
08/09/2025
🔴Umurindi w'iduga ry'ibiciro uguma uduga cane ugereranije n'ibindi bihugu bihurikiye muri afrika y'ubuseruko arivyo Tanzaniya, Kenya, Ouganda n'Urwanda
--------------------------------------------------------------------
👨🏫 Tugereranije nuko iduga ry' ryifashe mukarere ka Afrika y'ubuseruko , Uburundi nibwobufise umurindi munini w'iduga ry'ibiciro nkuko tubisoma muri raporo y'ibanki nkuru y'igice ca mbere 2025.
👉 Uwo murindi w'iduga ry'ibiciro wangana n'ibice 39,6 kw'ijana (39,6%). Ariko mubindi bihugu, uwo murindi nturenga ibice 8 kw'ijana (8%) nkuko biri muntumbero y'ivyo bihugu vya Afrika y'ubuseruko.
✍️ N'ishirahamwe riharanira agateka k'abaguzi ngo barabona ko ibiciro vyibintu vya nkenegwa bibandanya biduga buri musi mugabo amikoro y'abanyagihugu atiyongera.
✍️ Ngo biraboneka neza ko kugwiza umwimbu abarongoye igihugu babandanya bahimiriza bidahagije vyonyene kubera nk'ibintu vyinshi vya nkenegwa biva hanze.
✍️ Ngo ivyo bigasigura ko umuti nyamukuru aruwotuma ifaranga ry'uburundi risubizwa agaciro. Ikindi ABUCO isaba ngo nuko n'amafaranga mvamakungu yosubira kuboneka aciye muvyo gufashanya nibindi bihugu.
🤷♂️ Bati niwo muti wihuta.
✅ Bati ariko, harakenewe no gushira inguvu muvyamahinguriro kugira ntituzokwame tuzeye inze muri vyose.
🤔 Mubona namwe hokorwa iki ?