GoGo Media

GoGo Media Burundi’s News & Media powerhouse | Burundi & Beyond | Kirundi & English |
(1)

Isekeza ryo gutanga imiti ku ndwara y’urukushi, amama asubirira Vitamine A hamwe n’imiti y’inzoka ryaratanguye kuva kuri...
26/09/2025

Isekeza ryo gutanga imiti ku ndwara y’urukushi, amama asubirira Vitamine A hamwe n’imiti y’inzoka ryaratanguye kuva kuri uyu wa 25 Nyakanga 2025.

Vyashikirijwe n’ubushikiranganji bw'amagara y’abantu no kurwanya , mu ruganda n’abamenyeshamakuru rwo kurabira hamwe indwara zititaweho neza (les maladies négligées), kuri uyu wa 25 nyene.

Dr Fidèle Nkezabahizi arongoye umugambi w’igihugu ujejwe ibijanye n’ugufungura neza amenyesha ko iryo sekeza ryama riba mu ntumbero yo gufasha abana bataronka imfungurwa zirimwo Vitamine A kugira ngo urwo rucanco rubafashe kwongereza kuri vitamines nke baba bafise.

Agasigura ko iyo umwana abuze iyo vitamine mu mubiri (canecane abafise imyaka iri musi y’imyaka 5), bituma atagira igikuriro ciza kuko umubiri utakaza abasoda bawukingira, akaguma arwaragurika mbere b**ashobora no kumuhitanira ubuzima.

Nkezabahizi agahanura abantu kwama bafungura ingaburo zirimwo iyo Vitamine nk’imboga inyama canecane igitigu, ivyamwa, amakaroti,... kugira ngo bikingire indwara zituruka kugufungura nabi.

Umuyobozi w’umugambi ujejwe kurwanya indwara zititaweho neza, muganga Bucumi Victor yamenyesheje ko iryo sekeza riraba canecane abana bari hagati y’umwaka umwe n’itanu (1-5) bazohabwa imiti y’inzoka, abafise hagati y’amezi 6 na 59 bazoronswa amama atuma bakura neza kandi akabakingira n’indwara y’uruhumyi, na yo abandi bafise imyaka 5 n’iyirenga bakazohabwa umuti w'urukushi.

Mwomenya ko iryo sekeza rizobera mu burere 40 kuri 49 bugizwe igihugu, rikazorangira kw’igenekerezo rya 3 Gitugutu 2025.

Ntivyokunda ko abana b**a ku buntu mu gihe hari ikena ry’abigisha.Vyashikirijwe na David Ninganza umuyobozi w'ishirahamw...
26/09/2025

Ntivyokunda ko abana b**a ku buntu mu gihe hari ikena ry’abigisha.

Vyashikirijwe na David Ninganza umuyobozi w'ishirahamwe ryitaho ineza y’abana , mu kiganiro cari catunganijwe n’ishirahamwe , kuri uyu wa 25/9/2025.

Uwo muyobozi avuga ko ubushikiranganji burimwo igisata c’indero (Ministères sectorielles de l’éducation) bukwiye gufasha mw’igwizwa ry’abigisha mu guharanira ko ubushikiranganji bw’indero buronswa uburyo bukwiye muri ya mafaranga ikoresha.

Agasigura kandi ko ubushikiranganji bwose buvoma mu bushikiranganji bw’indero, aho atanga akarorero k'ingene ipete rya Jenerari canke impamyabushobozi y’umuganga bitokwemezwa umushikiranganji w’indero atavyemeje.

Ninganza asaba ko hakwiye kubaho abantu baja imbere abandi maze umunyagihugu wese agaterera kugira ngo igisata c’indero mu gitere imbere, umwana wese ashobora kwiga.

❓ Ni iki kindi ubona cokorwa kugira ngo igisata c'indero gitere imbere?

Mu gihe uno musi umwaka w'ubutungane wuguruwe n'umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye, mu ngoro y'amateraniro mu Kigob...
26/09/2025

Mu gihe uno musi umwaka w'ubutungane wuguruwe n'umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye, mu ngoro y'amateraniro mu Kigobe;

👉🏿 Ng'ibi ivyaha 10 vyaje imbere y'ibindi mu mwaka w’ubutungane wa 2024-2025 :

1️⃣ Ubusuma bukabije: 5451
2️⃣ Ugukubita no gukomeretsa umuntu: 2505
3️⃣ Amasanganya yo mw’ibarabara: 1134
4️⃣ Kwambura umuntu utwiwe ku rwenge: 633
5️⃣ Gukora no gukoresha impapuro za magendo: 443
6️⃣ Gufata abakobwa n’abagore ku nguvu: 415
7️⃣ Guhohotera uwo bubakanye: 271
8️⃣ Kugumuka ku ngingo za sentare: 212
9️⃣ Ukurandura imirima: 169
🔟 Urudandazwa rw’abantu: 109

👉🏿 Muri ivyo vyaha, hiyongeramwo "ubuhemu":78

☝🏿Ivyo vyashikirijwe n’umushikirizamanza kizigenza wa Republika y' Léonard Manirakiza.

