Amakuru TV

Amakuru TV Amakuru yizewe kandi atohojwe neza ni isôko ry'iterambere

 : Hari indongozi zine zo muri Zone Kabuye, Komine Tangara mu ntara ya Butanyerera zimaze hafi indwi zitatu zifunzwe. Ab...
25/06/2026

: Hari indongozi zine zo muri Zone Kabuye, Komine Tangara mu ntara ya Butanyerera zimaze hafi indwi zitatu zifunzwe. Abo napfunzwe akaba ari:
1. Nibutse Déo (Chef de zone Kabuye)
2. Ndayishimiye Cassien (Ajejwe ibidukikije, uburimyi n'ubworozi muri Zone Kabuye)
3. Nsaguye Marius (Umunyamabanga w'umugambwe Cndd-Fdd ku mutumba Nyakibingo)
4. Ndayisenga Innocent (Umunyamabanga w'umugambwe Cndd-Fdd muri Zone Kabuye).
Abo bose bakaba bagirizwa ngo ko boba baragurishije ibiti vy'imikaritusi vyari mu gitara catewemwo amavoka ku mutumba Nyakibingo.

None vyatanguye gute?

Mu gihe hari igitara c'amavoka ca Zone Kabuye catewe mw'itongo rya Leta ku mutumba Nyakibingo, mw'isuzuma ry'ayo mavoka ryakozwe n'umunyabanga w'umugambwe Cndd-Fdd mu ntara ya Butanyerera Ferdinand Habimana yaciye agirako asaba Musitanteri wa Komine Tangara Jean Pierre Ndikuryayo ko ico gitara cokwagurwa mu kubandanya bateragira amavoka n'ahari hasanzwe ibiti vy'imikaritusi. Uno nawe yamubwiye ko ata ngorane na cane cane ko igiterwa c'ivoka kiri mu vyashizwe imbere mw'iyo ntara ya Butanyerera.
Inyuma y'ico gihe, indongozi z'umugambwe Cndd-Fdd muri Zone Kabuye zaciye zagura ca gitara c'amavoka mu kubandanya bateragira amavoka muri vya biti vy'imikaritusi mbere no kuyakorera babikorera muri vya biti vy'imikaritusi.

Nk'uko amakuru twahawe n'abegereye ahari ico gitara c'amavoka avyemeza, Chef de Zone Kabuye yaciye agurisha vya biti vyari vyatewemwo amavoka bimwe babituriramwo amakara ibindi babibazamwo imbaho.
Ikinyamakuru Amakuru TV cashatse kumenya ko ibivugwa n'abenegihugu arivyo gica kirondera umwe mu baguze ivyo biti aremeza ko yaguze ivyo biti. Yabandanije atumenyesha ko Chef de zone, uwujejwe ibidukikije muri Zone Kabuye na Nsaguye Marius mu kubagurira ivyo biti bamubwiye ko ari umugwi (commission) washizweho n'indongozi za Komine Tangara ngo ugurishe ivyo biti kubera vyari kubangamira ico giterwa c'ivoka cari catewe mw'ico gitara.
Nk'uko abandanya avyigana, ngo ivyo biti yabiguze mu mice myinshi ariko ngo hari mu kwezi kwa Ruhuhuma. Ngo yagiye gutangara inyuma y'amezi ane yumvise ko kw'igenekerezo rya 05 Ruheshi 2026 haje umuntu gufotora imifuko y'amakara yaramaze kwegerenya ngo azoshore i Bujumbura. Budakeye kabiri naho yagiye yumva ko abo bantu bane twavuze hejuru batwawe gufungirwa mu gipolisi ku mugwa mukuru wa Komine Tangara agatangazwa n'ukuntu yakoreye mw'iyo Komine amezi ashika kuri ane aturira ayo makara atawumukomakoma bikaba vyamwereka ko vy'ukuri iryo gurishwa ry'ivyo biti indongozi muri Komine Tangara zari zirizi.

None bafashwe ryari?

