Iris News

Iris News Murakaze neza ku rubuga rwa Facebook rwa Iris News.

🗞️ Hano ni ho musanga amakuru y’ukuri:
🇧🇮 ayo mu Burundi, 🌍 mu karere, no 🌐 mu makungu.

Iris News is a generalist Burundian media with 6 editorial aggregates that articulate the bulk of its information offer: Entrepreneurship, Ecology, EAC, Youth, Culture and Sport. Iris News, a media from the future defines itself as « The media of possibilities » designed to help young Burundians shape a prosperous and environmentally friendly Burundi.

🌧️   : umwana umwe yitavye Imana, abandi 23 barakomereka bivuye ku mvura nyinshi ivanze umuyaga n'urubura yaguye📆 Ivyo v...
03/11/2025

🌧️ : umwana umwe yitavye Imana, abandi 23 barakomereka bivuye ku mvura nyinshi ivanze umuyaga n'urubura yaguye

📆 Ivyo vyabaye ku muhingamo wo kuri uyu wa 03 Munyonyo 2025, aho imvura nyinshi irimwo n'umuyaga, yagwa ku mugwa mukuru w'intara ya .

🧐 Iyo mvura yononye ibitari bike, aho yatumye ibisakazo vyo kw'ishure nshingiro ry'uburaro "Ecole d'Alliance" Kayogoro muri komine ya Ngozi biguruka.Muri ico gihe, umunyeshure w'umwigeme w'imyaka 13 yahasize ubuzima, bagenziwe 23 barakomereka, ubu bakaba bariko bavurirwa ku bitaro bikuru vya Ngozi.

🏫 Hambavu y'ivyo, ibisakazo vy'ibirasi 13 vyagurutse, imatelas z'abanyeshure zababa 150 zononekaye hamwe n'ibindi bikoresho bitandukanye vy'abanyeshure n'abigisha.

Imvura imaze imisi igwa muri iyo ntara ikaba imaze kwonona ibitari bike:

🔙 Kw'igenekerezo rya 26 Gitugutu 2025, ibisakazo vyo ku birasi 3 vyo kw'ishure shingiro rya Gitwa hamwe n'ibirasi bibiri vyo kw'ishure shingiro rya Nkonge muri Kayanza vyaguruwe n'imvura nyinshi ivanze n'umuyaga. Iyo mvura kandi yarabomoye inzu muri karitiye Musave, mu gisagara ca Kayanza, aho umwana umwe yahasize ubuzima abomokeweko n'iyo nzu.

  - 3 Munyonyo 2025🇺🇬 Umugwi ujejwe gutunganya amatora muri   wamenyesheje amatariki amatora ategekanijwe muri ico gihug...
03/11/2025

- 3 Munyonyo 2025

🇺🇬 Umugwi ujejwe gutunganya amatora muri wamenyesheje amatariki amatora ategekanijwe muri ico gihugu, agiye kuberako.

Umugwi ujejwe gutegura amatora muri Uganda (Electoral Commission) wamenyesheje amatariki y’amatora ategekanijwe kuba mu mwaka wa 2026. Nk’uko biri mw'itangazo ryasohowe n’uwo mugwi, amatora y’abazotorerwa kuba Abashingamateka hamwe n’abandi bazoja mu migwi itandukanye y’Inama Nshingamateka ategekanijwe kuba ku matariki ya 15, 19, 20, 21 na 28 Nzero 2026.

Amatora y’abanyamabanga ba Buramatari (Local Government Councils) azoba ku wa 22 Nzero 2026, mu gihe amatora y’Umukuru w’igihugu ategekanijwe kuba ku wa 12 Nzero 2026.

♦️ Mubarak Munyangwa amenyesha ko niyatsinda amatora azoca yirukana abanyamahanga bakora urudandazwa rutoruto, mu masaha 48 akurikira.

Uwo aserukira umugambwe "Common Man's Party", aho yari mu karere ka Rukungiri, mu myiyamamazo aho yamenyesheje ko hamwe yotsinda amatora, azokuraho abakora urudandazwa rutoruto canecane aba chinois n'abahindi kuko ngo bakora ubuzi bwari bukwiye gukora Abaganda. Yongeye amenyesha ko azofunguza Dr Kizza Besigye, umwe mu batavuga rumwe na Reta.

