25/02/2026
Uyu mutipe aha nuko yamblotse sinshobora gu commanta nari kumukurugutura, aha commentaires nyishi mubona zishigikiye M23 nikubera wihenze ukavuga ibitandukanye nivyo ashaka , ubukwirikira usanga yagufyise ntaburenganzira uheza ngo ugire kandi bwo gu commanta, kandi muvyo avuga aharanira uzokwumva ngo liberté d'expression , ndababwize ukuri umusi pacifique yoba mubatwara igihugu uwovuga wese ibitamuryohera yomwica izuba riva, ibaze umuntu commentaire gusa aca akubloqua ca wibaza atwara naho igihugu ntiwumva ko yomara abantu, soit ivyo biti hwe!
Mbe ko w***y ngoma ariwe yapfuye utu tundi yigirisha ngo kuruhande rwa congo, rw'uburundi, abamaze gupfa, birajanye? Je numva yari kuvuga ibijanye na conjugaison du verbe ya w***y Ngoma gusa bagize Quickly vuuu,
Mbe kwatatubwira abamaze kuhasiga ubuzima mu Rwanda kandi irimbi ryagisirikare ry'abategetsi rya kanombe ryuzuye kandi n'amakungu avyemeza n'amafoto ya satelite abihamya ahari? Vyase ko pacifique abibona? Ko umengo ama rapports mpuzamakungu yahora ayakarira iyi tuvuge ko atarayibona?
Ngo makanika wa twirwaneho? Kutavuze ko yishwe na Drone y'urwanda kubera yari yanse kwifatanya na M23, bakaca barungika sematama unwo nyene aca yifatanya na M23?
Abadasomana gushishoza ntibabona inyandiko ya pacifique impinyanyuro akoresha, ivyo avuze iyo bimutoneka acishako arenga, ariko ukuri kurazwi!
Nareke kwihinguza utuntu, conjugaison yabaye kandi ntawohimbarwa n'urupfu rw'uwundi ariko kandi imiryango w***y ngoma yahekuye ni myishi ntawobabara cane!
🔴 Inkuru ivugwa cane muri RDC kuri uno mugoroba ni urupfu rwa Lieutenant-Colonel W***y Ngoma, umuvugizi wa gisirikare wa AFC/M23.
W***y Ngoma yarashwe na drone mu karere ka Rubaya, muri Nord-Kivu. Naho AFC/M23 ataco irabivugako, amasoko menshi aravyemeza.
Kuva M23 isubiriye kugaruka ku rugamba muri 2021, Lieutenant-Colonel W***y Ngoma abaye indongozi ya mbere ikomeye y'uwo muhari yishwe n'igisirikare ca Prezida Félix Tshisekedi.
Lieutenant-Colonel W***y Ngoma siwe mutegetsi wa mbere ahitanywe n'iyi ntambara. Ku ruhande rw'igisoda ca Tshisekedi, ku wa 23.01.2025, harishwe Général Peter Cirimwami yari Buramatari w'umusirikare wa Nord-Kivu yose. Cirimwami nawe yishwe na M23, igihe gito imbere y'uko umuji wa Goma uca ufatwa na AFC/M23.
Iyindi ntwazangabo ikomeye yari imaze guhitanwa n'izi ntambara ni Général Michel Rukunda batazira Makanika, umukuru w'umuhari Twigwaneho yishwe na drone mu Minembwe, ku wa 19.02.2025. Inyuma y'urupfu rwiwe, umuhari Twigwaneho waciye wiyunga na AFC/M23.
Ku ruhande rw'ingabo z'Uburundi, abasirikare bo hejuru bamaze guhitanwa n'intambara ni Lieutenant-Colonel Athanase Minani, commandant wa 8 BN TAFOC, yishwe na drone ku wa 04.12.2025 ; hamwe na Lieutenant-Colonel Patrice Manirakiza, commandant wa 18 BN TAFOC, yapfuye ku wa 24.12.2025 inyuma yo kuraswa na drone ku wa 06.12.2025.
🔴 Abakurikiranira ibintu hafi babona ko iraswa rya Lieutenant-Colonel W***y Ngoma rishobora gutuma intambara zo muri RDC zisubira gukomera. Kuva M23 itegetswe kurekura igisagara ca Uvira, uyu muhari wasa n'uwahagaritse umurindi wo gufata ibisagara, kubera igitsure c'amakungu. Aho ifatiye Uvira, AFC/M23 yari yagirijwe guhonyora Amasezerano ya Washington, ica ishirwako igitsure c'amakungu.
Ikindi kiboneka kigiye gukomera muri iyi ntambara ni uruhara rwa drones z'intambara.