La Nova Burundi

La Nova Burundi Actualité-Innovation-Entrepreneuriat-Faits sans commentaires

 : Suspension des arbitres Georges GATOGATO et Emery NIYONGABO pour « manque de courage avéré » lors d'un match opposant...
14/10/2025

: Suspension des arbitres Georges GATOGATO et Emery NIYONGABO pour « manque de courage avéré » lors d'un match opposant à

 : umuriro wadutse uhitana imatera n'ibindi mu buraro bw'abanyeshure bo mu ndaroUwo muriro wadutse kw'ishure ry’indaro r...
11/10/2025

: umuriro wadutse uhitana imatera n'ibindi mu buraro bw'abanyeshure bo mu ndaro

Uwo muriro wadutse kw'ishure ry’indaro ryitwa Ecole Technique Ntabigina. Iiri ku mutumba muri komine , intara ya . Hari kuri uwu wa gatandatu.

Abanyeshure b**a kuri iryo shure bavuga ko ataco bashoboye kwokora kuko ivyabo vyose bigizwe ahanini n'ivyambarwa, amakaye n'ibindi bikoresho vyose vyari muri ubwo buraro, bakaba basigaranye ivyo bari batwaye mw'ishure gusa.

Nahayo Alexandre arongoye uburaro bw’iryo shure avuga ko hahiye imatera 60, ibitanda 30 n'ibikoresho vyose vyariyo, asaba ubufasha bwihuta kubera ko ata gikoresho na kimwe basigaranye. Uwo muriro ngo ntibaramenya icawuteye, ariko akamenyesha ko ubuhinga bwa kera bw'umuyagankuba ari co bikeka ko vyoba vyavuyeko.

Iyo nyubakwa yararamwo abanyeshure 108 nk'uko bishikirizwa n'uyo muyobozi.
Abo banyeshure basaba ko bogarukirwako vuba kuko batabona uko bagiye kubandanya ivyigwa

Photo: DR

10/10/2025

: ntimutange inyishu za politike, ishure uko ibintu bihagaze

Gervais Ndirakobuca, abwira abarongoye ama « départements » mu makomine ko bokwirinda gutanga inyishu zidatomoye, zisa n'iza politike. Abasaba gutanga iz'ubuhinga.

Uwo arongoye inama nkenguzamateka, avuga ati bakubajije ko ahantu ata mazi ahari, ishura utomora, ntuvuge ngo harabaye ivyigwa, ....

Kubwiwe, abarundi b'ubu si nk'aba kera. Akubaza ikibazo azi inyishu. Utamwishuye neza agenda avuga ati « urya naho yize yagumye ari ikijuju ».

  iragabisha abantu bakora ibi. Ibanki nkuru ivuga ko ari ugutesha agaciro amafaranga y'igihugu kandi asanzwe akorwa has...
10/10/2025

iragabisha abantu bakora ibi. Ibanki nkuru ivuga ko ari ugutesha agaciro amafaranga y'igihugu kandi asanzwe akorwa hasohotse uburyo bwishi. Ni n'ugucafuza ishusho y'igihugu. Gutyo, abakora amashurwe bakoresheje inoti, uwuzofatwa azohanwa hakurikijwe «igitabo mpanavyaha »

🇧🇮Umutekano muke hamwe n'ubukene nibo bansi ba mbere b'ibikorwa vya mukerarugendo Mu gihe hari ibihugu vyinjiza uburyo b...
07/10/2025

🇧🇮Umutekano muke hamwe n'ubukene nibo bansi ba mbere b'ibikorwa vya mukerarugendo

Mu gihe hari ibihugu vyinjiza uburyo bwinshi mu bigega kubera abahurumbira kuraba no gushika mu bibanza vy'iratiro, abamenyeshamakuru barahuriye hamwe nk'abanyamwuga ngo barabire hamwe ico ibijanye n'ico gisata hano iwacu. Hari kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 4 Gitugutu 2025 i Bujumbura.

