Chosen Generation

Chosen Generation CHANTEUR

10/08/2025

Psaume14:1-7
Zaburi 14:1-7
Zaburi14:1-6

URIZERA KW'IMANA IRIHO
By 's children abana b'Imana

Zaburi :1:1
Heri mtu asiyefuata shauri la waovu, asiyeshiriki njia za wenye dhambi, wala kujumuika na wenye dharau;
Zaburi :1:2
bali huifurahia sheria ya Mwenyezi-Mungu, na kuitafakari mchana na usiku.
Zaburi :1:3
Huyo ni k**a mti uliopandwa kando ya vijito, unaozaa matunda kwa wakati wake, na majani yake hayanyauki. Kila afanyalo hufanikiwa.
Zaburi :1:4
Lakini waovu sivyo walivyo; wao ni k**a makapi yapeperushwayo na upepo.
Zaburi :1:5
Kwa hiyo watu waovu wataanguka wakati wa hukumu, wenye dhambi hawatakaa na kusanyiko la waadilifu.
Zaburi :1:6
Maana Mwenyezi-Mungu huziongoza njia za waadilifu; lakini njia za waovu zitaishia katika maangamizi.
http://fr.bibles.org/swh-BHN/Ps/1

Appuyer sur suivre.

Iyi Zaburi yahawe umukuru w'abaririmvyi. N'iya Dawidi. 14a b c Igipfapfa cibgira mu mutima, ngo Nta Mana iriho.Barononek...
10/08/2025

Iyi Zaburi yahawe umukuru w'abaririmvyi. N'iya Dawidi.

14a b c Igipfapfa cibgira mu mutima, ngo Nta Mana iriho.
Barononekaye, bakoze ibikorwa vyo kwankwa urunuka,
Nta wukora ivyiza.
2 d Uhoraho acishiriza mu bantu, ari mw ijuru,
Kugira ngw arabe ko harimw' abatahura,
Barondera Imana.
3 Barazimiye iyo bava bakagera, bose banduye hamwe,
Nta wukora ivyiza, eka nta n'umwe.
4 e Mbeg' inkozi z'ibibi zose nta bgenge zifise?
Ko barya abantu banje nk'uko barya umutsima,
Kandi ntibambaza Uhoraho.
5 Aho nyene bahagiriye ubgoba bginshi;
Kukw Imana iri mu bgoko bg'abagororotsi.
6 f Imigabo y'umugorwa murayitetereza,
Arik' Uhoraho n'ubuhungiro bgiwe.
7 g Icompa agakiza k'Abisirayeli kakaba kaje kava i Siyoni!
Uhoraho ni yasubizay' ubgoko bgiwe bgajanywe ar' inyagano,
Ni ho aba Yakobo bazohimbarwa, Abisirayeli bakanezerwa.

Umuntu afise ubgenge iy' ahambariwe bimushika kure Kurusha ukw inkoni ijana zishika ku gipfu.Imigani 17:10
05/08/2025

Umuntu afise ubgenge iy' ahambariwe bimushika kure
Kurusha ukw inkoni ijana zishika ku gipfu.
Imigani 17:10

Imigani17:1-281a Indumange irimw' amahoroIruta ibinoboye vyuzuye inzu birimw' imitongano.2 Umushumba w'ubgenge bazomurer...
03/08/2025

