27/03/2024
WARUZIKO WAVUKIYEMWO ISANO N' ZAWE?
Abahinga bashoboye kwiga kenshi kubijanye n'inyifato z'abantu batandukanye n'ico zoba zivako hisunzwe aho umuntu ari ibihe arimwo, muri make bakoresheje ubushakashatsi bafatiye kuri , basanga abantu hari inyifato bashobora guhuza, n'aho atari bose, bivanye n'ukwezi bavukiyemwo.
Abo ba astrologues bamenyesha ko umuntu bivanye nigihe runaka yasamiwemwo imbanyi, ibihe iyo mbanyi icamwo kugira ivuke ngo biragira uruhara mukurema zimwe munyifato uyo mwana azovukana. Ari nayo mpamvu tuvazaniye izi nyifato kugira ngo namwe murabe ko uko mw'iyi zi vyoba bifitaniye isano n'ukwezi mwavukiyemwo:
🔴Ukwezi kwambere(Nzero)
Abantu bavutse muri uku kwezi akenshi bari (bakunze gukora ibintu uko bo babishaka gusumba uko abandi baba bipfuza ko ivyo bintu biba). Bagira ama amabanga ajanye n'aho baba bakorera nivyo bakora, kandi ntibigera bemera umuntu numwe yitambika umugambi bafise. Barashoboye gutegeka gusa ntibigera baha agaciro cane ivyiyumviro vy'abandi. Aba banavamwo abigisha beza cane.
🔴Ukwezi kwa kabiri(Ruhuhuma)
Abantu bavuka myri uku kwezi ni abantu bakunda kwiremera imirimo bagakora ivyabo, barakunda ibiganiro vyungura ubwenge(intellectuality) ariko bakanka urunuka abantu bakunda kuvuga ibintu babica kuruhande ntibavuge nyakukivuga(the superficial). N'abantu bikundira kubaho mubuzima busanzwe kandi bumva buboroheye. Ni abantu bakunda gutembera kandi biyumva neza iyo bari ahantu hatuje. Baba incuti z'abizigirwa ariko babikorana ubwenge bwinshi iyo hageze gukora ubugenzi n'abandi bantu.
🔴Abavutse mukwezi kwa gatatu(Ntwarante)
Aba bantu bariyumvira cane, bavuga make, ikindi naco nabantu babanza kwiyumvira kuribo ubwabo imbere yo kuvuga. Bakunda kwama ari bonyene kandi bahoze, bashatse gushikiriza ivyiyumviro vyabo bakoresha impano zabo bafise mugusohora ikibarimwo. Ni abantu baba batuje kandi batigera bashaka ko byri wese amenya ico biyumvira. Bakunda kwituriza kubera ko ahantu hari urusaku ntihabarwa neza.
🔴Abavutse mukwezi kwa kane(Ndamukiza)
Aba bantu bakunda kuba aribo bariko barayagwa cane gusumba abandi. Ntibigera bipfuza ko hari uwobaja hejuru ngo ariko arabategeka ahubwo bobo bipfuza gutegeka abandi. Ni abantu batavugira mumigani, iyo batagukunda barabikubwira atakibazo nakimwe bumva bafise; abantu bamwe bamwe ntibishimira bene bano bantu mukibano. Ukwo kuntu bashaka kubonwa na bose, bikwegerako abantu benshi: abakunzi n'abansi. Ni gake bazovuga ikintu babanje kuciyumvirako.
🔴Abavutse mukwezi kwa gatanu(Rusama)
Aba bantu akenshi bikundira ibirori(umuziki), bakunda gukina za films, mukibano usanga batabura ivyo bazwiko basanzwe bakora, ibibatera kugira incuti nyishi. Ico bakeneye kubagenzi babo ni ibintu bitanga umunezero hamwe nubumenyi gusa. Bakunze gushavura no kurambirwa vyoroshe. Ni abantu baguma bahindagurika akanya nakanya. Uyu musi avuga ibi, akaba anashaka ibi; ejo akaba arahinduye imvugo bivanye nico yishakira.
