IREBE FM 91.4MHz

IREBE FM 91.4MHz Radio IREBE FM est une radio qui promeut la culture et l'art burundaise - dans toutes leurs facettes.

 .Abanyezamu, aba planto, abashoferi, n'abandi bakora mu bushikiranganji bw'abakozi ba reta bagiye kudugirizwa agahembo ...
13/07/2025

.

Abanyezamu, aba planto, abashoferi, n'abandi bakora mu bushikiranganji bw'abakozi ba reta bagiye kudugirizwa agahembo kuko vyabonetse ko bibagiwe.Vyavuzwe na Venuste MUYABAGA umushikiranganji w'abakozi ba reta n'akazi mu mpera zino ndwi, hari munama yagiranye n'umugwi ujejwe ivyo gutunganya imishahara murubwo bushikiranganji.

Venuste MUYABAGA, amenyesha ko utunenge twari mwitunganywa ry'imishahara twarakosowe ngo hasigaye ko vuba barungika icegeranyo muri reta hama bigashigwa mungiro.

Uwo mushikiranganji ahamagarira abakoresha bari mu bisata vya reta ?vyitunganiriza imishara(administration personnalisée)nabo gutunganiriza iyo migwi y'abakozi isa niyibagiwe.

.
www.irebefm.com

 Umukuru w'igihugu c'uburundi   ahejeje gufata urugendo rumushikana i Malabo mu gihugu ca  Kur'uwu wa 13 Mukakaro 2025, ...
13/07/2025



Umukuru w'igihugu c'uburundi ahejeje gufata urugendo rumushikana i Malabo mu gihugu ca

Kur'uwu wa 13 Mukakaro 2025, Evariste Ndayishimiye umukuru w'igihugu c'uburundi arikumwe n'umutambukanyi wiwe yafashe urugendo rumushikana i Malabo mu gihugu ca , akaba agiye mu nama igira 7 y'abakuru n'ibihugu vya Afrika yo hagati itegekanijwe kur'uwu wa 13 . Akaba agiye nk'uwuserukira isokorusangi yo mu karere COMESA hamwe no kuba icegera c'uwuza kuba arongoye iyo nama.

📷:

.2Mhz&91.4mhz
www.irebefm.com

69 075 075

13/07/2025

🚨 𝐁𝐑𝐄𝐀𝐊𝐈𝐍𝐆 | Inyuma yo kuvugwa mu migwi ya Manchester City, Chelsea, PSG, Arsenal na Al Nassr, Rodrygo Goes aripfuzwa na Liverpool.

📰 [ Diario AS ]

Kuva kera narindi, abarundi bari barasenga bakambaza imana y'uburundi kiranga, bakayisaba itunga, inka n'ibibondo hamwe ...
12/07/2025

Kuva kera narindi, abarundi bari barasenga bakambaza imana y'uburundi kiranga, bakayisaba itunga, inka n'ibibondo hamwe n'ibindi vyinshi bitandukanye nk'abakobwa bashaka abagabo canke imisore ikabandwa ishaka Abo bazubakana.
Bivugwa na professeur Sadiki Elie Umuhinga mukuzura ivya kahise akaba n'Umwarimu wa kaminuza y'uburundi, yabishikirije kuruyu wa 11 Mukakaro i bujumbura, aho yariko arasigura ibijanye n'umugigwa wo kubandwa mu Burundi.

Uwo muhinga avuga kandi ko mukubandwa hariho ibikoresho bifashisha nk'inkono ya bigombo bashiramwo inzoga ngo yaba ifise iminwa ibiri yanyweramwo senaka na inarugo, uwo bita rubambo nawe akaguma atamba igihe bari muri iryo banga , barakoresha kandi ibirende,inzamba, amacumu , ubuhiri , hariho n'ibiti vy'imana bakoresha nk'umurinzi, umumanda, umuhe n'ibindi bikoresho bitari bike, aho kandi ngo hariho n'infungugwa ababandwa bafungura izo nazo ngo ntizari izarizo zose.

Sadiki akavuga ko kubandwa birekuwe n'ibwirizwa shingiro ko boreka ababandwa bakabandwa kuko kubandwa bisigura gusenga ngo nabarya baja gusenga mumadini atandukanye baba bariko barabandwa. Sadiki Elie amenyesha kandi ko bariko barambaza kiranga ngo hariho n'imiziro muriyo harimwo kudasohoka hanze bakiriko barakora uwo mugirwa, nayo ngo umugirwa wo kubandwa wategerezwa gusonerwa nkuko basonera ayandi madini.

.
www.irebefm.com

 Abantu barenga 33.500 nibo bamaze gufatwa n'indwara ya choléra muri Repubilika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Nk'u...
12/07/2025



Abantu barenga 33.500 nibo bamaze gufatwa n'indwara ya choléra muri Repubilika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Nk'uko Bishikirizwa n'umushikiranganji w'amagara y'abantu mur'ico gihugu Roger Kamba, Ku ndwi igira 27 hariko harakorwa isuzumwa ry'abantu barwaye indwara ya Choléra , ngo vyagaragaye ko iyo ndwara ya choléra iri Ku murindi udasanzwe hisunzwe ibiharuro bitorwa vy'abafashwe n'iyo ndwara aho hamaze gutorwa abarwayi barenga 33.500 mu ntara 17 z'ico gihugu.