🎤 Aho muherereye ivyaha bikunda gukorwa ni ibihe?

GoGo Media

Kuri uyu wa 26 Nyakanga, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ni ho agira yugurura icese umwaka w’ubutungane wa 2025-...
26/09/2025

Kuri uyu wa 26 Nyakanga, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ni ho agira yugurura icese umwaka w’ubutungane wa 2025-2026.

Icivugo c’uno mwaka kigira kiti: “Ubutungane bwigenga, bushingiye ku manza ziciwe neza, zigakurikizwa mu gihe kibereye, buzofasha gushika ku mbonakazoza y'igihugu cacu.”

Ivyo birori bikaba vyitabwe n’abacamanza bo mu mihingo itandukanye y' , abatumire bo mu nzego zitandukanye hamwe n’abaserukira ibihugu vyabo.

Bikaba bitegekanijwe ko ibikorwa vya sentare bitangura ku wa 1 Nyakanga.

Hari Abarundi baremera uwurungitswe n'igihugu   canke   ngo ntagaruke. “Azogaruka? Siwezi kurudia, Emwe nka nsoro, yamaz...
26/09/2025

Hari Abarundi baremera uwurungitswe n'igihugu canke ngo ntagaruke.

“Azogaruka? Siwezi kurudia, Emwe nka nsoro, yamaze kudesinstalla .”

Ayo ni amajambo (comments) yanditswe kw'ifoto ya yari yifotoje afashe urugendo yerekeza mu gihugu ca , aho yari yitabiriye ibirori vya .

Ku rubuga rw'ishirahamwe ryari rihejeje kumenyesha urwo rugendo, abagize ico bavuga ni bake batanditse bamusaba canke bamwibutsa guca yaha umuti wa herayo.

Hari n'uwundi muyabaga yatwiganiye ukuntu yitavye ikoraniro muri , amaze gushikayo abagenzi biwe bakamuremera kuri phone ngo ntagaruke mu 🇧🇮. " Naratinze ndazimya phone bandembeje ngo banyereke ukuntu nonyika", ni ko yatwiganiye n'agatwengo kenshi.

Biri uko mu gihe Abarundi ubu bariko barahura n'ibibazo vyo kubura impusha zo kwinjira mu bihugu nka 🇺🇸 , 🇨🇦, 🇪🇺,... kuko ngo uwugiye, ikiringo ciwe yaronkeye uruhusha giheze adaheza ngo agaruke.

🎤Vugisha ukuri. We uramutse ugira ayo mahirwe wogaruka?

🔴Ideni ry'amafaranga imiliyoni 60 z’amadorare ni ryo rizokoreshwa mu bikorwa vyo kwubaka ibarabara rikuri ry’igihugu  .I...
26/09/2025

🔴Ideni ry'amafaranga imiliyoni 60 z’amadorare ni ryo rizokoreshwa mu bikorwa vyo kwubaka ibarabara rikuri ry’igihugu .

Ivyo ni ivyizwe n’Inama Nkenguzamateka kuri uyu wa 24 Nyakanga, mw’isasa ryayo ryo kwiga integuro y'uburyo buzokoreshwa muri ivyo bikorwa, aho yaciye yemeza ko ayo mafaranga azotangwa n’ibanki y’Abarabu , akazorihwa mu myaka 28.

Inama Nkenguzamateka imenyesha ko iryo barabara rizokwubakwa igice caryo ca kabiri kigizwe na hamwe na gifise ibirometero 59. Rikazokwubakwa mu kiringo c’imyaka 3 ni ukivuga amezi 36.

.

Ibanki nkuru y’igihugu   iramenyesha abanyagihugu bose cane cane abanywanyi bayo ko guhera ejo kw'igenekerezo rya 26 ita...
25/09/2025

Ibanki nkuru y’igihugu iramenyesha abanyagihugu bose cane cane abanywanyi bayo ko guhera ejo kw'igenekerezo rya 26 itazoba iriko irarangura ibikorwa vyayo gushika mu misi y’akaruhuko ihereza iyi ndwi turimwo.

Imvo ngo ni uko iyo banki izoba iriko iranagura ubuhinga bwayo bw’uguhanahana amafaranga.

Abanywanyi bayo bagasabwa kwitegurira neza no kwihanganira iryo hagarikwa.

 : Reta y'  irasaba ishimitse ko muri iyi ntango y'agatasi imirima yose itegerezwa kuba yaciwemwo imikobeko mu ntumbero ...
25/09/2025

: Reta y' irasaba ishimitse ko muri iyi ntango y'agatasi imirima yose itegerezwa kuba yaciwemwo imikobeko mu ntumbero yo gukinga inkukura.

Ubwo ni bumwe mu butumwa umushikiranganji wa mbere Nestor Ntahontuye yashikirikirije mu ngendo arimwo mu Ntara zose zigize igihugu ukwo ari 5 ari kumwe n'umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo uburimyi n'ubworozi Calinie Mbarushimana.

