Radio-Télévision Isanganiro RTI

Radio-Télévision Isanganiro RTI Suivez les émissions et journaux à la Radio sur 89.7Mhz, 101.0Mhz. A la TV: 132 et 790 sur StarTimes
(1)

02/10/2026

Suivez le Fait du Jour du 02.10.2026 à la TV Isanganiro

02/10/2026

Kurikira Inkuru y'umusi yo ku wa 02.10.2026 kuri TV Isanganiro

02/10/2026

"Reta iriko ifata nk’ibisanzwe ikibazo c’imvura nyinshi yitezwe muri kano gatasi"-OLUCOME.

Ariko reta yo yemeza ko iriko iritegura bikwiye guhangana n’iyo mvura ivuye kw’ihindagurika ry’ikirere rizwi nka El Niño.

 : Ibigega 22 bizofasha kwegeranya amazi y’imvura vyarubatswe n'ishirahamwe Welthungethilfe ku mashure shingiro 13 yo mu...
02/10/2026

: Ibigega 22 bizofasha kwegeranya amazi y’imvura vyarubatswe n'ishirahamwe Welthungethilfe ku mashure shingiro 13 yo mu makomine ya Kirundo na Busoni. Ni mu mugambi waryo "Bunganire bige". Abarongoye ayo mashure bavuga ko bizobafasha kuronka amazi yo gukinjika no gukora isuku. Kuri ayo mashure hasanzwe harangurirwa umugambi wo gufungurira abana ku mashure.

Abo bayobozi bamenyesha ko umunyeshure wese yategerezwa gutondana akabido k'amazi kugira baronke ayo gukoresha. Iruhande y'ivyo, harubatswe n'utuzu twa surwumwe 6 kuri amwe muri ayo mashure. Aha, abatwubakiwe bavuga ko utwo bahorana tutari dushemeye ndetse ko tutari dusakaye. Ibi rero ngo vyabatera impungenge mu gihe c'imvura.

Uwurongoye uwo mugambi w'iryo shirahamwe, mu makomine ya Kirundo na Busoni, ashikiriza izo nyubakwa zatwaye imiriyoni 308. Léonard Bagorikunda asaba abashikirijwe izo nyubwakwa kuzibungabunga. Mu ntwaro muri ayo makomine barashima ibikorwa vy’iryo shirahamwe. Barisaba kwibuka n’ayandi mashure.

02/10/2026
01/10/2026

Suivez le fait du jour à la Télévision Isanganiro

01/10/2026

Kurikira inkuru nyamukuru kuri Télévision Isanganiro

30/09/2026

Kurikira inkuru y'umusi kuri télévision Isanganiro

  : Haravugwa ubukene bw'amazi n'umuyagankuba ku bitaro "Natwe turashoboye" biri ku mugwa mukuru wa komibe Karusi. Umuyo...
30/09/2026

: Haravugwa ubukene bw'amazi n'umuyagankuba ku bitaro "Natwe turashoboye" biri ku mugwa mukuru wa komibe Karusi. Umuyobozi wavyo avuga ko vyatumye ibikorwa vy’isuku bitagenda neza n’ubundi buzi mu bindi bisata bihungabana kubera ikibazo c’umuyagankuba. Muganga Protais Baribarira ashikiriza ko umunsi ushobora guhera ata mazi canke umuyagankuba baronse.

Ku kijanye n’umuyagankuba amenyesha ko babura aho bakura igitoro co gushira mu moteri iwutanga. Iyo kibonetse ngo ntikimara akanya kuko basanga gica gikoreshwa ijoro n'umurango. Abitura ivyo bitaro bidoga ko ivyo bituma badatunganirizwa vyihuse, bamwe bigasaba ko baharara.

Muri Regideso i Karusi bavuga ko ico kibazo bakizi. Bongerako ko ari ibibazo biri mu gihugu cose. Ku bwabo, inyishu yavyo yova mu muyobozi bukuru bw’iryo shirahamwe.

Address

27 Rue De L'Amitié
Bujumbura
810BUJUMBURA

Opening Hours

Monday 08:00 - 21:00
Tuesday 08:00 - 21:00
Wednesday 08:00 - 21:00
Thursday 08:00 - 21:00
Friday 08:00 - 21:00
Saturday 09:00 - 21:00
Sunday 09:00 - 21:00

Telephone

+25722246601

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Radio-Télévision Isanganiro RTI posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Radio-Télévision Isanganiro RTI:

Shortcuts

Share