15/09/2025
📍Ubushikiranganji bw'indero bwaraye buhagaritse mutations zose zatanzwe n'aba DCE n'aba DPE mu kwezi kw'indwi
📇Nk'uko biri mu rwandiko ubushikiranganji bw'indero bwandikiye abajejwe indero mu ntara kuri uyu wa 12 Nyakanga, ngo ubushikiranganji bwasanze hari abayobozi b'indero mu makomine n'intara bihaye ububasha bwogutanga mutations batisunze intumbero bari bahawe.
Ubushikiranganji bukaba bwasavye abayobozi b'indero mu ntara no mu makomine gufuta imikono y'isinywa ry'iyunguruzwa ryakozwe muri Mukakaro 2025 kuko basanze hari amashure amwamwe yatwawe abigisha asigara agaragara ibashira ahandi.
Abo bayobozi b'indero rero bakaba basabwe guca bihutira kumenyesha abo biraba gusubira aho bahora bigisha mu mwaka uheze wa 2024-2025.
«Umwigisha azosangwa aho atashizwe atazohembwa.», niko itangazo rivuga