
13/07/2025
.
Abanyezamu, aba planto, abashoferi, n'abandi bakora mu bushikiranganji bw'abakozi ba reta bagiye kudugirizwa agahembo kuko vyabonetse ko bibagiwe.Vyavuzwe na Venuste MUYABAGA umushikiranganji w'abakozi ba reta n'akazi mu mpera zino ndwi, hari munama yagiranye n'umugwi ujejwe ivyo gutunganya imishahara murubwo bushikiranganji.
Venuste MUYABAGA, amenyesha ko utunenge twari mwitunganywa ry'imishahara twarakosowe ngo hasigaye ko vuba barungika icegeranyo muri reta hama bigashigwa mungiro.
Uwo mushikiranganji ahamagarira abakoresha bari mu bisata vya reta ?vyitunganiriza imishara(administration personnalisée)nabo gutunganiriza iyo migwi y'abakozi isa niyibagiwe.
.
www.irebefm.com