04/07/2024
𝐈𝐉𝐀𝐌𝐁𝐎 𝐑𝐘'𝐈𝐌𝐀𝐍𝐀
🗓️ _Ijambo ry'Imana, indwi ya 13 yo mu mwaka, ku wa mbere, années paires_
📖 *IGISOMWA CA MBERE*
📜 _Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Amosi (2, 6-10, 13-16)_
Ng’iri iriyazwe n’Umukama:
Kubera amashano atatu yakozwe n’Abanyisrayeli,
akaba ari ane nyene,
ng’iyi inama nigiriye ubutacisubirako!
Kuko baguze umuntu w’intungane amahera,
umworo na we bakamugura inkweto;
kuko bamenaguye imitwe y’abantu batobato,
bakazimiza inzira z’abatagira uburyo;
kuko umwana na se wiwe binjirira umwigeme umwe,
bagatukisha izina ryanje ryeranda;
kuko bahora biryamira iruhande y’uruhimbi rwose
ku mpuzu z’inkîzūrano,
bakanywa imvinyu baciriyeko iciru abandi,
bakayinywera mu ngoro y’Imana yabo…
kandi akaba ari jewe nari nakuye Abemori imbere yabo,
n’aho uburebure bwabo bwari bumeze nk’ubw’amasederi,
ubukomezi bwabo bukamera nk’ubw’ibiti bigumye:
nari natikije ivyamwa vyabo ndabihereye mu kirere,
ngatikiza imizi yabo ndayihereye mu kuzimu.
📖 *IZABURI*
📜 *ZABURI 49, 16bc-17, 18-19, 20-21, 22-23*
🎼 *_Icit.:_* _Uwukurikira Umukama, ni we azoba aninahaje Imana Data._
Wiruhiriza iki mu kudondagura amategeko yanje,
ugahoza mu kanwa insezerano yanje,
aho nyene ukengera amabwiriza yanje,
ijambo mvuze nturinywe no mu mazi?
Ivyo ko ubikora, nanje nobinuma?
Ugira ngo meze nkawe?
Nzokwagiriza ivyo wakoze, ndabigaragaze.
Umuntu wese anshikanira inkuka y’ukunshimira,
ni we aba aninahaje,
mu mayira yiwe yose,
nzomurangira urukiza ruva ku Mana.
📖 *INKURU NZIZA*
🎼 *_Aleluya, Aleluya._*
_Jewe ndi umuco w’isi, uwunkurikira azoronka umuco w’ubuzima._
🎼 *_Aleluya._*
📜 _Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (8, 18-22)_
*Yezu abonye abantu isinzi bamukikije, ababwiriza kujabuka ku yindi nkombe. Umwanditsi aramwegera ati: «Mwigisha, nzogukurikira iyo uzoja hose.» Yezu amubwira ati: «Imbwebwe ziri n’aho ziba, inyoni zo mu kirere zikagira ivyari, yamara Umwana w’umuntu ntafise aho akika umusaya.»*
*Uwundi mu bagendanyi biwe amubwira ati: «Mukama, ndikebanuye, mbanze nje guhamba dawe.» Yezu na we amwishura ati: «Nkurikira, ureke abapfu bahambe abapfu babo.»*
www.youtube.com/
www.facebook.com/radiomariaburundi
www.radiomaria.bi