26/09/2025
: Musitanteri niyumve ko ariwe nkingi y'iterambere rya komine ajejwe kurongora
Mu gihe igihugu c' Uburundi kirongowe hisunzwe indinganizo nshasha igizwe n'intara 5 n'amakomine 42, indongozi zisabwa gutunganya intwaro nk'abavyeyi. Mu gihe kandi Uburundi bufise imbonokazoza bwipfuza gushikako igihugu cifashe mu 2040, igihugu giteye imbere mu 2060, indongozi zikwiye gukora kubw'inyungu zo muri kubu ndetse no kubw'abazovuka muri kazoza.
Bisigurwa na Siméon Baruj mwete, umuhinga akaba n'umwigisha muri kaminuza. Hari mu cigwa yatanze kuri uno wa kane igenekerezo rya 25 Nyakanga aho ishirahamwe Parcem ryari ryatunganije uruganda rwo guhanahana ivyiyumviro no guhimiriza ku vyokorwa mu gushiraho intunganyo y'iterambere ry'ikibano riganisha kuri ya mbono kazoza.
Kubwa Siméon Barumwete, muri iyo ntunganyo nshasha, amakomine imwimwe azoba yigenga. Ku bwiwe rero uwurongoye komine akwiye kumenya ko ategerezwa kworohereza abagwizatunga, yorohereze abakenera kuzana imitahe muri komine yiwe, aborohereze mu kubaronsa impapuro zikenerwa kugira bahakorere ibikorwa vy'iterambere, abahuze kandi n'abakeneye gukoresha ivyo badandariza muri iyo komine. Abarongora komine kandi bomenya ivyo abagwizatunga baho bakenera kugira ibikorwa vyabo bizane umwimbu mwiza.
Aha umuhinga aratanga akarorero ku matongo, nimba ariyo babuze, akabafasha kuyarondera ata gukumira.
Musitanteri nk'inkingi y'iterambere rya komine kandi ngo arasabwa gukora kugira haboneke amabarabara meza, inyubako rusangi zibereye no gutanga igicapo ngenderwako cerekana ivya nkenerwa. Barumwete abona ko ivyo vyofasha indongozi kugira imbonokazoza izotangurire muri komine yifashe, komine iteye imbere, aho kuraga abana ubukene babasigarane ikomine iteye imbere.
Naho biri uko, umunyepolitike Leonce Ngendakumana abona ko uwo mugambi watanguye nabi ngo bizohava bigorana gushika. Ku bwiwe ubu haramaze kujaho indongozi ngo icerekana intango igoye ni induru ziri mu burongozi bw'imitumba.
Nayo David Ninganza arongoye Sojepae riharanira agateka k'abana ngo biragoye gushikira iyo mbono mu gihe umushikiranganji asaba abigisha 12000 akaronswa n'abadashika 1/10.