
12/11/2024
🔴🪑 Tora agatebe usome Biographie ya FC Barcelona iyo yaje iva n'ingene vyatanguye, N'ubwo yaraye itsinzwe 1-0 na
👉🏾🥳 FC Barcelona , ni umwe mu migwi y’umupira w’amaguru ifise izina rikomeye kandi watsindiye ibikombe vyinshi kw'isi. Washinzwe kw’igenekerezo rya 29 Munyonyo 1899 n’itsinda ry’abanyamahanga bari bakuriwe n’Umunyasuwisi Hans Gamper (azwi kandi kw’izina ryiwe ry’igisipanyole ), uwo mugwi ukaba ukorera mu gisagara ca Barcelone, mu karere ka Catalonia, muri . Kuva washingwa, Barça yaramaze kuba ikirangamuntu mu bijanye n’umuco n’akaranga k’abanya-Catalonia, ikiboneka mu mvugo yabo “Més que un club” (Bisigura ngo "Si umugwi gusa").
⚽🙌🏾 FC Barcelona yamenyekanye cane ku rugero rw’isi kubera ingendo yabo yo gukina itunganijwe ku mupira w’ububasha kandi ushimisha, ingendo izwi nka “tiki-taka”, yatumweko cane ku gihe c’umumenyereza Johan Cruyff mu myaka ya 1980-1990. Iyo nzira yo gukina yaranonosowe n’abamenyereza nka Josep Pep Guardiola uwazanye intsinzi nyinshi, harimwo ibikombe bibiri vya UEFA Champions League (mu 2009 no mu 2011). Uwo mugwi wakurikiranye n’ibihangange vyinshi mu mupira w’amaguru, nka Johan Cruyff ubwiwe, Ronaldinho, Xavi, Andrés Iniesta, hamwe na Leo Messi The Goat 🐐 , umwe mu bakinnyi b’ibihe vyose mu mupira w’amaguru.
🤗🎖️FC Barcelona izwi kandi ku gushigikira ibikorwa vy’imibano, hamwe no kugira ibisata birenga gusa umupira w’amaguru, harimwo nk’umupira w’amaboko, basketball hamwe na futsal.
😉 Shirako " Visca Barça !!" Nimba uri umukunzi nyakuri wayo !
SB News s