
26/09/2025
Isekeza ryo gutanga imiti ku ndwara y’urukushi, amama asubirira Vitamine A hamwe n’imiti y’inzoka ryaratanguye kuva kuri uyu wa 25 Nyakanga 2025.
Vyashikirijwe n’ubushikiranganji bw'amagara y’abantu no kurwanya , mu ruganda n’abamenyeshamakuru rwo kurabira hamwe indwara zititaweho neza (les maladies négligées), kuri uyu wa 25 nyene.
Dr Fidèle Nkezabahizi arongoye umugambi w’igihugu ujejwe ibijanye n’ugufungura neza amenyesha ko iryo sekeza ryama riba mu ntumbero yo gufasha abana bataronka imfungurwa zirimwo Vitamine A kugira ngo urwo rucanco rubafashe kwongereza kuri vitamines nke baba bafise.
Agasigura ko iyo umwana abuze iyo vitamine mu mubiri (canecane abafise imyaka iri musi y’imyaka 5), bituma atagira igikuriro ciza kuko umubiri utakaza abasoda bawukingira, akaguma arwaragurika mbere b**ashobora no kumuhitanira ubuzima.
Nkezabahizi agahanura abantu kwama bafungura ingaburo zirimwo iyo Vitamine nk’imboga inyama canecane igitigu, ivyamwa, amakaroti,... kugira ngo bikingire indwara zituruka kugufungura nabi.
Umuyobozi w’umugambi ujejwe kurwanya indwara zititaweho neza, muganga Bucumi Victor yamenyesheje ko iryo sekeza riraba canecane abana bari hagati y’umwaka umwe n’itanu (1-5) bazohabwa imiti y’inzoka, abafise hagati y’amezi 6 na 59 bazoronswa amama atuma bakura neza kandi akabakingira n’indwara y’uruhumyi, na yo abandi bafise imyaka 5 n’iyirenga bakazohabwa umuti w'urukushi.
Mwomenya ko iryo sekeza rizobera mu burere 40 kuri 49 bugizwe igihugu, rikazorangira kw’igenekerezo rya 3 Gitugutu 2025.