Imigani17:1-28

1a Indumange irimw' amahoro
Iruta ibinoboye vyuzuye inzu birimw' imitongano.
2 Umushumba w'ubgenge bazomureresha umwana w'agatetereza,
Kand' azogira umugabane mu biragwa hamwe na ben' umwandu.
3 b Inkono yo mu ruganda iteka ifeza, n'umuriro uvugutira izahabu,
Arik' ugerageza imitima n'Uhoraho.
4 Inkozi y'ikibi ishira umutima ku minwa y'ibibi,
Kand' umunyabinyoma atega ugutwi ururimi rw'akazikira.
5 c Ucokora umworo aba agaye Umuremyi wiwe,
Kand' unezerezwa n'ivyago vy'uwundi ntazobura guhanwa.
6 Abuzukuru ni bo gitsibo c'abatama,
Kand' icubahiro c'abana ni ba se.
7 Amajambo aroranye kw'atabereye igipfu,
Non' iminwa y'ibinyoma ntirushirije kuba iyitabereye ku mupfasoni?
8 Ingabire ni nk'akabuyenge k'igiciro kinini mu maso y'uyihawe,
Ah' agiye hose agira ukuboko kwiza.
9 d Upfuka igicumuro aba arondera urukundo,
Arik' uhoza ikintu mu kanwa atandukanya abakundana cane.
10 Umuntu afise ubgenge iy' ahambariwe bimushika kure
Kurusha ukw inkoni ijana zishika ku gipfu.
11 e Umuntu w'umunyakibi arondera ubugarariji gusa,
Arik' umutahe w'imburakigongwe azotumwa kuri we.
12 f Umuntu yopfuma ahura n'igikoko citwa idubu ciciwe ibibgana vyaco,
Hakw ahurira n'igipfu mu bupfu bgaco.
13 g Uwishura iciza ikibi,
Ikibi ntikizoruha kiva ku nzu yiwe.
14 h Gutangura imitongano ni nko kugomorora amazi,
Nuko reka ibirake utarasinda.
15 i Utsindanishiriza umunyakibi, bo n'utsindisha umugororotsi
Bompi nyene n'igisesema k'Uhoraho.
16 Igipfu bikimariye iki kugira ibiguzi mu ntoke ngo kigure ubgenge,
Kandi kitagira umutima?
17 j Umukunzi akundana ibihe vyose,
Kandi yavukiye kukubera nk'uwo muvukana mu magorwa.
18 k Umuntu atagira umutima yishira mu ndahiro,
Akigira ishinga imbere ya mugenzi we.
19 l Ukunda gutongana aba akunda kugabitanya;
Uwubaka ibirimba kw irembo ryiwe aba yikwegeye kugesezwa.
20 Ufise umutima udadika nta ciza abona,
Kand' ufise ururimi rudambikanya agwa mu vyago.
21 m Uvyaye igipfu aba yizaniye intuntu,
Kandi se w'ikijuju nta munezero agira.

02/08/2025
28/07/2025

Prière du jour

Appuyer sur suivre

Iyi Zaburi n'iya Dawidi, hamwe yisarishiriza imbere ya Abimeleki, na we agaca amwirukana, akagenda* a. 34Nzokwama mpimba...
27/07/2025

Iyi Zaburi n'iya Dawidi, hamwe yisarishiriza imbere ya Abimeleki, na we agaca amwirukana, akagenda* a.