Yongeye agira ati :"Kugira igihugu gitere imbere, hasabwa gukoresha neza amatungo y'igihugu. Icica igihugu n'uko bamwe baba bashaka kwigungirako amatungo y'igihugu, yotumye igihugu cacu gitera imbere". (The Monitor)

🇸🇸 Muri Sudani y'Epfo, haraye hishwe abantu babiri mu gisagara ca Jonglei

Nk'uko bimenyeshwa na komiseri wa comté de Bor, Samuel Ateny Pech, amenyesha ko ico gitero cabaye mu gihe umushoferi atwara imodoka yo mu bwoko bwa "pousse pousse" yatangiriwe n'abantu babiri bitwaje ibigwanisho, baramuzibira.

Yagize ati :" Abo bishwe, yari umugwi kandi bari bitwaje ibigwanisho, nico gituma bishwe bose". Yongeye amenyesha ko ngo hariko hategurwa igikorwa co kurondera abo bagizi ba nabi bari mu mugwi wa Ceinture Rouge, muri ico gisagara. (Eye Radio)

Mu gihe kuri uyu wa 31 Gitugutu wari umunsi wanyuma w'ihiganwa  , dusubire tubatembereze muri vibe yari muri ivyo birori...
03/11/2025

Mu gihe kuri uyu wa 31 Gitugutu wari umunsi wanyuma w'ihiganwa , dusubire tubatembereze muri vibe yari muri ivyo birori duciye muri ano masanamu.

03/11/2025

🇧🇮 Ijambo Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yashikirije mu birori vyo kwimika Samia Suluhu Hassan, Umukuru w'igihugu ca Tanzaniya.

Melanin Boy 🆚 Fernando Aye : aba baririmvyi koko boba batagikorana?👆 Ico ni ikibazo gitembera mu mitima ya bamwe mu baku...
03/11/2025

Melanin Boy 🆚 Fernando Aye : aba baririmvyi koko boba batagikorana?

👆 Ico ni ikibazo gitembera mu mitima ya bamwe mu bakunzi b'umuziki wo mu na canecane abahoze bakunda umugwi wa We Love Muzika.

Bakunzi ba Entertainment, dusangire uyu mwihwezo w'uyu mukunzi w'umuziki, yagize ati:

💬 "Aba bahungu b'i Gitega baragoye gutahura ukwo bakora. Mu buryo buboneka hari vyinshi twofatirako bwerekana ko boba bagikorana. Aha jewe nkabona ko bakorana mu mpisho."

Uyu mu fana w'umuziki yatanze uturorero dutatu yafatiyeko mu kwibaza ko bakorana mu mpisho ⤵️

▪️ Kuva batandukanye, haraheze umwaka urenga, igitigiri c'indirimbo bakora zirababanwa (Fernando afise umunani / Melanin nawe 10 ukuyemwo Collabo)

▪️ Izo ndirimbo zose ukwo zishirwa ahabona bibera igihe kimwe, bakarushanya iminsi mike

▪️ Igikomeye muri vyose ni ukuntu basohora indirimbo zigenda zisa nko mu nyandiko rimwe na rimwe. Indirimbo z'urukundo, indirimbo z'ubuzima (Guhimbaza Imana mbere zikazira igihe kimwe)

👀 Bakunzi b'umuziki uyu mufana mumubwiye iki ku ciyumviro ciwe ?

🗳️ Samia Suluhu Hassan ati : "Indorerezi mvamakungu zaje guhagararira amatora zishaka kutwereka ingene dukora, turabihak...
03/11/2025

🗳️ Samia Suluhu Hassan ati : "Indorerezi mvamakungu zaje guhagararira amatora zishaka kutwereka ingene dukora, turabihakanye. Impanuro zanyu twarazakiriye. Ndagabishije abatumye umutekano uhungabana, ibiganiro nivyo bizana amahoro, duhitemwo igikwiye nk'igihugu n'abatanzaniya."

🇧🇮 Prezida Evariste Ndayishimiye nawe ati: "Amatora ni nk'ikibazo, kuba mwaratoye Umukuru w'igihugu vyerekana ko mwatoye ikibazo"

👆🏾Ayo ni amwe mu majambo yashikirijwe mu birori vyo kurahira vya Prezida wa Tanzaniya Samia Suluhu Hassan kuri uyu wa 03 Munyonyo 2025.

