27/12/2024
: “Umwaka wa 2025 ni umwaka w’umunyamwete”
🔴 Mu gusozera ikiganiro n’abenegihugu kiriko kibera kuri scheppers, umukuru w’’igihugu c’Uburundi, Evariste Ndayishimiye yavuze ko umwaka wa 2025 azoba ari umwaka w’umunyamwete. Ngo nta murundi n’umwe yobura ico ashora, ngo n’umutwe (ubwenge) wowushora.
🗣️ Avuga kandi ko agiye kurwanya amarigara n’abanebwe, kuko ngo abo birigwa bicaye nibo batera ubukene. Ingeso za kera zitegerezwa guherana n’uyu mwaka. Akaba yarangije avuga ko ibigeragezo bitazobura kuza ariko hagowe umuntu azobizana.
🗣️ Yabwiye abagwizatunga kwirinda urudandazwa rwo mu kinywabi, no kutariha ikori, akavuga ko abatariha ikori bazoshirwa imbere y’intahe hama bagurishe ivyo adandaza. Yavuze ko uwuzoherana ikori azoba aheraniye igihugu, kandi Reta ifise uburenganzira bwose bwo kubishuza. Yavuze ko igihe c’imikino yaheze, abazogumura abenegihugu nabo azobagwanya kuko arashigikiwe n’abenegihugu.