16/10/2025
Ibiciro vyo kurorera urukino ruzohuza kuri uyu wa gatandatu umurwi wa na wo muri Egypte kuri Stade Intwari vyagabanijwe ku bazokwicara ku mpande z'ikibuga.
Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru co kuri uyu wa kane, Ntakirutimana avugira umurwi wa yamenyesheje ko imyiteguro y'urwo rukino ibandanya igenda neza kandi ko abakinyi bose bameze neza.
Ku bijanye n'ibiciro, umuvugizi wa Aigle Noir amenyesha ko ku bazoba bicaye ku mpande( Pourtour), igiciro cavuye ku bihumbi cumi (10.000F) kija ku bihumbi bitanu (5000F), mugihe mu bindi bibanza ata cahindutse, ariko ibibanza vya vyovyo bikaba vyaruzuye.
Amatike yo kwinjira nayo ngo azodandarizwa mu bibanza bikurikira kuva igihe c'isaha zibiri z'igitondo (8h00):
1. Ku mashurwe hagati mu gisagara ca Bujumbura
2. Hafi y'inzu White Stone kuri Boulevard de l'indépendance
3. Kuri Mex
4. Kuri Palais des Arts
5. Ahahoze Judo
6. Imbere y'ingoro y'ivyabona vya Yehova impande ya Stade Intwari hafi y'ishuri Les Lierres.
Léonce Ntakirutimana yibutsa ko abazokwinjira bose bazoba bambaye umwambaro wa canke uwa , iyo myambaro ikaba iriko ziragurishwa n'ubu ku batarayigura .
Ikibuga kikazokwugururwa kuva igihe c'isaha zine z'igitondo cugarwe isaha indwi z'umutaga.
Ku bazoba binjiye mu kibuga, Léonce Ntakirutimana abasaba kuzogira inyifato nziza na cane cane kwirinda guta amacupa y'amazi aho babonye hose bongere birinde kuzohonyora ku ntebe.