EJO HEZA FM 101.4mhz

EJO HEZA FM 101.4mhz Ijwi ry'umuguzi n'umugurisha;Santé, Éducation,droits des Enfants et des Femmes etc..

Kuruwo wese asanzwe akunda ibikorwa vya Ihuriro TV, akaba ashaka gufasha runo rwaruka ngiyi Lumicash 61320806

11/07/2025

UNFPA sort une déclaration à l'occasion de la journée Mondiale de la population du 11juillet 2025

🍅 Itomati, ubu, ufise agafaranga  urasuma!------Mu gihe hari hamaze iminsi hibonekeza ubukene bw'itomate ku masoko atand...
11/07/2025

🍅 Itomati, ubu, ufise agafaranga urasuma!
------

Mu gihe hari hamaze iminsi hibonekeza ubukene bw'itomate ku masoko atandukanye, ubuho zabonetse.

Mundwi 2 zihe, ikilo cagurwa amafranga ari hagati ya 6000 na 7000.

Ubu, izo zahora kuri ivyo biciro ubu zira hagati ya 2000 na 2500FBu.

Eka mbere hari n'izigurwa ayari munsi yayo bivanye n'uko zisa.

Abandandaza batembere usanga bariko bazidandaza mu makaritiye.

«Kuzitembereza mu mihana y'abantu bituma turonka abaguzi muri kino gihe zeze.». Umwe mu bapfasoni bariko bazitembereza mu Kinama.

FM

 Umushikiranganji w'uburimyi avuga ko mu ntumbero yo kworohereza abarimyi bariko barima muri iri ci [Saison C],ibice bir...
10/07/2025



Umushikiranganji w'uburimyi avuga ko mu ntumbero yo kworohereza abarimyi bariko barima muri iri ci [Saison C],ibice birenga 50 kw'ijana vy'ifumbire yo mu bwoko bwa "imbura" imaze gushikanwa mu benegihugu.

Dodiko Prosper avuga kandi ko hambavu y'iyo fumbire yo mu bwoko bwa "imbura" bamaze gushikana iyo mu bwoko bwa "bagara" ku bice birenga 51.

Ikindi yavuze ni uko abarimyi bafise ubutike barihiyeko ifumbire mw'irima riheze bobubika.

«Mbere twari twasavye ko baca babutanga kuri barya batanga ifumbire kugira ish*tse abe ari bo baca baherako»_ Dodiko.

Yibukije abarimyi bariko barima ko ari gushira inguvu ku bigori k**a 🌽 [Maïs composit] kuko abagwizambuto mu gihugu cose bahari.

Ariko kandi ngo hariho n'izindi mbuto z'ibigori vy'ibivyarwa [Maïs hybride] navyonyene ngo birahari. Ikilo ni 4000FBu.

Kuri iri rima ryo mu ci ngo hari akabirya. Umurimyi canke koperative afise ahantu hanini azoja mu biro vy'uburimyi mu ntara BPAE bamutize ka k**ashine kaduza amazi (moto_pompe). Bazumvikana igihe azoyimarana ahejeje ayisubize _niko umushikiranganji avuga.

Ikawa
---
Yibukije abarimyi ko bonyaragasa bakaja kuraba intonde zimanitswe ku matonorero bashoreyeko ikawa kugirango nihagera ihemba ntibazosange hari abo basimvye. Umushikiranganji yavuze ko ari intonde abarongoye amatonorero bagize kuko bazohembera abarimyi ku ma konte.

Avuga ko ihemba ryambere ari ku barimyi bashoye kugeza kuwa 31/5/2025.


 : Inzu zitari nke z'idandarizo zugawe!----Zugawe ku muhingamo wo kuri uwu wa 10/7/2025,  n'umushikiranganji w'ikigega c...
10/07/2025

: Inzu zitari nke z'idandarizo zugawe!
----

Zugawe ku muhingamo wo kuri uwu wa 10/7/2025, n'umushikiranganji w'ikigega ca Reta, Nestor Ntahontuye. Yavuze ko izo nzu ziri muri zone , zakora zidakurikije amategeko agenga amakori n'amatagisi.

