Rab-FM 92.6Mhz

Rab-FM 92.6Mhz Radio Voix de l'Assurance au Burundi

IJWI RY'UGUTEGANIRIZA
🎙
92.6Mhz

🤔 Uwugize isanganya yofashwa gute?-------------------------------------------🦽🩼Ibiharuro dukura mw'ishirahamwe mpuzamaku...
11/07/2025

🤔 Uwugize isanganya yofashwa gute?
-------------------------------------------

🦽🩼Ibiharuro dukura mw'ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y'abantu kw'isi OMS vyerekanako umuriyoni w'abantu n'ibihumbi amajana atatu (1.300.000) ku mwaka bahitanwa n'amasanganya. Aho ni ku mugabane wa Africa. Muri bo, hagwiriyemwo urwaruka kuva ku myaka itanu gushika kuri mirongo ibiri n'icenda ( 5ans- 29ans ).

🩺Muganga Yves Maniragaba, ajejwe gutunganya imigambi mu kigo (Bureau d'Etudes, expertises et Conseils en Automobile) aratuyagira ku butabazi bwa mbere ku wugize isanganya.
Ubutabazi bw'ibanze ku
wugize isanganya ni ukumunyarukana kw'ivuriro ryegereye hafi y'ahabereye isanganya.
Gushikana hakiri kare uwakomeretse kwa muganga bituma ukiza ubuzima bwiwe no kurinda izindi ngaruka mbi nko kumugara.

🚑Hari vyinshi bikenerwa ngo uwagize isanganya akurikiranwe neza. Ariko, mu mavuriro matomato ibikoresho usanga bidakwiye, abakira abarwayi nta bumenyi bukwiye bafise mu kwakira abakomeretse, eka n'inyubako zidatunganijwe neza mu kwakira abakomeretse, za rusehabaniha ni nke cane ngo zifashe gutabariza abakomeretse, n'ibindi.

🏥Inyuma yo kuva kwa muganga, ni nkenerwa gukurikirana amagara y'uwagize isanganya kugira akire neza. Ivyo navyo ni nko kumukorera imyimenyerezo yo kumugorora.

Uwagize isanganya, aba ariwe yariteye canke atariwe, arakenera gukurikiranwa mu kiyago. Ni ukumurinda ihahamuka.

🩺Muganga Maniragaba yaratwibukije ko kwivuza iyo wagize isanganya bitwara uburyo bwinshi. Abantu bari bakwiye kwijukira guteganiriza amagara yabo (assurance santé). Biraremurura uwagize isanganya.

🩺Muganga Yves Maniragaba yabituyagiye mu kiganiro TUBE MASO co kuri uyu wa kabiri 8 Mukakaro 2025 kuri RAB Fm Ijwi ry'Uguteganiriza, 92.6Mhz.

❓❓Ni izihe asiransi (produits d'assurances)abari mu ma coopératives bakeneye? -----------------------------------🎧🎤📻Mu k...
10/07/2025

❓❓Ni izihe asiransi (produits d'assurances)abari mu ma coopératives bakeneye?
-----------------------------------

🎧🎤📻Mu kiganiro Nyigisha co kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 8/7/2025 twagarutse ku bidandazwa ( produits d'assurances) abari mu ma mashirahamwe yo kwiyungunganganya ( coopératives) bakenera.

🤵‍♂ Francis Rugamba,ajejwe ubudandaji muri SOCAR assurances générales ( igisata giteganiriza ibintu) umutumire mu kiganiro agira ati:" Dufatiye ku badandaza hariho asiransi bahurirako . Asiransi y'impanuka y'umuriro (assurance incendie).Umuntu wese akora urudandazwa ntiyarakwiye kuyirengagiza.

🤌Hari n'izindi zikenerwa bivanye n'ivyo umuntu adandaza.
Akarorero , umuntu adandaza ifu canke ibindi bishobora guterwa n'amazi bikononekara uyo yategerezwa guteganiriza impanuka iturutse ku mazi (dégâts des eaux).
Ku mudandaza w'ibikoresho vyo kwubaka (amabati, imisumari, n'ibindi vyuma) , iyo ntikenewe. Ariko ntiyokwibagira ko ibidandazwa vy' iwe bikenera guteganirizwa ubusuma (Vol)."

