Radio Nderagakura

Radio Nderagakura Compte officiel de la Radio Nderagakura

19/10/2025

Ubutare si ubwa nyene itongo ahubwo ni itunga ry' igihugu. Ivyo umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye yabishikirije kuri uyu wa gatanu aho yari ahejeje kugendera ibibanza bine biriko vyimbwamwo ubutare butandukanye muri komine ya Kirundo mu ntara ya Butanyerera. Umukuru w' igihugu, Evariste Ndayishimiye, akaba yaciye akebura abokwihutira kuja kugura amatongo aho bumvise hari ubutare canke amabuye y' agaciro ko ata karusho bazohabwa, akamenyesha ko iyo ubutare bubonetse mw' itongo ry' umwenegihugu ahabwa umuzibukiro hisunzwe amategeko abitunganya.

19/10/2025

Umukuru w'igihugu, , asaba abenegihugu kumenyesha reta aho babonye hose ubutare kuko uwutabumenyesha aba adashaka iteramberee ry'igihugu.
Umukuru w'igihugu akibutsa ko amasezerano yose yari yaragizwe yo kwimba ubutare yahagaritswe kiretse ayagizwe n'amashirahamwe ya Sonalek na Sotrebu.

Agahamagarira abifuza kwimba ubutare kugirana amasezerano mashasha na reta.

Ubwoko 41 bw' ubutare nibwo ishirahamwe Bakagem Mining Burundi rimaze  gutora mu Burundi.  Ivyo bishikirizwa n' umuyoboz...
19/10/2025

Ubwoko 41 bw' ubutare nibwo ishirahamwe Bakagem Mining Burundi rimaze gutora mu Burundi.

Ivyo bishikirizwa n' umuyobozi mukuru waryo Bahati Kayumbo hari kuri uyu wa gatandatu aho umukuru w' igihugu Evariste Ndayishimiye yari yagendeye iryo shirahamwe. Bahati Kayumbo akamenyesha ko iryo shirahamwe risanzwe ryatanguye gukora mu mwaka w'2023 aho ryari rifise uruhusha rwo kwimba ubutare bwo mu bwoko bwa Agate gusa, ubu rikaba ririndiriye ko ryemererwa kwimba n ubundi bwoko bamaze kubona mu Burundi nabwo bukaba bushika 41.

Imbere yaho umukuru w' igihugu akaba yari yagendeye n' ibindi bibanza bitatu bibitsemwo ubutare mu gisagara ca Bujumbura, muri Zone Ngagara, burindiriye gushorwa

19/10/2025

Asaba abobishobora kumufasha kuramira amagara y'ikibondo ciwe kigwaye amafyigo bikaba bisabwa ko kugira akire aja kuvurigwa mumahanga mugihe nawe ataburyo bwo kuja kuvuza uwo mwana wiwe mumahanga afise . Uwo ni HICINTUKA Joselyne amaze umwaka agwarije imfura yiwe mubitalo Prince Régent Charles.

17/10/2025

Umutambukanyi w'umukuru w'igihugu c'uburundi NDAYISHIMIYE kuri uyu wa 5 inyuma y'umuhingamo niho yaganuka avuye mu rugendo rwamushikanye mu gihugu ca aho yari yitavye inama igira 12 y'ishirahamwe . Iyo nama ikaba yabaye ku magenekerezo ya 14 na 15 gitugutu 2025,Banjul ku murwa mukuru wa .Umutambukanyi w'umukuru w'igihugu akaba yaboneyeho kuganira na begenzi be ivyo bariko bararangura mu . Kurikira NKURUNZIZA umuvugizi w'umutambukanyi w'umukuru w'igihugu.

Abifuza kwimba ubutare bahamagarirwa kugirana amasezerano na reta y' Uburundi.Ako ni akamo katewe kuri uyu wa kane n'umu...
17/10/2025

Abifuza kwimba ubutare bahamagarirwa kugirana amasezerano na reta y' Uburundi.

Ako ni akamo katewe kuri uyu wa kane n'umukuru w'igihugu c'Uburundi, aho yari ahejeje kugendera ibibanza bine vyimbwamwo ubutare vyo muri komine mu ntara ya .

Umukuru w'igihugu, Evariste Ndayishimiye, akaba yasavye abenegihugu kumenyesha reta aho babonye hose ubutare, akavuga ko uwutabumenyesha aba adashaka iteramberee ry'igihugu.
Umukuru w'igihugu akibutsa ko amasezerano yose yari yaragizwe yo kwimba ubutare yahagaritswe kiretse ayagizwe n'
amashirahamwe ya na . Agahamagarira abifuza kwimba ubutare kugirana amasezerano mashasha na reta.

Umukuru w igihugu Evariste Ndayishimiye akamenyesha kandi ko amafaranga agiye kuva mu butare buriko burashorwa, azoca agura ama mashini yo kwimba ubutare mu buryo bwa kijambere kugira ntihagire ubutakara.

Abakoresha urubuga rwa Facebook ngo bogaba ntibahendwe n'abiyitirira umushikiranganji wa mbere.Nk'uko biri mw'itangazo r...
17/10/2025

Abakoresha urubuga rwa Facebook ngo bogaba ntibahendwe n'abiyitirira umushikiranganji wa mbere.

Nk'uko biri mw'itangazo ryasizwe ahabona n'ibiro bijejwe kumenyesha amakuru mu biro vy'umushikiranganji wa mbere, ngo hari abantu biyitirira izina ry'umushikiranganji wa mbere ku rubuga rwa Facebook bakabikoresha mu guhenda abantu babasaba ibi na biriya biciye mu gukoresha uruyeri.
Ibiro bijejwe kumenyesha amakuru mu biro vy'umushikiranganji wa mbere bikamenyesha ko umushikiranganji wa mbere Nestor Ntahontuye adakoresha urubuga rwa Facebook kandi ko amatohoza ariko arakorwa kugira ababikora bamenyekane.