🔴Abavutse mu kwa gatandatu(Ruheshi)
Aba bantu usanga bakunzwe nabantu atari bake. Mukuvuga ikintu akenshi ntibadomako urutoke; ivyo bituma bemerwa n'abantu. Barafise ukuntu biremera imirimo ibatunga kubera kwiyumvira kure cane. Ntibitaho ivyabandi cane ariko kandi ni abantu bitaho ibivugwa nabandi bantu kugira ngo bibafashe gutahura. Barakunda cane kwinjira murukundo gusa banagira ishari cane.
🔴Abavutse mukwezi kw'indwi(Mukakaro)
Aba bantu hari vyinshi basangiye cane nabavutse mukwezi kwa gatandatu gusa bobo ico babasumvya ni uko bama bafise agasura kanezerewe cane. Ni abantu baba bitonze gusa banakunda kubaho bonyene no gukorana ibintu kuruhande rwabo bonyene. Aba bantu barakunda cane gusa ngo barahindagurika cane rimwe rimwe baranababara iyo bababajwe.
🔴Abavutse mukwezi kwumunani(Myandagaro)
Aba bantu bakunda gukora ibintu bifitite akamaro abantu benshi, baranakunda kwitanga kubw'inyungu z'umuryango wabo. Ni abantu bakundwa cane kandi ngo akenshi ntangorane z'amafaranga bakunda kwitwaza kuko bakora cane kubwinyungu zivyo bashaka.
🔴Abavutse mukwezi kw'icenda(Nyakanga)
Incabwenge, gukunda ivy'Imana, kubika ibanga no gushavura niyo ncamake y'ubuzima bwabavutse muri uku kwezi. Aba bakora ibintu biri kumurongo, bavuga ibintu babanje kuvyiyumvirako, usanga ari abantu bafise impano y'ubumenyi umwe wese mugisata c'ubuzima arimwo. Aba bantu babika ibanga kandi ntibigera bipfuza ko hari umuntu amenya ikibarimwo. Iyo bajunze barakunda ataburyarya bugiyemwo. Ni abantu bababara iyo ibikorwa vyabo bidash*tse kuntego, bakora burikimwe cose ngo ico bashaka kiranguke. Aba bantu baranka kwumva amajambo abaca intege; rimwe rimwe barifatira ingingo ugasanga ico bariko bakora baragihagaritse kuberako biyumvira cane kukintu ico arico cose bariko barakora.
🔴Abavutse mukwezi kw'icumi(Gitugutu)
Aba bantu bakunda kugira imigisha yo kuba abatunzi kuberako rimwe rimwe amahirwe arabazako. Akenshi barashika kuco bipfuje batitaye kumwanya bibasaba kuko bakoresha ingufu nyinshi; ibituma bataronka akanya ko kuganira cane. Bagira ishavu rimwe rimwe kandi barakora kwihorera bibaye ngombwa. Bavugisha ukuri kandi iyo bariko bavuga ntibigana kuvuga ukuri ahubwo barakuvuga.
🔴Abavutse mu kwa cumi na rimwe(Munyonyo)
Aba bantu ni abantu utopfa kumenya ingene bateye gushika kundiba yivyiyumviro vyabo. Barakarishe iyo bibaye ngombwa mumajmabo bavuga, ni abantu babona ikintu hakiri kare. Ababantu bafise umutima mwiza wo gutanga kuvyo bafise bakabisangiza abandi. Ntakwi controlla bagira mubintu bakora kiretse iyo nashavuye. Bish*tse bagashavura baramenya ingene baturisha ishavu ryabo rikagabanuka. Barakunda gukora ineza gusa ntibakunda uwubashimira kuvyo bamukoreye.
🔴Ukwezi kwa cumi na kabiri(Kigarama)
Aba bantu barakunda kugira amahirwe yo kwubakana n'uwo bahuje ivyiyumviro n'imigambi.
Bakunda kwita kubantu babonye bose ariko ngo ivyo bigatuma bisanga batakoze ivyo bategerezwa gukora kubwo kuja mubindi. Bakunda gufata ingingo zishobora kubata mukaga mubuzima bwabo. Ntibakunda gukurikiza amategeko ariko kandi ngo usanga bakunda cane ibihugu vyabo.
👉Ibi ni ivyirwa vyakozwe ntibisigura ko buriwese ategerezwa kuba ameze uku. Banagerageje gutanga bike muvyo abavutse mukwezi kumwe bahuriyeko mumyifato yabo.