🗣️Francis Rugamba yongerako ko abari mu ma coopératives kurya barondera gukora bagatera intambwe batokwibagira gukingiza amatungo yabo .
Abatari bake barafatira asiransi amatungo y'abo nk'uko Francis abandanya ku bisigura .

‼️Ariko hari agahaze ku bijanye no gutahura ibiri mu masezerano ari vyo rimwe na rimwe bizana impari hageze gushumbushwa. Hari abibaza ko asiransi bafatiye ibidandazwa vy'abo iguma ari ya yindi n'ubwo umutahe woba wiyongereye .Haba namba. Bish*tse impanuka ikaba umudandaza ashumbushwa hisunzwe amasezerano .Bisigura ngo ni ngombwa gukoresha "fiche de stock "kuko ari yo yerekana urugezo rw'umutahe umudandaza agezeko . umudandaza kandi yokwirinda kubika fiche de stock mu nzu adandarizamwo kugira impanuka ish*tse ntiyihitanwe n'umuriro.

SOCAR VIE

✈️Un espace aérien flexible pour les pays membres du COMESA--------------------------------------------------🖥️ Le secré...
09/07/2025

✈️Un espace aérien flexible pour les pays membres du COMESA
--------------------------------------------------
🖥️ Le secrétariat du Marché Commun de l'Afrique Orientale et Australe (COMESA) organise à Bujumbura un atelier de validation des accords visant à promouvoir un espace aérien flexible entre les pays de l'Afrique de l'Est, Australe et la zone de l'océan Indien.

📌Ce système de régulation du traffic aérien permettra entre autres:
- la régulation de la navigation aérienne dans ces zones;
- l'opérationnalisation du marché unique par voie aérienne;
- le renforcement des institutions de l'aviation civile des pays membres du COMESA.

🤵🏽‍♂Zacharia Kingori, l'économiste en charge des transports au secrétariat du COMESA a indiqué que l'espace aérien est emprunté par l'aviation de l'armée et l'aviation civile. Il est impératif de réguler le traffic aérien entre ces 2 institutions. Il faut assurer un transport aérien sûr, fluide et efficace entre les pays membres du COMESA. Le transport humain et celui des marchandises doit aussi être régulé.

🔴Au Burundi, des initiatives pour améliorer le transport aérien.

🛬La réhabilitation de la piste d'atterrissage, la construction d'une tour de contrôle moderne à l'aéroport international Melchior Ndadaye sont des projets de l'Autorité de l'Aviation Civile du Burundi (AACB).
‼️Ambassadeur Joël Nkurabagaya, Directeur Général de l'AACB affirme que ces projets, en plus de la construction d'un autre aéroport en commune de Bugendana permettront la fluidité du transport aérien.
Ambassadeur Nkurabagaya assure que la gestion efficace du traffic aérien permet une meilleure coordination entre les utilisateurs civils et militaires, la réduction des temps de vol et l'économie du carburant des avions. Une aubaine pour les compagnies aériennes. En outre, L'AACB pense aussi à construire des aérodromes qui faciliteront l'accès rapide à certains coins du pays.

💷 Ce projet de promouvoir la flexibilité de l'espace aérien entre pays membres du COMESA bénéficie de l'appui financier de l' Union Européenne à hauteur de 8 millions d'euros et couvrira 29 États membres du COMESA, EAC, SADC.

Credit 📸 : Magazine Jimbere

🧏🧏Akazi kabi ni akadahemba.---------------------------🧔‍♂🎫Norbert NDAHABONIMANA akora urudandazwa rwo guhererekana amafa...
07/07/2025

🧏🧏Akazi kabi ni akadahemba.
---------------------------
🧔‍♂🎫Norbert NDAHABONIMANA akora urudandazwa rwo guhererekana amafaranga biciye mu buhinga bwa none (monnaie électronique).

Yatanguye ako kazi mu mwaka w' 2020. Imbere y'aho, Norbert yakorera umuntu, aho yadandaza ibifungurwa. Ako kazi avuga ko katamworoheye.