📍 Ibirori vy’ukurahira kwa Prezida Samia Suluhu Hassan vyabereye mu gisagara ca Dodoma vyaranzwe n’umutekano vyagaragara ko wakajijwe. Ivyo birori bitari vyemewe ko abanyagihugu bavyitabira vyaciye ku bimenyeshamakuru, kugira abenegihugu babone uko ibirori biriko biragenda.

🙏 Prezida Samia, umukenyezi wa mbere arongoye Tanzaniya, yongeye kwiyemeza gukomeza inzira y’amahoro, ubumwe n’iterambere mu gihugu ciwe. Inyuma y’ukurahira, yatanze ubutumwa bwo guhuza abenegihugu, kubahimiriza gufashanya kugira bazane iterambere rishimikiye ku mahoro n’ubutungane.

🇧🇮 Bamwe mu bash*tsi bo ku rwego rwo hejuru bitavye birori harimwo Umukuru w'igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye, icegera c'Umukuru w'igihugu ca Kenya, hamwe n’intumwa z’amashirahamwe mpuzamakungu.

🔙 Ukurahira kwa Samia kuje inyuma y’amatora yavuyemwo impari, aho abatavuga rumwe n’ubutegetsi bavuze ko atagenze neza, ariko Reta ikavuga ko ayo matora yari ay’ukuri kandi ya demokarasi. N'aho habaye ivyo badahurizako, Samia yavuze ko azobandanya kwubaka igihugu cunze ubumwe, kandi ashimangire iterambere ry’abenegihugu bose.

📌 Mwomenya ko Perezida Samia Suluhu Hassan atarahiye wenyene aho icegera ciwe Dr Emmanuel John Nchimbi nawe yarahiye mw'ivyo birori.

👮‍♂️🇹🇿  : igipolisi ca Tanzaniya kiragabisha uwo wese abayo bidaciye mu mategeko📅 Mw'itangazo ryashizwe ahabona n'umuvug...
03/11/2025

👮‍♂️🇹🇿 : igipolisi ca Tanzaniya kiragabisha uwo wese abayo bidaciye mu mategeko

📅 Mw'itangazo ryashizwe ahabona n'umuvugizi w'igipolisi ca Tanzaniya kuri uyu w'Imana, igenekerezo rya 2 Munyonyo 2025, avuga ko umuntu wese aba muri Tanzaniya ategerezwa kuba azwi n'intwaro z'aho abaye canke akorera ibikorwa vya minsi yose.

🔙 Ivyo bir'uko inyuma y'imyiyerekano yabaye mu ndwi twaraye turangije muri ico gihugu mu kiringo c'amatora y’Umukuru w’igihugu.

✍️ Nk'uko iryo tangazo ribivuga, igiporisi cararoronse amakuru avuga neza ko hariho abantu bagiye gukora imyiyerekano atari abenegihugu ba Tanzaniya.

🚨 Ivyo rero ngo vyaragaragaye mu ntara ya Arusha, Dar-es-Salaam, Mbeya, Mwanza, i Songwe n'ahandi. Umwenegihugu wa Tanzaniya azi ko afise umuntu atari imvukira y'aho ategerezwa kubimenyesha intwaro.

🔜 Ngo hagiye rero kuba isekeza ryo kumenya uwo wese atari uwaho ari muri Tanzaniya bidaciye mu mategeko.

🇧🇮🇹🇿 Umukuru w’igihugu yafashe urugendo rumushikana muri Tanzaniya ✍🏾 Ibiro bijejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’Umukur...
03/11/2025

🇧🇮🇹🇿 Umukuru w’igihugu yafashe urugendo rumushikana muri Tanzaniya

✍🏾 Ibiro bijejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’Umukuru w'igihugu, bimenyesha ko Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yerekeje mu gisagara ca Dodoma kuri uyu wa 03 Munyonyo 2025 aho yitabiriye ibirori vyo kurahira kwa mugenziwe Samia Suluhu Hassan.

🗳️ Tubibutse ko Samia Suluhu yatsinze amatora yo ku wa 29 Gitugutu ku majwi 97,6%. Aya matora akaba yariyamirijwe na bamwe mu banyagihugu bavuga ko abatavuga rumwe na Reta babujijwe kuyitabira.

