Amakuru ya Yesu Kristo

Amakuru ya Yesu Kristo Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Amakuru ya Yesu Kristo, Digital creator, Bujumbura.

01/09/2024

Mwaramutse !Imana Ishimwe ! Murantunga nari maze igihe tutaganira ku mvo zitamvuyeko
Abaheburayo10:23
Tugumye ukwatura ivyigiro vyacu ntikunyiganyige, kuk'uwasezeranye ar'uwo kwizerwa

🔴Ntakiri mumva yarazutse  :1-10 harabisobanura neza. mureme yemwe bamwizeye mwese Umwami wacu Ntakiri mumva ni muzima, a...
31/03/2024

🔴Ntakiri mumva yarazutse :1-10 harabisobanura neza. mureme yemwe bamwizeye mwese Umwami wacu Ntakiri mumva ni muzima, abamukubise, baramubamba batako baranamuhamba bari bagize ngo baramukomesheje. Aho bafata ikibuye kiremereye cane bakakiremeka kumva aho yari yahambwe bakagihoma nishashara ngo ntaveyo, hari ibanga batari bazi, ntibamenya ko ariwe muremyi wa vyose kandi ko vyose bimwumvira. Bamaze kubona ko ivyo biyumviriye ataco bimaze aho yazukana intsinzi baratewe n'ubwoba bagize barabibwira abaherezi bakuru batangura kwiga amayeri yo kurementanya ko Umwami wacu abigishwa bamubivye basinziriye, ntibagira n'isoni ngo biyumvire ko atawokwiba ikiziga kimaze imisi itatu mumva. :11-15 niho habivuga. Umwami wacu Yesu Kristo ni muzima ntimukongere guhendwa no gucobogozwa na bamwe batamuzi kuko bavyumva ariko ntibagire umutima wo kubitahura . Yewe Wamenye Kristo, wewe wamwizeye niwishime wishimiririze, ntakindi kimazi cicaha kizotangwa ukundi, Umwami wacu yaritanze rimwe rizima kandi ryintahava kandi ikidutera Ivyizigiro yaraduze mw'ijuru bitayeko aradusabira ikibirengeye azogaruka kutujana ngo aho aba natwe tuhabane nawe. Mugire pasika nziza!!

HARARENGERANYE! IMANA NTIYOBA IKIMBABARIRA !NI UBURENGANZIRA BWANJE ! ➡️Utu ni tumwe mu tujambojambo satani akoresha mug...
27/03/2024

HARARENGERANYE! IMANA NTIYOBA IKIMBABARIRA !NI UBURENGANZIRA BWANJE !

➡️Utu ni tumwe mu tujambojambo satani akoresha muguhendahenda umuntu kuguma mu caha

🔴Mugenzi ntuhendwe ntihararengerana, IMANA ni Inyembabazi. Akarorero:mugitabo kidonda ivyabaye mu gihe c'uwavugishwa n'IMANA Yeremiya3:12-13 abantu bari barahemukiye IMANA batangura gusenga ibigirwamana ariko IMANA yo yagumye ibarondera aho yanatumye Uwavugishwa nayo Yeremiya ngo :

UMUNEZERO🔴Umunezero  ku MANA uva ku mahoro yatugabiye no kumasezerano yaduhaye🔵Umunezero kuri satani uva kukwiyibagiza i...
21/03/2024

UMUNEZERO

🔴Umunezero ku MANA uva ku mahoro yatugabiye no kumasezerano yaduhaye

🔵Umunezero kuri satani uva kukwiyibagiza ibitubuza amahoro vyaba ibibazo canke ivyaha

➡️Igituma abenshi bashima guhitamwo umunezero utariwo uva mu bidahimbara IMANA nuko bihebuye. mugenzi urihebuye ? ufise ibibazo? Hari icaha kigutsinda kenshi? rekeraho kurondera amahoro canke umunezero ahutari ivyo bisayangana bikamangana bizorangirana n'isi, gana Umwami Yesu arakuruhura yaravuze ngo:

NTUKABE IMBOHE CANKE IGIKORESHA VYA SATANI➡️Ngutu utubazo nawe wokwibaza:1️⃣ Mbega ni ayahe mayeri satani akoresha mu ku...
20/03/2024

NTUKABE IMBOHE CANKE IGIKORESHA VYA SATANI

➡️Ngutu utubazo nawe wokwibaza:

1️⃣ Mbega ni ayahe mayeri satani akoresha mu kurwisha umuntu mumutego wo kutubaha IMANA?
➡️Ico dukwiye kumenya nuko satani akwereka ko amategeko y'Imana aremereye kandi agoye mwibuke ko arico catumye agarariza IMANA bigatuma akororerwa mw'isi ikindi nuko akwereka ko ukoze ivyo akwosha ugira umunezero arivyo bituma abantu beshi barwa mumutego w'ubusambanyi, kunywa ibiyayuramutwe n'ibindi,..

2️⃣ Mbega ni ibihe vyipfuzo satani afitiye umuntu?
➡️Hano dukwiye gutahura ko atamugambi numwe mwiza satani afitiye umuntu, atari ukugomba abo bazosangira igihano IMANA Izohana abo bose bazoba barase kuyumvira kandi buri muntu wese akwiye kuhagabira kuko satani akora ibishoboka vyose ngo bikunde akunyage ubugingo budahera twasezeraniwe nico gituma nkuko ijambo RY'IMANA mu cete ca mbere Paulo yandikiye Ab'ikorinto 10:12 havuga ngo nuko rero uwiyumvira ko ahagaze ni yiyubare ntarwe natwe dukwiye kugenza Gutyo kugirango ntitwisange mumutego wo kutubaha IMANA no kugarariza amategeko yayo tukazohabwa impembo imwe na ca kiyoka

Ubu wopfa wojahe?
20/03/2024

Ubu wopfa wojahe?

Address

Bujumbura

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Amakuru ya Yesu Kristo posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share