Ubukerarugendo rero ngo si indya y'abakene kuko ntuja kuratira ijisho hanyuma witege agahembo ariko akenshi bikorwa mu ntumbero yo kwinezereza canke ukugira ubushakashatsi. Nkuko bishikirizwa na Ferdinand Harushimana, umwe mu batanze ivyigwa muri urwo ruganda rwatunganijwe n'ikinyamakuru Imboneza News gifadikanije n'ubuserukizi bw'ingoma ya Maroc mu Burundi, ngo iyo ufise amabarabara atari meza, ntugire umutekano eka mbere n'iyo ibiva mu bikorwa vy'ubukerarugendo bidasabikanywa mu muco, ico gisata ngo ntikizana akarusho Kaboneka.

Uburundi kugira ibigega vyabwo bibomboke, Harushimana ashikiriza ko hoshirwaho itegeko rigenga ivya mukerarugendo mu Burundi kugira ngo ritange intumbero y'ivyo bikorwa. Hotangwa ibiharuro vyizewe vyo muri ico gisata, Uburundi kandi ngo bwokwiyunga n'ayandi mashirahamwe canke ibigo vyo mu karere bisanzwe bikorera muvya mukerarugendo. Ikindi gikomeye ngo Reta yokworohereza ba mukerarugendo mu kubaha visas ku buntu iyo baje kuratira ijisho i Burundi, aho ngo bwoba bumwe mu buryo bwo kugabanya inzitizi. Ni mu gihe igisata c'abakerarugendo cibanda ukugendera amashamba akingiwe hamwe n'impongore k**a biri ku rugero rwa 40%.

Avuga ku bikorwa vy'abamenyeshamakuru muri rusangi, Jacques Bukuru, inararibonye muri uwo mwuga asigura ko abakora ivyo kumenyesha amakuru ari imboneza mu kibano rero barabwirizwa kugendera akarangamutima k'umwuga.

 : décès de Jane Goodall, primatologue de renomL'institut Jane Goodall a confirmé ce matin le décès de la fondatrice de ...
02/10/2025

: décès de Jane Goodall, primatologue de renom

L'institut Jane Goodall a confirmé ce matin le décès de la fondatrice de l'organisation, Dr. Jane Goodall, âgée de 91 ans, qui est morte paisiblement dans son sommeil alors qu'elle était à Los Angeles, en Californie. C'était ce mercredi.

La vie et le travail de M. Goodall ont non seulement marqué notre compréhension des chimpanzés et des autres espèces, mais aussi de l'humanité et des milieux que nous partageons tous. Elle a inspiré la curiosité, l'espoir et la compassion chez d'innombrables personnes à travers le monde, et a ouvert la voie à beaucoup d'autres - en particulier les jeunes.

En 1960, le Dr Jane Goodall a établi la plus longue étude sur les chimpanzés sauvages dans le parc national de la , en Tanzanie, qui continue jusqu'à aujourd'hui Elle a été pionnière et soutenu les initiatives de conservation communautaires de l’Institut Jane Goodall dans toute l’aire de répartition des chimpanzés pendant plus de quatre décennies. Son héritage inclut la création du programme international pour les jeunes environnementaux et humanitaires de JGI Roots & Shoots, qui est le moteur du changement dans 75 pays et compte dans le monde entier, y compris le .

 : ikigo c' Kigutu kigiye gufasha kurima ibiyobaIco kigo kivuga ko kigiye kuzofasha abarimyi bo ku mutumba Mugara, zone ...
27/09/2025

: ikigo c' Kigutu kigiye gufasha kurima ibiyoba

Ico kigo kivuga ko kigiye kuzofasha abarimyi bo ku mutumba Mugara, zone Gatete muri Commune Rumonge intara ya , kurima ibiyoba.
Komine yemeye gufasha muri uwo mugambi, mu gutanga amatongo.

Ico kigo c'i Kigutu cafashe iyo ngingo kugira ngo kironke ibiyoba gikoramwo ibifungurwa vyitwa , bihabwa abana bafise indwara zo gufungura nabi.
Muri iki gihe, ico kigo kigomba kuvyikorera kuko ishirahamwe mpuzamakungu ryahora ribitanga ryahagaritse, bivuye ku ngingo zafashwe na Trump, umukuru w'igihugu ca Etats-Unies, zo guhagarika imfashanyo zahora zitangwa zicishijwe mu mashirahamwe amwe amwe.

