
11/07/2025
🤔 Uwugize isanganya yofashwa gute?
-------------------------------------------
🦽🩼Ibiharuro dukura mw'ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y'abantu kw'isi OMS vyerekanako umuriyoni w'abantu n'ibihumbi amajana atatu (1.300.000) ku mwaka bahitanwa n'amasanganya. Aho ni ku mugabane wa Africa. Muri bo, hagwiriyemwo urwaruka kuva ku myaka itanu gushika kuri mirongo ibiri n'icenda ( 5ans- 29ans ).
🩺Muganga Yves Maniragaba, ajejwe gutunganya imigambi mu kigo (Bureau d'Etudes, expertises et Conseils en Automobile) aratuyagira ku butabazi bwa mbere ku wugize isanganya.
Ubutabazi bw'ibanze ku
wugize isanganya ni ukumunyarukana kw'ivuriro ryegereye hafi y'ahabereye isanganya.
Gushikana hakiri kare uwakomeretse kwa muganga bituma ukiza ubuzima bwiwe no kurinda izindi ngaruka mbi nko kumugara.
🚑Hari vyinshi bikenerwa ngo uwagize isanganya akurikiranwe neza. Ariko, mu mavuriro matomato ibikoresho usanga bidakwiye, abakira abarwayi nta bumenyi bukwiye bafise mu kwakira abakomeretse, eka n'inyubako zidatunganijwe neza mu kwakira abakomeretse, za rusehabaniha ni nke cane ngo zifashe gutabariza abakomeretse, n'ibindi.
🏥Inyuma yo kuva kwa muganga, ni nkenerwa gukurikirana amagara y'uwagize isanganya kugira akire neza. Ivyo navyo ni nko kumukorera imyimenyerezo yo kumugorora.
Uwagize isanganya, aba ariwe yariteye canke atariwe, arakenera gukurikiranwa mu kiyago. Ni ukumurinda ihahamuka.
🩺Muganga Maniragaba yaratwibukije ko kwivuza iyo wagize isanganya bitwara uburyo bwinshi. Abantu bari bakwiye kwijukira guteganiriza amagara yabo (assurance santé). Biraremurura uwagize isanganya.
🩺Muganga Yves Maniragaba yabituyagiye mu kiganiro TUBE MASO co kuri uyu wa kabiri 8 Mukakaro 2025 kuri RAB Fm Ijwi ry'Uguteganiriza, 92.6Mhz.