18/01/2024
:abizewe na leta bahamagarirwa gutunganiriza ababitura muntumbero yo gush*tsa imbonokazoza y'Uburundi 2040...
Ishirahamwe , ryiyemeje guteza imbere Abenegihugu ribicishije mu nzira y'imyuga mugukoresha cane cane ubuhinga bwa none ,ribona ko Imbonakazoza y'umukuru w'igihugu c'Uburundi y'uko Uburundi buzoba bwifashe muri 2040 , buteye imbeye muri 2060 , ishobora kugera hakiri kare iyo myaka itarashika , ngo ariko bikazovana n'ingene abo yatoye ngo bamuserukire mu gutunganiriza Abenegihugu bariko barakora ku neza y'abo bajejwe, mu kworohereza ababitura , nacane cane abipfuza kurangura imigambi y'iterambere
Ivyo bivurwa na Jean Baptiste Ntakarutimana aserukira imbere yamategeko ishirahamwe 'Habitat_vers des métiers ( ) Hari mukiganiro yahaye abanditsi n'Abamenyeshamakuru Kuri uyu wa 17nzero 2024 . Muntumbero yo gushigikira iyo mbonakazoza iryo shirahamwe rifise imigambi 5 ryashize imbere.
harimwo :Umugambi ujanye no gukurikirana neza ingendeshwa zo mw'ibarabara hakoreshejwe ubuhinga bwa none ,
Umugambi wo gutezimbere amabohero y'Uburundi biciye mu buhinga bwa none,
Umugambi ujanye no kuduza igisata c'amamega ku materefone,
Igisata co gukora amakarangamuntu yo mu buhinga bwa none azoba agizwe n'ibijanye n'ubutunzi bw'umuntu , akazofasha n'abo mu gisata c'ubutungane,
N'umugambi wo gufasha gucungera neza imbibe z'Uburundi hakoreshejwe ubuhinga ngurukanabumenyi.
👉Muri iyo migambi yose, J.Baptiste muyobozi w'iryo shiramwe akaba yamenyesheje ko hariho iyo bamaze kugerageza ngo bakabona ikunda neza, aho akaba yavuze ,yongera arerekana ibijanye n'umugambi wo kugenzura neza ingendeshwa zo mw'ibarabara. Akarusho k'uwo mugambi ngo kazoba kanini haba kuri Leta, ku mwenegihu asanzwe, kuri nyene kugura ingendeshwa ngo ndetse no ku mukozi azoba ariko arakoresha iyo ngendeshwa.
Uwundi mugabi, wihuta bagiye gushira mu ngiro. ngo n'uwo gukorana na Leta, kugira ngo ishobore kuvyaza umusaruro abantu bapfungiwe mu mabohero baguma bagaburirwa ariko ataco bariko barinziza, ngo uwo mugambi kandi ukazotuma umuntu apfu zwe , ashobora kurekurwa vy'agateganyo, ariko akaguma akurikiranwa aho ageze n'ivyo arimwo , hakoreshejwe ubuhinga bushasha.
Iyo migambi ngo ikaba ije gusahiriza mukugirango igihugu c'Uburundi kizogere muri 2040 ari igihugu cifashe mu mpande zose, hadashizwe inyuma gutanga akazi ku rwaruka rutari ruke rwo mu gihugu cose.
Atera akamo Leta y'Uburundi gufasha Guhimiriza abayiserukira mu bisata vyose kugira ngo bafashe mu kworohereza abafise imigambi y'iterambere, n'abandi boza berekana ivyiyumviro vyofasha gutezimbere igihugu.