Roger Kamba amenyesha ko intara ya Tshopo ariyo ibangamiwe cane, hagakurikira intara ya Kivu yo mu bumanuko na Kinshasa umurwa mukuru wa Repubilika iharanira intwaro rusangi ya Congo ariko ngo bariko barakora ibishoboka vyose kugira abarwayi bavurwe.

Uwo mushikiranganji w'amagara y'abantu mu gihugu ca Congo agahamagarira abanyecongo kwitwararika kugira isuku mu ntumbero yo kwikingira ico kiza c'indwara ya Choléra.
Mwomenya ko ibiharuro biva mu bushakashatsi vyerekana ko abatorwa banduye iyo ndwara ya Choléra barenga 130 buri ndwi nk'uko bibandanya vyemezwa na Roger Kamba umushikiranganji w'amagara y'abantu mu gihugu ca Repubilika iharanira intwaro rusangi ya Congo .

Source:RFI

  IREBE FM 91.4MHz   irabipfurije   nziza ✨✨.Muze muroranirwe muvyo muzoyikoramwo💃💃⚡. .4Mhz_100.2Mhz.www.irebefm.comRadi...
12/07/2025

IREBE FM 91.4MHz irabipfurije nziza ✨✨.

Muze muroranirwe muvyo muzoyikoramwo💃💃⚡.

.4Mhz_100.2Mhz.
www.irebefm.com
Radio_Garden.

12/07/2025

🔥🔥🔥MBEGA MWABIMENYE??? TURAGOWE TURAGOWE TUZORYOHERWA🥳💃 NABARI RUGURU BAZOMANUKA NDABARAHIYEE.....

11/07/2025

🚨 𝐁𝐑𝐄𝐀𝐊𝐈𝐍𝐆 | Alejandro Garnacho yahawe uruhusha/uburenganzira bwo kuja hamwe n'abandi bakinyi b'umugwi wa Manchester United, mu kigo c'imyimenyerezo c'uwo mugwi, Carrington.

Uwo musatirizi w'umunya Argentine yaheruka gushirwa mu rutonde rw'abakinyi umumenyereza Ruben Amorim atipfuza gukoresha mu nkino zitegura umwaka w'inkino ugiye kuza, iruhande ya Marcus Rashford, Antony na Jadon Sancho.

📰 [ ESPN ]

 📌Dufise indirimbo iriko irakogwa n'umuhinyanyuzi w'amajwi (producteur )  Houghton muri  , Ndetse tugiye gukora indirimb...
11/07/2025



📌Dufise indirimbo iriko irakogwa n'umuhinyanyuzi w'amajwi (producteur ) Houghton muri , Ndetse tugiye gukora indirimbo nyinshi nziza zisumba izo tumaze gukora.

🎙️Ivyo vyashikirijwe n'umurwi of restoration team basanzwe baririmba indirimbo mpimbaza Mana mu kiganiro




www.irebefm.com

 .Ikibazo ca Leta gitanga uburenganzira bwo kwinjira muri za kaminuza carangiye kuri uno wa 5, igenekerezo rya 11 Mukaka...
11/07/2025

.

Ikibazo ca Leta gitanga uburenganzira bwo kwinjira muri za kaminuza carangiye kuri uno wa 5, igenekerezo rya 11 Mukakaro cagenze neza kumashure amwamwe yo mugisagara ca Bujumbura ahakorewe ico kibazo.

Bamwe mu baserukira ibibanza vyakorewemwo ico kibazo , nko kw'ishure ryisumbuye ryitiriwe ikiyaga Tanganyika (Lycée du Lac Tanganyika) n'ishure ryisumbuye notre Dame de Rohero (Lycée Notre Dame de Rohero), bamenyesha ko abanyeshure bari bategekenijwe gukora ico kibazo batonze bose .

Nayo kutunenge tumwe tumwe twagiye turibonekeza nk'abanyeshure wasanga batanditse kuntonde canke amazina yabo yanditse nabi twatorewe inyishu.

📷:

.4Mhz_100.2Mhz
irebefm.com

11/07/2025

JOURNAL EN FRANCAIS DU 11-7-2025
91.4Mhz
100.2Mhz

11/07/2025

KURIKIRANA AMAKURU MU KIRUNDI YO KUWA 11-7-2025
91.4Mhz
100.2Mhz

Address

Bujumbura

Opening Hours

Monday 07:30 - 17:00
Tuesday 07:30 - 17:00
Wednesday 07:30 - 17:00
Thursday 07:30 - 17:00
Friday 07:30 - 17:00
Saturday 10:00 - 17:00

Telephone

+25776634497

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when IREBE FM 91.4MHz posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to IREBE FM 91.4MHz:

Share

Category