25/12/2025
🔴 Abana 35 bagizwe n'imfuvyi n'abamikoro make basubiye gutwenga inyuma yoguhabwa imfashanyo igizwe n'ibifungurwa, ivyambarwa, ibinyobwa, amasabuni n'utundi tuganuke mu ntumbero yo kubafasha kwigina umusi mukuru wa Noweri mu kanyamuneza.
-----------------------------
📣 " Si impfuvyi ahubwo bafise abavyeyi benshi babiyumvirako bashobora kubitaho, umwana si uw'umwe " ivyo n'ibimwe muvyashikirijwe na umwe mubakorera bushake mw'
Ishirahamwe ryo gutezimbere abantu batishoboye ( Action pour le Développement des Personnes Vulnérables) aho kuri uyu wa 24 Kigarama 2025 iryo shirahamwe baribaramutse bagendera ikigo c'ishirahamwe '' '' ahasanzwe harerewe abana n'imfuvyi n'abamikoro make bose hamwe bashika 35 mu ibarabarara rya 14 mu gisagara ca Bujumbura.
✍️ Uwurongoye Ishirahamwe ( Igikorwa) ryo guteza imbere abantu batishoboye , Action pour le Développement des Personnes Vulnérables ( ) , agira ati " Igihe cose hagati mu mwaka (Ruheshi, Mukakaro) turafasha abanyeshure b'amikoro abayabaye mu kubaronsa ibikoresho vy'ishure ,mu mpera z'umwaka naho turagendera ibigo vy'impfuvyi kugira ngo nabo bashobore kwigina Noweri n'ubunani banezerewe nk'abandi, mu vyo dusanzwe turangura harimwo kurihira abarwayi amafranga y'ibitaro , kurihira abanyeshure batishoboye , kubigisha imyuga itandukanye kugira ngo abadafise ico bakora bashobore kuja ku kivi, tukaba dusanzwe dukorera mu gisagara ca Bujumbura, Komine Ntahangwa, Zone Kamenge mu ntumbero yokwumvisha ko abantu b'amikoro make iterambere riberekeye ".
Ku rundi ruhande uwurongoye ico kigo carikiramutse kigenderwa, umupfasoni Espérance Manirakiza arashimira vy'imvamutima ishirahamwe ADEPEVU ry'iyumviriye kubagendera ribazaniye utuganuke , akagira ati " Imiryango iruguruye kuri uwo wese yipfuza kugira ico akoze ku bana b'impfuvyi, turabasavye intererano" .
Akavuga ko mu migambi ya kazoza bipfuza ko abana bobubakira ivuriro hafi yaho baba kugira bagire amagara meza na kazoza keza .
🗣️ Mwomenya ko bamwe mu bana bayaze na Radio Voix d'Espoir - Ijwi Riremesha nka , , bagaraza akanyamuneza kabo aho bavuga ko bashimishijwe cane nukubona bagendewe, biciye mu ndirimbo zirimwo amarangamutima menshi bikaba vyagaragaye ko batanguye Noweri mu yindi shusho.