03/01/2026
๐จ๐ฏ ๐บ๐ธ๐ช : Prezida wa Venezuela yafashwe mpiri n'igisoda ca Reta zunze ubumwe za Amerika.
Umukuru w'igihugu ca Venezuela co ku mugabane wa Amerika yepfo, Nicolas Maduro, yafashwe mpiri n'igisoda ca Reta zunze ubumwe za Amerika, nk'uko bishikirizwa n'ikinyamakuru TV5 Monde.
๐๐พ Bivugwa ko yoba yafatanywe n'umukenyezi wiwe, aca ajanwa muri USA. Ivyo vyabaye inyuma y'ibitero bikomeye ico gisoda cazindutse gikora ku mugwa mukuru, Caracas, mw'ijoro ry'uwu wa gatanu rishira uwa gatandatu itariki 03 Nzero 2026.
๐๐พ Twibutse ko USA zagiriza abategetsi b'ico gihugu ca Venezuela kudandaza canke kworohereza urudandazwa rw'ibiyovyabwenge bigisibije muri USA n'ahandi. Ni kuri iyo mvo igisoda ca USA cari kimaze imisi gikora ibitero, cane cane ku bwato buturuka muri Venezuela. Hari na bumwe bwari bumaze gufatirwa mw'ibahari Atlantique.
๐คท๐พโโ๏ธ Ariko benshi bafata ko iyo ari inyenda muvano, kuko bivurwa ko USA ahubwo zishaka kwigarurira ibitoro bigwiriye munsi y'ubutaka bwa Venezuela.
Naho biri uko, ntawokwirengagiza ko muri ico gihugu hahitiye indyane za poritike zihamaze igihe. Izo ndyane zari zunyutse inyuma y'amatora aheruka kuba muri Mukakaro 2024 muri ico gihugu, aho uwo bahiganywe na Nicolas Maduro, ari we Edmundo Gonzalez, yari yemeje ko ari we yatsinze amatora, mbere n'ibihugu bimwe bimwe, nka Espagne, bikaba vyari vyamenyesheje ko bifata ko ari we yatowe, naho mu nyuma yatinze ahunga igihugu mu gutinya intwaro ya Nicolas Maduro yagiriza ko yamwivye intsinzi.
๐ Si irya mbere USA zitera ikindi gihugu zigafata umukuru w'igihugu. Mu 1989, zari zateye igihugu ca Panama, zirafata Prezida Manuel Noriega, kandi nawe nyene zamwagiriza ko adandaza ibiyovyabwenge. Mu nyuma, zamuciriye umunyororo w'imyaka mirongo ine.