BBNews

BBNews Each of us can make a difference
Just do it🇧🇮🇹🇿🇰🇪🇺🇬 🇷🇼 🇺🇸
📞 +257 68536707
-Event Management
- Marketing
-Media Promotion
-Web&Hosting

Umwotsi wera uhejeje kuboneka mu cumba c’amasengesho Sixtine kuri uyu wa kane igenekerezo rya 8 Rusama 2025 igihe c’isah...
08/05/2025

Umwotsi wera uhejeje kuboneka mu cumba c’amasengesho Sixtine kuri uyu wa kane igenekerezo rya 8 Rusama 2025 igihe c’isaha cumin a zibiri n’iminota cumi (18h10), ikimenyetso cerekana ko abasaserdoti 133 bari mu nama yo gutora umwungere mukuru wa ekreziya gatorika asubirira Francois bumvikanye. Umusaserdoti wo muri reta z’unze ubumwe za Amerika yitwa Robert Francis Prevost akaba ariwe yatowe kurongora Ekreziya nawe yaciye atora izina ko azokwitwa Léon XIV

18/04/2025
28/01/2025

Ninde yoba afise contact z’uyu mwigisha aziduhe ?
Kuba aryoherewe ico akora, mubona akwiye akahe gashimwe?

    imvura y'ibitsindo niyo? FCBarcelone yoba yatsinze canke yahanye Real Madrid?
12/01/2025

imvura y'ibitsindo niyo?
FCBarcelone yoba yatsinze canke yahanye Real Madrid?

  : “Umwaka wa 2025 ni umwaka w’umunyamwete”🔴 Mu gusozera ikiganiro n’abenegihugu kiriko kibera kuri scheppers, umukuru ...
27/12/2024

: “Umwaka wa 2025 ni umwaka w’umunyamwete”

🔴 Mu gusozera ikiganiro n’abenegihugu kiriko kibera kuri scheppers, umukuru w’’igihugu c’Uburundi, Evariste Ndayishimiye yavuze ko umwaka wa 2025 azoba ari umwaka w’umunyamwete. Ngo nta murundi n’umwe yobura ico ashora, ngo n’umutwe (ubwenge) wowushora.

🗣️ Avuga kandi ko agiye kurwanya amarigara n’abanebwe, kuko ngo abo birigwa bicaye nibo batera ubukene. Ingeso za kera zitegerezwa guherana n’uyu mwaka. Akaba yarangije avuga ko ibigeragezo bitazobura kuza ariko hagowe umuntu azobizana.

🗣️ Yabwiye abagwizatunga kwirinda urudandazwa rwo mu kinywabi, no kutariha ikori, akavuga ko abatariha ikori bazoshirwa imbere y’intahe hama bagurishe ivyo adandaza. Yavuze ko uwuzoherana ikori azoba aheraniye igihugu, kandi Reta ifise uburenganzira bwose bwo kubishuza. Yavuze ko igihe c’imikino yaheze, abazogumura abenegihugu nabo azobagwanya kuko arashigikiwe n’abenegihugu.

Imisi 15 niyo yahawe ubushikiranganji bw’ubudandaji ngo bube bwashinze ibiciro ku kintu cose🚨Umukuru w’igihugu c’Uburund...
27/12/2024

Imisi 15 niyo yahawe ubushikiranganji bw’ubudandaji ngo bube bwashinze ibiciro ku kintu cose

🚨Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye yasavye umushikiranganji w’ubudandaji , amahinguriro, gutwara abantu n’ibintu kugira ngo abe yatunganije ibijanye n'ibiciro. Evariste Ndayishimiye yavuze ko bitumvikana ukugene umudandaza wese yishingira ibiciro uko ashaka, aca avuga ko nimba batavyemeye ubwo bushikiranganji azoca abufuta hama avyikorere.

  : "Turafise umuti ku kibazo c’igitoro ku barundi, ariko bizovana n'ugushaka kw'abategetsi b'abarundi"🚨💸 Umugwizatunga ...
27/12/2024

: "Turafise umuti ku kibazo c’igitoro ku barundi, ariko bizovana n'ugushaka kw'abategetsi b'abarundi"

🚨💸 Umugwizatunga akomoka mu gihugu ca , , akaba arongoye ishirahamwe ryo muri Afrika y'Epfo ridandaza ibitoro. Yavuze ko afise inyishu ku kibazo c’igitoro, igihe yari amaze kumenya ibibazo vyogushikana igitoro mu Burundi kivuye muri Tanzania, ngo yaciye ashira umukono ku masezerano n'ishirahamwe ry'abashinwa kugira babahe ibikamyo 150 kugira babashikanire ico gitoro aha mu Burundi.

