
04/08/2025
🛑NKUNDA UMUDAME WANJE
Jerome yanciyeko aho mpagaze ,yishimye cane.
Jew(claude) ndabona urishimye koko!!!
Jerome: ahahah bro ndishimye cane kandi vyose ndabikesha wewe wandangiye aho aba ahaha!! Mbega umwana ngo araryoha,!!
Claude: ee! None uraziko ari umudame wumuntu?
Jerome: ego ndabizi ariko ivyo ntibindaba.
Claude: none nkubu umugabo abimenye akamwirukana,uri tayari kumutwara mukabana?
Jerome: ahaha sha nawe uratera inkuru. Bro jewe mpejeje ishure uyumwaka,sindipanga. Kandi nubwo noba nipanze sinobana nuwuvuye kuyundi mugabo,wapi.
Claude: stop!!
Inyishu za jerome zarambabaje cane,amosozi yatanguye kumanuka kumatama, ntangura kuvuga amajambo aremereye.
Jewe(claude): jero harya uvuye ni iwanje,umudame uvuye kuryamana nawe ni rwanje, ubu nibwo bkitahura ko uwishe umuntu rimwe na rimwe aba ari mukuri.
Wagiye munzu yuwundi mugabo,inzu utazi igiciro citafari,cumusenyi,c'isima yewe nigitanda canje ugikoresha mukwinezereza numudame wanj nkunda kandi ubikora umuhenda!! Bro urukundo rurababaza.
Jerome: i'm sorry claude.
Amaze kwumvako avuye iwanj, yagize ubwoba arafukama ansaba imbabazi kuko yari azi ko ndamugirira nabi.
Jewe(claud): jero haguruka ugende,ribe iryanyuma kwongera kukubona hamwe numudame wanje canje ngo mbone mwandikiranira, ivyo ukabirengako, jewe nawe tuzogabura amazu ya reta, uzoja morgue najewe nje mumpimba.
Jerome yahagurutse yiruka.
Kumbe madame wanje yarambonye mpagararanye na jerome aca amenyako vyose nabibonye.
Ngeze muhira nasanze yamaze gutekera impuzu ziwe mwibegi.
Madame: chr ndagusavye ntungirire nabi,ni shetani uraziko nkukunda, ryari ribaye iryambere kandi sibzosubira gukina nibintu nkabirya.
Mbabarira undeke ngende.
Claude: nkureke ugende he? Ariko wabuze iki iwanje kuburyo uteshwa umutwe n'agahungu nkakarya katanagukunda? Kataniteguye kuba kokwahukanira ngo kagutware? Madame!!!
Madame: (yatanguye kurira) najewe umutima uriko uricuza chr,najewe sinzi iyo ngiye, ikosa nakoze ntiwoshibora kurimbabarira,reka ngende ..
IRABANDANYA