10/03/2026
๐ดIKIMENYETSO CIZA CEREKANA KO MU BURUNDI HARI AMAHORO.
Kumusi wejo haheze kuwa 09 harahimbajwe umusi mukuru w'abakenyezi abamama bacu abatambukanyi bacu, numusi uhimbazwa rimwe buri mwaka itariki 08 zukwezi kwaga tatu.
Kumusi wejo kari akanyamuneza ntengere ku bavyeyi bacu abakenyezi bacu vyaboneka ko na dushigikiye amahoro ariwo mushinge witerambere, kabaye nakaryo ko gutanga ubushimwe kubakenyezi bakoze birashimwa kubijanye n'agateka kaba kenyezi n'abarundi muri rusangi.
Umutambukanyi wa Nyenicubahiro Umukuru w'Igihugu yabaye muri bamwe baronkejwe agashimwe ki cubahiro k'Umukenyezi yakoze birashimwa kubijanye n'agateka k'Umukenyezi.
Amahoro Iterambere Ridakumira