26/08/2026
🔴 Huguruwe icese ihiganwa mpuzamakaminuza ku bijanye n'isoko ry'imitahe
----------------------
🏢 Urwego rujejwe gucungera isoko ry'imitahe mu Burundi rwuguruye icese kuri uyu wa 26 myandagaro 2026 ihiganwa mpuzamakaminuza (University Challenge), umwaka wa 2026. Iryo higanwa rikazohuza abanyeshure b**a mu makaminuza atandukanye ari mu Burundi, yaba aya Reta canke ay’abigenga kandi bo mu bisata vyose bavyipfuza.
📌 Iryo higanwa rikaba rije rikurikira isekeza ryo kwigisha ibijanye n'isoko ry'imitahe mu makaminuza atandukanye, yaba ayo mu gihugu hagati canke ayo mu gisagara ca Bujumbura ryakozwe n’urwego .
✍️ Muri iryo sekeza, urwaruka rwarigishijwe ingene isoko ry'imitahe rikora hamwe n'uruhara rwaryo mu butunzi bw'igihugu, abakorera kw’isoko ry'imitahe, ibidandarizwa kw'isoko ry'imitahe n’uruhara rw'urubuga rwo guhanahana impapuro ndangamutahe (Bourse du Burundi). Urwaruka rwarigishijwe kandi ingene umuntu yoja kw'isoko ry'imitahe n'ivyo yokwitondera, ndetse n’ingene ihiganwa University Challenge ritunganijwe. Iryo sekeza ngo rikaba ryarerekanye ko urwo rwaruka rufise inyota yo kumenya ivyerekeye isoko ry'imitahe, hamwe n'ishaka ryo gutsinda mw'ihiganwa University Challenge.
👥 Abantu barenga 800 bakaba bamaze kwiyandikisha muri iryo higanwa, kandi kwiyandikisha bikazorangira ku wa 30 myandagaro 2026.
👇 Abanyeshure biyandikishije muri iryo higanwa bakazokurikiza ikirangaminsi gikurikira :
🔹 Ku wa 3 nyakanga 2026, kuva isaha zine z’igitondo gushika isaha zitandatu, hazokorwa igice ca mbere c’ikibazo, kikazobera ku buhinga ngurukanabumenyi ;
🔹 Ku wa 4 nyakanga 2026 ni ho hazotangazwa abashoboye kubandanya mu gice gikurikira. Hazotangwa kandi ibikorwa (sujets) abazoja mu gice ca kabiri bazokwandikako ;
🔹 Ku wa 11 nyakanga 2026 hazotangwa ibisomwa abari mw’ihiganwa bazoba bakoze kugira ngo bisuzumwe.
🔹 Ku wa 25 nyakanga 2026 hazokwerekanwa abazoba batsindiye kuja mu gice gishira icanyuma.
🗣️ Nk’uko vyamenyeshejwe na Arsène Mugenzi arongoye urwo rwego, iryo higanwa rigamije guhimiriza no gukwiragiza mu rwaruka rwiga mu ma kaminuza atandukanye, ubumenyi mu bijanye n'isoko ry'imitahe. Ivyo bakabikora mu ntumbero yo gutegura Uburundi bw'ejo bugizwe n'abantu batahura neza ivy'iryo soko, maze bifashe mw'iterambere ry'igihugu. Nka ko, ngo kugira ngo Isoko ry'imitahe rikore neza bisaba ko abantu barimenya, bagatahura ibirikorerwako n'ingene borivyaza umusaruro.
👏 Abanyeshure bazoba barushije abandi bazoronswa ubushimwe bw'ibintu bitandukanye nk’imashini nyabwonko, terefone ngendanwa zo mu bwoko bwa Android, tablettes, impapuro z'agaciro (Titres financiers), amafaranga, n'ibindi.
Biciye muri ubwo bushimwe, cane cane impapuro z'agaciro, urwego ARMC ngo rufise intumbero yo gukangurira no kumenyereza urwaruka rwo bw'ejo ingendo yo gukorera kw'isoko ry'imitahe bakiri bato ; gutyo bazoshobore kuba abaterera mw'iterambere ry'igihugu mu gufata ingingo zibereye mu bijanye no gukorera kw'isoko ry'imitahe.
📌 Urwego rwateye akamo abanyeshure bo mu makaminuza yaba aya Reta n'ayabikorera utwabo mu Burundi kwitabira ku bwinshi iryo higanwa.
Vyinshi ku bijanye n’urwo rwego bakaba babisanga kuri WWW.armc.bi
👉 Inzira yo kwiyandikisha akaba ari :https://docs.google.com/forms/d/e/1FAIpQLSdMzwwDA1FIsUyaZ2_c2Z3nIhi-cJ_pcd3p-gMuJlSQy2MwjA/viewform?usp=publish-editor