Kuw'Imana igenekerezo rya 07 Ruheshi 2026, abo bane twavuze aho hejuru barahamagawe guhurira muri ca gitara c'amavoka kiri ku mutumba Nyakibingo. Bamaze kuhashika bahasanze Musitanteri wa Komine Tangara Jean Pierre Ndikuryayo, Uwutwara igisata c'ibidukikije, uburimyi n'ubworozi muri Komine Misugaranyi Adelin, Procureur wa Komine Tangara n'uwutwara iperereza muri Komine bakaba baciye batangura kubazwa ku bijanye n'igurishwa ry'ivyo biti. Bamaze kwisigura baciye batwarwa mu gasho k'igipolisi ka Komine Tangara.
Inyuma yo kwumvirizwa na Procureur wa Komine Tangara bahavuye bungururizwa mw'ibohero rikuru rya Ngozi ku mugoroba wo kuwa kane igenekerezo rya 11 Ruheshi 2026.

Ipfungwa ririmwo amanyanga.

Mu gihe Umunyamabanga w'umugambwe Cndd-Fdd muri Zone Kabuye Innocent Ndayisenga yisiguye kwa Procureur avuga ko atazi ivy'igurishwa ry'ivyo biti kanatsinda n'uwo yabiguze aremeza ko mubo yahaye amahera atigeze amubona kuko ngo hariho n'inyandiko abo batatu ba mbere bamusinyirako mu kugura ivyo biti nk'umugwi wari watowe n'indongozi za Komine Tangara ngo ugurishe ivyo biti. Akabandanya avuga ko atumva igipfunze uwo Innocent.

Ikindi kandi inyuma yo kwumva ko abo bagirizwa kugurisha ivyo biti boba batisiguye kumwe ngo hariho indongozi yo muri Komine yagiye gusaba Ndayisenga Innocent ko yohindura ivyo yisiguye
kwa Procureur ngo yifatanye nabo bandi nawe aravyanka kuko ngo yabona ko ari umutego.

Mu nama y'ihumure yakoreshejwe ku biro vya Zone Kabuye kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 22 Ruheshi 2026 na musitanteri wa Komine Tangara ari kumwe n'umunyabanga w'umugambwe Cndd-Fdd muri Komine Nsanzubumwe Euphrem abenegihugu babajije iyo indongozi zari ziri kurinda ivyo biti bigurishwe, bicanwemwo n'amakara na cane cane ko baguma baza kugendura ico gitara c'amavoka nabo bishura ko ivyo kuraba ko ibiti vyagurishijwe batabiraba kubera atarivyo vyaba bibazanye. Bagiriyeko banamenyesha ko bapfunze abo bantu nko kwikingira kuko ngo iyo habura abo vyagira mu ndongozi za Zone Kabuye nabo bari guca bashikirwa.

Igurishwa ry'ivyo biti ryari rizwi n'indongozi za Komine Tangara

1. Mu gihe hari habaye inama yahuza aba chefs de zone bo muri Komine Tangara n'abatwara umugambwe Cndd-Fdd muri Komine Tangara ikoresheje na Musitanteri, Umunyamabanga w'umugambwe Cndd-Fdd muri Zone Kabuye Ndayisenga Innocent yashatse gushikiriza ivy'ivyo biti vyariko biragushwa n'uwo mugwi wari urongowe na Chef de zone ariko inyishu yatanzwe na Musitanteri wa Komine Tangara yari ihushanye cane n'ivyari bihejejwe kuvugwa. Aho kwibanda kw'ico c'ibiti Musitanteri wewe ngo yaciye avuga Ku kijanye n'uko Chef de Zone Kabuye atakoresha téléphone Android yiwe bigaca bituma acêreza abandi mu gutanga rapport. Ivyo vyatumye abari muri iyo nama bibaza ko ico kibazo cari gishikirijwe na mugenzi wabo indongozi zo muri Komine Tangara zoba zari zikizi.

2. Mu gihe abo bapfunzwe bagumye babazwa ivy'ibiti vyaturiwemwo amakara, ikibazo c'uwaguze ibiti binini binini vyabajwemwo imbaho mbere akanakoresha n'akamashini kanywa igitoro ntibigeze bakibazwa kwa Procureur. Bakibaza igituma ic'imbaho cashizwe ku ruhande kandi nazo zabajwe mu biti vya Leta.

Abo bapfunzwe bagasaba ko borenganurwa kuko harimwo abariko bararenganywa abandi nabo bakazira ko bahenzwe n'ababakurira.

