Elicomag

Elicomag Economie
Science
Technologie
Entreprenueriat

⭕Amasha 14 mundwi niyo yahawe abenegihugu bose bipfuza kubonana na Buramatari mushasha w'intara yagutse ya     ⭕📝Mu rwan...
17/07/2025

⭕Amasha 14 mundwi niyo yahawe abenegihugu bose bipfuza kubonana na Buramatari mushasha w'intara yagutse ya ⭕

📝Mu rwandiko rwatewwko umukono na Aloys Ndayikengurukiye, aramutswa intara ya Bujumbura yagutse ku wa 16 Mukakaro 2025, amenyesha ko abanyagihugu bipfuza umubonano bazakirwa ku musi wa gatatu n'uwa gatanu, kuva isaha zibiri z'agatondo (8h 00) gushika isaha icenda z'umuhingamo (15h 00)

🔰Abarundi bose bafise ico bashikiriza ku buryo bwihuta nabo hakaba hashizwe ahabona inomerobazisunga ariyo 61 220 957 umurongozi mushasha w'intara ya bashobora kumutorako



⭕lmatera 13 ziciye amafranga agera kuri 3.900.000F nizo zafashwe zinjiye nka forode n'ubushikiranganji bwo kwivuna abans...
15/07/2025

⭕lmatera 13 ziciye amafranga agera kuri 3.900.000F nizo zafashwe zinjiye nka forode n'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba ⭕

☝️Ubwo bushikiranganji bwaramutse butanga icegeranyo c'ivyaranguwe mu gice canyuma (Ndamukiza-Rusama-Ruheshi) c'umwaka w'amafranga wa 2024-2025 kuri uyu wa 15 Mukakaro 2025 mu nyubakwa bukoreramwo aha mu gisagara ca Bujumbura.

📝lmbere y'abamenyeshamakuru, Alain Tribert Mutabazi, umushikiranganji wo kwivuga abansi yashikirije ivyaranze igice canyuma c'umwaka wa 2024-2025, muri bikuru bikuru n'uko:

🔰Ubushikiranganji bwaranguye ibikorwa vyarwo ku bice 97% vyari bitegekanijwe kurangurwa mu gice ca kane c'umwaka wa 2024-2025.

🔰Haraguzwe ibikoresho bikomeye vya gisirikare kandi bigezweho nk'amamoteri y'igisirikare kigwanira mu mazi n'ibindi bituma igihugu kiguma kitavogerwa ariko biguma ari ibanga nkuko umushikiranganji yabivuze ariko bikaba arivyo kubungabunga amahoro n'umutekano vy'igihugu.

📝Harubatswe, harasanurwa hongera haragurwa inzu y'akarorero isanzwe ikorerwamwo n'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba ku mafranga arenga imiriyoni 540 z'amarungi kuri uyu wa 15/07/2025 umushikiranganji akaba yakiriye n'impfunguzo zayo aho mbere n'umumenyeshamana yashoboye kuyihezagira kugira izorame.

📝Umushikiranganji akaba yiyemeje gukomeza gufasha kugura igisirikare c'uburundi gikingire igihugu n'imbibe zaco kuko iyo bash*tse ku rubuga rw'ibikorwa vyabo, nta ntambamyi babona kuko bafise abahinga banonosoye ivyo bakora b**atuma boroherwa.




⭕wewe wize urayaheza canke nawe uri hafi kumara amashure ni gute ubona icitwa diplome mu buzima bwawe?  ⭕Bamwe mu rwaruk...
14/07/2025

⭕wewe wize urayaheza canke nawe uri hafi kumara amashure ni gute ubona icitwa diplome mu buzima bwawe? ⭕

Bamwe mu rwaruka rwinshi rwahejeje amashure basigaye baheza ivyo bize ugasanga babishize ku ruhande bariko bakora ibintu ataho bihuriye na gato nivyo bize mu mashure kugira bashobore kubaho.

📝M.J wo muri karitiye Mirangoll yigana ivyiwe agira ati:" Jewe iyo nihweje inkomezi n'imitahe nashize mukwiga nsanga umenga nari narahuvye kuko uyu musi ivyo nize sivyo bimbshaho nagato ahubwo umenga ntoye ubwenge uyu musi amashure yaheze mbere na kaminuza narize.