Abadandaza bamwe bakorera muri izo nzu bagirizwa ko badafise twa tumashine dutanga inyemezabuguzi ariyo fagitire [Facture].

Abandi ngo ntibadukoresha neza nkuko bitegerezwa.

Hari n'abandi umushikiranganji avuga ko bari baheranye amakori n'amatagisi ikiringo kirerekire.


10/07/2025

⭕ Umuryango utabara imbabare mu Burundi [ ], watanze ibikoresho bigezweho [intebe] abantu bicarako bariko baratanga amaraso,....


**S

  Inyuma y'umwaka umwe ayivuyemwo, Kylian Mbappe, agiye gusubira guhura n'umugwi yahozemwo muri kimwe ca kabiri gishira ...
09/07/2025



Inyuma y'umwaka umwe ayivuyemwo, Kylian Mbappe, agiye gusubira guhura n'umugwi yahozemwo muri kimwe ca kabiri gishira icanyuma (demi finale ).

Ni mu nkino z'igikombe c'isi c'imigwi, aho umugwi wa uza guhura n'umugwi wa , uwu musi igenekerezo rya 09/07/2025 igihe c'isaha zitatu z'ijoro kuri Stadium.

Tubibutse ko Kylian Mbappe akivuye mu mugwi wa Paris Saint Germain yaciye itahukana igikombe ca "Ligue des Champions" ku ncuro yayo yambere.

Umugwi uza gutsinda uzoca ilyhura na Chelsea muri "Finale".

09/07/2025

«Umuswahili si umuntu abesha»_ Emmanuel Ndayisaba
----

Uwo arongoye amashirahamwe yigisha igiswahili mu Burundi asigura ko umuswahili ari umuntu avuga igiswahili.

«Umuswahili kera bavuga ngo ni umuntu abesha, umusuma ariko umuswahili ni nkuko novuga umurundi kubera avuga ikirundi canke yakivukiyemwo canke avuka mu Burundi».

Yabivuze kuri uwu wa 7/7/2025 igihe hahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe urwo rurimi


⭕Hari umugwi w'abaganga karuhariwe bitezwe mu Burundi bagiye kuvura indwara ku buntu!---Bazoba bavuye mu gihugu ca Tanza...
09/07/2025

⭕Hari umugwi w'abaganga karuhariwe bitezwe mu Burundi bagiye kuvura indwara ku buntu!
---

Bazoba bavuye mu gihugu ca Tanzaniya nkuko bivugwa n'uwuserukira ico gihugu mu Burundi Gelasius Gaspard Byakanwa.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa 8/7/2025 yavuze ko bazovura indwara zitandukanye harimwo kubaga imitsi yo ku nyama ya kibizi, kuvura indwara zifatira mu bihimba vy'isohokero ry'umukoyo, kubaga umutima, kuvura amaso n'izindi.

Abo baganga bazokora mu mice ibiri. Hari abazotangura kuvura kuva itarike 14 gushika 18 muri uku kwezi kw'indwi. Bazovurira mu bitaro vy'akarere [Hôpital régional] i .

Abandi bazovurira ku bitaro [Clinique Prince Louis Rwagasore] i , kuva kw'igenekerezo rya 21 gushika 25 ukwezi kw'indwi.

Abo baganga bazovura ku buntu. Niko Ambasaderi yabwiye abamenyeshamakuru.
Byakanwa avuga ko ako kigoro kerekana intambwe ikomeye mu gutsimbataza imigenderanire hagati ya Tanzaniya n'Uburundi.

