14/09/2026
😩 : bazindukanye abana ku musi wa mbere w’amashure, basanganirwa n’urwandiko rubamenyesha ko amafaranga y’ishure yadugijweko 60.000 FBu batigeze babimenyeshwa...
------------------------------------------
🙆🏽♂️ "Ni ukuvuga ko amafaranga y’ishure yavuye ku 90.000 FBu aja kuri 150.000 FBu ku gice, mu gihe abavyeyi bavuga ko igihe bandikisha abana babo babwiwe ko bazoriha 90.000 FBu ku gice..."
🔰 Mu gihe umwaka w’ishure wa 2026-2027 watanguye kuri uyu wa 14 Nyakanga 2026, abavyeyi barereye kw'ishure , riri muri zone ya , komine , bavuga ko baguye mu gahundwe aho bajanye abana babo gutangura umwaka w’ishure, bagasanganirwa n’urwandiko rubamenyesha ko amafaranga y’ishure yadugijwe
🎙️ Nk’uko abo bavyeyi babitwiganiye, kuva igihe iyandikwa ry’umwaka w’ishure ryatangura, bari basabwe kuriha 90.000 FBu ku gice. Baca kandi bariha amafaranga y’impuzu z’ishure (uniforme), aho umwana atangura mu mashure yo kwimenyereza (Maternelle) yarishe 45.000 FBu, uwiga mu mwaka wa mbere w’amashure shingiro akariha 70.000 FBu, mu gihe abandi banyeshure bakuze bariha 90.000 FBu y’impuzu z’ishure
🤔 Ariko abo bavyeyi bavuga ko batangajwe n’urwandiko rwasinywe ku wa 11 Nyakanga 2026, ni ukuvuga iminsi itatu gusa imbere y’uko amashure atangura, rubamenyesha ko amafaranga y’ishure agiye kuduga akava kuri 90.000 FBu akaja kuri 150.000 FBu ku gice
💬 Ikindi abo bavyeyi bidogera, bavuga ko batigeze babimenyeshwa canke ngo bagirishwe inama imbere y’uko iyo ngingo ifatwa. Bamwe muri bo bavuga ko bamaze imyaka igera kuri itanu abana babo b**a kuri iryo shure, ariko ngo muri iyo myaka yose ntibigeze bagirirwa inama nk’abavyeyi, ivyo bakavuga ko bituma batangazwa n’ingingo nk’iyi ifatwa batabanje kuyimenyeshwa canke kuyiganirako
🗣️ Inyuma y’umwanya muremure abavyeyi barindiriye umuyobozi w’iryo shure kugira ngo abahe umuco, yababwiye ko ata nama y’abavyeyi yateguwe kuko ico bari baje gukora cari ugutanguza umwaka w’ishure.
🙅🏽♂️ Yagize ati: “Ingingo yarasohotse kandi ni ntabanduka, kuko ishure ryose rifise uko ryitunganije. Uwogira akangonongono, ararekuriwe gutora amahera yiwe n’umwana wiwe akamujana ahandi.”
❌Ku bijanye n’impuzu z’ishure abavyeyi bari bamaze kugura, hamwe n’amafaranga bashobora gusubira gukoresha mu gihe botora abana babo bakabajana ku yandi mashure, uwo muyobozi yavuze ko ico kibazo ata co yoshobora kuvugako ako kanya.
✍🏽 Yasiguye ko umwana wese bamaze kumupimira impuzu ziwe, ariko ko kubera ko abavyeyi batagiye bose hamwe kuronderera abana ishure, umuvyeyi wese azovugana n’ubuyobozi ukwiwe kugira barabe ico bokora.
📌 Twahavuye twegera Semitita Joseph, asanzwe arongoye iryo shure akaba ari nawe arihagarariye imbere y’amategeko, kugira tumubaze ku bijanye n’iyo ngingo.
🎤 Yatwiganiye ati: “Hariho vyinshi ishure rikenera, kandi nk’abarirongoye turabona ibikenerwa. Si vyose twoza turabanza kubwira abavyeyi, ariko ni kugira ngo ishure ribashe kwitunganya neza.”
🚧 Ku bijanye n’igituma amafaranga y’ishure yadugijwe ku munota wa nyuma, kandi abavyeyi batabanje kugishwa inama, Semitita Joseph yavuze ko iryo shure rifise umugambi wo kwimuka rikaja gukorera ahandi. Yavuze ko hari umugambi wo kwubaka inyubako zizokoreshwa n’iryo shure ahandi, ariko ko hari n’ibindi bikenerwa kugira ishure rirushirizeho gutunganywa no gutanga inyigisho nziza.
👌🏼Ati: “Akeza karigura. Iyo ishure ritunganijwe neza, riraheza rigakora neza, n’umwimbu ukaba mwiza.”
⁉️ Namwe umwaka w'ishure , woba watanguye gute aho muharereye?