 : Umukuru w'igihugu yagendeye ahariko himbwa ubutare bwa Coltan ku misozi ya Shinge na Rugero.Umukuru w' igihugu Evaris...
17/10/2025

: Umukuru w'igihugu yagendeye ahariko himbwa ubutare bwa Coltan ku misozi ya Shinge na Rugero.

Umukuru w' igihugu Evariste Ndayishimiye akaba yagize urwo rugendo kuri uyu wa gatanu kuri iyo misozi ibiri iri muri komine Kirundo mu ntara ya Butanyerera kugira atere intege urwaruka rwimba ubwo butare. Urwo rwaruka rukaba rufashwe mu mugongo na PAEEJ.

Ubutare bwa Coltan bukaba bukoreshwa mu guhingura amatelefone , imashini nyabwonko, bukaba bukoreshwa no mu mahinguriro y' indege.

Ibiciro vyo kurorera urukino ruzohuza kuri uyu wa gatandatu umurwi wa   na   wo muri Egypte kuri Stade Intwari vyagabani...
16/10/2025

Ibiciro vyo kurorera urukino ruzohuza kuri uyu wa gatandatu umurwi wa na wo muri Egypte kuri Stade Intwari vyagabanijwe ku bazokwicara ku mpande z'ikibuga.

Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru co kuri uyu wa kane, Ntakirutimana avugira umurwi wa yamenyesheje ko imyiteguro y'urwo rukino ibandanya igenda neza kandi ko abakinyi bose bameze neza.
Ku bijanye n'ibiciro, umuvugizi wa Aigle Noir amenyesha ko ku bazoba bicaye ku mpande( Pourtour), igiciro cavuye ku bihumbi cumi (10.000F) kija ku bihumbi bitanu (5000F), mugihe mu bindi bibanza ata cahindutse, ariko ibibanza vya vyovyo bikaba vyaruzuye.
Amatike yo kwinjira nayo ngo azodandarizwa mu bibanza bikurikira kuva igihe c'isaha zibiri z'igitondo (8h00):
1. Ku mashurwe hagati mu gisagara ca Bujumbura
2. Hafi y'inzu White Stone kuri Boulevard de l'indépendance
3. Kuri Mex
4. Kuri Palais des Arts
5. Ahahoze Judo
6. Imbere y'ingoro y'ivyabona vya Yehova impande ya Stade Intwari hafi y'ishuri Les Lierres.

Léonce Ntakirutimana yibutsa ko abazokwinjira bose bazoba bambaye umwambaro wa canke uwa , iyo myambaro ikaba iriko ziragurishwa n'ubu ku batarayigura .

Ikibuga kikazokwugururwa kuva igihe c'isaha zine z'igitondo cugarwe isaha indwi z'umutaga.
Ku bazoba binjiye mu kibuga, Léonce Ntakirutimana abasaba kuzogira inyifato nziza na cane cane kwirinda guta amacupa y'amazi aho babonye hose bongere birinde kuzohonyora ku ntebe.

16/10/2025

Abakozi bakuru bakuru bakorera mu biro vy'umushikiranganji wa mbere, bahamagarirwa gukora ubushakashatsi bushingiye ku bwenge ku buryo bubereye kandi bufise akamaro. Iyo n'impanuro yatanzwe n'umushikiranganji wa mbere kuri uyu wa gatatu mu bikorwa vyo gusozera uruganda rwo kwinjiza mu bikorwa abakozi bakorera mu bushikiranganji bwa mbere no gusuzuma ishirwa mu ngiro ry'ibikorwa bashinzwe. Akaba yabasavye kandi gutunganya ibikorwa vyabo bisunze inyungu zifasha igihugu.

Ubutare si ubwa nyene itongo ni itunga ry' igihugu.Ivyo Umukuru w'igihugu yabishikirije kuri uyu wa kane aho yari yagend...
16/10/2025

Ubutare si ubwa nyene itongo ni itunga ry' igihugu.
Ivyo Umukuru w'igihugu yabishikirije kuri uyu wa kane aho yari yagendeye ahariko himbwa ubutare bwa Cassiterite, muri zone Nyarurambi yo muri komine Shombo y' intara ya Gitega.

Umukuru w' igihugu Evariste Ndayishimiye akebura abokwihutira kuja kugura amatongo aho bumvise hari ubutare canke amabuye y' agaciro ko ata karusho bazohabwa, akamenyesha ko iyo ubutare bubonetse mw' itongo ry' umwenegihugu ahabwa umuzibukiro hisunzwe amategeko abitunganya.

15/10/2025

Indongozi zose zo muri komine MUKAZA mu ntara ya Bujumbura,zisabwa kuba itara n'urumuri rw'abo zirongoye, zisabwa kandi kubatunganiriza ataco zirinze kubasaba .Iyo mpanuro n'iyatanzwe n'umukuru w'Intwararumuri Epipode BARANYIKWA kuri uyu wa gatatu mu gihe urumuri rw'amahoro rwari ruramutse rumurikira ibikorwa vyo kwubaka inyubakwa izokoreramwo indongozi za komine MUKAZA iri muri quartier Asiatique .Epipode BARANYIKWA agahamagarira abenegihugu kudoma urutoke ku ndongozi yose yo kwanka kubatunganiriza kugira ihindurwe amazi atararenga inkombe .

Address

Bujumbura
00257

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Radio Nderagakura posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Radio Nderagakura:

Share

Category