Nestor Ntahontuye avuga ko isohora uburyo bwinshi mu gufasha abarimyi kuronka umwavu w'ikizungu n'imbuto zirobanuye, ari na co gituma abanyagihugu na bo bategerezwa guca imikobeko kugira bashigikire uburimyi bw'ingirakamaro kandi burama .

Ubundi butumwa bw’indongozi, ni ubujanye n’isuku n'isukura, aho bamenyesha ko ikibazo c'isuku kiraba Abarundi bose haba mu miryango, mu mazu y'uburiro n'ay'uburaro, mu mabarabara, mu mirima hamwe no mu mahinguriro. Bagasaba abanyagihugu kwitwararika ico kibazo, atari aho ngo bazotangishwa ihadabu hisunzwe itegeko ryo ku wa 05/8/2025 rigenga isuku n'isukura mu gihugu c' .

Ubwo butumwa bukaba bwatanzwe ku banyagihugu bo mu Ntara za na kuri uyu wa 24/9/2025.

Aho muherereye mubona abarimyi bariko baraca imikobeko ?

 : Kubera iki abakobwa barondera kugira ibisusu binini? Uburyo bakoresha ni ubuhe? Mbega ingaruka zavyo ni izihe?    GoG...
24/09/2025

: Kubera iki abakobwa barondera kugira ibisusu binini? Uburyo bakoresha ni ubuhe? Mbega ingaruka zavyo ni izihe?



GoGo Media

Uruganda ruhingura umwavu   rugeze mu gihugu ca  . Amafaranga angana n’imiriyoni 370 z’amadorare y’abanyamerika (370 Mil...
24/09/2025

Uruganda ruhingura umwavu rugeze mu gihugu ca .

Amafaranga angana n’imiriyoni 370 z’amadorare y’abanyamerika (370 Millions $USD) ni yo azokoreshwa mu mugambi wo kwubaka ihinguriro rya mu gihugu ca .

Umurwizatunga w’umurundi Adrien Ntigacika yarabonanye n’abayobozi bajejwe amahinguriro n’uburimyi mu gihugu ca mu ntumbero yo gutanguza umugambi wo kwubaka ihinguriro ry’umwavu muri ico gihugu.

Ni inyuma y’ib**aniro vyabaye hagati y’uwo murwizatunga na Reta ya , bijanye n’amasezerano yo gukorana. Iryo hinguriro rikazokwubakwa mu kibanza kingana n’ihegitare 138 (138ha).

Abakobwa ni bo bandura umugera wa   cane, kuko batangura gusambana bakiri bato.Abana b'abakobwa bafise imyaka iri hagati...
24/09/2025

Abakobwa ni bo bandura umugera wa cane, kuko batangura gusambana bakiri bato.

Abana b'abakobwa bafise imyaka iri hagati ya 15 na 24 ni bo bandura cane umugera wa ugereranije n'abahungu.

Biri mu vyizwe mu ruganda rw'abamenyeshamakuru rwo guhanahana ivyiyumviro ku bijanye no kurwanya kuri uyu wa 23 Nyakanga 2025, i .

Nk’ukwo bishikirizwa n'umunyamabanga nshingwabikorwa ntayegayezwa mu bushikiranganji bw'amagara y'abantu, Jean Baptiste Nzorironkankuze, avuga ko ahanini urwaruka ruri musi y’imyaka 25 (cane cane abakobwa) rubangamirwa cane gusumba abandi. Agasigura ko ibice 53% vy’abakobwa batazi neza ivyerekeye na 44% vy’abahungu batigeze baja no ku ntebe y'ishure.

Ngo iyo imibonano mpuzabitsina itanguye kare rero, ikwiragizwa rya ririyongera. Ubushakashatsi bwo muri 2021 bukerekana ko ikiza c’uwo mugera ciyongereye hagati ya 2013 na 2021, aho abanduye cane ari abakobwa (abakenyezi) kurusha abahungu (abagabo).

Muganga Aimé Ndayizeye ahanura abantu kwama bipimisha kugira ngo bamenye ukwo amagara yabo yifashe cane cane urwaruka kuko ngo ruguma ruri mu murwi w’abantu bashobora kwandura cane.

🎤Aho hantu we nta ubonamwo?

GoGo Media

Abantu bo mu  ,  ,  ,  ,  ,  ,   no mu micungararo yaho mwitegurire icikagurika ry’amatara.  Iryo hungabana ngo rizoba k...
24/09/2025

Abantu bo mu , , , , , , no mu micungararo yaho mwitegurire icikagurika ry’amatara.

Iryo hungabana ngo rizoba ku magenekerezo ya 27 na 28 Nyakanga kuva igihe c’isaha imwe n’inusu z’agatondo (7h 30min) gushika isaha icumi n’imwe z’umuhingamo (17h), nk'uko biri mw’itangazo ryo kuri uyu wa 23.

Ishirahamwe rimenyesha ko rizoba riri mu bikorwa vyo gushira intsinga ku nkingi z'umuyagankuba w'umuhora mushasha wa Rubirizi na RN1.

Address

Bujumbura

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when GoGo Media posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to GoGo Media:

Share