Mashariki TV

Mashariki TV Mashariki TV vise la promotion de l’intégration régionale et les opportunités d’affaires dans l'EAC
(7)

Mashariki TV, projet de Mashariki Media, à pour but de promouvoir le développement intégrale des communautés, renforcer le dialogue politique et le processus de réconciliation en mettant un accent particulier sur les femmes et les jeunes afin qu’ils aient accès à des informations qui concernent leur vie, leurs droits, qu’ils participent activement à la vie publique et privé et que les décideurs prennent en compte de leurs préoccupations.

21/09/2025

Twese hamwe turwanye ikiza ca Korera mu gukaraba neza n'amazi meza n'isabuni igihe cose tuvuye mu kazu ka surwumwe, imbere yo gufungura, imbere yo kwonsa umwana, imbere y'ugutegura imfungurwa, duhejeje gutegura umwana, no mu gihe duhejeje gufasha umurwayi wa Korera.
# ́ra

20/09/2025

Amasezerano ya gushika Ubu ngo aracari mu mushinge Abarundi bubakiye ko kuko atawundi araza yerekana ikindi coyasubirira . Ariko rero, ngo ntacobuza ko asubira akunganigwa kuko yemejwe hakiriho imigwi yagwana itari yitavye ibiganiro vy'i Arusha .
Umunyaporitike Léonce Ngendakumana yabishikirije mu kiganiro catunganijwe na .

20/09/2025

Umwungere wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura, Gervais Banshimiyubusa yahimbaje yubire y'imyaka 25 amaze ari muri ayo mabanga ndetse no kwugurura umwaka w'ubutumwa wa 2025 ushira 2026 kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 20 Nyakanga 2025.
Ivyo birori vyatangujwe n'inkuka ya misa aho yari yatewe iteka n'indongozi z'igihugu zikuru zitandukanye.

20/09/2025

Kugwiza amashami akukira Mutuelle mu ntara no kurwiza amadandarizo y’imiti yegamiye iryo shirahamwe rivuza abakozi ba Reta Mutuelle de la Fonction Publique rishikiriza ko ryakoreye abanywanyi ku myaka 45 rimaze ritunganiriza abanywanyi.
Muri iryo shirahamwe bati " muri iyi minsi tugiye kubandanya ibikorwa vyo gukorera ku buhinga bugezweho, , gutyo dutunganirize abanywanyi bacu, mbere tunagabanye ubusuma bukorwa n’abanywanyi bamwe bamwe ".

20/09/2025

Ibanki y'ubudandaji Bancobu.SM akarangamutima kayo ko gukingira ibidukikike katumye ironka ISO 14001 ngo ntiyiteze kukadohoka ko, no mu gitondo co kuri uwo wa 20 Nyakanga 2015, abakozi b'iyo banki barikumwe n'abo mw'ishirahamwe ''ÇA NOUS CONCERNE TOUS'', n'abeneguhugu bo muri komine bazindukuye gutera amashurwe kw'ibarabara ryitiriwe Mwezi Gisabo.

20/09/2025

Musitanteri wa Komine Mugere, Hatangayo Adélaide yariyemeje imbere y'Umukuru w'igihugu ko agiye kuba umusuku w'abenegihugu ndetse akonkereza aho ageze kugira ngo abashe gutunganiriza abenegihugu vyoroshe.
Aho hari mu gihe Umukuru w'igihucu yari aramutse amwerekana imbere y'abenegihugu bo muri Komine Mugere igenekerezo rya 19 Nyakanga 2025.

 : Umugwi wa Flambeau du Centre    uhejeje gutsinda umugwi wa Al Akhadar    ibitsindo (2-1) mu rukino rwa mbere mw'ihiga...
20/09/2025

: Umugwi wa Flambeau du Centre uhejeje gutsinda umugwi wa Al Akhadar ibitsindo (2-1) mu rukino rwa mbere mw'ihiganwa rya Coupe de la Conféderation kuri Stade Intwari.

FT: Flambeau du Centre 2-1 Al Akhadar

⚽️Al Akhadar niyo yatanguye gutsinda mu gice ca mbere c'urukino, Flambeau du Centre iza kugombora ico gitsindo hagati mu rukino, ishirayo n'ica kabiri ari naco catanze intsinzi birangira Flambeau itsinze urwo rukino.

Umugwi wa Flambeau hampande yo gutahukana itsinzi muri urwo rukino, abakinyi n'abamenyereza bayo bari bemerewe imiliyoni 30 hamwe boramuka barutsinze gutyo batahana intsinzi n'izo miliyoni.

📌Mwakiriye gute intsinzi ya Flambeau du Centre kuri Stade Intwari?
Umugwi bakinye mwawubonye gute?

📸: FFB


20/09/2025

Twese hamwe turwanye ikiza ca Korera mu gukaraba neza n'amazi meza n'isabuni igihe cose tuvuye mu kazu ka surwumwe, imbere yo gufungura, imbere yo kwonsa umwana, imbere y'ugutegura imfungurwa, duhejeje gutegura umwana, no mu gihe duhejeje gufasha umurwayi wa Korera.

20/09/2025

Katibu Mkuu wa Umoja wa Mataifa António Guterres ametoa wito mkali kwa viongozi wa dunia katika mkesha wa wiki ya ngazi ya juu ya Mjadala Mkuu wa Bazeaza Kuu la Umoja wa Mataifa UNGA80, akionya kwamba mgogoro wa dunia wa vita, mabadiliko ya tabianchi, ukosefu wa usawa na hatari za kiteknolojia unahitaji hatua za haraka na za pamoja.

“Tunakabiliwa na zahma ya dunia. Migogoro inazidi kuongezeka katika muktadha ambao mgawanyiko wa kijiografia hauruhusu kushughulikiwa kwa ufanisi,” Bwana Guterres ameiambia UN News katika mahojiano na Mkuu wa Idara ya Mawasiliano ya Kimataifa, Melissa Fleming.

19/09/2025

Desiré Ndagijimana asanzwe afise ikigo kirera impfuvyi k'umugwa mukuru wa komine avuga ko yipfuza abomufata mu mugongo muri kino gihe umwaka w'ishure watanguye kuko abana barenga 90 arereye muri ico kigo ngo bakenera ibikoresho vyinshi vy'ishure hamawe n'ibibatunga ku munsi ku munsi.

19/09/2025

Umukuru w'Igihugu Evariste Ndayishimiye yashikirije kuri uyu wa 19 Nyakanga 2025, Musitanteri wa komine , Adélaïde Hatangayo, mu ntara ya Bujumbura. Umukuru w'Igihugu akaba yamusavye kuja imbere abo arongoye, bakumva ko bakingiwe, ari naho iterambere rica rikurikira.

19/09/2025

: Malgré un voyage long et épuisant depuis la Libye jusqu'à Bujumbura, Reda Be Edriss, entraîneur du Club , reste optimiste. Il espère mener son équipe à la victoire contre Flambeau du Centre du Burundi lors du match des préliminaires de la coupe de la Confédération, prévu ce samedi au Stade Intwari à 15h00.

Address

Rohero I, Avenue De L'Amitié, Building ABC
Bujumbura

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Mashariki TV posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Mashariki TV:

Share