20/09/2025
[P] 🌳 mu gikorwa kidasanzwe co gukingira ibidukikije no gushariza igisagara ca
-------------------------
🌷Mu gitondo co kuri uyu wa Gatandatu igenekerezo rya 20 Nyakanga 2025, imivyaro irenga ibihumbi 21 y'amashurwe niyo yatewe n'ibanki Bancobu yifadikanije n'ishirahamwe "Ça nous concerne tous" , kw'ibarabara ryitiriwe Mwezi Gisabo, kuva imbere y'ibitaro Roi Khaled gushika ku kiraro ca
👆🏾Ivyo bikorwa bikaba biri mu rukurikirane rw'ibindi bikorwa vyinshi vyo gushigikira ibidukikije, isuku n'isukura iyo banki imaze gukora nk'uko Trinitas Girukwishaka umuyobozi wayo yabishikirije. Yagize ati: " Ibanki Bancobu nti yama iri mu bikorwa vyunguka gusa, iritaho n'ibindi bikorwa vy'ineza rusangi nk'ibi twazindukiyemwo uno musi. Ibi bikorwa rero biri mu karangamutima "ISO 14001" kahariwe imigabo n'imigambi yo gukingira ibidukikije, itunga rusangi, twiyumvira abariho ubu n'abazodusigarira twebwe tutakiriho"
🎙️Yabandanije amenyesha ko ico gikorwa gifise insiguro 3 kuri banki Bancobu, arizo: gushariza igisagara n'intara ya Bujumbura, gushigikira isuku n'isukura, gushigikira imbonakazoza ya 2040-2060 harimwo ibisagara biteye imbere kandi bisa neza, kwerekana ko ibanki Bancobu ari ibanki yegereye abanyagihugu kandi irajwe ishinga no kubaho neza kwabo
🤝 Yasozereye amenyesha ko ibanki Bancobu itazohengeshanya gushigikira imigambi yo gukingira ibidukikije, ibikorwa vy'isuku n'isukura hamwe no kwitaho ibikorwa vy'ineza rusangi
📢 Jadot Nkurunziza arongoye ishirahamwe "Ça nous concerne tous" yamenyesheje ko iki gikorwa cavuye mu kamo batewe n'umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye aho mu nama yagiranye n'urwaruka yabahamagariye kubona kure. Yagize ati: "Umukuru w'igihugu amaze kudutera akamo, twaciye twegera ibanki Bancobu, turayereka umugambi dufise wo gushariza igihugu nayo iradushigikira idahigimanze na rirya tumaze imyaka 13 turiko turakorana. Kuva dutanguye gukorana turamaze gutera ibiti imiriyoni 16 mu ntara zose zigize igihugu."
👉🏾 Yabandanije amenyesha ko uno musi hariho imisozi yambaye kubera Bancobu, inzuzi zikingiwe kubwa Bancobu . Yasozereye atera akamo ayandi ma banki kwizera urwaruka nk'uko umukuru w'igihugu yarwizeye arushira mu nzego zitandukanye z'igihugu
👤Alexis Havyarimana musitanteri wa komine Ntahangwa, yashimiye cane ibanki Bancobu yongera ayikeza ku myaka 65 imaze iriko irakora, yongera atera akamo ayandi mabanki ndetse n'abari ngaho bose gushigikira ico gikorwa cakozwe ngo kuko ayo mashurwe atewe n'atavomerwa yongere abagarwe azokuma gutyo igikorwa cakozwe kibe kibaye impfagusa
🛻 Mu gusozera ivyo bikorwa ibanki Bancobu yashikirije akaganuke k'imodoka ishirahamwe ça nous concerne tous mu ntumbero yo kuborohereza mu bikorwa vyabo
🎂Tubibutse ko ibanki Bancobu imaze imyaka 65 iriko iratunganiriza abarundi n'Uburundi , uyu mwaka bakaba bari mw'ihimbaza ry'iyo yubile