🔙 Samia Suluhu akaba atowe inyuma y’ikiringo ciwe c’imfata kibanza, aho yari yasubirye Prezida John Pombe Magufuli yashengeye mu Ntwarante 2021 atararangiza ikiringo ciwe ca kabiri yari yatanguye muri Munyonyo 2020.

[3 Munyonyo] -   muri kahise...🗓️ Turi kw’igenekerezo rya 3 Munyonyo 2025. Umunsi ugira 307 mu mwaka. Hasigaye iminsi 58...
03/11/2025

[3 Munyonyo] - muri kahise...

🗓️ Turi kw’igenekerezo rya 3 Munyonyo 2025. Umunsi ugira 307 mu mwaka. Hasigaye iminsi 58 ngo umwaka urangire. Twipfurize isabukuru nziza abavutse kuri rino genekerezo bose 🥳

⤵️ Ng'ibi bimwe mu vyaranze rino genekerezo muri kahise :

🇧🇮 1998 - Mu Burundi, abantu boba bagera kw'165 barishwe

Ivyo vyabereye muri komine Mutambu, ku misozi ya Rutovu na Busenge, mu ntara yahoze yitwa Bujumbura Rural.

Nk’uko tubisanga mu cegeranyo ca "Amnesty International" ngo igisirikare ca Reta cakoze igikorwa co kugwanya imigwi yitwaje ibigwanisho (rebelles) yagwanira muri ico gice. Ivyo ngo vyabaye hagati mu gitero cahuje ingabo z’igihugu n’abarwanyi ba FNL na FDD.

🇺🇸 2020 - Muri Amerika, Prezida Joe Biden yaratsinze amatora

Umu-démocrate Joe Biden niwe yatahukanye intsinzi ku majwi agera kuri 51,3% nayo uwo bahiganwa Donald Trump aronka 46,8%.
Uwo yatowe yashikiriye amabanga kuwa 20 Nzero 2021 asubiriye Donald Trump, aca aba Umukuru w'igihugu agira 46 wa Amerika.

🇵🇦 1903 - Igihugu ca Panama caratandukanye na Colombie kiba icigenga

Inyuma y'ubukoroni igihugu ca Panama mu minwe ya Espagne gushika mu kinjana ca 19 Cahavuye kironka intahe yo kwikukira mu mwaka w'1821 kiri kumwe na Colombie, ariko mu mwaka w'1903 gisubira kwigenga.

🏝️ 1493 - Mu rugendo rwa kabiri, Christophe Colomb yarash*tse mw'izinga rya "Caloucaéra"

Mu rugendo rwiwe rwa kabiri rwo gushika ku migabane mishasha, Christophe Colomb niho yashika mw'izinga ryitwa "Caloucaéra".
Abanyaburaya bamaze kuhashika bahavuye bahindura izina ryaho bahita "Guadeloupe".

Iri zinga ryegeranye cane n'irindi rizwi nka "Martinique" ryahuvuye rija mu minwe y’Abafaransa kuva mu mwaka w'1635 kugeza uno musi.

❓Ni igiki nawe uzirikana kuri rino genekerezo ?

✍🏾 Umwanditsi Victor Hugo ati : "Buri gitondo tuba turonse uwundi munsi wo kubaho"🗞️ Natwe muri   duti : "Buri gitondo n...
03/11/2025

✍🏾 Umwanditsi Victor Hugo ati : "Buri gitondo tuba turonse uwundi munsi wo kubaho"

🗞️ Natwe muri duti : "Buri gitondo ni ayandi mahirwe yo kugerageza"

🙌🏾 Tubipfurije iyinga ry’umugisha, murondere muronka.

⚽    2025-2026: Bumamuru FC yatangajwe na Ngozi City; BS Dynamic yari iyanyuma yirengeje Vision FC Ni mu nkino z'indwi y...
02/11/2025

⚽ 2025-2026: Bumamuru FC yatangajwe na Ngozi City; BS Dynamic yari iyanyuma yirengeje Vision FC

Ni mu nkino z'indwi ya cumi y'ihiganwa ry'icicaro ca mbere mu Burundi zariko zirakinwa kuva ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 1 Munyonyo gushika Kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 2 Munyonyo 2025.