📝Bamwe mu bantu bamaze gutera imbere nabo nyene baremeza ko kugira utere imbere usabwa kwikuramwo ko wize uri uwuhambaye ukururuka ugakora ibintu vyinshi utaravye ivyitwa icubahiro kuko ngo diplome ntiyari ikwiye kubaho kuko izitangwa uyu musi ataho ziba zihuriye n'abumenyi abazihabwa bafise.

🔰Uwundi yaganiriye na . A yagize ati: :" Burya hosuzumwa ivyo abana b'uburundi b**a hamwe n'ibikenewe gukorwa, aha ntiwosanga hariho ibisata bikwiye gufutwa hakaza ibisata bishasha bihuye nivyo abarundi babayemwo bagakora bikaba arivyo bibateje imbere?"

📸Générée par l'intelligence artificielle



⭕Abantu bahombeye udufranga twabo kuva ishirahamwe Sama Money ryugaye boza gutora ivyabo kuri banki Nkuru BRB   ⭕lbanki ...
14/07/2025

⭕Abantu bahombeye udufranga twabo kuva ishirahamwe Sama Money ryugaye boza gutora ivyabo kuri banki Nkuru BRB ⭕

lbanki Nkuru y'igihugu imenyesha ko abahoze ari abanywanyi ba Money bataratora amfranga yabo basabwa kwitura iyo banki kugira babahe utwabo ku misi ya mbere n'iyagatanu mundwi kuva 8h30 kugera 12h00 haba I Bujumbura canke ku Mashami ya BRB ari I , na bitwaje karangamuntu na fotokopi yayo.

📝Nk'uko biri mw'itangazo ryo kuwa 09/07/2025 ryashizweko umukono na Edouard Norman Bigendako umuyobozi w'lbanki Nkuru y'igihugu, ngo kuva # ishirahamwe Sama Money rimenyesha ko ryigaye kuwa 04/11/2024, ibanki nkuru yarakoze ibishoboka vyose kigira ikingire amafranga y'abari basanzwe bakoresha uburyo bwo guhanahana amafranga biciye muri iryo shirahamwe.

📝Muri iryo tangazo nyene, bamenyesha ko ibanki nkuru y'igihugu imaze gusubiza amafranga bamwe bamwe biciye mu kubahamagara kuri terefone ariko abenshi nabataratora amafranga yabo.

🔰 Abafise ico babaza ikaba yaratamze inomero arizo 22204270 canke 22204272



⭕Amafranga arenga imiriyaridi 7 niyo uburundi bwiteze gukura mu gusata c'ubutare muri uyumwaka w'amafranga wa 2025-2026 ...
14/07/2025

⭕Amafranga arenga imiriyaridi 7 niyo uburundi bwiteze gukura mu gusata c'ubutare muri uyumwaka w'amafranga wa 2025-2026 ⭕

Mu gihe igisata c'ubutare kiri mubuzana amafranga menshi ababucukura ariko hagera ku mafranga yinjira mu kigega ca reta ugasanga hari amafranga 0 uyu mwaka hoho hari ibishobora guhinduka dufatiye kumafranga yitezwe azova muri ico gisata nkuko bishirwa ahabona n'ubushikiranganji bw'ikigega ca Reta mw'itegeko rigenga amafranga reta izokoresha mu mwaka wa 2025-2026.

📝Mu mafranga arenga imiriyaridi 5258 reta itegekanya gukoresha hakaba hariho n'ayarenga imiriyaridi 5,77 azova mu mafranga yibwe hanyuma akagarukanwa.

📝Mwomenya kandi ko igihengeri kirenga imiriyoni 436 hamwe uburundi bwoba bwarinse imfashanyo ariko hamwe uburundi butoronka imfashanyo n'imwe ivyo bita hors Dons igihengeri kica kirenga ukuriyaridi 1,99.



