28/09/2026
Ishirahamwe Olucome irasaba ibanki nkuru y'igihugu hamwe na Reta isobanurwa ry'amafaranga bivugwa ko yibwe muri banki nkuru y'igihugu akajanwa mu gihugu ca Pologne, arasaba kandi ko homenyekana uwarungitse ayo mafaranga ndetse n'aho ayo mafaranga yashikiye kuko amafaranga yibwe arenga imiliyarindi 6 z'amafaranga y'amarundi ari imitahe y'abenegihugu.
Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere, Gabriel Rufyiri arongoye iryo shirahamwe arashimira Reta kukugene yakoranije inama y'umutekano igihe ama Galeries nka le Parisien na Ndayizamba yariko arahura n'isanganya ry'umuriro, agashima kandi n'ingingo yafashwe mu kwubaka amasoko neza, mu ntumbero yo gukinga umuriro, atibagiye n'ingingo nziza yafashwe yo guhagarika gukora ibinyobwa birimwo umwambiro mwishi.
Gabriel Rufyiri agasaba abajejwe intwaro gukurikirana neza ko izo ngingo nziza ziriko zifatwa zubahirizwa.
Kubwiwe abona ko ibijanye n'ugukinga Ari uruhara rw'umwe wese ariko Leta ariyo Yama ija imbere ikagira ico ivuze.Agasaba ko abantu bubaka bubaka amazu boba akarorero k'abandi mu ntumbero yo gukinga Ibiza. Gabriel Rufyiri avuga ko abahinga babonye ko imvura izoba nyishi mu burere bumwe bumwe kubw'ivyo hatabaye gukinga kare ubwo burere bukazogira ibibazo kuko amazi azoduga cane.
Uwo arongoye Olucome agasaba Umurwi w'Igihugu uhuza Bose mu bijanye no gukinga guhabwa ibikoresho bikwiye kuko kugira hononekare bike twogerageza gukinga. Ikindi asaba n'uko leta yoshiraho politique y'Igihugu yo gukinga. Gabriel rufyiri arongoye ishirahamwe Olucome akabona ko Leta yokora ibishoboka vyose kugira buri komine habeho imodoka yo gukinga, nayo umuco wo kuduza umutima wo gukinga ukabaho.
Ninaho yasozereye asaba Reta ko bokwihweza cane cane amashirahamwe akurikirana ibijanye n'ibinyobwa kuko amazi asigaye ahingurwa kubwinshi kandi menshi muriyo hari ayatarimwo umuti ukwiye bigatuma haba ingwara nyishi mu gihugu biturutse kurayo mazi.
fans Menya N'ibi Média