
12/08/2025
VATICANO-GITEGA-- Kw'isaha y'umunani y'umuhingamo wo kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 12/08/2025, niho nyenicubahiro Kardinali Pietro Parolin, Umunyamabanga wa Leta ya Vatikano yashika ku kibuga c'Indege ca Bujumbura citiriwe President Melchior NDADAYE. Yakiriwe n'icegera c'umukuru w'igihugu c'uburundi, Prosper BAZOMBANZA, Abepiskopi b'i Burundi, abasaserdoti, abihebey'Imana, n'abakristu batari bake. Umurisho w'ingoma, intambo n'amashi biri muvyaranze abaje gusanganira uwo mush*tsi w'iteka. Yakiriwe icese ku kirimba c'ubuserukizi bwa Papa mu Burundi.
(Isoko: Radio Mariya Burundi)