Inkomoko: RTNB


Ntamutahe uba muto,ivyiyumviro nivyo biba bike!--------------------------Igihe abatari bake bakunda kwerekana intambamyi...
08/07/2025

Ntamutahe uba muto,ivyiyumviro nivyo biba bike!
--------------------------
Igihe abatari bake bakunda kwerekana intambamyi z'umutahe,hari abandi bemeza ko hatari ubukene bw'Imitahe,nyabuna ubukene bw'ingene batunganya ivyo bafise.
Vyiganwa na Alphonsine Irakoze akora akongera akadandaza amashakoshi.

Mu kiganiro Umuguzi n'Umugurisha co kuri uyu wa 08/07/2025,uwo mwigeme yavuze ko amafranga atarenga 7500 ariwo mutahe yatanguje.
«Abagize ico bakora bose bafatiye ku bikorwa narimaze gushira ahabona.»

Intambamyi zo ngo ntizibura,ariko ngo ntizikwiye guhagarika umugambi uba watanguje! Alphonsine avyigana afatiye k'uruhombo yagize ruvuye kw'ihindagurika ry'ibiciro, aho mbere vyatumye abanza guhagarika ikiringo kitari gito.
Agira ati:«Narahomvye gushika aho mpagarika gukora ikiringo kitari gito,ariko kabaye akaryo ko kwirimbura neza,ivyatumye ngarukana inguvu zidasanzwe.»

Ngo n'aho ubu ari ku kivi co kimwe n'abandi bose,avuga ko ibikoresho bakoresha vyaduze ibiciro cane,ibice birenga birenga 💯/💯 agereranije n'igihe yatangura gukora.
Ivyo rero ngo bituma bataronka inyungu,ahandi naho bak**ara ikiringo kitari gito batadandaje.

Aho nyene,asaba ababijejwe kwiga uburyo bwose bushoboka kugira ivyo bikoresho bigabanuke ibiciro.

FM

07/07/2025

Ni iki catumye mu myaka iheze ururimi rw'igiswahili rudatera imbere mu Burundi?
----

Umwigisha muri Kaminuza y' ari nawe yatanguye kwigisha urwo rurimi, Dorothée Nshimimana arabisigura.

Ni mu gihe kuri uwu wa 7/7/2025 ari ho hahimbazwa ku ncuro ya kane, umunsi mpuzamakungu wahariwe ururimi rw'igiswahili [Siku ya Kiswahili Duniani].


Hisunzwe indinganizo nshasha y'Igihugu,ishirahamwe-huriro CBMA[Centre Burundais pour un Meilleur Avenir], ryatunganije i...
05/07/2025

Hisunzwe indinganizo nshasha y'Igihugu,ishirahamwe-huriro CBMA[Centre Burundais pour un Meilleur Avenir], ryatunganije inama kuri uyu wa 05 Mukakaro 2025 i Bujumbura.

Intumbero nyamukuru y'iyo nama ngo kwari ugushiraho Ugwego nyobozi bakurikije i ntara nshasha zagutse ukwo ari 5. Bivugwa na Habonayo Rémy arirongoye.
Agira ati:«Dutegerezwa gushiraho ugwego nyobozi rwagutse (Commuté Exécutif Élargi),twisunze indinganizo nshasha y'Igihugu.»

Muri ico gikorwa nyene cogishiraho izo ndongozi,kabaye akaryo ko kwakira bashasha bakwije ibisabwa kugira babe abanywanyi ba CBMA.

Uwo arongoye iryoshirahamwe atera akamo abarundi muri rusangi gutahura ibikorwa vy'amakoperative,bakorere hamwe kugira umwimbu wiyongere.

FM

04/07/2025


Gucandagisha abana kuva bakivuka ni kimwe mu ngingo zikomeye zifasha kubungabunga amagara y'abenegihugu. Kukaba nkako umwana adacandazwe aragira ibibazo vyinshi harimwo kugwaragurika n'ibindi,... nkuko bivugwa n'abaganga.


Address

Bujumbura

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when EJO HEZA FM 101.4mhz posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share

Category