Inyuma yo kurima ivyo biyoba, ikigo ca Kigutu kizoca kigurira abo barimyi, ibiyoba bihejeje gukorwamwo ibikarango bice bihabwa abana bafise indwara zo gufungura nabi, kandi ku buntu.

Abarimyi batowe kugira bakore uwo mugambi barashima ko bazohungukira.

 : Musitanteri niyumve ko ariwe nkingi y'iterambere rya komine ajejwe kurongora  Mu gihe igihugu c' Uburundi kirongowe h...
26/09/2025

: Musitanteri niyumve ko ariwe nkingi y'iterambere rya komine ajejwe kurongora

Mu gihe igihugu c' Uburundi kirongowe hisunzwe indinganizo nshasha igizwe n'intara 5 n'amakomine 42, indongozi zisabwa gutunganya intwaro nk'abavyeyi. Mu gihe kandi Uburundi bufise imbonokazoza bwipfuza gushikako igihugu cifashe mu 2040, igihugu giteye imbere mu 2060, indongozi zikwiye gukora kubw'inyungu zo muri kubu ndetse no kubw'abazovuka muri kazoza.

Bisigurwa na Siméon Baruj mwete, umuhinga akaba n'umwigisha muri kaminuza. Hari mu cigwa yatanze kuri uno wa kane igenekerezo rya 25 Nyakanga aho ishirahamwe Parcem ryari ryatunganije uruganda rwo guhanahana ivyiyumviro no guhimiriza ku vyokorwa mu gushiraho intunganyo y'iterambere ry'ikibano riganisha kuri ya mbono kazoza.

Kubwa Siméon Barumwete, muri iyo ntunganyo nshasha, amakomine imwimwe azoba yigenga. Ku bwiwe rero uwurongoye komine akwiye kumenya ko ategerezwa kworohereza abagwizatunga, yorohereze abakenera kuzana imitahe muri komine yiwe, aborohereze mu kubaronsa impapuro zikenerwa kugira bahakorere ibikorwa vy'iterambere, abahuze kandi n'abakeneye gukoresha ivyo badandariza muri iyo komine. Abarongora komine kandi bomenya ivyo abagwizatunga baho bakenera kugira ibikorwa vyabo bizane umwimbu mwiza.
Aha umuhinga aratanga akarorero ku matongo, nimba ariyo babuze, akabafasha kuyarondera ata gukumira.

Musitanteri nk'inkingi y'iterambere rya komine kandi ngo arasabwa gukora kugira haboneke amabarabara meza, inyubako rusangi zibereye no gutanga igicapo ngenderwako cerekana ivya nkenerwa. Barumwete abona ko ivyo vyofasha indongozi kugira imbonokazoza izotangurire muri komine yifashe, komine iteye imbere, aho kuraga abana ubukene babasigarane ikomine iteye imbere.

Naho biri uko, umunyepolitike Leonce Ngendakumana abona ko uwo mugambi watanguye nabi ngo bizohava bigorana gushika. Ku bwiwe ubu haramaze kujaho indongozi ngo icerekana intango igoye ni induru ziri mu burongozi bw'imitumba.

Nayo David Ninganza arongoye Sojepae riharanira agateka k'abana ngo biragoye gushikira iyo mbono mu gihe umushikiranganji asaba abigisha 12000 akaronswa n'abadashika 1/10.

 : hashizweho ihadabu ryo  kugarukira isuku mu bisagara n'ahandi mu gihuguLeta y'Uburundi yashizeho ihadabu ryo guhana a...
26/09/2025

: hashizweho ihadabu ryo kugarukira isuku mu bisagara n'ahandi mu gihugu

Leta y'Uburundi yashizeho ihadabu ryo guhana abata imyavu aho babonye hose, abatagira isuku mu bibanza bakoreramwo. Iryo hadabu riva ku bihumbi 5 gushika ku mafaranga 500 000 BIF, bivanye n'icaha umuntu yakoze:

5 000 BIF kuri uwo wese arenze itegeko rigenga isuku n'isukura.