⭕Kuber'iki abantu benshi badatanga amakori ?  ⭕lgihugu gihomba amafranga menshi kubera abadandaza benshi batijukira guko...
10/07/2025

⭕Kuber'iki abantu benshi badatanga amakori ? ⭕

lgihugu gihomba amafranga menshi kubera abadandaza benshi batijukira gukoresha utimachine tw'ubuhinga bwa none dusohora inyemezabuguzi (Facture)

📝Nk'uko vyashikirijwe na Nestor Ntahontuye umushikiranganji w'ikigega ca Reta mu kiganiro yagiranye n'abegwa n'ikoreshwa ry'amafranga ya kuri uyu wa 09/07/2025 I Bujumbura, kuva ubu umuguzi atazosaba fagitire hanyuma agafatanwa ibidandazwa, bizoca bifatwa maze abigombore atanze ibice 20%

📝Umushikiranganji akaba yamenyesheje ko uyu mwaka wa 2024-2025, hari imiriyaridi 400 zasigaye zitakoze nukuvuga ibice 20% y'ayinjiye mu kigega ca .

🔰Mwomenya ko amafranga reta itegekanya gukoresha uyu mwaka agera kuri 5258 mwobisoma aha👉https://www.facebook.com/100064813669297/posts/1168551908648587/?app=fbl.


⭕Wibaza iki ku mafranga Reta izokoresha uyu mwaka w'amafranga wa 2025-2026?  ⭕Inyuma y'imsi 7 gusa umwaka w'amafranga wa...
09/07/2025

⭕Wibaza iki ku mafranga Reta izokoresha uyu mwaka w'amafranga wa 2025-2026? ⭕

Inyuma y'imsi 7 gusa umwaka w'amafranga wa 2025-2026 ngibi bimwe bimwe biri mu nteguro y'amafranga reta izokoresha.

📝Reta izokoresha imiriyaridi zirenga 5000F ( 5258.646.176.429BIF) mu mwaka w'amafranga wa 2025-2026.

📝Reta itegekanya kuzokwinjiza imiriyaridi zirenga 4000BIF (4821.820.579.771 BIF)

📝Igihengeri reta itegerezwa kurondera arenga imiriyaridi 400BIF ( 436.825.596.658BIF)

Mwomenya ko muri ayo mafranga yose reta izokoresha abahembwa imishahara bonyene bazotwara imiriyaridi zirenga 1000BIF ( 1192.778.079.071BIF)

isoko ry'amakuru: MFBPE(Ministère des Finances, du Budget et de la Plannification Economique).



⭕SAHL BANKING yahash*tse mu Rumonge   ⭕Kuva kuwa  26 gushika kuwa  30 ruheshi, KCB Bank Burundi ibicishije mu gisata cay...
08/07/2025

⭕SAHL BANKING yahash*tse mu Rumonge ⭕

Kuva kuwa 26 gushika kuwa 30 ruheshi, KCB Bank Burundi ibicishije mu gisata cayo ca Sahl Banking yarateguye inyigisho mu gisagara ca Rumonge na Nyanza Lac, mu ntara za na izo nyigisho zikaba zari zijanye na serivisi za Sahl Banking zisunga amategeko ya shariah agenga urudandazwa.

Izo serivisi zikaba zifise intumbero yo kworohereza abenegihugu bose muri rusangi, vy’umwihariko abahurikiye mu muryango w’abayisilamu.

Kari n’akaryo ko gusigura urudandazwa rushingimikiye ku mategeko y’idini rya Islamu, uburyo bwo kubika, kubikura, gusaba ingurane hamwe no gukora imigambi y’iterambere hisunzwe ukwemera kuziririza inyungu izira ( ariyo Riba).

Ibirori vyo gusozere ivyo bikorwa vyatewe iteka na Buramatari w’intara ya ubu iri mu ntara nshasha ya , icegera c’umuyobozi mukuru w’ibanki KCB Burundi uwukuru w’inama nk’uru y’aba sheikh mu Burundi akaba n’umwe mu bagize komite mpanuzwajambo ya shariah muri KCB Bank Burundi hamwe n’uwurongoye umuryango w’aba islamu mu ntara yagutse ya .