🗣️Agira ati: "naradandaza kandi akazi kakagenda neza. Ariko amahera nahembwa yari make ( hagati y'ibihumbi 40 na 70 ku kwezi ). Ni ko gufata ingingo yo gukora urudandazwa rwo guhanahana amahera mu buhinga bwa none. Bosi wanje ntiyabinezererewe .Yaciye ambwira ko nohitamwo kumukorera canke gukora ivyanje. Nanje nca ndagenga".

💬Norbert abandanya avuga ko yabonye ko yari yarahomvye.
Mu myaka hafi itanu amaze akora ako kazi, avuga ko yaguze ikivi n' ibitungwa.Kandi n'umutahe wagumye wiyongera.

🤌Ku bantu basuzugura akazi abavunira akagohe: "Akazi kabi ni akadahemba .Iyo ntemera gutangurira gukorera make sinari kuronka umutahe wo gukora ivyanje".

Hari mu kiyago IBANGA RY'UMWUGA co kuri uyu wa gatanu, isaha icumi z'umuhingamo, kuri RAB FM Ijwi ry'Uguteganiriza 92.6Mhz

❗❗❗❗"Muritwararika kureka gukoresha téléphone muriko muratwara imodoka. Arya maseconda mufata mwishura message ashobora ...
26/06/2025

❗❗❗❗"Muritwararika kureka gukoresha téléphone muriko muratwara imodoka. Arya maseconda mufata mwishura message ashobora kuvamwo amaseconda yanyuma y'ubuzima bwanyu n'ubwa benshi ".

🎙️Ni impanuro twahawe na Innocent Nsavyimana yakurikiranye inyigisho zo kwirinda isanganya zo mu mabarabara. Izo nyigisho zatanzwe n'ikigo BECA (Bureau d'Etudes expertises et Conseils en Automobile).

📻Hari mu kiyago TUBE MASO kuri RAB Fm Ijwi ry'Uguteganiriza 92.6Mhz, kuri uno wa kane 26/6 isaha indwi (13h)

🛍️Ibikoresho bitabora (plastiques) ntibikiri imicafu ni amafaranga.-------------------------------------👆Ivyo bikoresho ...
26/06/2025

🛍️Ibikoresho bitabora (plastiques) ntibikiri imicafu ni amafaranga.
-------------------------------------
👆Ivyo bikoresho inyuma yo gukoreshwa biratabwa mu bibanza bitandukanye ( amabarabara , inzunzi, amashamba,...).Ivyo bifise ingaruka nyinshi ku binyabuzima .Hari ibihona kubera ubumara buri muri vyo bikoresho cane cane ibiba mu mazi nk'amafi.

Izo nkurikizi nyene ziragaruka zigakora ku kiremwa muntu biciye mu gufungura ayo mafi yanduye. Umuntu ashobora kurwara kandi kubera kwihereza ibivuye mu macupa yakoreshejwe incuro zirenga imwe kandi yagenewe gukoreshwa rimwe (objets à usage unique).Bisigurwa na Innocent Banirwaninzigo , umuhinga akaba n'umushakashatsi mu bijanye n'ibidukikije.

🧏‍♂️N'ubwo hari abadaha imicafu agaciro Silas Bucumi arongoye ishirahamwe "Nezerwa Investiment group " rimwe mu mashirahamwe aha agaciro imicafu biciye mukuyegeranya akadandazwa hanze y'igihugu agira ati :"abantu bagifata imicafu bakayita imifacu barihenda cane .ni amafaranga.Kuyegeranya ikadabdazwa canke igahingurwa ni ugukingira ibidukikije kandi ni ugutanga akazi."

🧔‍♂Nk'uko Silas abandanya abivuga igikorwa co kuyegeranya nticoroha bitumwe n'uko benshi bataramenya gutandukanya imicafu ibora n'iyitabora.Vyofasha abegeranya imicafu kubikora mu mwanya muto kandi bigasaba uburyo buke.

Hari mu kiganiro Ubutunzi k**a gica kuri RAB-fm (92.6 Mhz) ku minsi yose ya kane isaha zine z'agatondo (10h00).