24/06/2026

Shout out to my newest followers! Excited to have you onboard! Kaillon Legends, Nshimiyimana Baziruwiha, Parfait Bisereke

05/03/2026
🔴 : Baratabaza kuko bararushe!Abo ni abakozi ba Leta bashika kuri 12 bahoze bamwe ari abigisha abandi abayobozi b'amashu...
05/03/2026

🔴 : Baratabaza kuko bararushe!

Abo ni abakozi ba Leta bashika kuri 12 bahoze bamwe ari abigisha abandi abayobozi b'amashure mw'ikomine y'indero ya kera ya Ruhororo (DCE Ruhororo) bajanywe gukorera mu bisata bitandukanye vyo mu mazone mw'iyi ntunganyo nshasha bamaze amezi atanu badahembwa.

Aho twabasanze kw'uwu wa 5 Ntwarante 2026, babwiye ikinyamakuru Amakuru TV ko baherutse umushahara w'ukwezi kw'icenda ntibongeye guhembwa. Bamenyesha ko igiteye amakenga gusumvya ari uko n'inomero ndangamukozi (Matricules) zabo zitakiri muri système y'Ubushikiranganji bw'abakozi n'akazi nk'uko bavyiboneye bagiye kubaza mu gisata c'ubwo bushikiranganji gikorera mu biro vy'intara ya Butanyerera.

Babandanya bavuga ko bituye Musitanteri wa Komine Tangara, uwujejwe ivy'imishahara mu bushikiranganji bw'abakozi n'akazi, Umushikiranganji w'abakozi n'akazi, uwujejwe abakozi mu bushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu, Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu, uwujejwe abakozi mu bushikiranganji bw'indero bahoze bakukira mbere n'Umushikiranganji w'indero nyene, Umushikiranganji w'ikigega ca Leta, abadhingamateka batowe muri Komine Tangara ariko aho hose nta nyishu itomoye bigeze babaha amezi atatu akaba aheze.

Bavuga ko ingaruka ari nyinshi kuko bica bibagora uko batunga imiryango, kwiyunguruza baja ku buzi bikagorana hamwe n'amadeni y'umurengera. Kuri ivyo hiyongerako amabanki bari barasavyemwo amadeni abarembeje akabagiriza ko bataye akazi kandi nabo batazi iyo vyabereye. Basaba ko Nyakubahwa Umushikiranganji wa mbere wa Leta y'Uburundi na Nyenicubahiro Umukuru w'igihugu kwumva aya maborogo yabo bakabafasha kugira basubire guhembwa kuko bararushe.

🔴 : Ishirahamwe rya Leta rijejwe gutunganya ivy'ibitoro   riridogerwa n'abenegihugu ko Application yabo "Igitoro Pass" i...
06/01/2026

🔴 : Ishirahamwe rya Leta rijejwe gutunganya ivy'ibitoro riridogerwa n'abenegihugu ko Application yabo "Igitoro Pass" idakora nk'uko bikwiye. Bavuga ko uwufise ingendeshwa nshasha akayandika mw'iyo application haca amezi n'ayandi ataremererwa bigatuma babura uko baja kunywesha ibitoro nk'abandi.

Abo benegihugu babandanya bamenyesha ko ku bari mu gisagara ca Bujumbura bibasaba kwishikira aho Sopebu isanzwe ikorera ibica bituma bamara umwanya munini batariko barakora. Ku bari mu gihugu hagati hoho ngo ni ikibazo gikomeye kuko nk'uwuva mu ntara ya Buhumuza bigoye ko yomanuka i Bujumbura ajanwe no kugira bamwemereze iyo application yiwe. Babandanya bavuga ko no ku numéro zatanzwe n'iryo shirahamwe ngo abazirondeye usivye ko kubatora bigoye kubera zihamagarwako n'abantu benshi ngo n'iyo ubatoye ntibitaba uguhamagara kukarinda guhera batitavye.

Ariko rero abo benegihugu baranashima ko hari ivyakosowe mw'iyo application nko kwishira ku gihe kw'amalitiro ingendeshwa irekuriwe kunywa mu ndwi. Basaba ko vyoba nka kera uwiyandikishije abakozi ba Sopebu bagasuzuma ivyiwe bakavyemeza atarinze gushika ku biro vya Sopebu.

Address

Bujumbura

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Amakuru TV posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Amakuru TV:

Shortcuts

Share

Category