34Nzokwama mpimbaza Uhoraho ibihe vyose,
Ishimwe ryiwe rizoba mu kanwa kanje urudaca.
2 b Uhoraho ni we umutima wanje uzokwirata,
Abaciye bugufi bazovyumva, banezerwe.
3 c Ni muhimbazanye nanje Uhoraho,
Dushirane hejuru izina ryiwe.
4 d Narondeye Uhoraho, aranyitaba,
Ankiza ubgoba nari mfise bgose.
5 Bamwitegereje, mu maso habo harakemuka,
Mu maso habo ntihazokwigera hamaramara.
6 e Uyu mugorwa yaratakamvye, Uhoraho aramwumva,
Amukiza amarushwa yiwe yose.
7 f Umumarayika w'Uhoraho ashagaje impande zose z'abamwubaha,
Akabarokora.
8 g Ni mwumvirizeko, mumenye yuk' Uhoraho aryoshe:
Hahirwa umuhungirako.
9 h Ni mwubahe Uhoraho, yemwe abera biwe,
Kukw abamwubaha batagira ico bakena.
10 i Imigunza y'intambge ishobora kuburanirwa no gusonza,
Arikw abarondera Uhoraho ntibazogira iciza bakena.
11 j Yemwe bana bato, ni muze, munyumve:
Ndabigishe kwubaha Uhoraho.
12 k Ni nde agomba ubugingo,
Akifuza kuramba, ngw az' abone ivyiza?
13 l Uz' ubuze ururimi rwawe, rwoye kuvuga ikibi,
N'iminwa yawe yoye kuvuga ivy' uguhendana.
14 m Tandukana n'ibibi, ukore ivyiza,
Rondera amahoro, uyakurikire, kugira ng' uyashikire.
15 n Inyonga z'Uhoraho ziri ku bagororotsi,
N'amatwi yiwe ayabangira ugutakamba kwabo.
16 o Igitsure c'Uhoraho kiri ku bakora ibibi,
Ngw ahenebereze ukwibukwa kwabo mw isi.
17 Abagororotsi baratakamvye, Uhoraho arabumva,
Abakiza amagorwa yabo yose.
18 p Uhoraho aba hafi y'abafise imitima imenetse,
Kand' akiza abafise imitima ijanjaguritse.
19 q Amarushwa y'umugororotsi ni menshi,
Arik' Uhoraho ayamukiza yose.
20 r Azigama amagufa yiwe yose,
Nta na rimwe rivunika.
21 s Ibibi bizokwica umunyakibi,
Abanka umugororotsi bazocirwakw iteka.
22 t Uhoraho acungura ubugingo bg'abasavyi biwe,
Mu bamuhungirako nta n'umwe azocirwakw iteka.


https://whatsapp.com/channel/0029VbARTbjFCCocCzyfH80e/111

Appuyer sur suivre

*Ubutumwa:* Ku vyerekeye amaganya yawe*Igisomwa:* Habakuki 2:1-4; Matayo 6:33-34*Intumbero:* Kumenya ico Imana ivuga ku ...
25/07/2025

*Ubutumwa:* Ku vyerekeye amaganya yawe

*Igisomwa:* Habakuki 2:1-4; Matayo 6:33-34

*Intumbero:* Kumenya ico Imana ivuga ku bijanye n'amaganya n'uko twokwifata dushikiwe na yo.

Muri ino si turashikirwa n'ibihe hamwe n'ingorane bidutera amaganya. Ijambo ry'Imana riremeza ko muri ino si amaganya ariho kandi ntiryigera ritubwira ko dukwiye guhakana ukwo kuri. Yamara ritubwira ko dukwiye guterera amaganya yacu kuri Yesu Kristo kuko ari We nyishu y'ingorane zacu zose (Filip.4:6; Zaburi 50:15). Habakuki aratwigisha inyifato dukwiye kugira iyo dufise imitwaro canke ibidutera amaganya.

*Ivyiyumviro nyamukuru:* Ko Imana izi ivyanje, nokora iki ku vyerekeye amaganya yanje?

1. Guhagarara ugavye (v.1a)
2. Gukenguza ijwi ry'Imana (v.1b)
3. Kwishura Imana (v.1c)
4. Kwandika ivyo ubariwe na Yo (v.2)
5. Kurindira iranguka ryavyo mu kwizera (vv.3-4)

*Gusozera:* Dusenge dusaba Imana kutwugurura amatwi n'amaso y'impwemu kugira ngo dushobore kwumva no gutahura ijwi ryayo kandi tumenye uko twoyishura ku vyerekeye amaganya yacu.

https://whatsapp.com/channel/0029VbARTbjFCCocCzyfH80e/105

Appuyer sur suivre

Shalom mwihe amashi bivanye n'umwumwe wese aravye urugero aho aherereye badukurikirana kuri uru rubuga rw'ivuga butumwaT...
17/07/2025

Shalom mwihe amashi bivanye n'umwumwe wese aravye urugero aho aherereye badukurikirana kuri uru rubuga rw'ivuga butumwa

Turabasavye mufyonde kuri suivre canke s'abonner mugire j'aime commentaires na partages muna tumirire abandi gukurikirana uru rubuga rw'ivuga butumwa

Murakoze.

Address

Bypass Ruai
Nairobi
121323

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Chosen Generation posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Chosen Generation:

Share