Radio-Télévision Isanganiro RTI

Radio-Télévision Isanganiro RTI Suivez les émissions et journaux à la Radio sur 89.7Mhz, 101.0Mhz. A la TV: 132 et 790 sur StarTimes
(2)

19/09/2025

Suivez le Journal à la Télévision Isanganiro

19/09/2025

Kurikira amakuru kuri Télévision Isanganiro

 : Abanyagihugu baba muri karitiye Bururi n'igice ca Rumonyi muri komine Bururi bavuga ko bamaze imisi 3 ata mazi n'umuy...
19/09/2025

: Abanyagihugu baba muri karitiye Bururi n'igice ca Rumonyi muri komine Bururi bavuga ko bamaze imisi 3 ata mazi n'umuyagankuba bafise. Bemeza ko bitaborohera kuba mu nzu zirimwo utuzu twa surwumwe ata mazi bafise. Ico kibazo kirababangamiye naho bagerageza kuja kuvoma kure.

Abakora ubuzima butandukanye busaba umuyagankuba n'abandi bawukenera bidoga ko imirimo yahagaze. Abanyagihugu basaba ishirahamwe Regideso gutorera umuti ivyo bibazo vyose. Muri ako gace hasanzwe kandi hari ibohero rikuru rya Bururi hamwe n’ikigo kiriko gitangirwamwo inyigisho n'igipori.

Ku cerekeye amazi, muri Regideso i Bururi bavuga ko yahora aduzwa n'imashini zikoresha umuyagankuba. Basigura rero ko abura kubera ari atawuhari. Abakozi b'iryo shirahamwe bamenyesha ko ico kibazo cavuye ku bikorwa vyo gutunganya umuyagankuba ku rwego rw'igihugu. Bizeza ko uwo muyagankuba ushobora kuboneka umwanya uwo ariwo wose, n'amazi ace aboneka.

"Ko uno munsi haba amatora atarimwo umuco birababaje. Ntitwosumbwa n’abo muri 1961…Ni uko mu Burundi twogerageza tukigan...
19/09/2025

"Ko uno munsi haba amatora atarimwo umuco birababaje. Ntitwosumbwa n’abo muri 1961…Ni uko mu Burundi twogerageza tukigana abo bantu gutunganya amatora aciye mu muco. Umwe wese ivyo aronse akavyubahiriza, demokarasi ishinge imizi"-Olivier Nkurunziza

Uwo arongoye umugambwe UPRONA yabishikirije, kuri uyu wa kane, mu birori vyo guhimbaza imyaka 64 iheze uwo mugambwe utsinze amatora yo ku wa 18 Nyakanga 1961. Ashima ko iyo ntsinzi yashikanye Uburundi ku ntahe yo kwikukira. Asanga ariko ukwikukira kwa poritike kwoshigikirwa no kwikukira mu vy’ubutunzi.

Aha rero, Olivier Nkurunziza ahamagarira abarundi guhagaruka bagatorera inyishu ibibazo bihanze igihugu. Abivuze afatiye ku kibazo c'ikena ry'igitoro, umuyagankuba n'amazi. Ku bwiwe, nta muntu azovuga ngo igihugu carikukiye kandi kiri mu bukene.


19/09/2025
18/09/2025

Suivez le journal à la télévision Isanganiro

18/09/2025

Kurikira amakuru kuri télévision Isanagniro

  : Umunyororo wo guherayo n’indishi y’akababaro y’imiriyoni 36 umwe umwe nico gihano sentare nkuru ya Bubanza yaciriye,...
18/09/2025

: Umunyororo wo guherayo n’indishi y’akababaro y’imiriyoni 36 umwe umwe nico gihano sentare nkuru ya Bubanza yaciriye, kuri uyu wa gatatu, abantu 6. Ni abasore 4 n’abagabo bubatse 2. Bagiriwe n’icaha co gukubita umutama gushika aho bamwica hamwe no gusinzikariza ubuzima mwenewabo bakoresheje amahiri. Vyabereye mu Karinzi muri zone Muramba komine Bubanza, mw’ijoro ryo ku wa 7 Nyakanga. Uwo muhisi ngo yari asanzwe ari umuremeshakiyago kuri uwo mutumba.