Ni intambwe ikomeye mu gisata camabanki, ku gihugu cane cane mu gushira imbere iterambere kuri bose atawusigaye inyuma.






⭕N'iki wipfuriza abanyeshure bariko bakora ikibazo ca Reta  ?  ⭕Abanyeshure bangana 68 124  bagizwe n'abakobwa 38000 n'a...
08/07/2025

⭕N'iki wipfuriza abanyeshure bariko bakora ikibazo ca Reta ? ⭕

Abanyeshure bangana 68 124 bagizwe n'abakobwa 38000 n'abahungu 30124 nibo bariko barakora ikibazo ca Reta gitanga uburenganzira bwo kwiga mumashure ya kaminuza 2025 kuva kuri uyu wa 08/07/2025 gushika kuwa 11/07/2025

📝Umushikiranganji w'indero n'ubushakashatsi, François Havyarimana akaba yatangurije ico kibazo kuri Lycée Mwaro(mu ntara ya Mwaro ya kera) riri mu ntara yagutse ya Gitega.

📝 Ico kibazo kiriko gikorerwa mu ma burere burenga ijana mu mihingo itandukanye y'Uburundi, umushikiranganji nawe akaba yipfuruje imigisha abanyeshure bariko barakora Exétat.

📸RTNB



⭕Wewe Akaruhuko ugakoza iki iyo ukaronse ?  ⭕Umukuru w'igihugu c'uburundi Evariste Ndayishimiye ati: Ukuruhuka s'ukuryam...
08/07/2025

⭕Wewe Akaruhuko ugakoza iki iyo ukaronse ? ⭕

Umukuru w'igihugu c'uburundi Evariste Ndayishimiye ati: Ukuruhuka s'ukuryama canke kuja aha na hariya ahubwo ni uguhindura ivy'ukora"

Mugihe ari mukaruhuko, umukuru w'igihugu c'uburundi yahisemwo kwerekana impano ziwe zo guteza imbere uburimyi akaba yari yagiye gusarura imirima yiwe y'ibiraya iri mu ntara ya kera ya hari kuri uyu wa 07/07/2025.

📝lnyuma y'iryo sarurwa umukuru w'igihugu akaba yafashe nakanya ko gutembera mumirima yiwe y'ingano mu ntara ya muramvya nyene.
📸Ntare House



⭕Waruzi ko umuziki ushobora gutunga abantu bakiteza imbere?  ⭕Umuziki ni akazi gashobora gutunga abagakora kuburyo n'urw...
06/07/2025

⭕Waruzi ko umuziki ushobora gutunga abantu bakiteza imbere? ⭕

Umuziki ni akazi gashobora gutunga abagakora kuburyo n'urwaruka rushobora guhurumbira kurindera kwiteza imbere

☝️☝️Ayo n'amwe mu majambo ashikirizwa n'abamaze gutera imbere mu gisata c'umuziki mu mu kiganiro n'abamenyeshamakuru co kuri uyu wa 04/07/2025 I Bujumbura cakozwe na Media itangaza ku mugaragaro ihiganwa nanje ndaririmba ku ncuro yaryo ya 4.

📝Mu gihe kuri iyi ncuro ya 4 ikinyamakuru Media cagarukanye rya higanwa "Nanje ndaririmba Hussein Butoyi aserukira Media imbere y'a
mategeko aratubwira uko bitunganijwe amenyesha ko hariho bishasha agira ati:"
Kugira dufashe uraruka gukuza impanonzabo mu muziki, twateguye ihiganwa aho uwubayevuwambere azohabwa agashimwe kw'amafranga 2.000.000F uwa 2 azohabwa 1.500.000F nayo uwagatatu ahabwe 800.000F

📝Nkuko Hussein Butoyi abandanya abivuga ngo urwaruka rurenga 500 aribo bamaze kwiyandikisha kugira bazoje mu mahiganwa .

🔰Bikaba bitegekanijwe ko igice ca kabiri gushira icanyuma kizoba kuwa 8/8/2025 nayo igice canyuma kikazobera kuri canke muri kuwa 29/08/2025.

03/07/2025

Address

Bujumbura

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Elicomag posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Elicomag:

Share