50 000 Fbu ku bantu bata imyanda, amazirantoki, inyama canke ibikoko vyapfuye mu nzuzi,

100 000 Fbu, ku bakorera mu mazu y'uburiro, ubunywero, amashengero batagira utuzu twa surwumwe. Ico gihano gihabwa kandi abanywera itabi mu bibanza bihuriramwo abantu beshi bagatumurirako abantu umwotsi.

Iryo tegeko ryerekana ko abafise amatongo ariko batagirira isuku inyuma yayo bazocibwa ihadabu riri hagati ya 20 000 na 50 000 y'amarubdi, bivanye n'aho iryo tongo riri.

Amahinguriro arekurira amazi mu gahinga na yo azocibwa ihadabu ingana 500 000 vy'amarundi.

Abajejwe isuku hamwe n'abasitanteri ni bo bazosuzuma ico gikorwa, uwatevye kwishura ihadabu yaciwe agashobora kwongerezwako ibice 20 % vy'ihadabu yaciwe.

Ivyo vyose biri mw'itegeko numero 540/530/630/210 ryo kuwa 5 myandagaro. Iryo tegeko ryateweko umukono n'ubushikiranganji butatu: ubw'intwaro yo hagati, iterambere rusangi n'umutekano, ubw'ikigega ca leta n'ubw'amagara y'abantu no kurwanya Sida. «...rishiraho ihadabu rihanishwa uwurenze amategeko agenga isuku »

Photo:

 : buri murimyi azoronswa ifumbire ari uko yaciye umukobeko mw'itongo ryiweIyo ngingo yatangajwe na musitantanteri wa ko...
25/09/2025

: buri murimyi azoronswa ifumbire ari uko yaciye umukobeko mw'itongo ryiwe

Iyo ngingo yatangajwe na musitantanteri wa komine Rumonge, kuri uwu wa gatatu. Amenyesha ko abarimyi bose bategerezwa guca imikobeko, gutyo babone guhabwa ifumbire.

Bamwe mu barimyi bo si ko babibona. Bavuga ko ahubwo bari biteguriye kuronswa ifumbire barihiye. Bakaba babona ko bishobora kubatumba bacererwa mw'itera ry'agatasi.

Ingingo ntiraba Commune Rumonge gusa

Musitanteri wa komine Rumonge avuga ko itegeko ry'uguca umukobeko ryatanzwe n'umushikiranganji wa mbere, mu nama yagirishije i Makamba, ku mugwa mukuru w'intara ya , kuri uwu wa gatatu. Intumbero ngo ni iyo gukingira ifumbire ntigume itwarwa n'inkukura, mu gihe Leta ishiramwo uburyo bwishi kugira umurimyi ayoronke.

Mu gisata c'uburimyi n'ubworozi, ari na bo batanga iyo fumbire, ntibaragira ico bashikirije.

 : Vital Kamerhe Lwa Kanyiginyi  a démissionné de son poste de Président de l’Assemblée nationale. Il a déposé ce lundi ...
22/09/2025

: Vital Kamerhe Lwa Kanyiginyi a démissionné de son poste de Président de l’Assemblée nationale. Il a déposé ce lundi 22 septembre après-midi sa démission devant la conférence des présidents, selon la Radio Okapi . La démission intervient alors que la plénière avait été convoquée pour examiner le rapport de la Commission spéciale mise en place pour analyser les pétitions contre cinq membres du bureau, dont Vital Kamerhe lui-même, est toujours attendue.
Plusieurs proches du dossier parle d'une décision sage.

 : Pétitions contre certains membres du bureau de l'Assemblée nationaleÀ  , le climat politique s’électrise à l’Assemblé...
22/09/2025

: Pétitions contre certains membres du bureau de l'Assemblée nationale

À , le climat politique s’électrise à l’Assemblée nationale. Vital Kamerhe, président de la chambre basse du Parlement et allié historique du chef de l’État, Félix Tshisekedi, joue gros ce lundi 22 septembre. Lui et quatre autres membres de son bureau sont visés par des pétitions pour réclamer leur départ. Ils sont accusés de « gestion opaque » et d’entrave au contrôle parlementaire.

Address

Boulevard Emery Patrice Lumumba
Bujumbura

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when La Nova Burundi posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to La Nova Burundi:

Share