🚶🏻‍♂️🚶🏽‍♀️"N'aho uwugenda n'amaguru yokwikingira impanuka mw'ibarabara, uruhara rw'uwutwara umuduga ruguma ari ntangere ...
25/06/2025

🚶🏻‍♂️🚶🏽‍♀️"N'aho uwugenda n'amaguru yokwikingira impanuka mw'ibarabara, uruhara rw'uwutwara umuduga ruguma ari ntangere mu kurinda impanuka"
--------------------------------------------------
🧏🏽 Hari inyifato uwugenda n'amaguru yogira kugira yikingire isanganya ryo mw'ibarabara. Twabiyagiwe na Innocent Nsavyimana yakurikiranye inyigisho zitangwa na (Bureau d'Etudes, expertises et Conseils en Automobile) kuri Lycée yitiriwe Mutima Mweranda.

🗣️Agira ati :" abagenda n'amaguru bategerezwa kumenya aho bajabukira mw'ibarabara. Hari imirongo icafye mw'ibarabara ivyerekana. Imbere yo kujabuka, ukaraba neza hepfo na ruguru, ukumviriza ingene imodoka iriko iraza kugira wibwire umurindi iriko, kutajabukira mw'ikorosi, kugendera ku mpera z'ibarabara utaryegereye, kumenya imirongo icafye mw'ibarabara yerekana ko umuduga ushobora gukata ukinjira mu kandi kabarabara, kwambara impuzu z'amabara mw'ijoro nk'iyo uriko uragira sports mw'ijoro mw'ibarabara kugira umuduga ukubone, ni zimwe mu nyifato uwugenda n'amaguru yogira ngo yikingire isanganya ryo mw'ibarabara."

❗Yamara, n'aho uwugenda n'amaguru yokwigenza neza gute mw'ibarabara, uwutwara umuduga adafise inyifato nziza ariko aratwara imodoka, ntaco vyokwungura.

🚙 Nsavyimana yakurikiranye inyigisho z'ikigo ku bijanye no kwirinda amasanganya mu mabarabara avuga ko gutwara imodoka wanyoye inzoga zikaze canke gutwara imodoka ufise ibiguhanze (stress) biri mu bituma haba amasanganya mu mabarabara.

🎙️📻Hari mu kiganiro TUBE MASO kuri RAB FM Ijwi ry'Uguteganiriza, 92.6 Mhz co kuri uyu wa kabiri 24/6/2025.

🚶🏻‍♂️🚶🏽‍♀️Amaguru yawe ni imodoka.----------------------------------------------🚷"Kuba utagendesha imodoka ntivyokubuza ...
17/06/2025

🚶🏻‍♂️🚶🏽‍♀️Amaguru yawe ni imodoka.
----------------------------------------------
🚷"Kuba utagendesha imodoka ntivyokubuza kumenya amategeko y'ibarabara." Twabiyagiwe na Kadie Merveille Ineza, umwe mu bahoze kw'ishure ryisumbuye rya Mutima Mweranda I Bujumbura. Ineza, yarakurikiranye inyigisho zerekeye umutekano mu mabarabara. Izo nyigisho zitangwa n'ikigo BECA (Bureau d'Etudes, expertise et Conseils Automobile.)

❗Nka ko, ngo umuntu wese arafise uruhara rwo kurinda amasanganya mu mabarabara. Ineza Kadie Merveille anti:" Uwutwara imodoka si we wenyene yama ari mw'ikosa iyo habaye isanganya. Kutamenya amategeko agenga ibarabara, kutitaho ivyapa biri ku mabarabara ni bimwe bituma abahitanwa n'amasanganya mu mabarabara baba abari ku maguru. Hari n'ikindi, hari ivyo tuzi iyaba twabivuga tugahanura vyokinda amasanganya. Nk'akarorero, kubona umuntu atambaye *ceinture de sécurité* ntubimubwire ko ategerezwa kuyambara ngo umubwire ingaruka ziri mu kutayambara, ni amakosa kuri twebwe tubizi tutavyigisha abo tuba turikumwe." Ivyo ni bimwe uyo mwigeme, ubu ari muri kaminuza, yamenye mu nyigisho zatanzwe n'ikigo BECA.

