06/05/2026
🇧🇮Gitega: Abicaye mu matongo atari ayabo ,mu matongo banyaze abandi umwanya ni uyu bikubite agashi bitegure basubize umurwi CVR utarabitohoza.
Ivyo vyashikirijwe na Petero Clavier Ndayicariye arongoye umurwi CVR i Gitega kuri uyu wa 6 Rusama 2026 mugihe bariko barashikiriza amatongo yari yaranyazwe mugihe c'intambara yabaye 1972.
Ndayicariye agira ati: "Abicaye mu matongo, mu mazu atari ayabo, mu matongo banyaze abandi ,umwanya ni uwu kuko vyaratevye, bikubite agashi bitegure biyumvire umubabaro agahinda n'amaganya bwarya barengana inzu yaboo badashobora kuyinjiramwo bw'abarya babona itongo ryabo badashobora kuja kuririma."
🎤Petero Ndayicariye asaba abanyaze kuganira n'abo banyaze CVR itaravyiga ngo ije mu matohoza.
Pier Claver Ndayicariye yongeye gusaba kandi abajejwe intwaro kuva mu ntara no mu ma Quartier kw'izo ngingo umurwi CVR usohora ko bozihagarikira kwizina ry'igihugu .Abo bashikirizwa ivy'anyazwe ko hatogira umuntu numwe bokumva yakankamiwe canke ngo aterwe igitsure Reta n'ububasha ifise mu nzego izohaguruka ibwire uyo muntu atera igitsure uyundi ko ivyo bihe vyaheze.
«Hari abanyaze bafise ubutegetsi ,hari abanyaze bishimikije abo bavukana bari mubutegetsi ,hari abanyaze babonye amatongo canke amazu beneyo barasanzaye barahunze.Ariko abo bose twashaka twibutse ko twishimikije ijambo rikomeye ryo mu mategeko: Ikintu kitari rwawe ntikidandazwa.Ikinyagano ntikidandazwa,n'uwuguze ikinyagano aba aguze ikinyagano ntaba aguze ikintu cavuye kuri nyeneco .»