Ariko kandi yavuze ko bivana n'ubushake bw'indongozi. Ngo kuva ash*tse mu Burundi ku va ku wa 14/11/2024, avuga ko yari yamaze gutegura ubwato bw'igitoro bwo ku kivuko ca Luanda muri Angola bwuzuye amaritiro 30.000 y’igitoro co mu bwoko bwa essence.

Bavuganye na ko bomuriha ibice 40% bigizwe na 20% mu madorare hamwe na 20% mu mafaranga y'amarundi. Ibice 60% bisigaye bakazoyaturiha mu mezi atatu akurikira. Umukuru w’igihugu akaba yasavye ababijejwe ko bokurikirana iyo dosiye ngo inyaruke bigende neza.

Umukuru w’igihugu yatanze imisi 100 ku barongozi yo gutegura ico bazomarira abenegihuguImisi 100 y’umwimenyerezo niyo ya...
27/12/2024

Umukuru w’igihugu yatanze imisi 100 ku barongozi yo gutegura ico bazomarira abenegihugu

Imisi 100 y’umwimenyerezo niyo yahawe abarongoye ibisata bitandukanye ngo bazobe bamaze guheza gutegura ivyo bazorangurira abenegihugu. Mu gihe umukuru w’igihugu yosanga muri iyo misi atavyo afise ku gicapo, azoca amukura kuko azoba abona ko ari uwo kurya gusa ataco ashoboye.

  : “Biragoye ko Uburundi buva mu kibazo c’ubutunzi kubera umwina n’umunoho w’abasuku”🚨Gabriel Ruryiri arongoye ishiraha...
27/12/2024

: “Biragoye ko Uburundi buva mu kibazo c’ubutunzi kubera umwina n’umunoho w’abasuku”

🚨Gabriel Ruryiri arongoye ishirahamwe rijejwe kurwanya igiturire ( ) yashikirije uko abibona ku bijanye n’ikibazo c’ubutunzi Uburundi burimwo. Yatanguye ashikiriza ko mu ngingo ya 69 y’ibwirizwa nshingiro harimwo agace kavuga ko itunga ry’igihugu ari ntakomwakomwa, kandi ata muntu afise uburenganzira bwo kuryonona. Yavuze ko umunoho n’umwina w’abarongozi ariwo uzingamitse ubutunzi bw’Uburundi.

Ikindi yavuze n’uko umugwi w’abahinga (commissions d’experts) ku bibazo bimwe bimwe bigize ibisata bitandukanye bakwiye gukorana bagatangaza imbere y’abenegihugu ivyo babonye bokorerako, bakabishikiriza inzego zibijejwe, bagatanga inyishu imbere y’abenegihugu, gutyo hagatorwa umuco w’ibibazo bihari.

Umukuru w’igihugu mu kumwunganira yavuze ko abarundi benshi cane cane abarongozi baguma bashaka guhembwa gusa, ngo umengo bose ni abacangero. Yatanze akarorero k’ikigo OTB kiri mu bibazo bidasanzwe, akaba yasavye ko abarundi bojijuka bagakora kugira ngo amahera y’agaciro aboneke.

Umukuru w’igihugu yavuze ko kuva mu mwaka utangura indongozi yagenywe mu mabanga azosubira kubona mu kabare imbere yuko ...
27/12/2024

Umukuru w’igihugu yavuze ko kuva mu mwaka utangura indongozi yagenywe mu mabanga azosubira kubona mu kabare imbere yuko izuba rirenga azoba asezerewe mu mabanga, kuko ntibikunda ko tuzoshika mu mbona kazoza ibintu bikimeze uko.

Address

Boulevard De L'Afrique
Ngagara

Opening Hours

Monday 07:00 - 17:00
Tuesday 07:30 - 17:30
Wednesday 07:30 - 17:30
Thursday 07:30 - 17:30
Friday 07:30 - 17:30
Saturday 10:00 - 17:00

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when BBNews posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share

Category