🔴 Ikiguzi c'isanganya ni kinini cane

👩🏼‍🦽💵Innocent Nsavyimana, na we nyene yakurikiranye inyigisho zatanzwe na BECA kuri Lycée ya Mutima Mweranda aratuyagira.
" Amasanganya atwara amafaranga : kuvuza abakomeretse, gukoresha ivyononekaye, n'ibindi. Umuntu arashobora kumugara canke akivuza igihe kirekire cane, aho azoguma atanga amafaranga. Uyo nuntu hari n'aho atabandanta imirimo. Uravye amashure yize, imyaka yo gukora yarasigaje, ivyo yoterereye mw'iterambere, aba ari agahombo kanini cane. Twese twari dukwiye kwitwararika kurinda amasanganga mu mabarabara."

Ku ruhande rw'ikigo BECA, uruhara rw' inyigisho zo gukinga amasanganya mu rwaruka ni ntangere.

🚙👨🏼‍🏫 Pacifique Nsabimbona, umuyobozi mukuru wa BECA :" umwe wese arafise ico aterera ngo tugabanye amasanganya mu mabarabara. Abo bakiri bato baronkejwe inyigisho bazokwigisha abandi, kandi, bazoja kwiga imiduga baramaze kugira ubumenyi ku mategeko y' ibarabara."
Uyo muyobozi wa BECA aripfuza ko izo nyigisho reta yozishira mu ntonde z'ivyigwa mu mashure.

🧑‍🧑‍🧒Kwigisha guteganiriza kazoza ( pension complémentaire ) abakozi bari mu ma syndicats biracakenewe.-----------------...
17/06/2025

🧑‍🧑‍🧒Kwigisha guteganiriza kazoza ( pension complémentaire ) abakozi bari mu ma syndicats biracakenewe.
---------------------------------

📌Inyigisho zijanye no guteganiriza kazoza zirahabwa abari mu ma syndicats ahurikiriye mu runani rw'ama syndicats COSYBU . Ariko ntizitahurwa na benshi.
Bivurwa na Désiré Nizompoza ari mu rwego nshingwabikorwa akaba anarongoye umurwi ujejwe amategeko n'amatati mu runani mpuzamasendika COSYBU.

➡️Yongerako ati:"
Ubukene, imishahara mito , ukutamenya ni bimwe mu bishirwa imbere n'abakozi nk'intambamyi."

🗣️Muri assurance UCAR Vie et capitalisation igisata giteganiriza ubuzima bavuga ko abantu bakwiye kurengera izo ntambamyi bagateganiriza kazoza kandi hakiri kare.
Nestor Nzohabonimana ajejwe ubudandaji agira ati :" ni vyo umuntu afise uburyo bukwiye ateganiriza uburyo bwinshi.Ariko , ntibisigura ko uwufise amikoro make adashobora guteganiriza.Arateganiriza ku rugero rwiwe.Biramufasha muri kazoza , yitavye Imana canke agize ubumuga burundu."

🤌Ku bwa Désiré , assurance pension complémentaire ikwiye kuba itegeko ku kazi.Ikindi imishahara yokwongerezwa kugira ngo ubukene ntibugume ari intambamyi. Ariko kandi asaba abakoresha guteganiriza pansiyo abakozi nk'uko amategeko abitegekanya.Ni n'aho vyoroha gusigurira umukozi gufata pansiyo yiyongera ku yitegekanijwe n'amategeko ari yo pension complémentaire.

🙌Indwi nziza y'ibikorwa mwibuke guteganiriza abanyu n'ivyanyu.
16/06/2025

🙌Indwi nziza y'ibikorwa mwibuke guteganiriza abanyu n'ivyanyu.

🏠⛱Happy Weekend...
14/06/2025

🏠⛱Happy Weekend...

L'equipe  /  déployée en province de Bubanza pour la collecte des données sur les souscriptions à l'assurance et mobilis...
13/06/2025

L'equipe / déployée en province de Bubanza pour la collecte des données sur les souscriptions à l'assurance et mobilisation à l'assurance épargne pour le personnel de l'enseignement et le personnel médical.

Address

Bujumbura

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Rab-FM 92.6Mhz posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Rab-FM 92.6Mhz:

Share

Category