Kuri uyu w'Imana ku kibuga c'i Buganda, umugwi wa Bumamuru FC watangajwe na Ngozi City mu kuhatsindirwa igitsindo kimwe ku busa. Kuri ico kibuga nyene, BG Green Maze FC yari yahanganirije na Musongati FC ubusa ku bundi. Mu ntara ya Gitega, Garage Express inganya igitsindo kimwe ku kindi na Messager Ngozi.

🤝 Inkino zabaye ku munsi wa gatandatu zaranzwe n'urukino Bs Dynamic yatsinze Vision FC igitsindo kimwe ku busa.

Uwo mugwi wari usanzwe ubarizwa mu kibanza ca nyuma mu nkino icenda ufise inota rimwe gusa. Wakoze ikintu gikomeye wivugana Vision FC yakinye iyo ndwi iri mukibanza ca mbere vy'imfatakibanza.

Ku rundi ruhande, Aigles Noirs CS yatsinze Rukinzo FC ibitsindo bibiri kuri kimwe, Flambeau du Centre itsinda kimwe ku busa bwa Inter Stars, Vital'o FC yigaranzura Muzinga ku bitsindo bibiri kuri kimwe. Olympic Star inganya na Kayanza United igitsindo kimwe ku kindi.

🗂️ Iyi ndwi isize Aigles Noirs iri kw'isonga n'amanota 22, Vision FC igakurikira mu kibanza ca kabiri n'amanota 21 Bumamuru na Flambeau zigaherekeza zompi n'amanota 19.

🥅 Mwomenya ko umukinyi wa Aigles Noirs CS, Ineza Abdi abandanya yenurira bagenziwe mu kubona igori aho yatsinze ibitsindo bibiri muri aka gasozayinga bica bituma akwiza ibitsindo icenda mu nkino umunani. Abamukirikira, Bazira Léonard batazira Token wa Vital'o FC na Ndizeye Abdoul Rahim wa Rukinzo, bakaba bafise ibitsindo bitanu.

📰 “No Nut November” : Isekeza rihuza abagabo muri Munyonyo kugira bige kwihangana gusesa “intanga”🗓️ Ukwezi kumwe kwose ...
02/11/2025

📰 “No Nut November” : Isekeza rihuza abagabo muri Munyonyo kugira bige kwihangana gusesa “intanga”

🗓️ Ukwezi kumwe kwose kuzanana n’ivyakwo. Umwumwe wese aba akwitezemwo ibihe vyiwe vyihariye : bamwe bakagira amasabukuru, abandi amapfungo canke imisi mikuru itandukanye.

Ariko woba wari bwumve ivyerekeye No Nut November ?

💪 Iri ni ihangiro rihuza abagabo benshi mw’isi, aho biyemeza ko mu misi 30 y’ukwezi kwa Munyonyo (November) batazosesa intanga zabo na rimwe — haba mu mabanga y’abubatse canke mu kwikinisha (ma********on) hamwe no kutaraba amasanamu y’abakuze.

📚 Nk’uko bivugwa na Oxford Online Pharmacy, No Nut November yoba yatanguye mu mwaka wa 2011, ariko ikaza kumenyekana cane mu 2017, igihe yatangura gukwiragira ku mbuga hwaniro.

🧘 Hambavu yo kwihambirira ku kwihangana, bamwe bafata iryo hangiro nk’uburyo bwo kwihana ku vyaha bifatiye ku gitsina baba barakoze mu mwaka, abandi bakizera ko bibafasha kugumya umutwe hamwe (concentration améliorée), ndetse no kugwanya ingwara zifatira ku gutakaza ubugabo (dysfonction érectile).

🤔 Woba uri mu bagiye kwifatanya n’abandi muri ino challenge ? Mbega ho woyishobora ?

Address

Avenue Des Paysans, Q. Asiatique, Immeuble Garizim, #18
Bujumbura

Opening Hours

Monday 08:00 - 16:00
Tuesday 08:00 - 16:00
Wednesday 08:00 - 16:00
Thursday 08:00 - 16:00
Friday 08:00 - 16:00
Saturday 01:00 - 19:00

Telephone

+25777579809

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Iris News posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Iris News:

Share

Category