Amakuru ava kuri uwo mutumba avuga ko abo batama babiri bari batashe baca bahura n’abo bantu, bari kumwe n’umwigeme wo mu kibano. Abo batama baciye bategeka uwo mukobwa gutaha kuko bagize amakenga yo kumusigarana abo bantu. Bivugwa ko uwo mukobwa agiye, abo bantu baciye baca inkoni z’imikaratusi barengera kuri abo batama. Umwe yacikaniye aho nyene, uwundi nawe bamukuye aho bamutwara mu bitaro. Abo bantu ngo baciye bahunga bahejeje kubikora.

Mu rubanza rw’ikibiriraho, abagiriwe n’icaha baburanye bagihakana. Ntibasiguye ariko igituma baciye bahunga canke ngo berekane abakubise abo bantu. Bafatiwe i Gahombo iyo bari barahungiye baca bazanwa i Bubanza. Umuryango w’abo batama urashima urwo rubanza.

 : Bamwe mu bunguruza abantu n'ibintu n'imiduga mu Kayanza baridoga ko bamaze ikiringo kirenga amezi atandatu basavye gu...
18/09/2025

: Bamwe mu bunguruza abantu n'ibintu n'imiduga mu Kayanza baridoga ko bamaze ikiringo kirenga amezi atandatu basavye guhinduza impusha zo kugendesha ivyuma (validation des permis de conduire) ariko bikaba bitarakunda. Bavuga ko ivyo bishobora kubabera intambamyi mu gihe co gusaba akazi. Basaba inzego zibijejwe kubatunganiriza.

Radio Télévision Isanganiro iramenyesheje abanywanyi bayo ko ibiganiro vyayo biguma bihungabana kubera icikagurika ry'um...
18/09/2025

Radio Télévision Isanganiro iramenyesheje abanywanyi bayo ko ibiganiro vyayo biguma bihungabana kubera icikagurika ry'umuyagankuba. Mudutunge!

  : Abanyeshure baba mu ndaro muri Lycée Rumonge bavuga ko batanguriye umwaka w'ishure mu bukene bw'amazi meza. Bamenyes...
18/09/2025

: Abanyeshure baba mu ndaro muri Lycée Rumonge bavuga ko batanguriye umwaka w'ishure mu bukene bw'amazi meza. Bamenyesha ko kuva ku w'Imana gushika ku wa gatatu bamaze kuyaronka rimwe naho nyene akaza amasaha make.

Abo banyeshure bidoga ko ibijanye n'isuku bica bigorana. Batinya kwandura indwara zifatira kw'isuku rike. Bongerako ko bituma batakaza umwanya bagiye kurondera aho boronka amazi meza. Basaba ko ico kibazo kirengeje umwaka cotorerwa umuti urama.

Muri Regideso bemeza ko hari ibiriko birakorwa badashima gutangaza ku mugaragaro canke ngo batomore igihe bizomara. Iryo shure ryamana ibibazo vy'ubukene bw'amazi kuva muri Ruhuhuma 2024. Ni inyuma y'aho, umuringoti wajana amazi muri karitiye Rukinga, iryo shure ririmwo, uciwe n'uruzi Dama, Regideso igahitamwo gucisha uwo muhora ahandi.

Address

27 Rue De L'Amitié
Bujumbura
810BUJUMBURA

Opening Hours

Monday 08:00 - 21:00
Tuesday 08:00 - 21:00
Wednesday 08:00 - 21:00
Thursday 08:00 - 21:00
Friday 08:00 - 21:00
Saturday 09:00 - 21:00
Sunday 09:00 - 21:00

Telephone

+25722246601

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Radio-Télévision Isanganiro RTI posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Radio-Télévision Isanganiro RTI:

Share