17/07/2025
🇧🇮 Abantu 332 985 ni bo biyongera buri mwaka mu
"""""""""""""
Nk'uko vyerekanwa n'ibiharuro vyavuye muri rusasuma iheruka kuba mu Burundi, vyashizwe ahabona ejo hahise itariki 16 Mukakaro 2025 n'ibiro bikuru bijejwe rusansuma, inyuma yo gushirwa ahabona n'itegeko ry'umukuru w'igihugu, ivyo biharuro vyerekana ko abantu 332 985 ari bo biyongera ku mwaka ku mwaka mu Burundi. Tugwije n'imyaka 15 isigaye kugira dushike mu gihugu cifashe 2040, dusanga ico gihe Abarundi bazoba bababa canke barenga imiriyoni 17 (kuko hari abazokwitaba Imana), nayo turwije n'imyaka 35 isigaye ngo dushike mu gihugu giteye imbere mu 2060, dusanga Abarundi bazoba bababa canke barenga imiriyoni zirenga 23.
✍🏾 Nk'uko biboneka mu biharuro vyashishikirijwe na Nicolas Ndayishimiye arongoye ibiro bikuru bijejwe rusansuma, ibiharuro vyaraye bigiye ahabona ntaho bitandukaniye n'ibiri mw'itegeko ry'umukuru w'igihugu, ni bimwe. Yagize ati : "Tubishize ahabona kugira abatunganya imigambi ya Reta, n'abafashanya n'Uburundi mw'iterambere bavyisunge."
📌 Twibutse ko mu Burundi hari abantu imiriyoni 12 332 788, bagizwe n'abagabo imiriyoni 5 823 075, abakenyezi 6 397 859. Abarundi 24,5% baba mu bisagara, ababa mu mitumba bangana n'ibice 75,5%, Abarundi 85,7 % batunzwe n'uburimyi n'ubworozi.