;
• Abiy Ahmed, Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia;
• Masoud Pezeshkian wa Iran;
• Abdel Fattah el-Sisi wa Misiri;
hamwe n’abandi bategetsi b’ibihugu bigize BRICS, ibihugu vy’abafatanyabikorwa n’abatumiwe.
8️⃣ 🧭 BRICS ni iki, kandi yatanguye gute?
Izina BRICS ryatanguye gukoreshwa mu 2001, rikomoka ku ndome za mbere z’ibihugu vyari bigize iryo huriro mu ntango:
• Brazil;
• Russia;
• India;
• China.
South Africa yaje kwinjiramwo mu 2010, bituma izina BRICS risubira kwaguka.
Uyu munsi, BRICS ifise abanywanyi 11, harimwo Misiri, Ethiopia, Iran, Leta Zunze Ubumwe z’Abarabu na Indonesia.
Intumbero yaryo ni ugukomeza ugufashanya hagati y’ibihugu biri mu nzira y’amajambere no guha ikibanza kibereye mu migenderanire mpuzamakungu n’ubutunzi bw’isi ibihugu vyo mu Bumanuko bw’isi, bitari mu bihugu vyo mu Burengero.
9️⃣ 📈 BRICS ishaka kugira uruhara mu guhindura itunganywa ry'uburongozi bw’isi
Inama yabereye i New Delhi yabaye mu gihe isi iriko irahura n’ibibazo vyinshi birimwo intambara, umutekano muke, amatati mu vy’ubutunzi, ibibazo vy’amasoko ntanganguvu n’ihiganwa rirushiriza gukomera hagati y’ibihugu rutura.
Muri iyo nama, haraganiriwe ku mpinduka zikenewe mu nzego mpuzamakungu, ugufashanya mu bijanye n’ubutunzi, amasoko ntanganguvu, ubuhinga ngurukanabumenyi, amagara y’abantu, ubudandaji n’iterambere ry’ibihugu vyo mu Bumanuko bw’isi.
Ni muri iyo ntumbero Afrika, yaserukiwe na Prezida Ndayishimiye, yashaka kumvikanisha ijwi ry’umugabane mu b**aniro vyerekeye uko isi y’ejo ishobora gutunganywa.
Ku bijanye n’umutekano mpuzamakungu, BRICS kandi yashimangiye ko hakenewe gukoresha inzira za diplomasi no gufata ingingo zose zishoboka kugira ngo intambara n’amakimbirane, cane cane mu Buseruko bwo Hagati, bitarushiriza kwongerekana.
Muri rusangi, BRICS iriko irashaka kwerekana ko isi y’ejo idakwiye gutunganywa n’ibihugu bike gusa, ahubwo ko n’ibihugu vyo mu Bumanuko bw’isi bikwiye kugira ijambo rinini mu ngingo zerekeye ubutunzi, umutekano n’iterambere ry’isi.
🔟 💼 Prezida Ndayishimiye yaraganiriye n’abanyamitahe batandukanye
Kuri uyu wa 12 Nyakanga 2026, Prezida Evariste Ndayishimiye yaraganiriye n’abanyamitahe batandukanye bifuza gushira imitahe yabo mu Burundi, hamwe n’abasanzwe bahafise imitahe.
Mu vyo baganiriye harimwo ugushira imitahe mu bisata bitandukanye birimwo inyubakwa, kwiyunguruza, amagara y’abantu, ubutare, amazi, amasoko ntanganguvu, amahinguriro, indero n’uburimyi.
Prezida Ndayishimiye akaba yarahaye icizere abanyamitahe bipfuza kuza gukorera mu Burundi y’uko Reta izoborohereza muri ico gikorwa.